Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
13-19 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 31
“Yakobo na Labani bagiranira isezerano ry’amahoro”
it-1 943 ing. 3
Galeyedi
Kugira Yakobo na Labani batorere umuti mu mahoro ivyo batahurizako, baragiraniye isezerano. Yakobo yaciye rero ashiraho inkingi y’ibuye, yongera abwira “bene wabo” gutunganya ikirundo c’amabuye, kumbure bagiha imero y’imeza, maze bakirirako imfungurwa zijanye n’iryo sezerano. Mu nyuma, Labani yarahaye izina aho hantu yisunze nya kirundo c’amabuye mu kuhita “Yegari-sahaduta,” akaba ari izina ry’Igiharameya (Igisiriya). Yakobo we yahise “Galeyedi,” akaba ari izina ry’Igiheburayo bisobanura cokimwe. Labani yavuze ati: “Iki kirundo [gal mu Giheburayo] ni icabona [ʽedh mu Giheburayo] hagati yanje nawe uno musi.” (It 31:44-48) Nya kirundo c’amabuye (be na nya nkingi y’ibuye) vyari ivyabona ku bahita bose. Nk’uko bivugwa ku murongo wa 49, wari “Umunara w’Inderetsi [mits·pahʹ mu Giheburayo]” wemeza ko Yakobo na Labani basezeranye kuzigama amahoro mu miryango yabo no hagati y’imiryango yabo. (It 31:50-53) No mu bihe vyakurikiye, amabuye yarakoreshwa muri ubwo buryo nyene nk’ivyabona bitavuga.—Yos 4:4-7; 24:25-27.
it-2 1089-1090
Umunara w’Inderetsi
Yakobo yaratunganije ikirundo c’amabuye acita “Galeyedi” (bisobanura ngo “Ikirundo c’intahe”) yongera acita “Umunara w’Inderetsi.” Yaciye avuga ati: “Yehova agume areretse hagati yanje nawe nitwaba turi aho umwe atabona uwundi.” (It 31:45-49) Ico kirundo c’amabuye coshinze intahe y’uko Yehova yariko yitegereza kugira arabe ko Yakobo na Labani bashitsa isezerano ryabo ry’amahoro.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 1062
Terafimu
Ivyubuwe n’abacukuzi muri Mezopotamiya no mu turere turi hafi yaho vyerekana ko gutunga terafimu vyatuma umuntu ashobora kuzoronka intoranwa y’umuryango. Twisunze ivyanditse ku gisate c’ibuye catowe i Nuzi, gutunga ibimana vy’umuryango vyarashobora gutuma mu bihe bimwebimwe umukwe aronka uburenganzira bwo kurenguka muri sentare agasaba ibisigi vya sebukwe. (Igitabu Ancient Near Eastern Texts casohowe na J. Pritchard, 1974, rup. 219, 220, n’akajambo k’epfo ka 51) Rasheli afise ivyo mu muzirikanyi, ashobora kuba yariyumviriye yuko afise imvo yo gutwara terafimu za se yitwaje ko se yagiye arahenda umugabo wiwe Yakobo. (Gereranya na It 31:14-16.) Kuba terafimu zari zihambaye mu bijanye n’uburenganzira bwo gutorana, biradufasha no gutahura igituma Labani yarajwe ishinga cane no kuzigaruza, ku buryo mbere yafashe urugendo rw’imisi indwi na bene wabo ariko akurikira Yakobo. (It 31:19-30) Naho ari ukwo, Yakobo ntiyari azi namba ivyo Rasheli yakoze (It 31:32), kandi nta na kimwe cerekana ko Yakobo yigeze arondera gukoresha izo terafimu kugira aronke intoranwa mu bahungu ba Labani. Yakobo ntiyerekwa ibigirwamana. Wanashaka, izo terafimu bashobora kuba barazitaye igihe Yakobo yanyegeza munsi y’igiti kinini cari hafi ya Shekemu imana z’inyamahanga zose abo mu rugo rwiwe bari bafise.—It 35:1-4.
Yehova ni we hantu hacu ho kuba
8 Igihe Yakobo yashika i Harani, inarume Labani yaramwakiranye igishika cinshi maze mu nyuma amuha Leya na Rebeka ngo bamubere abagore. Ariko rero, mu nyuma Labani yaragerageje kurya imitsi Yakobo, mu guhindura impembo yiwe incuro cumi! (Ita. 31:41, 42) Yamara, Yakobo yarihanganiye ako karenganyo, yizigiye ko Yehova yobandanije kumwitwararika kandi yarabigize. Nkako, igihe Imana yabwira Yakobo gusubira i Kanani, uwo sekuruza w’imiryango yari atunze “imikuku myinshi n’abasukukazi n’abasuku n’ingamiya n’indogobwa.” (Ita. 30:43) Yakobo yuzuye ugukenguruka, yasenze ati: “Sinkwiriye ibikorwa vy’ubuntu bwuzuye urukundo vyose n’ubwizigirwa bwose wagiriye umusavyi wawe, kuko najabutse uru ruzi Yorodani mfise inkoni yanje gusa, ubu nkaba nacitse amakambi abiri.”—Ita. 32:10.
Igisomwa ca Bibiliya
20-26 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 32-33
“Woba uriko uranyinyana kugira uronke umuhezagiro?”
Woba uriko uronderana ubwira Yehova?
Ivyanditswe vyuzuyemwo uturorero tw’abantu bagize utwigoro tutavanako mu kurondera Yehova. Umwe muri abo bantu yari Yakobo, uwaniganye gushika mu mutwenzi n’umumarayika w’Imana yari yiyambitse umubiri w’abantu. Ivyo vyatumye Yakobo ahabwa izina Isirayeli (Uwunigana n’Imana) kubera yuko ‘yaniganye’, canke yanyinyanye, yarwanye, yahanganye n’Imana. Uwo mumarayika yaramuhezagiye kubera yihase abigiranye ubwira.—Itanguriro 32:24-30.
it-1 356
Gucumbagira
Ugucumbagira kwa Yakobo. Igihe Yakobo yari afise nk’imyaka 97, yararwanye ijoro ryose n’umumarayika w’Imana yari yambaye ishusho y’umuntu. Yarumiyeko aragumya nya mumarayika gushika amuhezagiye. Igihe bariko baranyinyurana, umumarayika yaciye akora kw’iteranirizo ry’itako rya Yakobo rica riratirigana. Ivyo vyatumye Yakobo agenda acumbagira. (It 32:24-32; Hs 12:2-4) Naho rero Yakobo “[y]anyinyanye n’Imana [umumarayika w’Imana] n’abantu amaherezo [a]gatahukana intsinzi” nk’uko umumarayika yabivuze, yari aronse icogumye kimwibutsa yuko mu vy’ukuri atanesheje umumarayika w’inkomezi w’Imana. Kuba Yakobo yarashoboye kunyinyana n’uwo mumarayika ni kubera gusa Imana yemeye bikaba, kugira haboneke ikimenyamenya c’uko Yakobo yatahura ko akeneye cane umuhezagiro wayo.
it-1 1212
Isirayeli
1. Ni izina Imana yise Yakobo igihe yari afise nk’imyaka 97. Vyabaye muri rya joro Yakobo yajabuka icambu ca Yaboki agiye guhura na mwene wabo Esawu maze agatangura kunyinyana n’uwo yahavuye asanga ari umumarayika. Kubera ko Yakobo yumiyeko muri iyo ntambara, izina ryiwe ryarahinduwe riba Isirayeli, biba vyerekanye ko Yehova amuhezagiye. Kugira Yakobo ntaze yibagire ico kintu, aho hantu yaciye ahita Peniyeli canke Penuweli. (It 32:22-31) Mu nyuma i Beteli, Imana yaremeje ko Yakobo yahinduriwe izina, kandi yarinze apfa bakunda kumwita Isirayeli. (It 35:10, 15; 50:2; 1Ng 1:34) Ariko rero mu ncuro zirenga 2.500 izina Isirayeli riboneka, ahenshi ryerekeza ku bakomoka kuri Yakobo uko bagize ihanga.—Kv 5:1, 2.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Imvugo y’igikundiro iratuma haba imigenderanire myiza
10 Imvugo y’igikundiro be no kuganira neza birafasha gutuma haba imigenderanire irangwa amahoro be no kuyizigama. Mu bisanzwe, gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo turyohore imigenderanire tugiranira n’abandi birashobora gutuma turushiriza kuganira neza na bo. Kwibwiriza gukorera abandi ibikorwa bivuye ku mutima kandi birangwa ubuntu, nko kurondera uturyo two kubafasha, kubaha ingabirano ivuye ku mutima, kubagaragariza ubwakiranyi, birashobora kugira ico biterereye ku bijanye no kuganira ata guhishanya. Birashobora mbere “[kurunda] amakara yaka” ku muntu kandi vyoshobora gutuma agaragaza kamere nziza, ivyo bigatuma birushiriza kworoha kuganira ku ngorane.—Rom. 12:20, 21.
11 Umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yaratahura ico kintu. Ihasa ryiwe ari we Esawu yaramushavuriye cane ku buryo Yakobo yahunze atinya ko yomwica. Haciye imyaka myinshi, Yakobo yaragarutse. Esawu yaraje guhura na we ari kumwe n’abantu 400. Yakobo yarasenze Yehova amusaba ko yomufasha. Yaciye arungikira Esawu ingabirano igizwe n’ibitungwa vyinshi. Iyo ngabirano yarashitse ku ntumbero yayo. Igihe bahura, Esawu yari yaturuye, kandi yaciye yiruka aragumbira Yakobo.—Ita. 27:41-44; 32:6, 11, 13-15; 33:4, 10.
it-1 641
Imana ni Imana ya Isirayeli
Yakobo amaze guhura n’umumarayika wa Yehova i Peniyeli, yahawe izina Isirayeli. Mu nyuma amaze kubonana mu mahoro na mwene wabo Esawu, yaciye aja kuba i Sukoti hanyuma i Shekemu. Ashitseyo yaraguze itongo kuri bene Hamori aca ahashinga ihema. (It 32:24-30; 33:1-4, 17-19) Bibiliya yongerako iti: “Hanyuma ahashinga igicaniro, maze acita ngo Imana ni Imana ya Isirayeli.” (It 33:20) Kuba ico gicaniro carimwo izina rishasha yari aherutse kuronka, vyerekana ko Yakobo yemeye iryo zina kandi ararishima, yongera arakenguruka kuba Imana yaramugarukanye impore mu Gihugu c’Isezerano. Iyo mvugo iboneka rimwe gusa mu Vyanditswe.
Igisomwa ca Bibiliya
27 NDAMUKIZA–3 NDAMUKIZA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ITANGURIRO 34-35
“Kwifatanya n’abagenzi babi bikwega akarambaraye”
w97 1/2 30 ing. 4
Shekemu: Igisagara co mu mubande
Imisore yo muri ico gisagara yabona gute uwo mwigeme w’isugi yaguma aza kuhatemberera, atawumuherekeje? Umuhungu w’umutware umwe “[yaramubonye] maze aramufata, aryamana na we, aramwonona.” Kubera iki none Dina yitaye mu kaga mu kwifatanya n’Abanyakanani b’ibihumbu? Yoba yabitumwe n’uko yumvise akeneye abagenzi mu bakobwa bo mu runganwe rwiwe? Yoba yari intabarirwa kandi akarangwa n’agatima k’ubwigenge nka bamwe muri basazawe? Soma inkuru iri mw’Itanguriro, ugerageze gutahura ingene Yakobo na Leya bishwe n’intuntu n’ibimaramare kubera ingaruka zibabaje zo kuba umukobwa wabo yagumye atembera i Shekemu.—Itanguriro 34:1-31; 49:5-7; raba kandi Umunara w’Inderetsi wo ku wa 15 Ruhenshi 1985, urupapuro rwa 31.
“Nimuhunge ubusambanyi”
14 Shekemu yakoze ivyo yabona ko ari ibisanzwe kandi vyemewe. Kubera ko yipfuza kuryamana na Dina, yaciye ‘amufata, aramwonona.’ (Soma Itanguriro 34:1-4.) Ico kintu cabaye intandaro y’ingorane nyinshi zashikiye Dina n’umuryango wabo wose.—Itanguriro 34:7, 25-31; Abagalatiya 6:7, 8.
Igihe hari uwakubabaje
Abantu barondera kwihora abandi usanga akenshi babigira kugira ngo bagabanye umubabaro wo mu mutima uva ku kuba bagiriwe nabi. Nk’akarorero, Bibiliya itubwira ko igihe abahungu b’umwe sekuruza w’imiryango w’Umuheburayo Yakobo bamenya yuko Umunyakanani yitwa Shekemu yari yafashe ku nguvu mushiki wabo Dina, ‘bababaye, bakaraka cane.’ (Itanguriro 34:1-7) Kugira ngo babiri mu bahungu ba Yakobo bihore ku bijanye n’ico kibi cari cakorewe mushiki wabo, bapfunditse umugambi wo gutera Shekemu n’urugo rwiwe. Bakoresheje amayeri, Simeyoni na Lewi barinjiye mu gisagara c’i Kanani maze bica abantu bose b’igitsina-gabo, harimwo na Shekemu.—Itanguriro 34:13-27.
None ayo maraso yose yasheshwe yoba yaratoreye umuti ico kibazo? Igihe Yakobo yamenya ivyo abo bahungu biwe bakoze, yarabahambariye, ati: “Munkwegeye ibara, kuko mutumye nzinukwa na ben’igihugu, . . . bazokwikoraniriza hamwe, bantere, mpeze ndanduke, ndanduranwe n’inzu yanje.” (Itanguriro 34:30) Emwe, aho gutorera umuti nya kibazo, ukwo kwihora kwabo kwongeye ikibi mu kindi; ico gihe umuryango wa Yakobo wabwirizwa kuguma uri maso ku bijanye n’ibitero vyo kwihora vyogizwe n’ababanyi bashangashiwe. Bishoboka ko ivyo ari vyo vyatumye Imana itegeka Yakobo kwimukira mu karere k’i Beteli ari kumwe n’umuryango wiwe.—Itanguriro 35:1, 5.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 603 ing. 9
Debora
1. Ni incoreke ya Rebeka. Igihe Rebeka yava mu nzu ya se Betuweli akimukira i Palestina maze akubakana na Izahaki, Debora barajanye. (It 24:59) Inyuma y’imyaka Debora yamaze akorera urugo rwa Izahaki, yahavuye aja mu rugo kwa Yakobo, kumbure inyuma y’urupfu rwa Rebeka. Biboneka ko Debora na we yahavuye apfa inyuma y’imyaka nka 125 kuva Rebeka yubakanye na Izahaki, maze ahambwa munsi y’igiti kinini i Beteli. Izina bise ico giti (Aloni-bakuti, bisobanura ngo “Igiti kinini c’amarira”) rirerekana ukuntu Yakobo n’umuryango wiwe bamukunda.—It 35:8.
Ibibazo vy’abasomyi
Muri Isirayeli ya kera, abo Mesiya yokomotseko bose boba bategerezwa kuba imfura?
Twarigeze kuza turagira ico tuvuze kuri ico kintu. Vyasa n’uko ari kwo biri, twisunze Abaheburayo 12:16. Uwo murongo uvuga ko Esawu “a[t]aha agaciro ibintu vyeranda” kandi ko “[yahebeye Yakobo] uburenganzira bwiwe bw’imfura abukavye isahani imwe y’imfungurwa.” Ivyo vyasa n’ivyerekana ko igihe Yakobo yaronka “uburenganzira . . . bw’imfura,” yaciye aba umwe mu bo Mesiya yokomotseko.—Mat. 1:2, 16; Luka 3:23, 34.
Ariko rero, dusubiye kwihweza inkuru zo muri Bibiliya twarabonye ko bitari ngombwa ko sekuruza wa Mesiya aba ari imfura. Rimbura uburorero bumwebumwe:
Mu bahungu ba Yakobo (ari we Isirayeli), imfura yari Rubeni, uwo yavyaye kuri Leya. Mu nyuma, umuhungu wa mbere yavyaye ku mugore wiwe yakunda cane Rasheli, ni Yozefu. Igihe Rubeni yigenza nabi, uburenganzira bwo kuba imfura bwaciye buhabwa Yozefu. (Ita. 29:31-35; 30:22-25; 35:22-26; 49:22-26; 1 Ngo. 5:1, 2) Ariko rero, Mesiya ntiyakomotse kuri Rubeni canke kuri Yozefu. Yakomotse kuri Yuda, umuhungu agira kane Yakobo yavyaye kuri Leya.—Ita. 49:10.
Igisomwa ca Bibiliya