ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w10 15/4 rup. 29-32
  • Yehova ashaka ko utagira ico uba

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova ashaka ko utagira ico uba
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo kwirinda impanuka mu gihe ca rya Tegeko rya Musa
  • Ivyo kwirinda impanuka mu bwubatsi
  • Uruhara urukundo rurangura
  • Igikorwa c’ubwubatsi gitera iteka Yehova
    Ubwami bw’Imana buraganza!
  • Ubwubatsi bw’Ingoro z’Ubwami—Umuce uhambaye mu murimo mweranda
    Igikorwa dukorera Ubwami—2006
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
w10 15/4 rup. 29-32

Yehova ashaka ko utagira ico uba

CA KINTU giteye akaga kuruta ibindi vyose vyigeze kubaho nicaduka, Imana Mushoboravyose izokwiyemeza neza yuko abo ishima bose ‘bakira.’ (Yow. 2:32) Ariko mu vy’ukuri, Yehova yamye nantaryo ashaka gukingira abantu ivyobagirira nabi. Kubera ko “[iwiwe] ari ho hari isôko ry’ubuzima,” abona yuko abantu bose bari n’agaciro, ko babereye gukingirwa.​—Zab. 36:9, NW.

Abasavyi b’Imana b’abizigirwa ba kera babona ubuzima nk’uko ibubona. Nk’uko bivugwa mw’⁠Itanguriro 33:18, Yakobo n’umuryango wiwe bararangije “amahoro” urugendo bagize rwarimwo akaga. Yakobo yarihetse kuri Yehova kugira ngo amukingire, mugabo yaranateye intambwe ngirakamaro kugira ngo akingire abari kumwe na we bose kuri nya rugendo. (Ita. 32:7, 8; 33:14, 15) Ushize mu ngiro ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, urashobora gutuma wewe hamwe n’abandi murushiriza kwirinda impanuka. Reka turabe ingene ico kintu cerekeye abakorera ahariko hubakwa Ingoro z’Ubwami n’abakora ibikorwa nk’ivyo be n’abatabara abashikiwe n’ivyago.

Ivyo kwirinda impanuka mu gihe ca rya Tegeko rya Musa

Rya Tegeko rya Musa ryasaba yuko abasavyi b’Imana bakurikiza ibintu vyagirwa bijanye no kwirinda impanuka. Nk’akarorero, Umwisirayeli yaba ariko arubaka inzu yabwirizwa gushirako igikugiro, ni ukuvuga uruhome rugufi canke uruzitiro rw’ivyuma rugufi rwubakwa ku mpera z’igisenge. Kubera ko abantu akenshi wasanga bari hejuru ku bisenge bishashe vy’amazu yabo, ibikugiro vyarabatangira ngo ntibakoroke. (1 Sam. 9:26; Mat. 24:17) Iyo habaye isanganya kubera ko iryo tegeko rijanye no kwirinda impanuka ritaba ryubahirijwe, Yehova yabiharura kuri nyene inzu.​—Gus. 22:8.

Ibihano vyavugwa muri rya Tegeko vyari vyerekeye kandi ibijanye no gukomeretswa n’ibitungwa. Mu gihe inka yaba yishe umuntu mu kumuseka, nyene yo yategerezwa kuyica kugira ngo akingire abandi bantu. Kubera ko atashobora kurya inyama z’ico gitungwa canke kuzigurisha ku bandi kugira ngo bazirye, kucica rwari uruhombo rukomeye. Ariko dufate yuko inka yaba yarakomerekeje umuntu, nyene yo ntagume ayicungereye. None vyaca bigenda gute? Bishitse iyo nka nyene ikica umuntu mu nyuma, iyo nka yaricwa, na nyene yo akicwa. Iryo Tegeko ryatuma umuntu uwo ari we wese yaba afise impengamiro yo kutitwararika ibitungwa vyiwe yikebuka.​—Kuv. 21:28, 29.

Rya Tegeko ryararemesha kandi ibijanye no gukoresha neza ibikoresho. Abisirayeli benshi barakoresha incabiti mu gusatura inkwi. Bishitse ishoka ikarokoka maze ikica umuntu ahagaze ng’aho, nyene gusatura inkwi yategerezwa guhungira mu gisagara c’ubuhungiro. Yasabwa kugumayo gushika umuherezi mukuru apfuye, ivyo bikaba vyasobanura yuko uwo muntu yaba yishe uwundi atabishaka yamara imyaka atari kumwe n’umuryango wiwe kandi atari iwabo. Iyo ndinganizo yarigisha iryo hanga yuko Yehova abona ko ubuzima ari bweranda. Umuntu yaba abona ubuzima nk’uko Imana ibubona yaritwararika ivy’uko ibikoresho vyiwe biguma bimeze neza akongera akabikoresha neza.​—Guh. 35:25; Gus. 19:4-6.

Biciye kuri mwene ayo mategeko, Yehova yaratomoye yuko ashaka ko abasavyi biwe bakurikiza ibintu vyo kwirinda impanuka mu mazu yabo no hanze yayo. Ababa bishe abandi canke babakomerekeje, mbere naho vyaba bivuye kw’isanganya, bategerezwa kugira ico babajijwe na we. Ukuntu Yehova abona ibijanye no kwirinda impanuka ntikwahindutse. (Mal. 3:6) N’ubu ashaka ko abantu birinda kwikomeretsa no gukomeretsa abandi. Ivyo ni ko biri na canecane igihe turiko turubaka canke turiko turabungabunga inyubakwa zeguriwe ugusenga kw’ukuri.

Ivyo kwirinda impanuka mu bwubatsi

Kwubaka no kubungabunga Ingoro z’Ubwami, Ingoro z’amateraniro be n’inyubakwa z’amashami, tubona yuko ari agateka gakomeye. Ukwo nyene ni ko biri ku bijanye n’ibikorwa dukora vyo gutabara abashikiwe n’ivyago. Mu bihe vyose, twipfuza kurangura igikorwa cacu tubigiranye ubuhanga kubera ko ukutamenya gukora neza ibintu, mbere n’igihe turiko dukora udukorwa dusanzwe, bishobora kutugirira nabi bikagirira nabi n’abandi. (Umus. 10:9) Mu vy’ukuri, dutsimbataje akamenyero ko gukora twirinda impanuka, turashobora kwirinda gukomereka.

Bibiliya ivuga iti: “Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo, kand’icubahiro c’abatāma n’imvi.” (Imig. 20:29) Inkomezi z’abakiri bato zirakenewe kugira ngo ibikorwa bisaba inguvu bikorwe. Mugabo abakozi bafise imvi, ni ukuvuga abazi utuntu n’utundi mu bijanye n’ubwubatsi, ni bo bakora ibikorwa vyo gusozera bakoresheje amaboko yabo n’ibikoresho. Kandi abo usanga ubu bageze mu zabukuru baba barigeze gukoresha inguvu zabo zo mu buto kugira ngo barangure ibikorwa bisaba inguvu. Nimba uri umukozi akora avyishakiye mushasha, niwitegereze ukuntu abakozi bazi utuntu n’utundi bakora igikorwa cabo, wongere ukurikize ubuyobozi batanga. Nimba wipfuza kwiga, abavukanyi bazi utuntu n’utundi mu bijanye n’ubwubatsi bazokwigisha vyinshi. Muri ivyo harimwo no gukoresha neza ibikoresho bishobora guteza impanuka be no guterura ibintu biremereye. Gutyo uzokora vyinshi, ata mpanuka kandi uhimbawe.

Abakozi bakorera mu kibanza c’ubwubatsi bategerezwa kwama biyubara. Usanga ibintu bihinduka ningoga na ningoga. Ahahoze hari isi igumye hoshobora kuba hasigaye hari ikinogo. Abandi mu bo mukorana boshobora kuba bunguruje ingazi, urubaho canke igopo ry’irangi. Usamaye, urashobora gukomereka bitagoranye. Amategeko ajanye no kwirinda impanuka akenshi asaba ko abakorera ku kibanza c’ubwubatsi bakoresha ibikoresho vyo kwikingira. Amarori yo gukingira amaso, igikofero kigumye n’ibirato bibereye birashobora kugufasha kwikingira impanuka nyinshi mu kibanza c’ubwubatsi. Mugabo ukingirwa mu gihe gusa witwararitse ko ivyo bikoresho biguma bimeze neza kandi ukavyambara.

Naho ibikoresho vyinshi bisa n’ivyoroshe gukoresha, kubikoresha mu buryo budateza impanuka kandi burimwo ubuhanga bisaba kuvyiga no kwimenyereza. Nimba utamenyereye igikoresho kinaka ukeneye, nubimenyeshe umuvukanyi abijejwe. Azotunganya ivy’uko umenyerezwa neza. Ukwifata ruto, ari kwo kumenya ko hari ivyo udashoboye, ni kamere ishimwa. Nkako, ni igisabwa nimba wipfuza kwirinda kwikomeretsa no gukomeretsa abandi mu kibanza c’ubwubatsi.​—Imig. 11:2.

Ugukoroka biri mu bintu nyamukuru bituma abantu bakomereka mu bikorwa vy’ubwubatsi. Imbere y’uko wurira ku ngazi canke ku gikwa, nurabe neza ko ibintu vyose vyo kuri ico gikoresho bituma wirinda impanuka vyashizweko be n’uko kimeze neza. Nimba ubwirizwa gukorera ku gikwa canke ku gisenge, ubuyobozi bwoshobora kuba busaba ko wambara imigozi ifasha kwirinda impanuka canke ko hubakwa ibintu ushobora kwifadikiza. Nubaze umuhagarikizi w’igikorwa nimba ufise ibibazo bijanye no gukorerera ahantu hakirurutse.a

Uko igitigiri c’abakorera Yehova congerekana kw’isi yose, ni ko harushiriza gukenerwa kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa zikoreshwa mu guteza imbere ugusenga kw’ukuri. Abahagarikira igikorwa mu bibanza vyubakwamwo Ingoro z’Ubwami be n’ibikorwa nk’ivyo, baba bajejwe ibanga ryo gukingira intama z’igiciro za Yehova ziba ziriko zirakora ziyobowe na bo. (Yes. 32:1, 2) Nimba waratewe agateka ko guhagarikira abavukanyi n’abavukanyikazi bawe mu bikorwa vy’ubwubatsi, ntiwigere wibagira ko bihambaye kwirinda impanuka. Nurabe neza ko ico kibanza gisukuye kandi kitarundanyemwo ibintu bidakenewe. Ubigiranye ubuntu mugabo ushikamye, nubwire ibijanye no kwirinda impanuka abakeneye kuvyibutswa. Ntureke abakozi bakiri bato canke bataramenya utuntu n’utundi ngo binjire mu bibanza birimwo akaga cane. Nubone imbere y’igihe ibintu biteye akaga bishobora gushikira abakozi, maze ubategure kugira ngo bakore birinda impanuka. Uribuka yuko intumbero dufise ari iyo gusozera ico gikorwa ata wukomeretse.

Uruhara urukundo rurangura

Kwubaka Ingoro z’Ubwami be n’izindi nyubakwa zikoreshwa mu gusenga kw’ukuri bisaba gukora ibintu bishobora guteza impanuka. Ku bw’ivyo, abagira uruhara muri mwene ivyo bikorwa bategerezwa kwiyubara. Wubahirije ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya, ukagamburuka ubuyobozi butangwa ku bijanye n’ico gikorwa, ukongera ugakoresha ukubona ibintu mu buryo bubereye, uzokwirinda amasanganya wongere ukingire n’abo mukorana ibintu vyobagirira nabi.

Ni imvo nyamukuru iyihe ituma twitwararika cane ivyo kwirinda impanuka? Ni urukundo. Egome, urukundo dukunda Yehova ruratuvyurira umutima wo guha agaciro ubuzima, nk’uko abigira. Vyongeye, urukundo dukunda abantu ruratuma twirinda gupfa uko dukoze ikintu ico ari co cose coshobora kubagirira nabi. (Mat. 22:37-39) Ku bw’ivyo, nimuze dukore uko dushoboye kwose kugira ngo dutume abari mu bikorwa vyacu vy’ubwubatsi batagira ico baba.

[Akajambo k’epfo]

a Raba uruzitiro ruvuga ngo “Ukuntu wokwirinda impanuka igihe uriko urakorera ku ngazi,” ruri ku rupapuro rwa 30.

[Uruzitiro ku rup. 30]

Ukuntu wokwirinda impanuka igihe uriko urakorera ku ngazi

Mu mwaka umwe wa vuba muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika, abakozi barenga 160.000 barakomeretse bakorotse bavuye ku ngazi. Vyongeye, abashika 150 barapfuye bivuye kuri mwene ukwo gukoroka. Aho woba uba hose be n’aho woba ukorera hose, ng’ubu ubuyobozi bumwebumwe bushobora kugufasha kwirinda gukoroka uvuye ku ngazi.

◇ Ntukoreshe ingazi inyoganyoga canke yononekaye, kandi ntusanure mwene iyo ngazi. Yisambure.

◇ Ingazi zose zirafise uburemere zishobora kwikorera. Nurabe neza ko ibiro vyawe wongeyeko ibiro vy’ibikoresho vyawe bitarenga ivyo ingazi ushaka gukoresha ishobora kwikorera.

◇ Nuhagarike ingazi yawe ahantu haringaniye kandi hakomeye. Ntuyihagarike ahantu hadakomeye, nko ku kintu gikirurutse cubatswe canke hejuru y’ibigopo no hejuru y’ibisandugu.

◇ Niwame uraba ingazi igihe uriko ururira canke uriko urururuka.

◇ Ntuhagarare canke ngo wicare kuri zirya ntambuko zibiri zo hejuru z’ingazi iyo ari yo yose.

◇ Nukoreshe ingazi ishobora kwongererezwa uburebure igihe gusa ishobora kurenga n’imiburiburi imetero imwe aho ushaka kuja canke uruhome yegetseko. Nurinde ko amaguru y’iyo ngazi anyerera mu kuyabohera hasi canke mu gushira urubaho imbere yayo ugaca uruteramwo imisumari. Nimba udashobora gutuma iyo ngazi idateza impanuka muri ubwo buryo, nusabe umuntu ayikugumirize igihe uriko urayikorerako. Nubohe ukomeze isonga ry’iyo ngazi kugira ngo ntinyerere ija ku ruhande.

◇ Ntutambike imbaho ku ntambuko z’ingazi kugira ngo ukore umukiruruko wo gukorerako.

◇ Utumye amaboko yawe n’amaguru yawe igihe uriko urakorera hejuru, woshobora gutuma ingazi itaguma hamwe. Niwirinde mwene ukwo gutuma amaboko n’amaguru bishobora gutera akaga. Niwunguruze iyo ngazi igihe cose bikenewe kugira ngo igume iri hafi y’aho uriko urakorera.

◇ Nimba utegerezwa gukorera ku ngazi iri imbere y’umuryango wugaye, nushire kuri uwo muryango ikimenyetso co kugabisha hanyuma uwugare n’urupfunguruzo. Nimba bidashoboka kwugara uwo muryango n’urupfunguruzo, nushireho umuntu aza arabuza abagomba kurengana.

◇ Niwemerere umuntu umwe gusa gukoresha ingazi kiretse nimba yagenewe gukorerako abantu babiri.b

[Akajambo k’epfo]

b Urutonde rw’ivyo wosuzuma rurimwo ibindi vyibutswa bijanye no gukorera ku ngazi ushobora kurusanga muri Réveillez-vous! yo ku wa 8 Myandagaro 1999, urupapuro rwa 22.

[Amafoto ku rup. 29]

Rya Tegeko rya Musa ryasaba ko ibisenge bishashe bikikuzwa igikugiro

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika