Imvugo y’igikundiro iratuma haba imigenderanire myiza
“Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro.”—KOL. 4:6.
1, 2. Ni ivyiza ibihe vyavuye ku kuba umuvukanyi umwe yakoresheje imvugo y’igikundiro?
UMUVUKANYI umwe avuga ati: “Igihe nariko ndamamaza inzu ku nzu, narahuye n’umugabo umwe yaciye ashavura cane ku buryo iminwa yiwe itaguma hamwe, umubiri wiwe wose na wo ugasusumira. Naragerageje kumufasha kuzirikana ku Vyanditswe umutima uri mu nda, mugabo ishavu ryiwe rirushiriza kwongerekana. Umukenyezi wiwe n’abana biwe baciye bifatanya na we mu kuntyoza, kandi narabona ko hageze yuko ndababisa. Narabwiye uwo muryango yuko nari naje mu mahoro kandi ko nipfuza gusubira inyuma mu mahoro. Naraberetse mu Bagalatiya 5:22 na 23, ahavugwa urukundo, ubwitonzi, ukwigumya n’amahoro. Naciye nigira.
2 “Mu nyuma, igihe nariko ndagendera imihana yari ku rundi ruhande rw’ibarabara, narabonye wa muryango wicaye ku ngazi zo ku muryango w’imbere w’inzu yabo. Barampamagaye. Nibajije nti: ‘Ubu ho bashaka iki?’ Wa mugabo yari afise ijage y’amazi akanye aca arampa ayo kunywa. Yaransavye ikigongwe kubera amajambo ataranga urupfasoni yambwiye maze arankeza kubera ukwizera kwanje gukomeye. Twavanye amarembe.”
3. Kubera iki dutegerezwa kwigumya kugira ntitureke ngo abandi batume dushavura?
3 Mw’isi ya kino gihe yuzuyemwo imikazo, usanga akenshi tudashobora kureka guhura n’abantu batwarwa n’ishavu, aho hakaba harimwo n’igihe turi mu busuku. Igihe duhuye n’abantu nk’abo, birahambaye ko tugaragaza “ubwitonzi n’icubahiro kigera kure.” (1 Pet. 3:15) Iyo wa muvukanyi twavuga aho haruguru areka uburake n’umutima mubi vya wa munyamuhana bigatuma ashavura, birashoboka yuko uwo muntu atari guturura nk’uko vyagenze; yari gushobora mbere kurushiriza gushavura. Kubera ko uwo muvukanyi yigumije akongera akavugana igikundiro, haravuyemwo ibintu vyiza.
Ni igiki gituma imvugo iba iy’igikundiro?
4. Ni kubera iki bihambaye gukoresha imvugo y’igikundiro?
4 Twaba turiko tugiranira imigenderanire n’abatari mw’ishengero canke abo mw’ishengero, mbere n’abagize umuryango wacu, birahambaye ko dukurikiza impanuro intumwa Paulo yatanze igira iti: “Imvugo yanyu yamane nantaryo igikundiro, irunze umunyu.” (Kol. 4:6) Mwene iyo mvugo iryoshe kandi ibereye irakenewe cane kugira ngo habeho ukuganira neza kandi mu mahoro.
5. Ni igiki kuganira neza bidasobanura? Bitangire akarorero.
5 Kuganira neza ntibisobanura kuvuga ikintu cose uba wiyumvira be n’ukuntu uba wiyumva, na canecane igihe uba ushavuye. Ivyanditswe vyerekana yuko ishavu ridacungerewe ari icerekana ko umuntu agoyagoya, atari icerekana ko akomeye. (Soma Imigani 25:28; 29:11.) Musa, uwari “umugwaneza kurusha” abantu bose bariho mu gihe ciwe, yarigeze kureka ubugarariji bw’ihanga rya Isirayeli buratuma atwarwa n’ishavu bituma ataninahaza Imana. Musa yaseruye mu buryo butomoye ingene yiyumva, mugabo ntivyahimbaye Yehova. Inyuma y’imyaka 40 Musa yari amaze arongora Abisirayeli, ntiyatewe agateka ko kubashikana mu Gihugu c’Isezerano.—Guh. 12:3; 20:10, 12; Zab. 106:32.
6. Kugira ubwenge mu vyo tuvuga bisobanura iki?
6 Ivyanditswe biravuga neza ibijanye no kwigumya be n’ukugira ubwenge, ari kwo kubona ibintu mu buryo bwiza, igihe tuvuga. Bigira biti: “Mw isinzi ry’amajambo ntihaburamw’ugucumura, arik’uwigarura mu vy’iminwa ivuga n’umunyabgenge.” (Imig. 10:19; 17:27) Yamara rero, kugira ubwenge ntibisobanura kutigera ugira ico uvuze. Bisigura kuvugana “igikundiro,” ugakoresha ururimi mu kuvura atari mu kugira nabi.—Soma Imigani 12:18; 18:21.
“Igihe co gucereza n’igihe co kuvuga”
7. Ni ibintu ibihe tudakwiye guserura, kandi kubera iki?
7 Nk’uko nyene dukeneye kugaragaza igikundiro n’ukwigumya igihe tuvugana n’abo dukorana canke abantu tutazi igihe turi mu busuku, ni na ko dukeneye kubigenza mw’ishengero n’i muhira. Guserura ishavu tutitwararika ingaruka vyoteza birashobora kutugirira nabi cane mu vy’impwemu, mu vy’inyiyumvo no ku mubiri bikongera bikagirira nabi n’abandi muri ubwo buryo. (Imig. 18:6, 7) Inyiyumvo mbi, zino zikaba ziserura ko turi abanyagasembwa, zitegerezwa gucungerwa. Ugutukana, ugutyekeza abandi, akagaye be n’uburake buranga urwanko, ni bibi. (Kol. 3:8; Yak. 1:20) Birashobora gusenyura ubucuti bw’agaciro dufitaniye n’abandi bantu be n’ubwo dufitaniye na Yehova. Yezu yigishije ati: “Umuntu wese abandanya kurakira umuvukanyi wiwe azobibazwa na sentare; mugabo uwo wese abwira umuvukanyi wiwe ijambo ry’akagaye ritovugwa azobibazwa na Sentare Ntahinyuzwa; nayo uwo wese avuga ngo: ‘Wa gipfu c’igisesema we!’, azoba akwiriye Gehena yaka umuriro.”—Mat. 5:22.
8. Ni ryari dutegerezwa guserura inyiyumvo zacu, mugabo dukwiye kuziserura mu buryo ubuhe?
8 Ariko rero, hariho ibintu bimwebimwe twoshobora kubona ko vyoba vyiza kuruta tubiganiriyeko. Mu gihe hari ikintu umuvukanyi yavuze canke yakoze kikubujije amahoro cane ku buryo udashobora kucirengagiza gusa, ntureke ngo inyiyumvo zirangwa urwanko zitsimbatare mu mutima wawe. (Imig. 19:11) Nimba umuntu agushavuje, nucungere inyiyumvo zawe hanyuma utere intambwe zikenewe kugira ngo utorere umuti iyo ngorane. Paulo yanditse ati: “Izuba ntirirenge mugishavuye.” Kubera ko iyo ngorane ibandanya kukubuza amahoro, nuyiserure ubigiranye ubuntu ku gihe kibereye. (Soma Abanyefeso 4:26, 27, 31, 32.) Nuvugane n’umuvukanyi wawe ibijanye n’iyo ngorane, ata guhishanya ariko ubigiranye igikundiro, ufise agatima ko gusubiza hamwe na we.—Lew. 19:17; Mat. 18:15.
9. Ni kubera iki dukwiye gucungera inyiyumvo zacu imbere yo kuganira n’abandi ku ngorane yinaka?
9 Birumvikana yuko ukwiye kwitwararika ivyo guhitamwo umwanya ubereye. Hariho “igihe co gucereza n’igihe co kuvuga.” (Umus. 3:1, 7) Vyongeye, “umutima w’umugororotsi witondera ivyo wishura.” (Imig. 15:28) Ivyo vyoshobora no gusaba yuko uba uraretse guserura ingorane. Guserura ingorane igihe umuntu agishavuye cane vyoshobora gutuma ibintu vyunyuka; ariko kandi no kurindira igihe kirekire ntibiranga ubukerebutsi.
Ibikorwa biranga igikundiro biratuma haba imigenderanire myiza
10. Gukora ibikorwa biranga igikundiro bishobora gute kuryohora imigenderanire?
10 Imvugo y’igikundiro be no kuganira neza birafasha gutuma haba imigenderanire irangwa amahoro be no kuyizigama. Mu bisanzwe, gukora ivyo dushoboye vyose kugira ngo turyohore imigenderanire tugiranira n’abandi birashobora gutuma turushiriza kuganira neza na bo. Kwibwiriza gukorera abandi ibikorwa bivuye ku mutima kandi birangwa ubuntu, nko kurondera uturyo two kubafasha, kubaha ingabirano ivuye ku mutima, kubagaragariza ubwakiranyi, birashobora kugira ico biterereye ku bijanye no kuganira ata guhishanya. Birashobora mbere “[kurunda] amakara yaka” ku muntu kandi vyoshobora gutuma agaragaza kamere nziza, ivyo bigatuma birushiriza kworoha kuganira ku ngorane.—Rom. 12:20, 21.
11. Yakobo yibwirije gute kugira ico akoreye Esawu, kandi ivyo vyavuyemwo iki?
11 Umwe sekuruza w’imiryango Yakobo yaratahura ico kintu. Ihasa ryiwe ari we Esawu yaramushavuriye cane ku buryo Yakobo yahunze atinya ko yomwica. Haciye imyaka myinshi, Yakobo yaragarutse. Esawu yaraje guhura na we ari kumwe n’abantu 400. Yakobo yarasenze Yehova amusaba ko yomufasha. Yaciye arungikira Esawu ingabirano igizwe n’ibitungwa vyinshi. Iyo ngabirano yarashitse ku ntumbero yayo. Igihe bahura, Esawu yari yaturuye, kandi yaciye yiruka aragumbira Yakobo.—Ita. 27:41-44; 32:6, 11, 13-15; 33:4, 10.
Nuremeshe abandi ukoresheje imvugo y’igikundiro
12. Ni kubera iki dukwiye gukoresha amajambo y’igikundiro igihe tuganira n’abavukanyi bacu?
12 Abakirisu ntibakorera abantu, ahubwo bakorera Imana. Naho ari ukwo, dusanzwe twipfuza gushimwa n’abandi. Amajambo yacu y’igikundiro arashobora kuremurura umutwaro w’abavukanyi n’abavukanyikazi bacu. Ariko rero, kubanebagura bimwe bikaze birashobora gutuma iyo mitwaro irushiriza kuremera, mbere bikanatuma bamwebamwe bibaza nimba Yehova akibashima. Ku bw’ivyo, nimuze tubwire abandi ibintu biremesha tubikuye ku mutima, tubabwire “ijambo ryose ryiza ryo kwubaka uko bikenewe, kugira ngo rihe ivyiza abaryumva.”—Ef. 4:29.
13. Ni igiki abakurambere bakwiye kugumiza ku muzirikanyi (a) igihe batanga impanuro? (b) igihe bategura amakete?
13 Abakurambere ni bo canecane bakwiye kuba “abatekereza” no gufatana ikibabarwe umukuku. (1 Tes. 2:7, 8) Igihe bibaye ngombwa ko abakurambere batanga impanuro, intumbero yabo iba ari iyo kubigirana “ubwitonzi,” n’igihe nyene baba bariko bavugana n’“abafise agatima katabereye.” (2 Tim. 2:24, 25) Abakurambere barakwiye kandi gukoresha amajambo y’igikundiro igihe baserura ivyiyumviro mu makete igihe biba bikenewe ko bahanahana amakuru n’iyindi nama y’abakurambere canke n’ibiro vy’ishami. Barakwiye kuba abanyabuntu n’abanyabugenge, mu buryo buhuye n’ivyo dusoma muri Matayo 7:12.
Nukoreshe imvugo y’igikundiro mu muryango
14. Ni impanuro iyihe Paulo aha abagabo, kandi kubera iki?
14 Biroroshe gufatira mu rwara ingaruka amajambo yacu, ukuntu tuba tumeze mu maso, be n’ibimenyetso vyacu vy’umubiri bigira ku bandi. Nk’akarorero, abagabo bamwebamwe boshobora kutamenya neza ukuntu amajambo bavuga agira ikintu kinini akoze ku bakenyezi. Hari umuvukanyikazi yavuze ati: “Birantera ubwoba igihe umunega wanje ankankamiye.” Amajambo akaze yoshobora kugira ikintu gikomeye akoze ku mukenyezi kuruta uko yogikora ku mugabo, kandi uwo mukenyezi yoshobora kumara igihe kirekire ayibuka. (Luka 2:19) Ivyo ni ko biri na canecane igihe ayo majambo aba avuzwe n’umuntu uwo mukenyezi akunda kandi yipfuza kwubaha. Paulo yahanuye abagabo ati: “Mugume mukunda abagore banyu kandi ntimubagirire ishavu ry’umururazi.”—Kol. 3:19.
15. Tanga ikigereranyo cerekana igituma umunega akwiye gufatana ubwitonzi umukenyezi wiwe.
15 Mu bijanye n’ivyo, umuvukanyi umwe yubatse azi utuntu n’utundi yaratanze ikigereranyo cerekana igituma umugabo akwiye gufatana ubwitonzi umukenyezi wiwe, nk’“urwavya rurushirije kuba goyigoyi.” Yavuze ati: “Igihe ufise mu minwe urwavya rw’igiciro kandi rworoshe cane, utegerezwa kutarufata ubigiranye inguvu nyinshi, ahandiho rwohava rwata umugaga. N’igihe mbere worusanura, nya mugaga woshobora kuguma uboneka. Mu gihe umugabo abwira umugore wiwe amajambo akaze cane, yoshobora kumubabaza. Ivyo vyoshobora gutuma mu migenderanire yabo habamwo ico twokwita umugaga udahera.”—Soma 1 Petero 3:7.
16. Umukenyezi ashobora gute kwubaka umuryango wiwe?
16 N’abagabo nyene barashobora kuremeshwa n’amajambo abandi bababwiye canke akabaca intege, harimwo n’ay’abakenyezi babo. “Umugore aciye ubgenge,” uwo umugabo wiwe ashobora vy’ukuri ‘kwizigira,’ aritwararika inyiyumvo z’umugabo wiwe, nka kurya nyene yipfuza ko na we yitwararika iziwe. (Imig. 19:14; 31:11) Vy’ukuri, umugore arashobora kugira ikintu kinini akoze ku muryango wiwe, agatuma ibintu bimera neza canke bimera nabi. Bibiliya ivuga iti: “Umugore wese w’ubgenge yubaka urugo rwiwe, arik’uw’igipfu arusambuza amaboko yiwe ubgiwe.”—Imig. 14:1.
17. (a) Abakiri bato bakwiye kuvugana gute n’abavyeyi babo? (b) Abakuze bakwiye kuvugana gute n’abakiri bato, kandi kubera iki?
17 Abavyeyi n’abana na bo nyene barakwiye kuvugana babigiranye igikundiro. (Mat. 15:4) Igihe turiko turayaga n’abakiri bato, kuba abantu bitwararika abandi bizodufasha kwirinda ‘kubaturubika’ canke ‘kubatera ishavu.’ (Kol. 3:21; Ef. 6:4) N’igihe nyene abana baba bategerezwa gutozwa indero, abavyeyi n’abakurambere bakwiye kubayagisha babigiranye icubahiro. Muri ubwo buryo, abakuze baba batumye birushiriza kworohera abo bakiri bato gukosora ingendo yabo maze bakazigama ubucuti bafitaniye n’Imana. Ivyo biraba vyiza cane kuruta kwerekana ko ari nk’aho twabakuyeko amaboko, ivyo bikaba vyotuma na bo nyene bihebura. Abakiri bato boshobora kutibuka impanuro zose bahawe, ariko bazokwibuka ukuntu abandi babayagishije.
Nuvuge ibintu vyiza ubikuye ku mutima
18. Dushobora gute kwikuramwo ivyiyumviro bibi n’inyiyumvo mbi?
18 Gucungera ishavu ryacu si ukwerekana gusa mu maso ko dutekanye. Intumbero yacu ikwiye kuba ari iyo gukora n’ibindi uretse gusa kwirinda kwerekana ko dushavuye. Kugerageza kuguma dutekanye inyuma kandi imbere ishavu ririko riraniga bituma tugira umukazo. Bimeze nko guhonyorera icarimwe ifire y’umuduga be na ca cuma cawo gituma urushiriza kunyaruka. Ivyo biratuma umuduga ushuha birenze urugero kandi birashobora gutuma wononekara. Ku bw’ivyo rero, ntubike ishavu maze ngo urireke mu nyuma riseruke mu buryo bukomeye. Nusabe Yehova agufashe gukura mu mutima wawe inyiyumvo mbi. Nureke impwemu ya Yehova ihindure umuzirikanyi wawe n’umutima wawe kugira ngo bihuze n’ivyo agomba.—Soma Abaroma 12:2; Abanyefeso 4:23, 24.
19. Ni intambwe izihe zishobora kudufasha kwirinda guterana amajambo?
19 Nutere intambwe ngirakamaro. Mu gihe uri mu bintu bitera ishavu maze ukumva ko utanguye kugira ishavu mu mutima, uciye uva aho hantu vyoshobora gufasha, gutyo ukaba uronse umwanya wo guhwamika iryo shavu. (Imig. 17:14) Mu gihe uwo muriko muravugana atanguye gushavura, nurushirize kugira akigoro ko kuvugana igikundiro. Uribuka yuko “ukwishura kwiyoroheje guhwama uburake, arikw ijambo ribabaza rivyura ishavu.” (Imig. 15:1) Ijambo ribabaza canke risomborotsa ryotuma ibintu birushiriza kwunyuka mbere naho woba urivuganye ubwitonzi. (Imig. 26:21) Igihe rero hari ikintu gitumye bikugora kwigumya, ‘nutebe kuvuga, utebe kuraka.’ Nusenge usaba impwemu ya Yehova kugira igufashe kuvuga ibintu vyiza, atari bibi.—Yak. 1:19.
Nubabarire abandi ubikuye ku mutima
20, 21. Ni igiki codufasha kubabarira abandi, kandi ni kubera iki dutegerezwa kubababarira?
20 Ikibabaje, nta n’umwe muri twebwe ashobora gucungera ururimi mu buryo butagira agahaze. (Yak. 3:2) Mbere n’abagize umuryango hamwe n’abavukanyi be n’abavukanyikazi twikundira, naho bakora uko bashoboye kwose, vyoshobora gushika bakavuga ibintu bitubabaza. Aho guca wihutira gushavura, nusuzume wihanganye icoba catumye bavuga ivyo bintu. (Soma Umusiguzi 7:8, 9.) Boba bari mu mukazo, bafise ubwoba, bumva batamerewe neza, canke bariko baranyinyana n’ingorane bafitaniye n’uwundi muntu canke iyo bo ubwabo bifitiye?
21 Mwene ivyo bintu ntibica bituma umuntu agira imvo yumvikana yo kuvugana ishavu. Mugabo kuba tuzi ivyo bintu vyoshobora kudufasha gutahura igituma bishika abantu bakavuga canke bagakora ibintu batari bakwiye kuvuga canke gukora kandi vyoshobora kutuvyurira umutima wo kubababarira. Twese vyarashitse turavuga twongera turakora ibintu bibabaza abandi, kandi turizigiye ko bazotubabarira babigiranye umutima mwiza. (Umus. 7:21, 22) Yezu yavuze ko kugira ngo Imana itubabarire, dutegerezwa kubabarira abandi. (Mat. 6:14, 15; 18:21, 22, 35) Ku bw’ivyo rero, dukwiye kwihutira gusaba ikigongwe no kubabarira abandi, gutyo tukazigama urukundo, ari wo wa “mugozi utunganye wunga ubumwe,” mu muryango wacu no mw’ishengero.—Kol. 3:14.
22. Ni kubera iki bibereye ko tugira akigoro ko gukoresha imvugo y’igikundiro?
22 Ibintu bibangamira umunezero wacu be n’ubumwe bwacu birashobora kwongerekana uko iyi si itwarwa n’ishavu yegereza iherezo ryayo. Gushira mu ngiro ingingo ngenderwako ngirakamaro zo mw’Ijambo ry’Imana bizodufasha gukoresha ururimi rwacu kugira ngo dukore ivyiza, atari ibibi. Tuzorushiriza kugiranira imigenderanire irangwa amahoro mw’ishengero no mu muryango, kandi akarorero dutanga kazoba intahe nziza cane ku bandi, yerekeye ya ‘Mana yacu ihimbawe,’ Yehova.—1 Tim. 1:11.
Woshobora kubisigura?
• Ni kubera iki bihambaye guhitamwo igihe kibereye co kuganira ku ngorane?
• Ni kubera iki abagize umuryango bakwiye kwama bavugana mu buryo buranga “igikundiro”?
• Dushobora gute kwirinda kuvuga ibintu bibabaza?
• Ni igiki codufasha kuba abantu bababarira abandi?
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 21]
Nureke ishavu ryawe rihwame, maze urondere igihe kibereye co kuvuga
[Akajambo gasigura ifoto ku rup. 23]
Umugabo akwiye kwama avugisha umugore wiwe abigiranye ubwitonzi