ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr20 Myandagaro rup. 1-8
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
  • Udutwe
  • 3-9 MYANDAGARO
  • 10-16 MYANDAGARO
  • 17-23 MYANDAGARO
  • 24-30 MYANDAGARO
  • 31 MYANDAGARO–6 NYAKANGA
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
mwbr20 Myandagaro rup. 1-8

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

3-9 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 13-14

“Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova”

(Kuvayo 14:13, 14)

w13 1/2 4

Musa yari afise ukwizera

Musa ashobora kuba atari azi yuko Imana yagira icemwo kubiri Ikiyaga Gitukura, hakaboneka inzira Abisirayeli bacamwo bagakira. Ariko rero, Musa yari yizigiye adakeka yuko Imana yari kugira ikintu ikoze kugira ngo ikingire abasavyi bayo. Musa yipfuza ko n’Abisirayeli bagenziwe bagira ukujijuka nk’ukwo nyene. Dusoma duti: “Musa abwira abantu ati: ‘Ntimutinye. Hagarare mushikamye maze mubone ubukiriro bwa Yehova, ubwo agira ashitse uno musi ku bwanyu.’” (Kuvayo 14:13) None Musa yoba yarashoboye gukomeza ukwizera kw’Abisirayeli bagenziwe? Ego cane, kubera ko Bibiliya ivuga ku bijanye na Musa be n’Abisirayeli bose iti: “Kubera ukwizera, baraciye mu kiyaga Gitukura nko kw’isi yumutse.” (Abaheburayo 11:29) Ukwizera kwa Musa si we wenyene kwagiriye akamaro; kwaragiriye akamaro n’umuntu wese yagize ico amwigiyeko.

(Kuvayo 14:21, 22)

w18.09 26 ing. 13

Naho ari Mushoboravyose, aritwararikana

13 Soma Kuvayo 14:19-22. Niwihe ishusho uri kumwe n’Abisirayeli, muri hagati y’ingabo za Farawo n’Ikiyaga Gitukura, mubona ko mwafaditse. Imana iciye ihaseruka. Ya nkingi y’igicu iciye ija inyuma y’ikambi. Iratangira Abanyamisiri kandi igatuma baguma mu mwiza. Iyo kambi yanyu nini yoyo, iraronka umuco mwinshi ku gitangaro! Muciye mubona Musa aramvuye ukuboko kwiwe hejuru y’ikiyaga, maze umuyaga ukomeye wo mu buseruko urabacira inzira nini ibashikana hakurya. Wewe, umuryango wawe, ibikoko mutunze be n’abandi muri kumwe muciye muca muri ico kiyaga mukurikije urutonde. Uciye ubona ikintu gitangaje. Hasi muri ico kiyaga nta rushanga ruhari canke igikonyozi. Ahubwo harumutse kandi ntihanyika, bikaba bituma muhaca ata ngorane. Ku bw’ivyo, n’abagenda buhorobuhoro barajabuka ata nkomanzi.

(Kuvayo 14:26-28)

w09 15/3 7 ing. 2-3

Ntukibagire Yehova

Mu gihe Abanyamisiri bariko baragwa inzura n’imikogote yabo y’intambara, Abisirayeli bose bari bamaze kujabuka. Musa yaciye aramvurira ukuboko kwiwe hejuru y’Ikiyaga Gitukura, Yehova na we aca atuma vya bihome bihomvoka. Amazi menshi cane yaciye arundumukira kuri Farawo be n’ingabo ziwe, baramirwa. Nta n’umwe muri abo bansi yahakuye agatwe. Abisirayeli baza baronka umwidegemvyo!​—Kuv. 14:26-28; Zab. 136:13-15.

Amakuru yigana ico kintu cabaye yatumye amahanga yo mu micungararo yaho amara igihe kirekire atekewe n’ubwoba. (Kuv. 15:14-16) Haciye imyaka 40, Rahabu w’i Yeriko yarabwiye abagabo babiri b’Abisirayeli ati: “Mwaduciye ivutu, . . . kuko twumvise ingen’Uhoraho yakamije Ikiyaga Gitukura imbere yanyu, igihe mwava muri Egiputa.” (Yos. 2:9, 10) Urabona ko n’ayo mahanga y’abapagani atibagiye ukuntu Yehova yarokoye abasavyi biwe. Biragaragara rero ko Abisirayeli bari n’imvo nyinshi kuruta zotumye bamwibuka.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 13:17)

it-1 1015

Ibarabara rikuru, Inzira

Kuva kera cane, amabarabara makuru be n’amayira menshi ushizemwo n’ayo bacishamwo ibidandazwa, wasanga ahuza ubwami n’ibisagara mu karere ka Palestina. (Gh 20:17-19; 21:21, 22; 22:5, 21-23; Yos 2:22; Abc 21:19; 1Sm 6:9, 12; 13:17, 18) Ibarabara babona ko ari ryo rikuru ryava mu Misiri rigashika mu bisagara vy’Abafilisitiya, ari vyo Gaza na Ashikeloni. Ryaca rikata rikerekeza i Megido rivuye mu buraruko bushira ubuseruko. Ryarabandanya gushika i Hazori mu burengero bw’Ikiyaga c’i Galilaya, rigaca ryerekeza i Damasiko. Iryo barabara rica muri Filisitiya ryari rya hafi cane uvuye mu Misiri uja mu ca Gihugu c’Isezerano. Ariko Yehova abigiranye ubuntu, yacishije Abisirayeli mu yindi nzira kugira Abafilisitiya ntibabagirire nabi.​—Kv 13:17.

(Kuvayo 14:2)

it-1 848 ing. 4-5

Kuvayo

Ni hehe Ikiyaga Gitukura cagabuwemwo kubiri kugira Abisirayeli bajabuke?

Twomenya ko ku ntambwe ya kabiri y’urugendo “i Etamu ku mubari w’agahinga,” Imana yategetse Musa ngo “basubire inyuma bakambike imbere ya Pihahiroti . . . iruhande y’ikiyaga.” Ivyo vyotumye Farawo yiyumvira ko Abisirayeli bariko “barayerera bajuragirika.” (Kv 13:20; 14:1-3) Hari incabwenge zemeza ko nya nzira ishobora kuba ari iyaca ahitwa el Haj. Zivuga ko irivuga ry’igiheburayo rihindurwa ngo “gusubira inyuma” ari iryo gushimika, rikaba ridasobanura gusa “gukata” canke “gukwepa.” Ahubwo risobanura canecane gusubira iyo uvuye canke n’imiburiburi guhindukira. Zivuga ko Abisirayeli bamaze gushika aharabana no mu buraruko bw’aho Ikigobe ca Suez kirangirira, baciye basubira inyuma maze baca mu buseruko bwa djebel ʽAtaqa, akaba ari akarere k’imisozi iri mu burengero bwa golfe de Suez. Kubera ko Abisirayeli bari benshi cane, ntibari kuronka inzira nziza yotumye bava muri ico kibanza ningoga, narirya abansi babo bari baturutse mu buraruko. Ku bw’ivyo, basanze ata saganirizo bafise kuko ikiyaga na co cari kibatangiriye.

Ivyandikano vy’Abayuda vyo mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu biradufasha kubitahura. Ariko igihambaye kuruta ni uko ivyo nyene bihuye ni vyo Bibiliya ubwayo ivuga, bikaba bitandukanye n’ivyo abahinga mu vya Bibiliya bakwiragiza. (Kv 14:9-16) Bica bigaragara ko aho Abisirayeli bajabukiye hategerezwa kuba hari kure y’aho Ikigobe ca Suez kirangirira (mu burengero bw’Ikiyaga Gitukura) ku buryo bitari vyoroshe ko ingabo za Farawo zibahamvya.​—Kv 14:22, 23.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 13:1-20)

10-16 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 15-16

“Nushemeze Yehova mu kuririmba”

(Kuvayo 15:1, 2)

w95 15/10 11 ing. 11

Kubera iki dukwiye gutinya Imana ubu?

11 Igihe Yehova yatikiza ingabo z’Abanyamisiri vyatumye abasavyi biwe bamuninahaza n’izina ryiwe riramenyekana. (Yosuwa 2:9, 10; 4:23, 24) Ego cane, izina ryiwe ryarashizwe hejuru y’imana zitagira ububasha kandi z’ikinyoma za Misiri, izananiwe kurokora abasavyi bazo. Barabonye ko kwizigira ibigirwamana, umuntu buntu be n’inteko za gisirikare ata co bivamwo atari ukuvunika umutima. (Zaburi 146:3) Ntibitangaje rero kuba Abisirayeli baciye bashemeza Yehova mu kuririmba, baraserura ukuntu batinya Imana Nzima, iyishobora kurokora abasavyi bayo.

(Kuvayo 15:11)

(Kuvayo 15:18)

w95 15/10 11-12 ing. 15-16

Kubera iki dukwiye gutinya Imana ubu?

15 Iyaba twari kuba twarokokanye na Musa, nta gukeka ko twari kuvyurirwa umutima wo kuririmba duti: “Ni nde mu mana ameze nkawe ga Yehova? Ni nde ameze nkawe, wewe werekana ko ukomeye mu bweranda? Uwo gutinya no gushemeza mu ndirimbo, Uwukora ibitangaza.” (Kuvayo 15:11) Mu binjana n’ibindi vyakurikiye, abantu bagiye baraserura mwene izo nyiyumvo. Mu gitabu ca nyuma ca Bibiliya, intumwa Yohani avuga ko umugwi w’abasavyi b’Imana b’intahemuka barobanuwe “bariko baririmba ururirimbo rwa Musa wa mushumba w’Imana n’ururirimbo rwa wa Mwagazi w’intama.” None urwo ruririmbo rudasanzwe ni uruhe? Rugira ruti: “Ibikorwa vyawe birakomeye kandi ni agatangaza, Yehova Mana, Mushoboravyose. Inzira zawe ziragororotse kandi ni iz’ukuri, Mwami w’ibihe bidahera. Ni nde vy’ukuri atazogutinya ga Yehova, akaninahaza izina ryawe, kuko wewe wenyene ari wewe uri intahemuka?”​—Ivyahishuwe 15:2-4.

16 No muri iki gihe, abasavyi b’Imana ntibaha agaciro ibikorwa bitangaje vya Yehova gusa, ariko kandi baraha agaciro n’amategeko yiwe. Abantu bo mu mahanga yose baragizwe abidegemvya mu buryo bw’impwemu, baratandukana n’iy’isi yononekaye kubera ko bamenye bongera barashira mu ngiro ingingo zigororotse zashinzwe n’Imana. Buri mwaka, ibihumbi amajana barava muri iyi si mbi bakaza mw’ishirahamwe rya Yehova rityoroye kandi rigororotse. Vuba, bazokwiberaho ibihe bidahera mw’isi nshasha igororotse igihe Imana izoba yashikije urubanza rukomeye yaciriye amadini y’ikinyoma n’iyi si mbi.

(Kuvayo 15:20,21)

it-2 360 ing. 6

Umuziki

Mu migwi myinshi yaririmba muri Isirayeli, biboneka ko bahanahana mu kuririmba, umugwi umwe w’abantu ugatera canke umuntu umwe agatera abandi bakitabira. Mu Vyanditswe, ubwo buryo bwo kuririmba budondorwa ko ari ‘ukwitabira.’ (Kv 15:21; 1Sm 18:6, 7) Ubwo buryo bwo kuririmba ni na bwo bwakoreshejwe mu kwandika Amazaburi amwamwe, nka Zaburi ya 136. Ukuntu imigwi ibiri mininiminini y’abaririmba indirimbo z’ugukenguruka mu gihe ca Nehemiya idondorwa be n’ukuntu baririmvye igihe begurira Yehova impome za Yeruzalemu, biragaragaza ko na bo nyene bakoresheje ubwo buryo bwo kuririmba.​—Neh 12:31, 38, 40-42.

it-2 674

Umuhanuzikazi

Miriyamu ni umugore wa mbere avugwa muri Bibiliya ko yari umuhanuzikazi. Biragaragara ko Imana yamushikiriza ubutumwa bumwebumwe biciye ku mpwemu yayo, kumbure mu ndirimbo. (Kv 15:20, 21) Ni co gituma we na Aroni babwiye Musa bati: “[Yehova] ntiyavuze none biciye no kuri twebwe?” (Gh 12:2) Biciye ku muhanuzi Mika, Yehova ubwiwe yaravuze ko yarungitse “Musa na Aroni na Miriyamu” imbere y’Abisirayeli igihe yabadugana abakuye mu Misiri. (Mk 6:4) Naho Miriyamu yari afise agateka ko gushikiriza ubutumwa bw’Imana, ubucuti yari afitaniye na yo bwari musi y’ubwo musazawe Musa yari afitaniye na yo. Igihe rero vyamunanira kuguma yicishije bugufi, Imana yaramuhanye bimwe bikomeye.​—Gh 12:1-15.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 16:13)

w11 1/9 14

Woba wari ubizi?

Kubera iki Imana yahisemwo gukoresha inkware kugira igaburire Abisirayeli mu gahinga?

Abisirayeli bamaze kuva mu Misiri, Imana yarabagaburiye inyama nyinshi incuro zibiri ikoresheje inkware.​—Kuvayo 16:13; Guharūra 11:31.

Inkware ni inyoni zifise hafi santimetero 18, zigapima nk’amagarama 100. Ziramara igihe zita amagi mu mihingo itari mike yo muri Aziya yo mu buraruko n’i Buraya. Kubera ko izo nyoni ziguma zimuka, zimara urushana muri Afrika ya ruguru no muri Arabiya. Igihe ziriko zirimuka, imigwi mininiminini yazo irajabuka inkengera yo mu buseruko bw’Ikiyaga Mediterane maze zikaguruka ziciye hejuru y’igice ca Sinayi cinjira mu mazi.

Nk’uko inyizamvugo imwe y’ivya Bibiliya (The New Westminster Dictionary of the Bible) ibivuga, inkware “ziraguruka neza kandi zinyaruka, zikaba zisunga umuyaga; ariko igihe umuyaga uhinduye inzira, canke izo nyoni zikaruha cane kubera zamaze umwanya munini ziguruka, uwo mugwi munini wose urashobora guca ugwa hasi, zikabundara zabaye ibihwiji.” Imbere yo kubandanya urugendo rwazo, zibwirizwa kuruhuka ziri hasi umusi umwe canke ibiri, ivyo bikaba bituma abahigi boroherwa no kuzicakira. Mu ntango z’ikinjana ca 20, Misiri yarashora buri mwaka inkware zo gufungura zishika nk’imiliyoni zitatu.

Ibihe vyompi Abisirayeli bariye inkware hari mu mpeshi. Naho muri ico gihe inkware zama ziguruka ziciye hejuru y’akarere ka Sinayi, Yehova ni we yatumye “haduka umuyaga” kugira utware izo nyoni mw’ikambi ry’Abisirayeli.​—Guharūra 11:31.

(Kuvayo 16:32-34)

w06 15/1 31

Ibibazo vy’abasomyi

Inyuma gatoyi y’aho Abisirayeli bamariye kurekurwa bakava mu Misiri, baratanguye kwidodomba ku bijanye n’imfungurwa. Yehova yaciye rero abaha manu (Kuvayo 12:17, 18; 16:1-5). Ico gihe, Musa yategetse Aroni ati: “Jana urwavya, urusukemwo manu yuzuye omeru imwe, urutereke imbere y’Uhoraho, kugira ngo rubīkirwe ab’urunganwe rwanyu uko ruzogenda rukurikirana”. Iyo nkuru ivuga iti: “Nuko Aroni arutereka imbere y’Ibishinga intahe [ivyo bazigamiramwo inyandiko zihambaye], ngo rwameho” (Kuvayo 16:33, 34). Naho mu vy’ukuri Aroni yatororokanirije manu mu rwavya ico gihe, ivy’ukuyishira imbere y’Ibishinga intahe vyabwirizwa kurindira gushika Musa akoze ya Sandugu hanyuma akayishiramwo vya bisate.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 16:1-18)

17-23 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 17-18

“Abagabo bifata ruto baramenyereza abandi bakabazeza n’amabanga”

(Kuvayo 18:17, 18)

w13 1/2 6

Musa yari afise urukundo

Musa yaragaragariza urukundo Abisirayeli bagenziwe. Kubera ko bemera ko Yehova ari we yakoresha Musa kugira ngo ayobore abasavyi biwe, baratura Musa ingorane zabo. Bibiliya ivuga iti: “Abantu baguma bahagarara imbere ya Musa kuva mu gitondo gushika ku mugoroba.” (Kuvayo 18:13-16) Iyumvire ukuntu Musa abwirizwa kuba yararuha kubera ko yamara umusi wose ariko arumviriza ibibazo Abisirayeli bamutura! Naho vyari ukwo, Musa yarahimbarwa no gufasha abo bantu yikundira.

(Kuvayo 18:21, 22)

w03 1/11 6 ing. 1

Ukwizigira ni ntahara mu vyo kugira ubuzima buhimbaye

Abo bari abagabo bagaragaje kamere zinaka zishimwa n’Imana imbere y’uko bagenwa bagashirwa mu bibanza bituma bizigirwa. Bari baramaze gutanga ikimenyamenya c’uko batinya Imana; bari bafise ugutinya Umuremyi kwiza kandi bagatinya kutamuhimbara. Umuntu wese yarabona neza ko abo bagabo bakoze uko bashoboye kugira bashigikire ingingo mfatirwako z’Imana. Baranse inyungu mbi, ico kikaba cari icerekana ko bafise inkomezi mu vy’inyifato runtu zobarinze gukora nabi kubera ububasha bafise. Ntiboririye mbege muri ukwo kwizigirwa kugira bateze imbere inyungu zabo bwite canke iz’incuti canke iz’abagenzi.

(Kuvayo 18:24, 25)

w02 15/5 25 ing. 5

Ukudahemuka kurayobora abagororotsi

Musa na we nyene yarifata ruto kandi akicishisha bugufi. Kwitwararika ingorane z’abandi vyaramuruhisha cane ku buryo sebukwe Yetiro yamugiriye inama yamufashije cane na yo akaba ari kuzeza amabanga amwamwe abandi bagabo babishoboye. Kubera Musa yatahura ko hari ivyo adashoboye, yaremeye inama yamugiriye abigiranye ubukerebutsi. (Kuvayo 18:17-26; Guharūra 12:3) Umuntu yifata ruto ntagonanwa kuzeza abandi amabanga, mbere ntatinya ko yohava atakaza uduteka kubera gusa yasangiye amabanga n’abandi babishoboye. (Guharūra 11:16, 17, 26-29) Ahubwo aba ashashaye gufasha abandi gutera imbere mu vy’impwemu. (1 Timoteyo 4:15) None tweho ntidukwiye kubigenza gutyo?

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 17:11-13)

w16.09 6 ing. 14

“Amaboko yawe ntaregere”

14 Aroni na Huru baraseguye amaboko ya Musa mu gihe c’intambara. Na twebwe turashobora kurondera uturyo two gushigikira abandi mu buryo ngirakamaro. Uti nka bande? Twoshigikira abageze mu zabukuru, abafise amagara make, abarwanywa n’imiryango yabo, abafise irungu, canke ababuze ababo. Turashobora no gukomeza abakiri bato bariko baroshwa gukora ibitabereye canke kuronderera muri iyi si mbi ivyitwa ngo ni ukuroranirwa, haba mu bijanye n’amashure, ubutunzi canke akazi. (1 Tes. 3:1-3; 5:11, 14) Nurondere uturyo two kwitwararika abandi igihe muri ku Ngoro y’Ubwami, mu ndimiro, igihe musangira udufungurwa canke igihe muganira kuri terefone.

(Kuvayo 17:14)

it-1 395

Urutonde rw’ibitabu vyemewe ko bigize Bibiliya

Kuba ivyo Musa yanditse vyavuye ku Mana, akaba yari ayobowe n’impwemu y’Imana, bikaba biri mu rutonde rw’ibitabu vyemewe ko bigize Bibiliya be n’uko bidufasha mu gusenga gutyoroye, bituma tudakekeranya ku makuru tubisangamwo. Musa si we yibwirije ngo abe indongozi canke umukomanda w’Abisirayeli. Wanashaka, mu ntango yabona ko atobishobora. (Kuvayo 3:10, 11; 4:10-14) Ahubwo riho, Imana yarashize hejuru Musa imuha ubushobozi bwo gukora ibitangaro ku buryo n’abaherezi b’abanyamageza ba Farawo babwirijwe kwemera ko Musa abikora abifashijwe n’Imana. (Kuvayo 4:1-9; 8:16-19) Musa rero ntiyari ahahamiye kuba umwanditsi canke umuhanga wo kuvugira imbere y’abantu. Ahubwo nyabuna, kubera ko yagamburuka itegeko ry’Imana kandi akayoborwa n’impwemu yayo, vyatumye avuga mu nyuma na ho arandika igice c’ibitabu vyemewe ko bigize Bibiliya.​—Kuvayo 17:14.

Ubusomyi bwa Bibiliya

(Kuvayo 17:1-16)

24-30 MYANDAGARO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 19-20

“Ya Mabwirizwa Cumi agufasha gute?”

(Kuvayo 20:3-7)

w89 15/11 6 ing. 1

Ya Mabwirizwa Cumi yoba akwerekeye?

Amabwirizwa ane ya mbere arashimika ku vyo Yehova atwitezeko. (Irya mbere) Ni Imana isaba kwiheberwa yonyene. (Matayo 4:10) (Irya kabiri) Nta n’umwe mu basavyi bayo akwiye gusenga ibishushanyo. (1 Yohani 5:21) (Irya gatatu) Dukwiye gukoresha mu buryo bibereye izina ry’Imana kandi tukaritera iteka. (Yohani 17:26; Abaroma 10:13) (Irya kane) Dukwiye gushingira ubuzima bwacu ku bintu vyeranda. Ivyo biradufasha kuruhuka canke ‘tukubahiriza isabato’ tukareka kwibona ubugororotsi.​—Abaheburayo 4:9, 10.

(Kuvayo 20:8-11)

(Kuvayo 20:12-17)

w89 15/11 6 ing. 2-3

Ya Mabwirizwa cumi yoba akwerekeye?

(Irya gatanu) Kugamburukira abavyeyi bituma mu muryango harangwa ubumwe na Yehova akabahezagira. Mbega icizigiro igitangaza rya “tegeko rya mbere riri kumwe n’umuhango” ritanga! Mu bisanzwe, ntibituma ‘bitugendera neza’ gusa ariko kandi bituma ‘turambira kw’isi.’ (Abanyefeso 6:1-3) Kubera ko tuba mu “misi ya nyuma” y’iy’iyi si mbi, ukwo kugamburukira Imana kuraronsa abakiri bato icizigiro co kuzobaho ibihe bidahera.​—2 Timoteyo 3:1; Yohani 11:26.

Gukunda abandi bizodufasha kwirinda kubagirira nabi nko (irya gatandatu) kwica, (iry’indwi) kurenga ibigo (iry’umunani) kwiba, hamwe (iry’icenda) no kubesha. (1 Yohani 3:10-12; Abaheburayo 13:4; Abanyefeso 4:28; Matayo 5:37; Imigani 6:16-19) Bite ho ku bijanye n’imvo zituma dukora ibintu? Itegeko (Iry’icumi) ribuza kugira umwina riratwibutsa ko Yehova adusaba kwama dukora ibintu tubitumwe n’imvo nziza.​—Imigani 21:2.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 19:5, 6)

it-2 658 ing. 5-6

Umuherezi

Ubuherezi bwa gikirisu. Yehova yasezeraniye Abisirayeli ko bagumije isezerano ryiwe bomubereye “ubwami bw’abaherezi n’ihanga ryeranda.” (Kv 19:6) Ariko rero, ubuherezi bwa bene Aroni bwari kubandanya gushika haje ubundi buherezi bukomeye kuruta bwari bwaravuzwe. (Heb 8:4, 5) Bwogumyeho gushika isezerano ry’Itegeko rirangiye maze hagatangura isezerano rishasha. (Heb 7:11-14; 8:6, 7, 13) Abisirayeli gusa ni bo babanje kuronka ubutumire bwo kuba abaherezi mu ntunganyo y’Ubwami bw’Imana. Mu nyuma, Abanyamahanga na bo nyene baraburonse.​—Ivk 10:34, 35; 15:14; Rm 10:21.

Kubera ko Abayuda bari ku rushi ari bo gusa bakiriye Kristu, ntivyashobotse ko ihanga ryabo rivamwo abogize Ubwami nyabwo bw’abaherezi canke ngo ricike ihanga ryeranda. (Rm 11:7, 20) Mu binjana n’ibindi imbere y’aho, Imana yari yaraburiye Abisirayeli ku bijanye n’ico kintu ibicishije ku muhanuzi wayo Hoseya kubera yuko bahemutse. Yavuze iti: “Ko wewe wataye ubumenyi, nanje nzoguta ntiwongere kumbera umuherezi; ko uguma wibagira itegeko ry’Imana yawe, nanje rero nzokwibagira abana bawe.” (Hs 4:6) Muri ubwo buryo nyene, Yezu yabwiye indongozi z’Abayuda ati: “Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.” (Mt 21:43) Yamara rero, kubera ko igihe Yezu yari kw’isi yari akigengwa na rya Tegeko, yaremera ko ubuherezi bwa Aroni bwari bugikora. Ni co gituma igihe yakiza abanyamibembe, yabasavye kuja ku muherezi no gutanga ishikanwa ryasabwa.​—Mt 8:4; Mr 1:44; Lk 17:14.

(Kuvayo 20:4, 5)

w04 15/3 27 ing. 1

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Kuvayo

20:5​—Bigenda gute ngo Yehova ‘ahore abana ibigabitanyo vya ba se’ gushika ku mayaruka akurikira? Umuntu wese amaze kugera mu bigero, acirwa urubanza hisunzwe ibikorwa vyiwe bwite be n’agatima agaragaza. Mugabo, ihanga rya Isirayeli rihindukiriye ugusenga ibigirwamana, ivyo vyaragira ingaruka ku mayaruka akurikira. Mbere n’Abisirayeli b’intahemuka vyarabagirako ingaruka mu buryo bw’uko igihe iryo hanga rihunye mu bijanye n’ugusenga, vyabagora kuguma mu ngendo yo kutadohoka.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 19:1-19)

31 MYANDAGARO–6 NYAKANGA

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 21-22

“Nubone ubuzima nk’uko Yehova abubona”

(Kuvayo 21:20)

it-1 553

Gukubita

Umuheburayo yari yemerewe gukubita inkoni umushumba canke umushumbakazi wiwe igihe agambaraye canke agararije. Ariko bishitse akamupfirako ariko aramukubita, uwo Muheburayo yarahanwa. Yamara nimba uwo mushumba amaze umusi umwe canke ibiri atarapfa caba ari ikimenyamenya c’uko shebuja atashatse kumwica. Yari afise uburenganzira bwo gutoza indero umushumba wiwe kuko yari nk’“itunga ryiwe.” Nta wari kwipfuza rero kwonona itunga ryiwe ry’agaciro, kuko na we nyene yaba ahomvye. Vyongeye, uwo mushumba apfuye inyuma y’umusi umwe canke irenga, nta wari kwemeza ko yahitanywe na kwa gukubitwa canke ko ari ikindi kintu. Ku bw’ivyo, igihe abandanije kubaho umusi umwe canke ibiri, shebuja ntiyahanwa.​—Kv 21:20, 21.

(Kuvayo 21:22, 23)

lvs 95 ing. 16

Woba uha agaciro ubuzima nk’uko Imana ibigira?

16 Ubuzima bw’abantu bose ni ubw’agaciro kuri Yehova. N’ubuzima bw’umwana akiri mu nda ni ubw’agaciro kuri we. Mu gihe ca rya Tegeko rya Musa, umuntu aciye ku mugore yibungenze maze uwo mugore canke umwana ari mu nda agapfa, Yehova yabona ko uwo muntu yagirwa n’icaha co kwica. Ivyo vyasigura ko ubuzima bwategerezwa guhorwa ubundi, naho ryaba ari isanganya. (Soma Kuvayo 21:22, 23.) Ku Mana, n’umwana akiri mu nda aba ari umuntu. None dufatiye kuri ivyo, wibaza ko Imana ibona gute ugukorora inda? Wibaza ko imererwa gute ibonye inda amamiliyoni zikororwa buri mwaka?

(Kuvayo 21:28, 29)

w10 15/4 29 ing. 4

Yehova ashaka ko utagira ico uba

Ibihano vyavugwa muri rya Tegeko vyari vyerekeye kandi ibijanye no gukomeretswa n’ibitungwa. Mu gihe inka yaba yishe umuntu mu kumuseka, nyene yo yategerezwa kuyica kugira ngo akingire abandi bantu. Kubera ko atashobora kurya inyama z’ico gitungwa canke kuzigurisha ku bandi kugira ngo bazirye, kucica rwari uruhombo rukomeye. Ariko dufate yuko inka yaba yarakomerekeje umuntu, nyene yo ntagume ayicungereye. None vyaca bigenda gute? Bishitse iyo nka nyene ikica umuntu mu nyuma, iyo nka yaricwa, na nyene yo akicwa. Iryo Tegeko ryatuma umuntu uwo ari we wese yaba afise impengamiro yo kutitwararika ibitungwa vyiwe yikebuka.​—Kuv. 21:28, 29.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

(Kuvayo 21:5, 6)

w10 15/1 4 ing. 4-5

Ni kubera iki wokwiyegurira Yehova?

4 Ukwiyegura kw’umukirisu si ikintu co gufata minenegwe. Kurahambaye kuruta indagano isanzwe. None ukwiyegura tukwungukirako gute? Kugira ngo tubitangire akarorero, nimuze turimbure ukuntu kugira indagano mu bijanye n’ubucuti abantu bagiranira bivamwo ivyiza. Akarorero kamwe ni akerekeye ubugenzi. Kugira ngo winovore agateka ko kugira umugenzi, nawe ubwirizwa kwemera ibanga rijanye no kuba umugenzi. Ivyo usanga birimwo kugira indagano, ni ukuvuga kwiyumvamwo ko hari ico ubwirizwa gukora kugira ngo witwararike umugenzi wawe. Kamwe mu burorero ruheta budondorwa muri Bibiliya bw’abantu bagiraniye ubugenzi budasanzwe ni aka Dawidi na Yonatani. Baranagiraniye isezerano ryerekeye ubugenzi. (Soma 1 Samweli 17:57; 18:1, 3.) Naho ubugenzi burimwo indagano nk’iyo usanga ari imbonekarimwe, ubugenzi hafi nka bwose burarushiriza gukomera igihe ababufitaniye baba baragiraniye indagano, canke umwe wese akiyumvamwo ko hari ico abwirizwa gukorera uwundi.​—Imig. 17:17; 18:24.

5 Rya Tegeko Imana yaha Abisirayeli, rirerekana ubundi bugenzi bwagira ico bwunguye abantu biciye ku kugira indagano. Igihe umugurano yaba yipfuza kuronka ugutekanirwa kuva ku kwegukira burundu shebuja ameze neza, yarashobora kugiranira na we isezerano ryamaho kandi ridahinduka. Iryo Tegeko ryagira riti: “Uwo mugurano ni yavuga amaramaje, ati Nkunda databuja n’umugore wanje n’abana banje, singomba kurekurwa ngo nje mu mwidegemvyo: shebuja amuzane aho ndi, jewe Imana, aheze amuhagarike ku rugi canke ku gishimaryango, amutoboze ugutwi umugera; uwo az’arinde apfa akimujākariye.”​—Kuv. 21:5, 6.

(Kuvayo 21:14)

it-1 545

Ihembe

Ibivugwa muri Kuvayo 21:14 bishobora kuba bisobanura yuko mbere n’umuherezi yishe yabwirizwa kwicwa, canke ko gufata amahembe y’igicaniro bitakingira uwishe n’ibigirankana.​—1Bm 2:28-34.

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 21:1-21)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika