ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Ndamukiza rup. 7
  • “Mushire kure imana z’inyamahanga”

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • “Mushire kure imana z’inyamahanga”
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Niwemere Yehova agufashe kunanira Shetani n’amadayimoni
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Bibiliya ivuga iki ku bijanye n’ubupfumu?
    Be maso!—2017
  • Niwihebere Yehova wenyene gusa
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2019
  • Yarakingiye umuryango wiwe abigiranye umutima rugabo
    Gendana n’Imana n’umutima rugabo
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Ndamukiza rup. 7
Umugabo ataye ikidede gifitaniye isano n’ubupfumu.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

“Mushire kure imana z’inyamahanga

Naho Yakobo atari bwahabwe itegeko ryo kwirinda gusenga ibigirwamana, yari azi ko Yehova abereye kwiheberwa wenyene. (Kv 20:3-5) Ku bw’ivyo, igihe Yehova yamubwira kugaruka i Beteli, Yakobo yaciye ategeka abo bari kumwe bose gushibura imana z’inyamahanga. Yaciye ata kure ibigirwamana vyose, ushizemwo n’amahereni, ayashobora kuba yambarwa nk’ibiheko. (It 35:1-4) Nta gukeka ko Yehova yashimye cane ivyo Yakobo yakoze.

Muri iki gihe, dushobora gute kwihebera Yehova wenyene? Ikintu gihambaye dukwiye gukora, ni ukwirinda gusenga ibigirwamana canke gukora ivy’ubupfumu. Ivyo bishobora kuba birimwo guta kure ikintu cose gifitaniye isano n’ubupfumu be no gusuzuma neza uburyo twisamaza. Nk’akarorero, niwibaze uti: ‘Noba nisamaza mu gusoma ibitabu canke mu kuraba amasinema arimwo ibisizimwe, ibizombi canke ibisigabwenge? Mu buryo nisamaza, hoba harimwo ubwerekana ko maji, imitongero canke ibirozi ata co bitwaye?’ Dutegerezwa kwamirira kure ikintu cose Yehova yanka.​—Zb 97:10.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO “MURWANYE SHETANI,” MUCE MWISHURA IBI BIBAZO:

  • Umwana aryamye yambaye igiheko ku kuboko. Hirya yiwe hari nyina wiwe, akaba ari umutohoji wa Bibiliya ariko ayaga n’umugabo n’umugore bamwigisha Bibiliya.

    Ni ingorane iyihe yariko irashikira umutohoji wa Bibiliya yitwa Palesa?

  • Wa mugabo n’umugore bari kumwe na ya nyigisho yabo ya Bibiliya hamwe n’abakurambere babiri.

    Kubera iki bihambaye ko umuntu ariko ashikirwa n’ivy’amadayimoni afashwa n’abakurambere?

  • Wa mutohoji wa Bibiliya ariko araturira ca giheko c’umwana wiwe.

    Murwanye Shetani, mwiyegereze Imana.​—Yak 4:7, 8

    Nimba twipfuza gukingirwa na Yehova, dutegerezwa kuvavanura n’ibiki?

  • Palesa yafashe ingingo yo gukora iki?

  • Aho uba, ni ibintu bimwebimwe ibihe twokwirinda bijanye n’amadayimoni?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika