ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwb20 Myandagaro rup. 5
  • Nushemeze Yehova mu gukora ubutsimvyi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Nushemeze Yehova mu gukora ubutsimvyi
  • Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
  • Ivyo bijanye
  • Uturyo twiyongereye two guhaya Yehova
    Igikorwa dukorera Ubwami—2013
  • Umugambi mwiza twokwishingira muri uyu mwaka mushasha w’umurimo
    Igikorwa dukorera Ubwami—2007
  • Niwishingire umugambi ubu wo kwagura ubusuku bwawe
    Igikorwa dukorera Ubwami—2012
  • Imigisha Iva ku Gikenurwa c’Ubutsimvyi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—1997
Ibindi
Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2020
mwb20 Myandagaro rup. 5
Umuvukanyi ariko asomera umugabo umwe icanditswe bari ku nkengera y’ikiyaga.

UBUZIMA BW’UMUKIRISU

Nushemeze Yehova mu gukora ubutsimvyi

Abisirayeli bari bafise imvo zumvikana zo gushemeza Yehova. Yari yarabakuye mu Misiri yongera arabarokora mu vyara vy’ingabo za Farawo. (Kv 15:1, 2) Yehova arabandanya kugaragariza ubuntu abasavyi biwe. None twokwerekana gute ko dukenguruka?​—Zb 116:12.

Uburyo bumwe ni ugukora ubutsimvyi bwo gufasha canke busanzwe. Urashobora gusenga Yehova kugira atume wipfuza gukora ubutsimvyi, aguhe n’ububasha bwo kubukora. (Fp 2:13) Benshi batangurira ku butsimvyi bwo gufasha. Urashobora guhitamwo gukora amasaha 30 canke 50 asabwa muri Ntwarante na Ndamukiza, no mu kwezi muba mufise indwi idasanzwe. Umaze kwumva ingene ubutsimvyi bwo gufasha buryoshe, woshobora guca wipfuza kwihata kugira ukore ubusanzwe. Mbere n’abafise akazi ka misi yose canke amagara make barashobora gukora ubutsimvyi busanzwe. (mwb16.07 8) Si ivy’imbeshere, birabereye ko tugira utwigoro twose kugira dushemeze Yehova!​—1Ng 16:25.

NIMURABE IVIDEWO IVUGA NGO ABAVUKANA BATATU BO MURI MONGOLIYA, MUCE MWISHURA IBIBAZO BIKURIKIRA:

  • Ishusho yakuwe muri ya videwo ivuga ngo ‘Abavukana batatu bo muri Mongoliya.’ Umwe muri abo batsimvyi bavukana ari we Undraa, agomba kwurira ibisi.

    Ni intambamyi izihe abo bavukana batatu batsinze kugira babe abatsimvyi?

  • Ishusho yakuwe muri ya videwo ivuga ngo ‘Abavukana batatu bo muri Mongoliya.’ Umwe muri abo batsimvyi bavukana ari we Oyun, ariko akorera mu cumba c’uburiro kuri Beteli.

    Ni imihezagiro iyihe bironkeye?

  • Ishusho yakuwe muri ya videwo ivuga ngo ‘Abavukana batatu bo muri Mongoliya.’ Umwe muri abo batsimvyi bavukana ari we Dorjkhand, ariko abwira inkuru nziza umugabo umwe mu ndimiro.

    Ni uturyo utuhe baronse two kwagura umurimo aho batanguriye ubutsimvyi busanzwe?

  • Ishusho yakuwe muri ya videwo ivuga ngo ‘Abavukana batatu bo muri Mongoliya.’ Ba batsimvyi batatu bavukana bari kumwe na nyina wabo.

    Akarorero batanze katumye abandi bakora iki?

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika