UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABAKOLOSAYI 1-4
Mwambure wa muntu wa kera, hanyuma mwambare mushasha
Woba waragize amahinduka akomeye igihe wamenya ukuri? Nta nkeka ko Yehova yahimbawe n’akigoro wagize. (Ezk 33:11) Ariko rero, urakeneye kubandanya ugira akigoro kugira ngo ingeso za wa muntu wa kera ntizisubire kuvyuka no kugira ngo ugume wambaye umuntu mushasha. Niwishure ibibazo bikurikira kugira ubone aho woshobora kuryohora:
Noba mfitiye inzika uwangiriye nabi?
Noba nihangana n’igihe nyene mba nihuta canke ndushe?
Igihe ngize ivyiyumviro vy’ubuhumbu, noba nca ndavyikuramwo ntatebaganye?
Noba mbona nabi abo tudasangiye ibara ry’urukoba canke ubwenegihugu?
Hoba hari uwo mperuka kubwira nabi canke gushavurira?