Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
5-11 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 20-21
“Uwo wese ashaka gucika mukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu”
nwtsty ishusho
Akaguriro
Utuguriro tumwetumwe, nka karya kerekanywe mu Gatabu k’ikoraniro, twaba turi iruhande y’ibarabara. Abadandaza barakunda gutereka ibidandazwa vyinshi mw’ibarabara ku buryo uruja n’uruza rugorana. Abantu bo mu micungararo, barashobora kugura ibintu vya nkenerwa mu rugo, ibibumbano, ivyombo bizimvye bikozwe mu birahuri, n’ivyimburwa bikiva mu murima. Kubera ko frigo zitari bwabeho, abantu baja gusuma buri musi. Mu kaguriro, umuguzi yarashobora kuhumvira amakuru yo hirya no hino yaba yazanywe n’abadandaza canke izindi ngenzi, abana barahakinira, kandi n’abatagira akazi ni ho batonda barindiriye uwobaha akazi. Yezu yarakijije umurwayi mu kaguriro, Paulo na we arahigishiriza. (Ivk 17:17) Ariko abanditsi n’Abafarizayo bobo, baja mu tuguriro kugira ngo abantu bababone bongere babaramutse.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 20:20, 21
nyina w’abahungu ba Zebedayo: Ni we nyina w’intumwa Yakobo na Yohani. Inkuru ya Mariko, ivuga ko Yakobo na Yohani ari bo ubwabo begereye Yezu. Biboneka ko ari bo bene gusaba ico kintu, naho babicishije kuri nyina wabo Salome, uwushobora kuba yari nyinabo wa Yezu.—Mt 27:55, 56; Mr 15:40, 41; Yoh 19:25.
umwe iburyo bwawe uwundi ibubamfu bwawe: Ivyo bibanza vyompi vyerekeza kw’iteka n’ubukuru, ariko ic’iburyo ni co giteye iteka rikomeye.—Zb 110:1; Ivk 7:55, 56; Rm 8:34.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 20:26
umusuku: Canke “umukozi.” Akenshi Bibiliya ikoresha ijambo ry’ikigiriki di·aʹko·nos ishaka kuvuga umuntu yamizako mu gukorera abandi yicishije bugufi. Iyo mvugo irakoreshwa mu kwerekeza kuri Kristu (Rm 15:8), ku basuku canke abakozi ba Kristu (1Kr 3:5-7; Kl 1:23), ku bakozi b’ishengero (Fp 1:1; 1Tm 3:8), ku basuku bo mu rugo (Yoh 2:5, 9) be no ku bategetsi mu vy’intwaro (Rm 13:4).
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 21:9
Turatakamvye, kiza: Ijambo ku rindi ni “Hoziyana.” Iryo jambo ry’ikigiriki riva ku mvugo y’igiheburayo isobanura ngo “turatakamvye, kiza” canke “kiza, turakwinginze.” Muri uyu murongo, iyo mvugo ikoreshejwe mu gutakambira Imana ngo ikize canke itange intsinzi; irashobora kandi guhindurwa ngo “turakwinginze ukize . . . ” Mu nyuma yahavuye ikoreshwa mu gusenga no mu gushemagiza. Iyo mvugo y’igiheburayo, iraboneka muri Zb 118:25, ikaba ari imwe mu mazaburi yitwa Haleli yakunda kuririmbwa mu kiringo ca Pasika. Ni co gituma ayo majambo abo bantu bavuze muri uwo murongo yaciye yizana. Uburyo bumwe Imana yishuye iryo sengesho ryasaba gukiza Umwana wa Dawidi ni mu kumuzura mu bapfuye. Muri Mt 21:42, Yezu ubwiwe arasubiramwo amajambo ari muri Zb 118:22, 23 agaca ayerekeza kuri Mesiya.
Umwana wa Dawidi: Iyi mvugo iremeza icese umuryango Yezu yakomotsemwo be n’uruhara arangura rwo kuba Mesiya.
Icigwa kijanye n’ukwizera
Ariko none, ni kubera iki Yezu yatumye ico giti cuma? Asigura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba. Kandi ibintu vyose muzosaba mu gusenga, mufise ukwizera, muzobironka.” (Matayo 21:21, 22) Asubiyemwo iciyumviro yari yaravuze c’uko ukwizera gushobora kwimura umusozi.—Matayo 17:20.
Mu gutuma ico giti cuma, Yezu yari atanze icigwa kiboneka cerekana ko dukeneye kwizera Imana. Avuga ati: “Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka.” (Mariko 11:24) Ese ingene ico ari icigwa gihambaye ku bayoboke ba Yezu bose! Ni icigwa ciza canecane ku ntumwa ziwe, narirya bimirije guhangana n’ibigeragezo bitoroshe. Ariko rero, hariho irindi sano riri hagati y’ukwuma kw’ico giti hamwe n’ukwizera.
Cokimwe n’ico giti c’umusukoni, ihanga rya Isirayeli riboneka uko ritari. Abagize iryo hanga baragiraniye n’Imana isezerano rishingiye ku vyagezwe, kandi womengo barubahiriza ivyo vyagezwe. Ariko rero, iryo hanga muri rusangi vyaragaragaye ko ritagira ukwizera be n’uko ritama ivyamwa vyiza. Mbere ririyamiriza Umwana w’Imana! Mu gutuma ico giti cuma rero, Yezu ariko arerekana ibizoshikira iryo hanga ritama ivyamwa kandi ritagira ukwizera.
12-18 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 22-23
“Nugamburuke ya mabwirizwa abiri asumba ayandi”
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 22:37
umutima: Igihe iri jambo rikoreshejwe mu buryo bw’ikigereranyo, akenshi ryerekeza ku muntu turi imbere uko yakabaye. Ariko igihe riri kumwe n’ijambo “ubuzima” n’“umuzirikanyi,” bisa n’uko rica rifata iyindi nsobanuro, rikereza canecane ku bigumbagumba umuntu agira, ku vyipfuzo vyiwe no ku bishobisho. Amajambo atatu akoreshwa muri uwo murongo (umutima, ubuzima, n’umuzirikanyi) arafitaniye isano rya hafi cane, akaba ashimika bimwe bikomeye ku kuntu dukwiye gukunda Imana ata co twisigarije.
ubuzima: Canke “umuntu uko yakabaye.”
umuzirikanyi: Ni ukuvuga ubwenge. Umuntu ategerezwa gukoresha ubwenge bwiwe kugira ngo amenye Imana kandi ayikunde. (Yoh 17:3; Rm 12:1) Amajambo yo muri Mt 22:37, yakuwe mu Gus 6:5 aho igisomwa co mu ntango c’igiheburayo gikoresha amajambo ‘umutima, ubuzima, n’inguvu.’ Ariko rero Injili ya Matayo nk’uko iboneka mu kigiriki, ikoresha ijambo “umuzirikanyi” mu kibanza c’ijambo “inguvu.” Kubona izo mvugo zitandukanye, bishobora kuba vyavuye ku mvo nyinshi. Iya mbere, naho igiheburayo ca kera kitagira ijambo ritomoye risobanura “umuzirikanyi,” ijambo “umutima” mu giheburayo akenshi ryaba ririmwo n’iciyumviro c’umuzirikanyi. Mu buryo bw’ikigereranyo, iryo jambo umutima ryerekeza ku muntu turi imbere, aho hakaba harimwo ivyiyumviro vyacu, ibishobisho, inyifato, n’imvo zituma dukora ibintu. (Gus 29:4; Zb 26:2; 64:6; raba amakuru yavuzwe kw’ijambo umutima.) Ku bw’ivyo, aho igiheburayo gikoresha ijambo “umutima,” ya Bibiliya y’ikigiriki yitwa Septante akenshi ikoresha ijambo “umuzirikanyi” mu kigiriki. (It 8:21; 17:17; Img 2:10; Yes 14:13) Iyindi mvo ishobora kuba yaratumye Matayo akoresha ijambo “umuzirikanyi” mu kigiriki aho gukoresha ijambo “inguvu” igihe yasubiramwo ibivugwa mu Gus 6:5, ni uko ijambo “inguvu” mu giheburayo ryarimwo n’iciyumviro c’inkomezi be n’ubwenge. Uko biri kwose, kubona iryo jambo ry’igiheburayo be n’iry’ikigiriki atekeye ivyiyumviro bigomba gusa, vyodufasha gutahura igituma abanditsi b’Injili igihe basubiramwo ibivugwa mu Gusubira mu vyagezwe, badakoresha arya majambo nyene avugwamwo.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 22:39
Irigira kabiri: Muri Mt 22:37, haravuga inyishu itomoye Yezu yahaye Umufarizayo. Ariko kuri iyo nyishu Yezu aca yongerako n’ibwirizwa rya kabiri (Lw 19:18), kugira ngo atwereke ko ayo mabwirizwa abiri atigera atana be n’uko Itegeko ryose be n’Abahanuzi ari yo vyenenako.—Mt 22:40.
mugenzawe: Ijambo “mugenzawe” mu kigiriki (ijambo ku rindi ni “uwuri hafi”) ryerekeza ku muntu uwo ari we wese muhura.—Lk 10:29-37; Rm 13:8-10.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 22:40
Itegeko . . . Abahanuzi: Iryo jambo “Itegeko” ryerekeza ku bitabu vyo muri Bibiliya, kuva mw’Itanguriro gushika mu Gusubira mu vyagezwe. Ijambo “Abahanuzi” na ryo ryerekeza ku bitabu vy’ubuhanuzi vyo mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Ariko rero igihe ayo majambo akoreshejwe icarimwe, hari igihe ashobora guca asobanura Ivyanditswe vyose vy’igiheburayo.—Mt 7:12; 22:40; Lk 16:16.
vyenenako: Muri uyu murongo, irivuga ry’ikigiriki risobanura ijambo ku rindi ngo “kwenena ku” rikoreshwa mu mvugo y’ikigereranyo isigura ngo “gushamika ku; gushingira ku.” Imvugo rero Yezu yakoresheje yerekana ko atari ya Mabwirizwa cumi gusa ashingiye ku rukundo mugabo ko ari Ivyanditswe vyose vy’igiheburayo.—Rm 13:9.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 22:21
[Nimwishure] Sezari ivya Sezari: Mu nyishu Yezu yatanze muri uyu murongo, no mu nkuru nk’iyo dusanga muri Mr 12:17 no muri Lk 20:25, ni ho honyene avuga umwami w’abami w’Umuroma. “Ivya Sezari” birimwo kuriha amahera y’ivyo Leta idukorera, guha icubahiro abategetsi be no kubayobokera ku rugero kanaka.—Rm 13:1-7.
Ivy’Imana muvyishure Imana: Ivyo birimwo gusenga Imana n’umutima wacu wose, kuyikunda n’ubuzima bwacu bwose no kuyigamburukira muri vyose kandi tudahemuka.—Mt 4:10; 22:37, 38; Ivk 5:29; Rm 14:8.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 23:24
mumimina agatuku mugabo mukarotsa ingamiya: Mu biremwa Abisirayeli bari bazi, agatuku kari mu turemwa tunzwinya duhumanye, ingamiya na yo ikaba mu biremwa bininibinini bihumanye. (Lw 11:4, 21-24) Yezu yakoresheje imvugo ndenzarugero irimwo n’akantu k’agahemo, ashaka kwerekana ko abakuru b’idini bamimina ibinyobwa vyabo kugira ngo ntibahumanywe n’agatuku, ariko bakirengagiza ibintu bihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ico kintu kikaba cagereranywa no kumira ingamiya.
19-25 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 24
“Guma uri maso mu vy’impwemu muri iyi misi ya nyuma”
it-1 112 ing. 10
Urukundo
Urukundo rurashobora gukanya. Igihe Yezu Kristu yabwira abigishwa biwe ibintu vyoshitse muri kazoza, yavuze ko urukundo (a·gaʹpe) rw’abantu benshi bitwa ko bemera Imana rwokanye. (Mt 24:3, 12) Intumwa Paulo na we yavuze ko kimwe mu vyoranze ibihe bigoye ari uko abantu bocitse “inkunzi z’amahera.” (2Tm 3:1, 2) Biragaragara rero ko bishobora gushika umuntu ntabe akibona neza ikibereye bigatuma urukundo nyarwo yahorana ruyama. Ivyo birerekana igituma bihambaye ko tuguma tugaragaza urukundo kandi tukarutsimbataza biciye ku kuzirikana Ijambo ry’Imana no mu kubaho twisunga ingingo ngenderwako zayo.—Ef 4:15, 22-24.
w99 1/12 15 ing 5
Woba Uriko Urarangura Ivyo Utegerezwa ku Mana Vyose?
5 Ku vyerekeye ibihe bigoye turimwo, Yezu Kirisitu yavuze ati: “Uko vyari biri mu misi ya Nowa ni ko bizoba mu kuza kw’Umwana w’umuntu. Kukw ari ko bāri bameze mu misi umwuzure utaribgatere: bārarya, bāranywa, bārarongora, bārashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bga bgato, ntibagira ico bamenya kugeza ah’umwuzure waziye ubatwara bose; ni k’ukuza kw’Umwana w’umuntu kuzomera.” (Matayo 24:37-39) Nta kibi kiri mu kurya no mu kunywa mu gihe biri ku rugero, kandi ukwabirana ni indinganizo yashinzwe n’Imana ubwayo. (Itanguriro 2:20-24) Yamara, iyo tubonye ko ibintu bisanzwe umuntu yokurikirana mu buzima ari vyo bituraje ishinga kuruta, ni kuki none tutobishira mw’isengesho? Yehova arashobora kudufasha tukaguma dushira ivyungura Ubwami mu kibanza ca mbere, tugakora ibigororotse, kandi tukarangura ivyo dutegerezwa kuri we.—Matayo 6:33; Abaroma 12:12; 2 Ab’i Korinto 13:7.
jy 259 ing 4
Intumwa zisaba ikimenyetso
Avuga ko abigishwa biwe bokeneye kuguma barikanuye no kwama biteguye. Mu gushimika kuri ico ciyumviro, Yezu abaha akandi karorero ati: “Mumenye ikintu kimwe: iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe. Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”—Matayo 24:43, 44.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 24:8
ububabare nk’ubw’ibise: Naho muri uyu murongo iyo mvugo yerekeza ku bubabare n’amarushwa muri rusangi, iciyumviro gishobora kuba kirimwo ni ic’uko nka kurya kw’ibise, ivyago vyari vyarabuwe vyogiye birongorekana, bigakara cane kandi bikamara n’umwanya muremure, imbere yuko amakuba akomeye avugwa muri Mt 24:21 ashika.
nwtsty amakuru adufasha kwiga Mt 24:20
mu rushana: Imvura nyinshi, imyuzure be n’imbeho vyo muri ico kiringo vyotumye abantu batoroherwa no kugira ingendo, kuronka ibifungurwa, n’aho bakika umusaya.—Ezr 10:9, 13.
ku musi w’isabato: Mu turere nka Yudaya, itegeko rijanye n’isabato ryotumye bitoroha ko umuntu agira ingendo ndende canke ko yikorera imizigo; vyongeye, amarembo y’igisagara ntiyugururwa ku musi w’isabato.—Raba Ivk 1:12 be n’igihimba ca 16 co mu Gatabu gafasha kwiga Ijambo ry’Imana.
26 NTWARANTE–1 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MATAYO 25
“Mugume muri maso”
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Dushigikire bene wabo na Kristu tudahemuka
7 Ubu turatahura neza ico kigereranyo c’intama n’impene. Ku bijanye n’abavugwa muri uwo mugani abo ari bo, “Umwana w’umuntu,” ari we Mwami, ni Yezu. Abo yavuze ko ari ‘bene wabo’ ni abagabo n’abagore barobanujwe impwemu, bakaba bazofatanya na we kuganza mw’ijuru. (Rom. 8:16, 17) “Intama” be n’“impene” zigereranya abantu bo mu mahanga yose batarobanujwe impwemu nyeranda. Tuvuge iki ku bijanye n’igihe co guca urubanza? Urwo rubanza ruzocibwa amaja mu mpera ya ya makuba akomeye yimirije. Bite ho ku bijanye n’igituma abantu bazokwitwa impene canke intama? Ivyo bizovana n’ukuntu bafashe bene wabo na Kristu barobanujwe impwemu bazoba bakiri kw’isi. Kubera ko iherezo ry’ivy’iyi isi ryegereje cane, turakwiye gukenguruka cane kuba Yehova yagiye aradufasha gutahura ico kigereranyo be n’ibindi bifitaniye isano na co dusanga muri Matayo ikigabane ca 24 n’ica 25.
“Muri abagenzi banje”
16 Niba ufise icizigiro co kuzoba kw’isi utwarwa n’Ubwami bw’Imana, ushobora gute kugaragaza ko uri umugenzi w’abavukanyi ba Kristu? Reka turimbure uburyo butatu gusa. Ubwa mbere, ni mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza n’umutima wawe wose. Kristu yategetse abavukanyi biwe kwamamaza inkuru nziza kw’isi yose. (Mat. 24:14) Ariko rero, abavukanyi ba Kristu bakiri ng’aha kw’isi muri iki gihe ntiboshobora gushitsa iryo banga bajejwe badafashwe mu mugongo na bagenzi babo bo mu zindi ntama. Mu vy’ukuri, igihe cose abo mu zindi ntama bagize uruhara mu gikorwa co kwamamaza, baba bafashije abavukanyi ba Kristu gushitsa igikorwa ceranda bashinzwe. Kristu be n’abagize umugwi wa wa mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge baraha agaciro kanini ico gikorwa kiranga ubugenzi.
17 Uburyo bugira kabiri abagize izindi ntama bashobora gufasha abavukanyi ba Kristu ni mu gushigikira mu vy’amahera igikorwa co kwamamaza. Yezu yaremesheje abayoboke biwe kwironderera abagenzi biciye ku “butunzi butagororotse.” (Luka 16:9) Si ukuvuga yuko ubugenzi dufitaniye na Yezu canke na Yehova dushobora kubugura amahera. Ahubwo riho, dukoresheje ivyo dutunze mu gushigikira ivyungura Ubwami, tuba twerekanye ko turi abagenzi babo kandi ko tubakunda, atari mu majambo gusa, ariko kandi “mu bikorwa no mu kuri.” (1 Yoh. 3:16-18) Turashigikira abo bagenzi ba Kristu mu vy’amahera igihe tugize uruhara mu gikorwa co kwamamaza, igihe dutanze intererano z’amahera zigenewe kwubaka be no kubungabunga ibibanza tugiriramwo amakoraniro be n’igihe dutanga intererano z’amahera ku bw’igikorwa kirangurirwa kw’isi yose. Twaba duterereye ayangana gute, nta gukeka ko Yehova na Yezu baha agaciro ukwo gutanga tugirana akamwemwe.—2 Kor. 9:7.
18 Uburyo bugira gatatu twese tugaragazamwo ko turi abagenzi ba Kristu ni ugukurikiza neza ubuyobozi butangwa n’abakurambere bo mw’ishengero. Abo bagabo bagenwa n’impwemu nyeranda biciye kuri Kristu. (Ef. 5:23) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mugamburukire ababaja imbere kandi muyoboke.” (Heb. 13:17) Vyoshobora gushika bikatubera urugamba kugamburuka ubuyobozi bushingiye kuri Bibiliya duhabwa n’abakurambere bo mw’ishengero dukukira. Kumbure twoba tuzi neza udusembwa bafise, maze ivyo bikaba vyotuma tubona mu buryo butari bwo impanuro baduha. Naho biri ukwo, Kristu we Mutwe w’ishengero, arahimbarwa no gukoresha abo bagabo b’abanyagasembwa. Ni co gituma ukuntu tuvyifatamwo mu bijanye n’ubukuru bafise bica bigira ico bikoze neza na neza ku bugenzi dufitaniye na Kristu. Igihe tutibanze ku dukosa abakurambere bakora maze tugakurikiza tunezerewe ubuyobozi baduha, tuba twerekanye urwo dukunda Kristu.