ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w97 1/11 rup. 9-14
  • Yehova Arashima Cane Ubusuku Ukorana Ubugingo Bwawe Bwose

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova Arashima Cane Ubusuku Ukorana Ubugingo Bwawe Bwose
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ubwiza bw’Ubusuku Umuntu Akoranye Ubugingo Bwose
  • Nta Wugereranywa n’Uwundi
  • Ishikanwa ‘ry’Igiciro Kinini Cane’ y’Umugore Ashima
  • ‘Uduceri Tubiri’ tw’Umupfakazi
  • Kwigira ku Kuntu Yehova Abona Ubusuku Bukoranywe Ubugingo Bwose
  • «Yakoze ivyo ashoboye»
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
  • Yarihanganiye intuntu isogota nk’inkota
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2014
  • Ico dushobora kwigira ku karorero ka Mariya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • “Ehe ndi umushumbakazi wa Yehova!”
    Niwigane ukwizera kwabo
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
w97 1/11 rup. 9-14

Yehova Arashima Cane Ubusuku Ukorana Ubugingo Bwawe Bwose

‘Ivyo mukora vyose, mubikorane ubugingo bwose, nk’abakorera Yehova, ntimube nk’abakorera abantu.’—AB’I KOLOSAYI 3:23.

1, 2. (a) Ni agateka akahe karuta twose dushora kuronka? (b) Ni kuki hogira ibihe tudashobora gukora ivyo twashaka gukora vyose mu gusukurira Imana?

GUSUKURIRA Yehova ni ko gateka gasumbirije twoshobora kugira. Birakwiriye neza kubona iyi ntashankuru imaze igihe kirekire iremesha Abakirisu gushirukira ubute igikenurwa, mbere bagasukura ‘barushiriza cane’ igihe cose bishoboka. (1 Ab’i Tesalonike 4:1) Ariko rero, nantaryo ntitwama dushoboye gukora ivyo umutima wacu wipfuza cane gukora mu gusukurira Imana. Hari umuvukanyikazi w’umusiribateri yabatijwe ubu haheze imyaka nka 40 asigura ati: “Ivyanje uko biri, numva nkeneye kuba nkora igihe cose.” Ati “Impamvu ituma nkora, si ukugira ndonke akabati kabogaboga impuzu canke kugira mfate uburuhuko bw’ukwizungurukira, ariko ni ukugira nkwize utwo nkeneye, harimwo amahera yo kuriha kwa muganga no kubungabunga amenyo. Numva ari nk’uko ndiko mpa Yehova imisigazwa.”

2 Urukundo dufitiye Imana rutuma twumva dushaka gukora ivyo dushoboye vyose mu gikorwa c’ugukwiririza. Ariko uko ibintu biba vyifashe mu buzima kenshi kurashingira umupaka ivyo dushoboye gukora. Ukwitaho ayandi mabanga yo mu vy’impwemu, gushiramwo n’ivyega umuntu mu rugo, vyoshobora kuturya umwanya munini n’inguvu nyinshi. (1 Timoteyo 5:4, 8) Muri ibi ‘bihe vy’agakura bigoye,’ ubuzima burarushirije kuba ubuteza agahigo. (2 Timoteyo 3:1) Igihe tudashoboye gukora ivyo twashaka gukora vyose mu gikenurwa, umutima wacu ushobora gutuma twumva dutuntuye. Twoshobora kwibaza niba Imana ihimbarwa n’ugusenga kwacu.

Ubwiza bw’Ubusuku Umuntu Akoranye Ubugingo Bwose

3. Yehova yiteze iki kuri twebwe twese?

3 Muri Zaburi 103:14, Bibiliya iradukura amazinda yuko Yehova “azi iremwa ryacu, [ak]ibuka ko tur’umukungugu.” Kuruta uwo ari we wese wundi, aratahura imipaka tutarenza. Ntasaba ibiruta ivyo dushoboye gutanga. None yiteze iki? Yiteze ikintu umuntu wese ashobora gutanga, naho ivyiwe mu buzima vyoba vyifashe gute: ‘Ivyo mukora vyose, mubikorane ubugingo bwose, nk’abakorera Yehova, ntimube nk’abakorera abantu.’ (Ab’i Kolosayi 3:23) Egome, Yehova yiteze kuri twebwe—twebwe twese—ukumukorera n’ubugingo bwacu bwose.

4. Bisobanura iki gusukurira Yehova n’ubugingo bwose?

4 Bisobanura iki gusukurira Yehova n’ubugingo bwacu bwose? Ijambo ry’Ikigiriki rihindurwa ngo ‘n’ubugingo bwose’ mu bisanzwe risobanura “bivuye ku bugingo.” Ubwo ‘bugingo’ bwerekeza ku muntu wese uko ari, hamwe n’ubushobozi bwiwe bw’umubiri n’ubwenge. Gusukura n’ubugingo bwose bisobanura rero ukwitanga, tugakoresha ubushobozi dufise bwose kandi tukerekeza inguvu zacu bimwe vyuzuye bishoboka, mu busuku dukorera Imana. Bivuzwe mu buryo bworoheje, bisobanura gukora ivyo ubugingo bwacu bushobora gukora vyose.—Mariko 12:29, 30.

5. Ni gute akarorero k’intumwa kerekana ko atari ngombwa ngo bose bakore bimwe mu gikenurwa?

5 Mbega gukorana ubugingo bwose vyoba bisobanura ko dutegerezwa twese gukora ibingana mu gikenurwa? Ivyo ntivyohuta birashoboka, kuko ukuntu ibintu biba vyifashe hamwe n’ubushobozi bitandukanye, ku bugingo bumwebumwe bwose. Rimbura za ntumwa nyizerwa za Yezu. Ntibari bashoboye bose gukora ibingana. Nk’akarorero, tuzi bike cane ku vyerekeye bamwe mu ntumwa, nka Simoni Umunyakananayo na Yakobo umuhungu wa Alufayo. Kumbure imirimo bakora bwa ntumwa yari mikeyi cane. (Matayo 10:2-4) Ariko Petero we, yarashoboye kwemera amabanga menshi aremereye—washaka, Yezu mbere yaramuhaye “imfunguzo z’ubgami”! (Matayo 16:19) Yamara, Petero ntiyadugijwe hejuru y’abandi. Igihe Yohani yerekwa Yeruzalemu Nshasha mu Vyahishuwe (nko mu 96 G.C.), yarabonye amabuye 12 y’itanguriro, akaba yari yanditseko “amazina cumi n’abiri y’intumwa cumi na zibiri.”a (Ivyahishuriwe 21:14) Yehova yaraha agaciro ubusuku bw’intumwa zose, naho nyene bamwe biboneka ko bǎshoboye gukora ibiruta ivy’abandi.

6. Muri ca kigereranirizo Yezu yatanga c’umubivyi, ni ibiki bishikira imbuto yabibwe kw “ivu ryiza,” kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?

6 Ni nk’ukwo nyene, Yehova twese ntadusaba ibingana mu bukwiririji. Yezu ivyo yarabitumbuye muri ca kigereranirizo yatanga c’umubivyi, icasanisha igikorwa c’ubukwiririji n’ukubiba imbuto. Izo mbuto zaguye ku bwoko butandukanye bw’ivu, bikagereranya ubwoko butandukanye bw’imimerere y’umutima igaragazwa n’abumva ubutumwa. Yezu arasigura, ati “Uwabibge mw ivu ryiza ni we yumva iryo jambo, akaritahura, uwo ni we rero yama [icamwa], umwe akagira ijana, uwundi mirongwitandatu, uwundi mirongwitatu, birtyo birtyo.” (Matayo 13:3-8, 18-23) Ico camwa ni igiki, kandi ni kuki uko kinganangana atari kumwe?

7. Ivyamwa vy’imbuto itewe ni ibiki, kandi ni kuki bitangana kumwe?

7 Kubera ko iyo mbuto itewe ari “ijambo ry’ubgami,” ukwo kwama icamwa kwerekeza ku gukwiragiza iryo jambo, kuribwira abandi ushize amanga. (Matayo 13:19) Ubwinshi bw’ivyamwa ntibungana—bihera kuri mirongwitatu bikagera kw ijana—kubera ko ubushobozi hamwe n’uko ibintu biba vyifashe mu buzima bitandukanye. Umuntu afise amagara meza n’akaguvu k’umubiri ashobora kuba ashoboye kumara umwanya urushirije mu bukwiririji kuruta uko vyoshoborwa n’uwo inkomezi ziwe zishegeshwa n’amagara yama ari mabi canke ubusaza. Umuntu w’umusiribateri akiri muto atagira amabanga y’urugo amwega, yoshobora gukora ibiruta ivyokorwa n’uwurinda gukora igihe cose kugirango asumire urugo.—Gereranya n’Imigani 20:29.

8. Yehova abona ate abatanga ibirushirije kuba vyiza ubugingo bwabo bushoboye gutanga?

8 Uko Imana ibibona none, umuntu akorana ubugingo bwiwe bwose akimbuka mirongwitatu yoba yitanze buhoro kuruta uwimbuka ijana? Habe namba! Ubwinshi bw’ivyamwa bushobora kutangana, ariko Yehova arahimbarwa igihe ubusuku tumukorera ari bwo burushirije ubugingo bwacu bushoboye gutanga. Ibuka, ubwo bwinshi butandukanye bw’ivyamwa bwose buva ku mitima igizwe n’ “ivu ryiza.” Ijambo ry’Ikigiriki (ka·losʹ) rihinduwe ngo “ryiza” ridondora ikintu “giteye igomwe” kandi “kiryohera umutima, kandi giha amaso guhimbarwa.” Ese ukuntu bihumuriza kumenya ko igihe dukoze uko dushoboye kwose, umutima wacu uba uwuteye igomwe mu nyonga z’Imana!

Nta Wugereranywa n’Uwundi

9, 10. (a) Umutima wacu ushobora kutujana mu kwiyumvira ukuhe kwihebuza? (b) Ni gute ikigereranirizo kiri mu rya 1 ku b’i Korinto 12:14-26 kiranga ko Yehova atatugereranya n’abandi mu vyo dukora?

9 Umutima wacu munyagasembwa ariko, ushobora gupima ibintu mu buryo butandukanye. Ushobora kugereranya ubusuku bwacu n’ubw’abandi. Ushobora kuzirikana, ngo ‘Abandi bariko bakora vyinshi cane mu gikenurwa, kundusha. Yehova none yokwigera ahimbarwa ate n’ubusuku nkora?’—Gereranya na 1 Yohana 3:19, 20.

10 Ivyiyumviro vya Yehova hamwe n’inzira ziwe birakirurutse cane kuruta ivyacu. (Yesaya 55:9) Turategera uburyo Yehova abona utwigoro twacu umuntu ukwiwe, turabiye mu rya 1 ku b’i Korinto 12:14-26, aho ikorane risanishwa n’umubiri ufise ingingo nyinshi—amaso, iminwe, ibirenge, amatwi, n’ibindi. Rimbura gatoyi umubiri bubiri. Ese ingene koba ari agatwenza kugereranya amaso yawe n’iminwe yawe, canke ibirenge vyawe n’amatwi yawe! Buri ngingo ikora igikorwa cayo, yamara ingingo zose ni ngirakamaro kandi zirahabwa agaciro. Ni nk’ukwo nyene, Yehova arashima cane ubusuku ukorana ubugingo bwawe bwose, niyo abandi boba bakora ibirushirije canke ibiri munsi.—Ab’i Galatiya 6:4.

11, 12. (a) Ni kuki bamwe boshobora kwiyumvamwo ko ari ab’ “intege nke inyuma y[aba]ndi” canke “[aba]dafise icubahiro”? (b) Yehova abona gute ubusuku bwacu?

11 Biturutse ku mipaka dushingirwa n’amagara mabi, ubusaza, canke ibindi bintu, hari ibihe bamwe muri twebwe twoshobora kwumva ko turi ab’ “intege nke inyuma y’[aba]ndi” canke “[aba]dafise icubahiro.” Ariko ukwo si ko Yehova abona ibintu. Bibiliya itubwira iti: “Ingingo z’umubiri ziyumvirwa kw ar’iz’intege nke inyuma y’izindi, ni zo zitōhara; kand’[ingingo] . . . twiyumvira ko zidafise icubahiro, ni zo zirushiriza kuronka icubahiro: . . . arikw’Imana yafatanije umubiri hamwe, urugingo rukennye icubahiro iruha icubahiro kirushiriza.” (1 Ab’i Korinto 12:22-24) Nuko, umuntu wese ashobora kuba uw’agaciro kuri Yehova. Arashima cane ubusuku bwacu aravye imipaka tutarenga. Umutima wawe none ntukuvyurira kwumva ushaka gukora ivyo ushoboye vyose mu gukorera iyo Mana itahura kandi y’urukundo?

12 Igihambaye kuri Yehova rero, si uko ukora ibingana n’ivyo kanaka wundi akora, ariko ni uko wewe ubwawe—ubugingo bwawe—ukora ivyo ushoboye gukora. Ivy’uko Yehova aha agaciro utwigoro twebwe umwumwe tugira vyarerekanywe mu buryo nkoramutima cane n’ukuntu Yezu yafashe abagore babiri batandukanye cane, mu misi ya nyuma y’ubuzima bwiwe kw isi.

Ishikanwa ‘ry’Igiciro Kinini Cane’ y’Umugore Ashima

13. (a) Ibintu vyari vyifashe gute bituma Mariya ashira amavuta atamirana ku mutwe no ku birenge vya Yezu? (b) Amavuta ya Mariya ubwayo yari afise agaciro kangana iki?

13 Ku Wagatanu ku mugoroba, igenekerezo rya 8 Nisani, Yezu yashitse i Betaniya, akagari gatoyi ku mushunguruko wo mu buseruko w’Umusozi wa Elayono, nko ku birometero bitatu uvuye i Yeruzalemu. Yezu muri ico gisagara yari ahafise abagenzi bo ku mutima—Mariya, Marita, hamwe na musaza wabo Lazaro. Yezu yari amaze kwakirwa kābushitsi mu nzu iwabo, kumbure kenshi. Ariko ku wa Gatandatu ku mugoroba, Yezu na bagenziwe barafunguye i muhira kwa Simoni, uwari yahoze ari umunyamibembe bishoboka ko yari yakijijwe na Yezu. Igihe Yezu yari ari ku meza, Mariya yararangūye ikintu giciye bugufi cerekanye urukundo rugera kure yari afitiye uwo muntu yari yazuye musazawe. Yaramennye ikebano ririmwo amavuta atamirana, “y’igiciro kinini cane.” Y’igiciro vy’ukuri! Yari aciye amadenariyo 300, ayaringaniye n’imishara nk’iy’umwaka. Yarasutse ayo mavuta ahumera ku mutwe wa Yezu no ku birenge vyiwe. Yarahanaguye mbere ibirenge vyiwe arabikamutsa akoresheje umushatsi wiwe.—Mariko 14:3; Luka 10:38-42; Yohana 11:38-44; 12:1-3.

14. (a) Abigishwa bakiriye gute ivyo Mariya akoze? (b) Yezu yaburaniye Mariya ngw iki?

14 Ba bigishwa vyarabashavuje! ‘Uku gusesagura n’ukw’iki?’ barabaza. Yuda, mu guhisha agatima kiwe k’ubusuma inyuma y’iciyumviro c’uko ngo akunda abakene, avuga ati: “N’iki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabge aboro?” Mariya yagumye acereje. Yezu ariko, abwira abo bigishwa ati: “Ni mumureke! Mumubabariza iki? Ankoreye igikorwa ciza [imero ya ka·losʹ]. . . . Akoze ukw ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri kuwutegurira guhambga bitaraba. Ndababgire ukuri: Ah’ubutumwa bgiza buzovugwa hose mw isi yose, n’ico uyu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.” Ese ukuntu igishika kiri muri ayo majambo ya Yezu gitegerezwa kuba carahojeje umutima wa Mariya!—Mariko 14:4-9; Yohana 12:4-8.

15. Ni kuki Yezu yashitswe ku mutima cane n’ivyo Mariya akoze, kandi ni igiki none tuhigira ku vyerekeye ubusuku bukoranywe ubugingo bwose?

15 Yezu yarashitswe ku mutima cane n’ico Mariya akoze. Uko yabibonye, uwo mugore yari aranguye igikorwa gikwiye gushimagizwa. Agaciro ka nya shikanwa ubwako si ko kari gahambaye kuri Yezu, ariko ni uko uwo mugore “[y]akoze ukw ashoboye.” Uwo mugore yaboneyeho akaryo hanyuma atanga ivyo yari ashoboye gutanga. Hari izindi mpibanuro zahinduye ayo majambo, ngo “Yakoze ivyo ashoboye vyose,” canke ngo “Yakoze ico yari ashoboye gukora.” (An American Translation; The Jerusalem Bible) Ugutanga kwa Mariya kwari ukugiranywe ubugingo bwose kubera ko yatanze ibirushirije kuba vyiza mu vyo afise. Ico ubusuku bukoranywe ubugingo bwose busobanura ntikirenga ico.

‘Uduceri Tubiri’ tw’Umupfakazi

16. (a) Vyaje gute ngo Yezu yitegereze intererano y’umupfakazi w’umworo? (b) Ibiceri vy’uwo mupfakazi vyari biciye iki?

16 Hashize imisi mikeyi, ku wa 11 Nisani, Yezu amara umusi muremure mu rusengero, aho ubukuru bwiwe bwaharirwa kandi akishura neza ibibazo bitoroshe vyerekeye amakori, izuka, n’ibindi bintu. Yarashize ku kabarore abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarisayo kubera ko mu vyo bakora harimwo “[uku]rya ingo z’abapfakazi.” (Mariko 12:40) Maze Yezu afata icicaro, bikaboneka ko hari mu Kigo c’Abagore, ahari amasandugu 13, nk’uko bivugwa n’inkuru mpererekano z’Abayuda. Ahicara akanya, arereka yitonze uko abantu bakoraguriramwo intererano zabo. Abantu benshi batunze baraza, bamwe kumbure bakaba baboneka ko bibona ubugororotsi, bashaka mbere no kwiyerekana. (Gereranya na Matayo 6:2.) Ukwitegereza kwa Yezu kurahava gushingwa ku mugore munaka umwe. Amaso abayabaye kumbure ntiyari gushobora kwitegereza ikintu na kimwe cibonekeje kuri uwo mugore canke ishikanwa atanga. Ariko Yezu, uwari ashoboye kumenya imitima y’abandi, yaramenye ko uwo mugore yari “umupfakazi w’umworo.” Vyongeye yaramenye neza uko ishikanwa ryiwe ringana—‘uduceri tubiri, tw’agaciro katari kanini na buhorobuhoro.’b—Mariko 12:41, 42.

17. Yezu yabonye gute intererano y’uwo mupfakazi, kandi ni igiki rero tuhigira ku vy’uguha Imana?

17 Yezu ahamagara abigishwa biwe ngo baze kuri we, kuko yashaka ko bibonera icigwa yagomba abahe. Yezu aravuga, ati “ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu.” Uko Yezu yabibonye, uwo mugore yashizeyo ibiruta ivyo abandi bose batanze bishizwe hamwe. Yatanze “ivyo yar’afise vyose”—uduhera dukeyi yari asigaranye. Mu kugira gutyo, yari yishize mu minwe rutunga ya Yehova. Umuntu rero yatunzwe urutoke bwa karorero mu vy’uguha Imana ni uwo ishikanwa ryiwe ryasa nk’iritaco rimaze mu vy’agaciro ubwayo ifise. Mu nyonga z’Imana ariko, yari iy’agaciro ntangere!—Mariko 12:43, 44; Yakobo 1:27.

Kwigira ku Kuntu Yehova Abona Ubusuku Bukoranywe Ubugingo Bwose

18. Ni igiki twigira ku kuntu Yezu yafashe abo bagore babiri?

18 Turavye uko Yezu yafashe abo bagore babiri, turahigira ivyigwa nshwangamuramutima bikeyi ku vy’ukuntu Yehova abona ubusuku bukoranywe ubugingo bwose. (Yohana 5:19) Yezu uwo mupfakazi ntiyamugereranije na Mariya. Yarahaye agaciro ibiceri bibiri vy’uwo mupfakazi, nk’uko nyene yahaye agaciro ya mavuta ya Mariya “y’igiciro kinini.” Kubera ko umwe wese muri abo bagore yatanze ibirushirije kuba vyiza mu vyo afise, mu nyonga z’Imana impano batanze zompi zari izifise agaciro. Nuko rero, mu gihe inyiyumvo z’uko ataco umaze zikujemwo bitumwe n’uko udashoboye gukora ivyo washaka gukora vyose mu gusukurira Imana, ntiwiziguruke. Yehova arahimbarwa no kwemera ibirushirije kuba vyiza ushobora gutanga. Ibuka, ‘Yehova araba ico umutima uri co,’ urumva rero ko azi neza ivyo umutima wawe wipfuza cane.—1 Samweli 16:7.

19. Ni kuki tudakwiye kuja dupimapima ivyo abandi bakora mu gusukurira Imana?

19 Ukuntu Yehova abona ubusuku bukoranywe ubugingo bwose gukwiye kugira ico gukoze ku kugene muri twebwe umuntu abona kandi afata uwundi. Ese ukuntu vyoba ari ukubura urukundo tuneguye ukwihata abandi bagira canke tukagereranya ubusuku umuntu akora n’ubw’uwundi! Ikibabaje, hari Umukirisu umwe yanditse ati: “Hari ibihe bamwe basa n’aberekana ko utari umutsimvyi uba uri ubusa. Abo muri twebwe binanata kugira bagume ‘hoho’ ari abamamaji b’Ubwami badahorereza, bakeneye kwiyumvamwo ko nabone bashimwa.” Nitwibuke ko tutarekuriwe gupima ibikwiye kuba bigize ubusuku bukoranywe ubugingo bwose ku Mukirisu nkatwe. (Abaroma 14:10-12) Yehova arashima cane ubusuku bukoranywe ubugingo bwose, bw’umwe wese muri ya mamiliyoni y’abamamaji b’Ubwami b’abizerwa, kandi natwe ni ko dukwiye kugira.

20. Ubusanzwe ikirushirije kuba ciza ni ukwiyumvira iki ku vyerekeye abo dusangiye gusenga?

20 Ariko none bite mu gihe hariho ababoneka ko bakora ibiri munsi y’ivyo bashoboye mu gikenurwa? Iyo habaye ukugabanuka mu murimo w’uwizeye mugenzi wacu, bishobora neza kwereka abakurambere bitwararika, yuko hakenewe ugufasha canke indemesho. Ubwo nyene, dutegerezwa kutibagira yuko kuri bamwe, ubusuku bukoranywe ubugingo bwose bushobora kuba busa cane n’uduceri twa wa mupfakazi, kuruta ya mavuta azimvye ya Mariya. Ubusanzwe birarushirije kuba vyiza kwiyumvira ko abavukanyi n’abavukanyikazi bacu bakunda Yehova, kandi ko urukundo mwen’urwo ruzotuma bakora vyinshi—si bike—nk’uko bashoboye. Ata gukeka, nta musuku wa Yehova abushizeko umutima yohitamwo gukora ibiri munsi y’ivyo ashoboye mu gusukurira Imana!—1 Ab’i Korinto 13:4, 7.

21. Ni umwuga uwuhe abatari bake bariko bakurikirana, kandi ni ibibazo ibihe bivyuka?

21 Ariko rero, ku batari bake mu bantu b’Imana, ubusuku bukoranywe ubugingo bwose kwabaye ugukurikirana umwuga uronsa impera bimwe biherejeko—igikenurwa c’ubutsimvyi. Ni imigisha miki baronka? Kandi bite ku bo muri twebwe batarashobora gukora ubutsimvyi—ni gute dushobora kwerekana agatima k’ubutsimvyi? Ivyo bibazo biraja kuyagwa mu kiganiro gikurikira.

[Utujambo tw’epfo]

a Kubera ko Matiya yasubiriye Yuda bwa ntumwa, izina ryiwe—si irya Paulo—ryoba ryarabonetse mu yari kuri ayo mabuye 12 y’itanguriro. Naho Paulo yari intumwa, ntiyarimwo muri bamwe 12.

b Kimwe cose muri ivyo biceri cari ilepute, igiceri gitoyi gishoboka c’Abayuda cakora ico gihe. Ilepute zibiri zari ziringaniye n’ica 64 c’umushahara w’umusi. Dukurikije Matayo 10:29, igiceri ca asariyo (ikiringaniye n’ilepute umunani) umuntu yashobora kukiguramwo ibijuri bibiri, izari mu nyoni zizimbutse zishoboka umukene yihembuza. Birumvikana rero ko uwo mupfakazi yari mworo vy’ukuri, kuko yari afise gusa igice c’amahera yokenerwa kugirango agure ikijuri kimwe kitarenga, kitonakwira umurariro.

Wokwishura Ute?

◻ Bisobanura iki gusukurira Yehova n’ubugingo bwose?

◻ Ni gute ca kigereranirizo co mu rya 1 ku b’i Korinto 12:14-26 cerekana ko Yehova atatugereranya n’abandi?

◻ Ni igiki twiga ku vyerekeye ugutanga n’ubugingo bwose, mu nsasanuro Yezu yatanze ku vyerekeye amavuta azimvye ya Mariya na twa duceri tubiri tw’umupfakazi?

◻ Ukuntu Yehova abona ubusuku bukoranywe ubugingo bwose gukwiye kugira ico gukoze gute ku kugene muri twebwe umuntu abona uwundi?

[Ifoto ku rup. 10]

Mariya yatanze ibirushirije kuba vyiza mu vyo afise, atāmiranisha umubiri wa Yezu mu kumusiga amavuta “y’igiciro kinini”

[Ifoto ku rup. 12]

Ibiceri vya wa mupfakazi—vyasa nk’ibitaco bimaze ku gaciro ubwavyo bifise, ariko bifise agaciro ntangere mu nyonga za Yehova

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika