URURIRIMBO RWA 78
‘Twigishe Ijambo ry’Imana’
Integuro icapuwe
1. Barya bigisha rya Jambo,
Bahisemwo neza.
Turonk’ivyiza ntangere
Bitunezereza.
Twigana Yezu mu kwama
Turyigish’icese.
Twigishije turiyegereza
Data wa twese.
2. Twebwe abigisha baryo
Twama twigorera
Gukor’ibigororotse
Bakavyibonera.
Ducukuye turumv’ivyo
Ryo rituyagiye,
Tukigish’abandi na twebwe
Tutiyibagiye.
3. Kugira ngo turyigishe
Yehova ntabura
Kuduh’ivyo tumusaba
Kukw’abitahura.
Ibiri mw’Ijambo ryiwe
Biradushimisha.
Dukunz’abo twigisha na bo
Bazob’abigisha.
(Raba kandi Zab. 119:97; 2 Tim. 4:2; Tito 2:7; 1 Yoh. 5:14.)