ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • th icigwa 16 rup. 19
  • Imvugo iremesha

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Imvugo iremesha
  • Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ivyo bijanye
  • Gukora ku mutima abakwumviriza
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Ibiyago Vyubaka Kandi Vyeza Umutima
    Niwungukire ku Nyigisho yo mw’Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi
  • Gushwashwanuka
    Niwijukire gusoma no kwigisha
  • Kwerekana akamaro k’ivyo wigisha
    Niwijukire gusoma no kwigisha
Ibindi
Niwijukire gusoma no kwigisha
th icigwa 16 rup. 19

ICIGWA CA 16

Imvugo iremesha

Icanditswe

Yobu 16:5

INCAMAKE: Nushimike ku bintu vyiza kandi biremesha.

UKO WOBIGIRA:

  • Nubone abakwumviriza mu buryo bwiza. Niwizigire ko abo musangiye ukwemera bipfuza guhimbara Yehova. N’igihe vyoba ngombwa ko ubaha impanuro, nubanze ubakeze bivuye ku mutima igihe cose bishoboka.

    Inama ngirakamaro

    Nuvuge ubitumwe n’urukundo, ntubitumwe n’agashavu. Nuze uramwenyura kugira wereke abakwumviriza ko ubatahura, bitume na bo bakwizigira.

  • Gabanya ibintu bica intege. Ibintu bitaremesha nubicishemwo igihe gusa bikenewe. Muri rusangi, ikiganiro cawe gikwiye kuba ikiremesha.

  • Nukoreshe neza Ijambo ry’Imana. Nushimike ku vyo Yehova yakoreye abantu, ku vyo ariko arabakorera no ku vyo azobakorera. Nuremeshe abakwumviriza wongere ubakomeze.

MU NDIMIRO

Nubone ko umwe wese mu bakwumviriza yoshobora gucika Icabona.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika