UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | MARIKO 13-14
Niwirinde kugwa mu mutego wo gutinya abantu
Kubera iki intumwa zitashikamye igihe ibintu vyakomera?
Bariyizigiye birenze. Mbere Petero wewe yabona ko yobaye intahemuka kuri Yezu kuruta izindi ntumwa zose
Ntibagumye bari maso kandi basenga
Yezu amaze kuzuka, ni igiki cafashije intumwa zari zarigaye kudatinya abantu no kwamamaza naho bazirwanya?
Kuba barafashe nka nkama ingabisho Yezu yabahaye, vyaratumye bitegurira uruhamo n’agatotezo
Barihetse kuri Yehova bongera barasenga.—Ivk 4:24, 29
Ni mu bihe ibihe twokenera kugaragaza umutima rugabo?