ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 4 rup. 7
  • Gucira inzira neza ivyanditswe

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Gucira inzira neza ivyanditswe
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Gusigura neza ivyanditswe
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwinjiza Neza Ivyanditswe
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Intangamarara nziza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 4 rup. 7

ICIGWA CA 4

Gucira inzira neza ivyanditswe

Icanditswe

Matayo 22:41-45

INCAMAKE: Nutegure ubwenge bw’abakwumviriza imbere yo gusoma icanditswe.

UKO WOBIGIRA:

  • Numenye igituma ugomba gusoma ico canditswe. Igihe cose ugira usome icanditswe, nugicire inzira ku buryo abakwumviriza babona iciyumviro nyamukuru ugomba gushira ahabona muri uwo murongo.

    Inama ngirakamaro

    Nurabe imirongo iza imbere y’ico canditswe be n’iyikurikira. Igihe uvuga uwavuze amajambo mugira musome canke uwanditse ico gitabu co muri Bibiliya, nurabe neza ntuvuge uwutari we.

  • Nutume abantu baha agaciro Bibiliya. Igihe uganira n’abantu bemera Imana, ntiwitinye kuvuga ko Bibiliya ari Ijambo ry’Imana. Gutyo, uba werekanye ko ivyo wigisha biva ku Mana.

  • Nutume bumva bashashaye gusoma ico canditswe. Nubaze ikibazo cishurwa n’ico canditswe. Nuvuge ingorane ico canditswe cofasha gutorera umuti canke uvuge ingingo ngenderwako ico canditswe kiza kubafasha gutahura.

    Inama ngirakamaro

    Nuzirikane ivyo abakwumviriza basanzwe bazi ku vyo muriko muraganira no kuri ico canditswe. Naho coba ari icanditswe bamenyereye, nugicire inzira neza ku buryo kibabera nka gishasha.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2025)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika