Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
6-12 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 1-2
“Yehova arema ibiriho kw’isi”
it-1 563
Irema
Igihe Imana yavuga ku musi wa mbere ngo “nihabeho umuco,” bigaragara ko umuco utamurika cane waciye utangura kumenera mu bicu, naho nyene uwari kuba ari kw’isi atoshoboye kubona ivyatanga uwo muco. Biboneka ko umuco wagiye uraboneka intambwe ku yindi, nk’uko umuhinduzi yitwa J. W. Watts yabivuze ati: “Umuco rero wagiye urabaho intambwe ku yindi.” (It 1:3, A Distinctive Translation of Genesis) Imana yaciye ituma habaho itandukaniro hagati y’umuco n’umwiza, umuco iwita Umurango, umwiza na wo iwita Ijoro. Ivyo vyerekana ko isi yari yatanguye kuzunguruka izuba kugira ngo kw’isonga ryayo ry’epfo n’irya ruguru, mu buseruko no mu burengero, hose haze haraboneka ibiringo vy’umuco n’ivy’umwiza.—It 1:3, 4.
Ku musi ugira kabiri, Imana yararemye ikirere mu gushiraho itandukaniro “hagati y’amazi n’ayandi.” Hari amazi yagumye kw’isi, ariko ayandi menshi aduzwa hejuru cane y’isi maze hagati y’amazi yo kw’isi n’ayo hejuru ihashira ikirere. Ico kirere Imana yacise Ijuru, mugabo cegukira isi kubera ata ho bivugwa yuko amazi ari hejuru yaco yapfukiranije inyenyeri canke ibindi bisyo vyo mu kirere.—It 1:6-8.
Ku musi ugira gatatu, amazi yo kw’isi yaregeranirijwe hamwe biciye ku bubasha bw’Imana, haca haraboneka ubutaka bwumutse maze Imana ibwita Isi. Kuri uwo musi kandi ni ho Imana yarema ivyatsi, ibimera be n’ibiti vy’ivyamwa, biba bibayeho bidaciye kw’ihindagurika canke ngo vyiyadukize. Kimwe cose muri ivyo caremanywe ubushobozi bwo kurondoka nk’uko “ubwoko” bwaco buri.—It 1:9-13.
it-1 563-564 ing. 7-10
Irema
Biri n’ico bivuze kandi kubona irivuga ry’igiheburayo ba·raʼʹ, irisobanura “kurema,” atari ryo rikoreshwa mw’Itanguriro 1:16. Ahubwo hakoreshwa irivuga ry’igiheburayo ʽa·sahʹ risobanura “gukora.” Kubera ko izuba, ukwezi n’inyenyeri biri mu “majuru” avugwa mw’Itanguriro 1:1, vyari vyararemwe imbere cane y’umusi ugira kane. Ku musi ugira kane rero, Imana ‘yakoze’ ivyo bitangamuco mu buryo bw’uko yatumye bigira ico bimariye isi be n’ikirere kiri hejuru yayo. Igihe Bibiliya ivuga ngo “Imana ibishira mu kirere c’amajuru kugira vyakire isi,” vyerekana ko umuntu yociye atangura kubibona ari kw’isi. Ivyo bitangamuco kandi vyobaye “ibimenyetso [bikaba] n’ivyo kwerekana ibiringo n’imisi n’imyaka,” mu nyuma bikazoyobora umuntu mu buryo butandukanye.—It 1:14.
Umusi ugira gatanu waranzwe no kurema ibikoko. Kubera ububasha Imana ifise, ntiyaremye igikoko kimwe gusa ngo kize kirahindagurika kivemwo ubundi bwoko bw’ibinyabuzima, ahubwo riho yatumye haba umugwirirano w’ibifise ubuzima. Bibiliya ivuga iti: “Imana irema ibikoko binini amahero vyo mu kiyaga be n’igifise ubuzima cose kigendagenda, ivyo amazi yatumye bigwirirana nk’uko amoko yavyo ari, be n’ikiremwa c’amababa cose kiguruka nk’uko ubwoko bwaco buri.” Kubera Imana yabonye ko ivyo yaremye vyari vyiza, yaciye ibihezagira mu kuvuga ngo ‘nimugwire.’ Ivyo vyoshobotse kubera ko ivyo biremwa vy’ubwoko butandukanye vyaremanywe ubushobozi bwo kurondoka “nk’uko amoko yavyo ari.”—It 1:20-23.
Ku musi ugira gatandatu, “Imana [yaciye] irema igikoko c’ikinyeshamba co kw’isi nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igitungwa nk’uko ubwoko bwaco buri, n’igikoko kigendagenda cose co ku butaka nk’uko ubwoko bwaco buri.” Ivyo na vyo nyene vyari vyiza, cokimwe n’ibindi vyose Imana yari yararemye.—It 1:24, 25.
Amaja mu mpera y’umusi ugira gatandatu w’irema, Imana yararemye ikiremwa gishasha kiruta ibikoko ariko kiri musi y’abamarayika. Ico kiremwa ni umuntu, akaba yaremwe mw’ishusho y’Imana, asa na yo. Naho mw’Itanguriro 1:27 havuga gusa ko abantu Imana ‘yabaremye ari umugabo n’umugore,’ inkuru nk’iyo dusanga mw’Itanguriro 2:7-9 yerekana ko Imana yaremye umuntu mu mukungugu wo hasi, imuhuhira mu mazuru impemu y’ubuzima umuntu acaba muzima, iraheza imushira mw’iparadizo imuha n’ibifungurwa. Mu kurema umuntu wa mbere Adamu, Yehova yakoresheje ibintu vyo kw’isi, maze mu kurema umugore, aca akoresha urubavu rwa Adamu. (It 2:18-25) Igikorwa co kurema umugabo n’umugore kimaze kurangira, Yehova yari ahejeje kurema ubwoko-muntu.—It 5:1, 2.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ico ubuhinga bukumariye
Imyaka isi n’ijuru bimaze
Abahinga bavuga yuko isi imaze nk’imyaka imiliyaridi 4 be n’uko ikirere kimaze imyaka iri hagati y’imiliyaridi 13 na 14. Bibiliya ntivuga igihe isi n’ijuru vyaremewe. Nta na hamwe yerekana ko isi imaze imyaka ibihumbi bikeyi gusa. Umurongo wa mbere wo muri Bibiliya uvuga uti: “Mu ntango Imana yaremye amajuru n’isi.” (Itanguriro 1:1) Kubera ko Bibiliya itadomako igihe ijuru n’isi vyaremewe, abahinga barashobora guharura imyaka bimaze, bafatiye ku bintu bifise ishingiro abahinga batohoje.
it-2 16-17
Yezu Kristu
Si Umuremyi. Naho uwo Mwana yagize uruhara mw’irema, ntivyatumye na we aba Umuremyi nka Se. Ububasha bwo kurema bwava ku Mana biciye ku mpwemu nyeranda, ari zo nguvu zayo. (It 1:2; Zb 33:6) Kubera ko Yehova ari we Soko ry’ibifise ubuzima, vyaba ibiboneka canke ibitaboneka, vyose ni we bikesha ubuzima. (Zb 36:9) Aho kuba Umuremyi rero, uwo Mwana nyabuna yari umukozi Yehova we Muremyi yakoresha. Yezu ubwiwe yariyemereye ko Imana ari yo yaremye, nk’uko na Bibiliya ivyerekana.—Mt 19:4-6.
13-19 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 3-5
“Ingaruka zibabaje zakwezwe n’ikinyoma co mu ntango”
Umugambi wa Yehova uzoranguka ata kabuza
9 Shetani wa Mubesheranyi yarakoresheje inzoka, arahenda Eva ngo agambararire Umuvyeyi wiwe Yehova. (Soma Itanguriro 3:1-5; Ivyah. 12:9) Shetani yaseruye iciyumviro c’uko abana b’Imana babujijwe kurya “ku giti na kimwe co mu murima.” Ni nk’aho yavuze ati: ‘Burya ntimushobora gukora ico mushatse cose?’ Yaciye avuga ikinyoma cambaye ubusa ati: “Haba namba ntimuzopfa.” Mu nyuma yaragerageje kujijura Eva ko atari akwiye kwumviriza Imana. Yamubwiye ati: “Imana i[ra]zi yuko umusi nyene mwakiriyeko amaso yanyu azoca yuguruka.” Ni nk’aho Shetani yari avuze ko Yehova atashaka yuko barya ico camwa, kubera ko kukirya vyotumye babona kure. Shetani yaciye ababesha ngo bakiriye ‘bazoca bamera nk’Imana, bakamenya iciza n’ikibi.’
w00 15/11 25-26
Ni igiki twigira ku mugabo n’umugore ba mbere?
Eva yoba yari kwirinda gucumura? Ego cane! Niwishire mu kibanza ciwe. Ivyo inzoka yamubwiye vyari bitandukanye rwose n’ivyo Imana be na Adamu bari bavuze. Wokwumva umerewe gute nka hamwe umuntu utazi yokwagiriza umuntu wizigira kandi ukunda yuko ari umubeshi? Eva yari akwiye kwiyamiriza iyo nzoka mbere agashishwa ntanayumvirize. Nakare, iyo nzoka yari iki ngo ivyure inkeka ku bugororotsi bw’Imana no ku vyo umugabo wiwe yamubwiye? Iyo Eva yubaha ubukuru Imana yashinze mu muryango vyari gutuma ahanuza imbere yo gufata ingingo iyo ari yo yose. Na twebwe ni ukwo dukwiye kubigenza igihe duhawe amakuru atandukanye n’ubuyobozi Imana itanga. Yamara Eva yarizigiye ivyo uwo Mugerageji yamubwiye aca ashima kwigenera ikibereye n’ikitabereye. Uko yarushiriza kwiyinjizamwo ico ciyumviro, ni ko camuryohera. Ese ukuntu yakoze ikosa rikomeye mu kwishiramwo icipfuzo kibi aho kucamirira kure canke ngo ayage ico kibazo n’umutwe w’urugo!—1 Abakorinto 11:3; Yakobo 1:14, 15.
Adamu yarumvirije ijwi ry’umugore wiwe
Eva ntiyatevye kwumvisha Adamu ngo yifatanye na we mu gicumuro ciwe. Wosigura gute none ingene yanyarutse guca avyemera? (Itanguriro 3:6, 17) Adamu yari ahanganye n’ikibazo co guhitamwo uwo atohemukira. Yoba yari kwumvira Umuremyi wiwe yari yaramuhaye ibintu vyose ushizemwo n’umugore wiwe yakunda cane Eva? Yoba yari kurondera ubuyobozi Imana itanga kugira amenye ico yari gukora? Canke yari gushigikira umugore wiwe? Adamu yari azi neza ko ivyo Eva yari yiteze kuronka ariye ku camwa Imana yari yababujije atari vyo. Intumwa Paulo yahumekewe kwandika ati: “Adamu ntiyahenzwe, mugabo umugore yarahenzwe rwose, ararenga itegeko.” (1 Timoteyo 2:14) Adamu rero yahisemwo kugarariza Yehova n’ibigirankana. Biboneka ko yatinye cane gutandukana n’umugore wiwe aho kwizera ububasha Imana ifise bwo gutorera umuti ico kibazo.
Imana yoba vy’ukuri yitaho abakenyezi?
Abakenyezi boba baravumwe n’Imana?
Ihibambewe. Ahubwo riho, “ya nzoka yo mu ntango, iyitwa . . . Shetani,” ni yo ‘yavumwe’ n’Imana. (Ivyahishuwe 12:9; Itanguriro 3:14) Igihe Imana yabwira Adamu ko ‘yoganje’ umugore wiwe, ntiyariko yerekana ko ishigikiye ivy’uko umugore aba hasi y’umugabo. (Itanguriro 3:16) Imana yariko irerekana gusa ingaruka zibabaje igicumuro cogize kuri uwo mugabo n’umugore ba mbere.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—1
3:17—Ni mu buhe buryo isi yavumwe, kandi yavumwe ku bw’igihe kingana gute? Umuvumo wavumwe isi washaka kwerekana yuko ico gihe kuyirima vyocitse ibigoye cane. Ingaruka z’iyo si yavumwe, ushizeko imikere be n’ibitovu vyari kuri yo, zarashitse ku bakomoka kuri Adamu ku buryo bw’uko Lameki se wa Nowa yavuze ivy’“[u]butame bg’amaboko yacu bute[rwa] n’iri vu Uhoraho yavumye” (Itanguriro 5:29). Inyuma y’Umwuzure, Yehova yarahezagiye Nowa n’abahungu biwe, aravuga umugambi yari afise w’uko buzura isi (Itanguriro 9:1). Umuvumo Imana yavumye isi biboneka ko wakuweho.—Itanguriro 13:10.
it-1 672
Ububabare bw’ibise
Amakuba yo mu kiringo co kwibaruka. Eva amaze gucumura, Imana yaramubwiye ivyomushikiye mu kiringo co kwibaruka. Iyo agamburuka, umuhezagiro w’Imana wogumye kuri we kandi kwibaruka cobaye ari ikintu gihimbaye cane kubera ko Bibiliya ivuga iti: “Umuhezagiro wa Yehova, emwe, uwo ni wo utungisha, kandi nta mubabaro awongerako.” (Img 10:22) Mugabo kuva ico gihe, ingene umubiri munyagasembwa ukora vyotumye haba imibabaro. Ni co gituma Imana yavuze (narirya ibintu yaretse bikaba akenshi usanga bivugwa ko ari yo yabikoze) iti: “Nzokwongereza rwose ububabare bw’ukwibungenga kwawe; uzovyara abana mu misonga.”—It 3:16.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 105 ing. 8
Lameki
Amajambo Lameki yatunganirije abagore biwe (It 4:23, 24) arerekana agatima k’ubukazi kariho ico gihe. Yanditse ati: “Umve ijwi ryanje, yemwe bagore ba Lameki; tege ugutwi ijambo ryanje: Narishe umugabo kuko yankomerekeje, egome, narishe umusore kuko yankubise. Nimba Kayini abwirizwa guhorwa incuro indwi, Lameki rero ni incuro mirongo irindwi be n’indwi.” Biboneka ko Lameki yariko arisigura mu kwerekana yuko igihe yica umugabo yamukubise akanamukomeretsa, yariko arivuna, ko atamwishe abishaka nka kumwe kwa Kayini. Ayo majambo rero yari ayo gusaba ubudahangarwa kugira yikingire uwo wese yorondera kwihora.
it-1 352 ing. 5
Ugucafuza
Ibijanye n’“ukwambaza izina rya Yehova” vyatanguye mu gihe ca Enoshi imbere y’umwuzure, bitegerezwa kuba bitari bigororotse kandi bitabereye. Ivyo tuvyemezwa n’uko Abeli yari asanzwe asenga Imana akoresheje izina ryayo n’imbere cane y’uko ivyo biba. (It 4:26; Heb 11:4) Nimba ukwo kwambaza izina ry’Imana vyagirwa mu kurikoresha nabi canke mu kuryitirira abantu canke ibigirwamana, nk’uko abahinga bamwe mu vya Bibiliya babivuga, uca wumva ko cari igikorwa co kuricafuza.
20-26 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 6-8
“Akora kuno nyene”
Niwigane ukwizera n’ukugamburuka kwa Nowa, Daniyeli na Yobu
4 Ingorane zashikiye Nowa. Mu gihe ca Henoki sekuruza wa Nowa, abantu ntiberekwa ivy’Imana. Mbere baravuga “ibintu . . . vy’akamaramaza” kuri Yehova. (Yuda 14, 15) Ububisha bwari bwiraye. Nkako, mu gihe ca Nowa ‘isi yari yuzuye ubukazi.’ Abamarayika babi bariyambitse umubiri w’abantu, barabira abagore b’abantu maze bavyara abana b’ababisha. (Ita. 6:2-4, 11, 12) Ariko Nowa we yari atandukanye n’abandi. Bibiliya ivuga iti: “Nowa agira ubutoni mu maso ya Yehova. . . . Yarerekana ko atagira amahinyu mu bo mu gihe ciwe. Nowa yagendana n’Imana y’ukuri.”—Ita. 6:8, 9.
“Yagendana n’Imana y’ukuri”
Ico gikorwa catwaye igihe kitari gito, kumbure hagati y’imyaka 40 na 50. Bategerezwa kwicira ibiti, bakarwana na vyo babikwega, bakabigegena, bakabiha imero bipfuza hanyuma bakabifatanya. Ubwo bwato bwabwirizwa kugira amagorofa atatu, ivyumba bitari bike, n’umuryango mu mbavu. Biboneka ko bwari bufise n’amadirisha amaja hejuru, bukagira n’igisenge kiduze gatoya hagati kugira ngo amazi akigwako ace aseseka.—Itanguriro 6:14-16.
Niwiruke muri rya siganwa wihanganye
13 Ni igiki cafashije abo basavyi ba Yehova kwihangana maze bakarangiza iryo siganwa? Raba ivyo Paulo yanditse ku vyerekeye Nowa. (Soma Abaheburayo 11:7.) ‘Umwuzure w’amazi kw’isi wari guhonya ikiri n’umubiri cose,’ cari ikintu Nowa ‘atari bwabone.’ (Ita. 6:17) Cari ikintu kitari bwigere kiba. Naho vyari ukwo, Nowa ntiyabonye ko cari ikintu kidashobora gushika. Kubera iki? Kubera ko yizera yuko Yehova yama ashitsa ikintu cose avuze. Nowa ntiyiyumviriye yuko yari asabwe amananiza. Ahubwo, ‘yakoze kuno nyene.’ (Ita. 6:22) Uravye ibintu vyose Nowa yategerezwa gukora, uri ukwubaka ubwato, gutororokanya ibikoko, gushira mu bwato ibifungurwa vy’abantu n’ibikoko, kwamamaza ubutumwa bwo kugabisha hamwe no gukomeza umuryango wiwe mu buryo bw’impwemu, bitegerezwa kuba bitamworoheye kubikora “kuno nyene.” Yamara, ukwizera kwa Nowa n’ukwihangana kwiwe vyatumye we n’umuryango wiwe barokoka bongera barironkera imihezagiro.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—1
7:2—Ni igiki cakoreshwa nka ryo shimikiro ryo gutandukanya ibikoko bidahumanye n’ibihumanye? Biboneka yuko ico bishimikiza mu kubitandukanya cari kijanye n’ikoreshwa ry’ibimazi mu gusenga, ariko si ku vyashobora kuribwa canke kutaribwa. Inyama z’ibikoko ntizari mu vyo umuntu yari asanzwe afungura imbere y’Umwuzure. Ukwita imfungurwa ko ‘zidahumanye’ canke ‘zihumanye’ vyaje kubaho gusa mu gihe c’Ivyagezwe vya Musa, hanyuma birangira igihe ivyo Vyagezwe vyakurwaho (Ivyakozwe 10:9-16; Abanyefeso 2:15). Biboneka yuko Nowa yari azi ibibereye gutangwako ikimazi mu gusenga Yehova. Amaze kuva mu bwato, yaciye “yubakira Uhoraho igicaniro, yābīra mu bitungano vyose no mu bikōko vyose bi[dahumanye], no mu biguruka vyose bi[dahumanye], abitangira kur’ico gicaniro kw ibimazi vyo kwoswa”.—Itanguriro 8:20.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Itanguriro—1
7:11—Amazi yatumye haba Umwuzure ukwiye kw’isi yose yavuye hehe? Mu kiringo canke umusi ugira kabiri w’irema, igihe “itāzānure” ry’isi ryashirwaho, hariho amazi “musi y’itāzānure” no “hejuru yaryo” (Itanguriro 1:6, 7). Amazi yo “musi” ni amazi yari asanzwe ari kw’isi. Amazi yo “hejuru” wari umwuka w’amazi ukanye mwinshi cane wari hejuru y’isi, ukaba wari ugize “inyenga y’amazi nini amahanga.” Ayo mazi yaraguye kw’isi yo mu gihe ca Nowa.
27 NZERO–2 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 9-11
“Isi yose yari ifise ururimi rumwe”
it-1 255
Babiloni Akomeye
Ivyaranga Babiloni ya kera. Ishingwa ry’igisagara ca Babiloni mu Biyaya vy’i Shinari ryatanguye igihe abantu bagerageza kwubaka Umunara w’i Babeli. (It 11:2-9) Imvo nyamukuru yatumye bubaka uwo munara n’ico gisagara ntikwari ukuninahaza izina ry’Imana, ahubwo kwari ukugira “[b]iheshe izina rurangiranwa.” Ivy’uko uwo munara wubatswe mu ntumbero ijanye n’ivy’idini, bisa n’ibigaragarira ku minara yubuwe mu bihomvagurike vya Babiloni ya kera be n’ahandi muri Mezopotamiya. Ingingo ruhasha Yehova yafashe yo kubuza iyubakwa ry’uwo munara irerekana neza ko cari igikorwa gifitaniye isano n’idini ry’ikinyoma. Naho mu giheburayo izina Babeli risobanura “Umuvurungano,” izina (Ka-dingir-ra) ryo mu rurimi rw’igisumeri be n’izina (Bab-ilu) ryo mu rwita akadi yompi asobanura “Irembo ry’Imana.” Naho rero abasigaye muri ico gisagara bahinduye izina ryaco kugira uwuryumvise ntace aryumvamwo ca gihano c’Imana, izina rishasha bagihaye riracerekana ko gifitaniye isano n’ivy’idini.
it-2 111 ing. 6
Ururimi
Inkuru ivugwa mw’Itanguriro, irerekana ko inyuma y’Umwuzure hari abantu bagiye hamwe ku bw’umugambi uteye kubiri n’ivyo Imana yari yarabwiye Nowa n’abahungu biwe. (It 9:1) Aho gusanzara ngo ‘buzure isi,’ biyemeje kuja hamwe ngo babe ahantu hahavuye hitwa Ibiyaya vy’i Shinari muri Mezopotamiya. Biraboneka kandi ko hari kuba intimatima ijanye n’ivy’ugusenga, ifise n’umunara wayo.—It 11:2-4.
it-2 111-112 ing. 7
Ururimi
Imana Mushoboravyose yaraburijemwo uwo mugambi bari bafise wo kwishira hejuru mu gusambura icatuma bunga ubumwe. Ivyo yabigize mu kuyoberanya ururimi bavuga. Ivyo vyatumye badasubira gukora bahuza maze basanzara hirya no hino kw’isi. Kuba batari bakivuga ururimi rumwe vyotumye no muri kazoza badashobora kuja hamwe ngo barangure umugambi mubi canke uteye kubiri n’ivyo Imana igomba, kuko bitoboroheye gushira hamwe ubwenge n’ubushobozi bafise barondera gushikira imigambi iranga ubwikunzi. Ntivyokworoshe kandi ko imigwi y’abavuga indimi zitandukanye ishira hamwe ubumenyi bwayo, ubwo bukaba ari ubumenyi butava ku Mana ahubwo buva ku vyo abantu bashitseko. (Gereranya na Ums 7:29; Gus 32:5.) Rero naho kuyoberanya ururimi vyatumye abantu batandukana, ku bwa ngingo vyarabafashije kuko vyatumye badashika ku migambi iteye akaga kandi ibabaje. (It 11:5-9; gereranya na Yes 8:9, 10.) Turavye ibintu abantu bahingura muri kino gihe kubera ubumenyi baronse be n’ingene baca babikoresha, bica bidufasha kubona ko Imana yari yarabonye imbere y’igihe ivyari gushika iyo igikorwa c’i Babeli kibandanya.
it-2 375
Amahanga
Kubera ko abantu batari bagihuza bivuye ku rurimi, umugwi w’abasangiye ururimi waca wishingira imico, utugenegene, imigenzo, inyifato be n’uburyo bwo gusenga, bamwe bose bakabikora uko bavyumva. (Lw 18:3) Kubera ko biyonkoye ku Mana, barihinguriye ibigirwamana vyinshi.—Gus 12:30; 2Bm 17:29, 33.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 421 ing. 4
Hamu
Birashoboka ko Kanani yagize uruhara muri ico gikorwa ariko se wiwe ntiyamukosora. Canke na ho Nowa ahumekewe, yarabonye imbere y’igihe yuko agatima kabi Hamu yari afise, agashobora kuba kari kamaze kwibonekeza mu muhungu wiwe Kanani, korazwe uruvyaro rwa Kanani. Uwo muvumo watanguye kuranguka igihe Abisirayeli b’Abasemite (abakomoka kuri Shemu) bigarurira Abanyakanani. Abatasanganguwe (nk’akarorero Abanyagibeyoni bavugwa muri Yos 9) babagize abaja. Inyuma y’ibinjana bitari bike, uwo muvumo warasubiye kuranguka igihe abakomoka ku muhungu wa Hamu ari we Kanani bigarurirwa n’abakomoka kuri Yafeti, bano bakaba bari bagizwe n’intwaro nganzasi y’Abamedi n’Abaperesi, iy’Abagiriki be n’iy’Abaroma.
it-2 403
Nimurodi
Mu ntango, ubwami bwa Nimurodi bwari bugizwe n’ibisagara vya Babeli, Ereki, Akadi na Kalune, vyose bikaba vyari mu gihugu ca Shinari. (It 10:10) Birumvikana rero ko ashobora kuba ari we yatanze itegeko ryo kwubaka Babeli n’umunara waho. Ico ciyumviro kirahuye kandi n’ukuntu Abayuda bamye babona ibintu. Uwitwa Josèphe yanditse ati: “[Nimurodi] yagiye arahindura ibintu buhorobuhoro ku buryo acika intwazamukazo. Yabona ko uburyo bwonyene bwo kwigarurira abantu kugira ntibabe bagitinya Imana, ari ugutuma biheka ku bubasha bwiwe nantaryo. Yabasezeraniye ko yobakingiye nka hamwe Imana yosubira kuzana umwuzure kw’isi: yobubakiye umunara muremure cane amazi adashobora gushikira akongera agahora amaraso ya basekuruza. Abantu bari bashashaye gukurikiza ivyo vyiyumviro vya [Nimurodi], basigara babona ko kuyobokera Imana ari ubuja. Baciye rero batangura kwubaka uwo munara . . . kandi waraduze ningoga kuruta uko vyari vyitezwe.”—Jewish Antiquities, I, 114, 115 (iv, 2, 3).