UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 37–38
Ibicaniro vy’itaberenakulo n’uruhara rwavyo mu gusenga kw’ukuri
Ibicaniro vy’itaberenakulo bavyubaka bisunze ubuyobozi Yehova yatanze kandi vyari bifise insobanuro idasanzwe.
Amasengesho yemerwa abasavyi ba Yehova batura aramuhimbara nka kumwe kw’imibavu iturirwa yahingurwa mu ruvange rwitondewe
Yehova yaremera ibimazi vyatangirwa ku gicaniro c’ibimazi biturirwa. Kuba ico gicaniro cari imbere y’itaberenakulo biratwibutsa ko dukeneye kwizera inkuka y’incungu ya Yezu kugira twemerwe n’Imana.—Yoh 3:16-18; Heb 10:5-10
Twotegura gute amasengesho yacu kugira abe nk’imibavu imbere y’Imana?—Zb 141:2