Woba wari ubizi?
Ni igiki intumwa Paulo yabona mu bwenge igihe yavuga ibijanye n’“urugendo rw’intsinzi”?
▪ Paulo yanditse ati: “Imana . . . iturongora mu rugendo rw’intsinzi twifatanije na Kristu kandi igatuma akamoto k’ubumenyi buyerekeye kumvikana biciye kuri twebwe ahantu hose! Kuko ku Mana turi akamoto keza ka Kristu mu bariko barakizwa no mu bariko barahona; ku ba kabiri turi akamoto kava mu rupfu kaja mu rupfu, ku ba mbere akamoto kava mu buzima kaja mu buzima.”—2 Abakorinto 2:14-16.
Iyo ntumwa yariko ivuga ibijanye n’umugenzo Abaroma bari bafise wo kugira urugendo rwo kwigina intsinzi rwatera iteka umujenerali yaba yatsinze abansi b’igihugu. Muri ivyo birori, bagenda barerekana iminyago be n’imbohe z’intambara, impfizi z’inka zikaba ziriko zirajanwa aho ziza gutangwako ikimazi, mu gihe nya mujenerali yatahukanye intsinzi be n’ingabo ziwe na bo baba bariko bavugirizwa impundu. Urwo rugendo rurangiye, izo mpfizi zaca zitangwako ikimazi, kandi benshi muri za mbohe barashobora kwicwa.
Ku bijanye n’imvugo mberanya ngo “akamoto keza ka Kristu,” agasobanura ubuzima kuri bamwe kagasobanura urupfu ku bandi, igitabu kimwe c’inkoranyabumenyi (The International Standard Bible Encyclopedia) kivuga yuko “ishobora kuba yakuwe ku mugenzo Abaroma bari bafise wo kugenda barosa imibavu bari muri urwo rugendo” rw’intsinzi. Iyo nkoranyabumenyi ibandanya iti: “Ako kamoto kasobanura intsinzi ku bayitahukanye, kibutsa imbohe zafatiwe ku rugamba urupfu rwashobora kuba rubarindiriye.”a
‘Ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi’ bikunze kuvugwa mu Vyanditswe vy’igiheburayo vyari ibiki?
▪ Igihe Abisirayeli bari begereje kwinjira mu Gihugu c’Isezerano, Yehova yababwiye ngo baze bazimanganye ibibanza vyose vyo gusengeramwo vy’Abanyakanani baba muri ico gihugu. Imana yabategetse iti: “Muze . . . mumenagure ibibuye vyabo vyose bikorogoshoyekw ibishushanyo, mumenagure n’ibishushanyo vyabo vyose vyavugutiwe mu nkero, mukomvomvore ibitabo vyabo vyose vyo ku mpinga z’imisozi.” (Guharūra 33:52) Ivyo bibanza vyaberamwo ugusenga kw’ikinyoma bishobora kuba vyari ibibanza bitubakiwe biri ku mpinga z’imisozi canke bikaba ari ibibanza vyubatswe bikirurutse biri ahandi hantu, nko munsi y’ibiti canke mu bisagara. (1 Abami 14:23; 2 Abami 17:29; Ezekiyeli 6:3) Warashobora gusanga hari ibicaniro, inkingi nyeranda, ibishushanyo, ivyoserezwako imibavu be n’ibindi bintu bijanye n’ugusenga.
Imbere y’uko urusengero rw’i Yeruzalemu rwubakwa, Abisirayeli basengera Yehova mu bibanza vyemewe Bibiliya yita ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi. Samweli wa muhanuzi w’Imana yarashikaniye ibimazi ku “mpinga z’imisozi” mu gisagara kitavugwa izina co mu ntara ya Sufi. (1 Samweli 9:11-14) Ariko urusengero rumaze kwubakwa, abami batari bake b’abizigirwa kuri Yehova baragerageje gukura mu gihugu ‘ibitabo vyo ku mpinga z’imisozi.’—2 Abami 21:3; 23:5-8, 15-20; 2 Ngoma 17:1, 6.
[Akajambo k’epfo]
a Ushaka kumenya insobanuro yo mu vy’Imana y’ico kigereranyo Paulo yakoresheje, raba Umunara w’Inderetsi (mu gifaransa) wo ku wa 15 Munyonyo 1990, urupapuro rwa 27.
[Ifoto ku rup. 23]
Igihimba c’igishushanyo cerekana urugendo rw’intsinzi rw’Abaroma, mu kinjana ca kabiri G.C.
[Abo dukesha ifoto]
Ifoto yafashwe bitangiwe uburenganzira na British Museum
[Ifoto ku rup. 23]
Ibisigarira vy’inkingi nyeranda, i Gezeri