ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mwbr20 Gitugutu rup. 1-8
  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
  • Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
  • Udutwe
  • 5-11 GITUGUTU
  • 12-18 GITUGUTU
  • Igisomwa ca Bibiliya
  • (Kuvayo 33:1-16)
  • 19-25 GITUGUTU
  • 26 GITUGUTU–1 MUNYONYO
Amarabiro yo mu Gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—2020
mwbr20 Gitugutu rup. 1-8

Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu

5-11 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 31-32

“Niwirinde gusenga ibigirwamana”

w09 15/5 11 ing. 11

Dutere tugana ku buhumure kuko ‘umusi uhambaye wa Yehova uri hafi’

11 Gukurikiza ivyo tuba twize mu Vyanditswe birashobora kuba urugamba, na canecane igihe tuba turi mu bintu bigoye. Nk’akarorero, gatoyi inyuma y’aho Yehova akuriye Abisirayeli mu buja bwo mu Misiri, ‘baratonganije Musa’ kandi baguma ‘bagerageza Uhoraho.’ Uti kubera iki? Kubera ko bari babuze amazi yo kunywa. (Kuv. 17:1-4) Hatarahera amezi abiri binjiye mw’isezerano Imana yagiranye na bo maze bakiyemerera gukora ‘ivyo Uhoraho [yari] yavuze vyose,’ bararenze kw’itegeko ryiwe ryababuza gusenga ibigirwamana. (Kuv. 24:3, 12-18; 32:1, 2, 7-9) Boba babitumwe n’ubwoba bagize kubera ko Musa yari amaze igihe kirekire atari kumwe na bo, ariko araronswa ubuyobozi ku Musozi Horebu? Abisirayeli boba kumbure biyumvira yuko bosubiye guterwa n’Abamaleki kandi ko bobuze gitabara batari kumwe na Musa, uwari yatumye Abamaleki batsindwa imbere y’aho kubera ko yagumye adugije amaboko? (Kuv. 17:8-16) Naho kumbure vyoba ari ukwo vyagenze, uko biri kwose Abisirayeli ‘baranse kugamburuka.’ (Ibik. 7:39-41) Paulo yahimirije abakirisu ‘gukora uko bashoboye kwose’ kugira ngo birinde “[ku]gwa muri ico citegererezo nyene c’ubugambarazi,” ico Abisirayeli berekanye igihe batinya kwinjira mu Gihugu c’isezerano.​—Heb. 4:3, 11.

w12 15/10 25 ing. 12

Nugamburukire Imana maze wungukire ku mihango yayo

12 Yehova yaciye atangura gushitsa uruhara rwiwe ku bijanye n’iryo sezerano ry’Itegeko mu gutunganya ihema ryo gusengeramwo be n’ubuherezi vyotumye abantu b’abacumuzi bashobora kumwegera. Isirayeli yoyo ntiyatevye kwibagira ko yari yiyeguriye Imana, gutyo “[ituntuza] Umweranda wa Isirayeli.” (Zab. 78:41) Nk’akarorero, igihe Musa yariko araronswa ubundi buyobozi ku Musozi Sinayi, Abisirayeli vyaranse ko bihangana maze batangura kureka kwizera Imana, mu kwiyumvira yuko Musa yari yabataye. Baciye rero bakora igishushanyo c’inyana c’inzahabu maze babwira abantu bati: “Iyi ni yo Mana yawe, ewe Isirayeli, yakuduganye igukuye mu gihugu ca Misiri.” (Kuv. 32:1, 4) Mu nyuma baragize ico bise “umusi mukuru wa Yehova” maze bunamira ico gishushanyo cabo cakozwe n’abantu bongera bagishikanira ibimazi. Aho Yehova abiboneye, yabwiye Musa ati: “Bakebeje ningoga bata inzira nabategetse kugenderamwo.” (Kuv. 32:5, 6, 8) Ikibabaje ni uko kuva ico gihe Isirayeli yaranzwe no kuza iragirira indagano Imana mu nyuma ikazirengako.​—Guh. 30:2.

w18.07 20 ing. 14

“Ni nde ari ku ruhande rwa Yehova?”

14 Abo bantu bari bazi ko gusenga ibigirwamana ari ugucumura cane kuri Yehova. (Kuv. 20:3-5) Ariko bidatevye, bariko barasenga inyana bakoze mu nzahabu! Naho bagambaraye gutyo, hari ukuntu biyumvira ko bakiri ku ruhande rwa Yehova. Mbere Aroni yavuze ko ukwo gusenga iyo nyana ari “umusi mukuru wa Yehova”! None Yehova yavyakiriye gute? Yabona ko bamuhemukiye. Yabwiye Musa ko abo bantu bari “bikwegeye guhona” be n’uko “bakebeje ningoga bata inzira [y]abategetse kugenderamwo.” ‘Ishavu ryiwe ryararurumvye,’ mbere ashaka no guherengeteza iryo hanga rya Isirayeli ryari riherutse kuvuka.​—Kuv. 32:5-10.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w19.12 3 ing. 4

Hariho igihe co gukora n’ico kuruhuka

4 None dufatiye kuri ako karorero Yehova na Yezu batanze mu bijanye no gukora cane, vyoba bisigura ko tudakeneye kuruhuka? Habe namba. Kubera ko Yehova atigera aruha, nta karuhuko akenera. Mugabo Bibiliya iravuga ko igihe Yehova yaheza kurema ijuru n’isi, yahagaritse ibikorwa ‘akaruhuka.’ (Kuv. 31:17) Ariko rero, ivyo biboneka yuko bisigura ko yahagaritse ibikorwa vyo kurema, agafata akanya ko guhimbarirwa ivyo yari yakoze. Vyongeye, naho Yezu yakoze cane igihe yari ng’aha kw’isi, yarafata akanya ko kuruhuka no gusangira ibifungurwa n’abagenzi biwe.​—Mat. 14:13; Luka 7:34.

w87 1/9 29

Ibibazo vy’abasomyi

Kuba Imana ishobora kwibuka umuntu kandi ikamutonesha (ni ukuvuga kwandika izina ryiwe “mu gitabu c’ubuzima”) ntibisobanura ko ategerezwa kuronka ubuzima budahera, nk’aho coba ari ikintu yandikiwe canke kidashobora guhinduka. Ku bijanye n’Abisirayeli, Musa yasavye Yehova ati: “Nimba rero ubababarira igicumuro cabo . . . , atari ukwo na ho, ndakwinginze umpanagure mu gitabu cawe wanditse.” Imana yamwishuye iti: “Uwancumuyeko wese, ni we nzohanagura mu gitabu canje.” (Kuvayo 32:32, 33) Ego cane, n’igihe nyene Imana iba yamaze kwandika umuntu mu “gitabu” cayo, nya muntu arashobora kugambarara canke agata ukwizera kwiwe. Ivyo biramutse bishitse, Imana yoca “[ihanagura] izina ryiwe mu gitabu c’ubuzima.”​—Ivyahishuwe 3:5.

12-18 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 33-34

“Kamere nziza igitangaza za Yehova”

it-2 412

Izina

Ivyaremwe birahishura ko Imana ibaho, ariko ntibihishura izina ry’Imana. (Zb 19:1; Rm 1:20) Kuba uzi izina ry’Imana harimwo n’ibindi uretse kumenya iryo zina. (2Ng 6:33) Mu bisanzwe, bisobanura kumenya ibiyerekeye ni ukuvuga imigambi yayo, ivyo ikora be na kamere zayo nk’uko bihishurwa mw’ijambo ryayo. (Gereranya na 1Bm 8:41-43; 9:3, 7; Neh 9:10.) Nk’akarorero, Musa yari umugabo Imana ‘yari izi mw’izina,’ bikaba bisobanura ko yari imuzi neza. (Kv 33:12) Musa yaratewe agateka ko kwibonera ubuninahazwa bw’Imana bwigaragaza, yongera arumva Imana imenyesha izina ryayo. (Kv 34:5) Ico kintu Imana yakoze ntikwari ugusubiramwo izina Yehova gusa, ahubwo kwari ugutangaza kamere zayo n’ivyo ikora. Bibiliya igira iti: “Yehova aca imbere yiwe amenyesha ati: ‘Yehova, Yehova, Imana y’inyembabazi n’inyempuhwe, iteba gushavura kandi igwije ubuntu bwuzuye urukundo be n’ukuri, izigama ubuntu bwuzuye urukundo ku bw’ibihumbi, ikababarira ikosa n’ikigabitanyo n’igicumuro, mugabo ikaba itazogenda ikuye igihano ku muntu; izana igihano ku bana no ku buzukuru ku bw’ikosa rya ba se, kw’iyaruka rigira gatatu no ku rigira kane.’” (Kv 34:6, 7) Muri ubwo buryo nyene, ururirimbo rwa Musa dusangamwo amajambo avuga ngo “kuko ngira menyeshe izina rya Yehova,” rurigana ivyo Imana yakoreye Isirayeli rukadondora na kamere zayo.​—Gus 32:3-44.

w09 1/5 18 ing. 3-5

Ikintu ca mbere Yehova ahishura ku bimwerekeye ni uko ari “Imana yuzuye imbabazi n’ubuntu.” (Umurongo wa 6) Nk’uko incabwenge imwe ibivuga, ijambo ry’igiheburayo ryahinduwe ngo “imbabazi” ryerekeza ku “kibabarwe [c’Imana], nka kimwe umuvyeyi agirira umwana wiwe.” Ijambo ryahinduwe ngo “ubuntu” ryerekeza ku rivuga “ridondora umuntu avyurirwa umutima wo gufasha uwuri n’ico akeneye.” Mu vy’ukuri, Yehova aripfuza ko tumenya yuko yitwararika abamusenga nka kurya nyene abavyeyi bitwararika abana babo babigiranye urukundo rurangwa ikibabarwe be n’ukwitwararika bimwe bigera kure ivyo bakeneye.​—Zaburi 103:8, 13.

Ubukurikira, Yehova aca avuga ko ‘ateba kuraka.’ (Umurongo wa 6) Ntapfa gushavurira abasavyi biwe bo kw’isi. Ahubwo, arabihanganira, akirengagiza amakosa yabo gutyo akaba abahaye akaryo ko guhindura ingendo yabo irangwa icaha.​—2 Petero 3:9.

Imana ibandanya ivuga ko “igwije umutima mwiza n’ukuri.” (Umurongo wa 6) Umutima mwiza canke urukundo rudahemuka, ni kamere y’agaciro ituma Yehova agiranira n’abasavyi biwe ubucuti bukomeye kandi budahera. (Gusubira mu vyagezwe 7:9) Yehova kandi ni isôko ry’ukuri. Ntashobora kubesha canke kubeshwa. Kubera yuko ari “Imana y’inyakuri,” turashobora kwizera ibintu vyose avuga, ushizemwo n’imihango yatanze yerekeye kazoza.​—Zaburi 31:5.

w09 1/5 18 ing. 6

Igihe Yehova yidondora

Ukundi kuri guhambaye Yehova ashaka ko tumenya ku bimwerekeye ni uko aharira “ibigabitanyo n’ibicumuro n’ivyaha.” (Umurongo wa 7) “[A]gabirije guharira” abacumuzi bigaye. (Zaburi 86:5) Naho ari ukwo, Yehova ntarenza uruho rw’amazi ku bibi. Asigura yuko ‘atazogenda akuye igihano ku muntu.’ (Umurongo wa 7) Imana nyeranda kandi igororotse ntizogenda idahanye abacumura n’ibigirankana. Bitebe bitebuke, ingaruka z’ingendo yabo irangwa icaha zizobagarukako.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w04 15/3 27 ing. 5

Ibikurubikuru vyo mu gitabu co Kuvayo

33:11, 20​—Imana yaganiriye gute na Musa “imbonankubone”? Iyo mvugo yerekana ikiyago c’abakundana baseruranira akari ku mutima. Musa yaganira n’umuserukizi w’Imana maze agahabwa ku munwa amabwirizwa avuye kwa Yehova biciye kuri uwo muserukizi. Ariko, Musa ntiyabonye Yehova, kubera ko ‘ata muntu yoraba Imana maze ngo abeho’. Si ivyimbeshere, Yehova si we ubwiwe yaganiriye na Musa. Mu Bagalati 3:19 (UB) havuga yuko Itegeko “ryatangajwe n’abamarayika mu guca mu minwe y’umukandizi.”

w98 1/9 20 ing. 5

Raba Neza ko Ushira Ibintu vya Mbere mu Kibanza ca Mbere!

Gatatugatatu ku mwaka, umuntu w’umugabo wese w’Umwisirayeli hamwe n’uwakebanukiye idini yabo wo muri ico gihugu, yari yategetswe kurenguka imbere ya Yehova. Kubera ko ba serugo benshi babona ko umuryango wose uko ungana wohungukiye mu vy’umutima kuri ivyo biringo, baratunganya ivy’uko abagore babo n’abana babo babaherekeza. Ariko none ni ba nde borinze inzu zabo n’imirima yabo ngo abansi ntibavyirohemwo mu gihe umuryango waba wagiye? Yehova yasezeranye ati: “Nta wuzokebēra igihugu canyu, igihe muzodūga gatatu-gatatu mu mwaka, murengutse imbere yanje, [Yehova] Imana yanyu.” (Kuvayo 34:24) Abisirayeli vyabasaba ukwizera kugira ngo bemere ko mu gihe bashize ivy’umutima imbere ataco bohomvye mu vy’umubiri. Yehova yoba yarashikije ijambo ryiwe? Neza cane!

Igisomwa ca Bibiliya

(Kuvayo 33:1-16)

19-25 GITUGUTU

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 35-36

“Turaronswa ibikenewe ku bw’igikorwa ca Yehova”

w14 15/12 4 ing. 4

Yehova arahezagira cane umutima ukunze

Icatumye Yehova anezerwa cane si ibintu batanze, ahubwo ni umutima ukunze w’abo bantu bashigikiye ugusenga gutyoroye muri ubwo buryo. N’ikindi kandi, baravyuriwe umutima wo gutanga umwanya wabo n’inguvu zabo. Iyo nkuru igira iti: “Abagore bose b’umutima wuzuye ubukerebutsi barajish[e] n’amaboko yabo.” Emwe, “abagore bose umutima wabo usunitse bivuye ku bukerebutsi, [barajishe] bwa bwoya bw’impene.” Vyongeye, Yehova yarahaye Bezaleli “ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga.” Nkako, Imana yarujuje Bezaleli na Oholiyabu ubukerebutsi bwari bukenewe kugira ngo bakore igikorwa cose bari bashinzwe.​—Kuv. 35:25, 26, 30-35.

w11 15/12 18 ing. 6

Abagaragaje ukwizera mu bihe vya kera bayobowe n’impwemu y’Imana

6 Ivyashikiye umuntu yabayeho mu gihe ca Musa ari we Bezaleli birahishura vyinshi ku bijanye n’ukuntu impwemu y’Imana ikora. (Soma Kuvayo 35:30-35.) Bezaleli yaragenywe kugira ngo ahagarikire igikorwa co guhingura ibikoresho vya nkenerwa vyari gukoreshwa mw’itaberenakulo. Yoba yari asanzwe azi guhingura ibintu imbere y’uko ico gikorwa amahero gitangura? Kumbure. Mugabo birashoboka cane yuko igikorwa yaheruka gukora cari ico kubumbira amatafari Abanyamisiri. (Kuv. 1:13, 14) None Bezaleli yari gushobora gute kurangura ico gikorwa kigoye yari yashinzwe? Yehova “ya[ra]tanguye kumwuzuza impwemu y’Imana mu bijanye n’ubukerebutsi, n’ugutegera n’ubumenyi be n’ubwoko bwose bw’ubuhinga ngo ahingure ibintu vy’ubuhinga . . . ku bwo gukora ibintu vy’ubuhanga vy’ubwoko bwose.” Impwemu nyeranda yararyohoye ubuhanga ubwo ari bwo bwose Bezaleli ashobora kuba yari asanzwe afise. Ukwo nyene ni ko vyagenze kuri Oholiyabu. Bezaleli na Oholiyabu bategerezwa kuba baramenye ubwo buhinga neza, kubera ko bataranguye gusa ibikorwa bashinzwe ariko kandi bigishije n’abandi ukuntu bobikora. Egome, Imana yarashize mu mitima yabo igikorwa co kwigisha.

w11 15/12 19 ing. 7

Abagaragaje ukwizera mu bihe vya kera bayobowe n’impwemu y’Imana

7 Ikindi kimenyamenya c’uko Bezaleli na Oholiyabu bari bayobowe n’impwemu y’Imana, ni uko ivyo bakoze vyaramvye bimwe bitangaje. Abantu bari bakibikoresha n’inyuma y’imyaka nka 500. (2 Ngo. 1:2-6) Abantu benshi bahingura ibintu mu bihe vya none, usanga bipfuza ko abandi babahayagiza kubera ivyo bakoze. Mugabo Bezaleli na Oholiyabu si ko bari bameze. Bipfuza ko Yehova aba ari we wenyene ahayagizwa kubera ibikorwa vyabo.​—Kuv. 36:1, 2.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

w05 15/5 23 ing.14

Numenye inzira za Yehova

14 Nushire ivy’impwemu mu kibanza ca mbere. Ihanga rya Isirayeli ntiryari kureka ngo kwitwararika ivyo rikeneye vy’umubiri binigire mu menshi ivy’impwemu. Abisirayeli ntibari kubaho bitwararika gusa ivy’ubuzima bwa misi yose. Yehova yarashize ku ruhande ku ndwi ku ndwi umwanya yise uwera, ukaba wari ugenewe ibikorwa bijanye no gusenga Imana y’ukuri (Kuvayo 35:1-3; Guharūra 15:32-36). Ku mwaka ku mwaka, hari uwundi mwanya wategerezwa guheberwa amahwaniro meranda yari yarashinzwe (Abalewi 23:4-44). Ivyo vyarabaronsa akaryo ko kuganira ku bikorwa vy’ububasha vya Yehova, kwibutswa ivyerekeye inzira ziwe, no kumukengurukira ku bw’ukugira neza kwiwe kwose. Uko abantu bari guserura yuko bibanda kuri Yehova, ni ko bogiye bararushiriza kumutinya no kumukunda bakongera bagafashwa kugira bagendere mu nzira ziwe (Gusubira mu vyagezwe 10:12, 13). Ingingo ngenderwako ngirakamaro ziri muri ayo mabwirizwa ziragirira akamaro abasavyi ba Yehova muri iki gihe.​—Abaheburayo 10:24, 25.

w00 1/11 29 ing. 1

Gutanga cane bizana umunezero

Iyumvire nawe ukuntu Abisirayeli bari bamerewe. Bari bamaze imyaka myinshi cane mu buja no mu bukene bitagira izina. Ico gihe rero, bari bamaze kuronka umwidegemvyo n’amatungo menshi cane. None bari kwakira gute iciyumviro co gutanga amwe muri ayo matungo yabo? Bari kwiyumvira ko bafise uburenganzira bwo kubigumya, narirya ari vyo bari babiriye akuya. Ariko igihe basabwa gutanga intererano y’amahera kugira bashigikire ugusenga gutyoroye, barabikoze ata gahato kandi batitangiriye itama. Ntibigeze bibagira ko Yehova ari we yabashoboje kuronka ayo matungo. Ni co gituma batanze vyinshi cane mu mafeza, mu nzahabu no mu matungo bari bafise. Bari bafise “umutima ukunze.” ‘Imitima yabo yarabasunitse.’ ‘Impwemu yabo yarabasunitse.’ Vy’ukuri ryari “ishikanwa ritangwa ku bushake” rihawe Yehova.​—Kuvayo 25:1-9; 35:4-9, 20-29; 36:3-7.

26 GITUGUTU–1 MUNYONYO

UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 37-38

“Ibicaniro vy’itaberenakulo n’uruhara rwavyo mu gusenga kw’ukuri”

it-1 230 ing. 1

Igicaniro

Igicaniro c’imibavu. Igicaniro c’imibavu (icitwa kandi “igicaniro c’inzahabu” [Kv 39:38]) gishobora kuba cari gikozwe mu mbaho z’umunyinya, gihometseko inzahabu ku buringanire bwo hejuru no ku mpande zaco. Uburinganire bwaco bwo hejuru bwari bufise umukugirwa w’inzahabu. Ico gicaniro cari gifise ubwaguke bwa santimetero 44,5 n’amahagarara ya santimetero 89, kikagira n’“amahembe” ahagaze hejuru ku mfuruka zaco zine. Cari gifise ibigombo bibiri bikozwe mu nzahabu vyo gucishwamwo iminiho yo kukirerura ikozwe mu munyinya uhometseko inzahabu. Ivyo bigombo vyari munsi y’umukugirwa waco ku mpande zaco zibiri zirabana. (Kv 30:1-5; 37:25-28) Imibavu idasanzwe yaraturirwa kuri ico gicaniro kabiri ku musi, mu gitondo no ku mugoroba. (Kv 30:7-9, 34-38) Mu guturira imibavu, hari ahandi bivugwa ko bakoresha icotezo canke ikijamwo umuriro, kandi biboneka ko na co nyene cakoreshwa mu bijanye n’igicaniro c’imibavu. (Lw 16:12, 13; Heb 9:4; Ivy 8:5; gereranya na 2Ng 26:16, 19) Ico gicaniro c’imibavu caterekwa mw’itaberenakulo imbere y’irido y’Aheranda Rwose, ku buryo Bibiliya ivuga ko cari “imbere ya ya sandugu y’igishingantahe.”​—Kv 30:1, 6; 40:5, 26, 27.

it-1 756

Imibavu

Imibavu myeranda basabwa gukoresha muri ya taberenakulo yo mu bugaragwa yari igizwe n’ibintu bizimvye Abisirayeli baterera. (Kv 25:1, 2, 6; 35:4, 5, 8, 27-29) Yehova yaravuze ivyo bokwisunze mu gukorwa urwo ruvange rw’ibintu bine. Yabwiye Musa ati: “Niwitorere ibimota neza: amama ya natafu na sheheleti na galubano imota be n’imibavu itavanze ya olibani. Hazoba urugero rungana kuri vyose. Uze ubikoremwo imibavu, uruvange rw’ibimota rukozwe n’umuhinguzi w’amavuta manovu, arunze umunyu, atavanze, kibe ikintu ceranda. Uze usye mikeyi kuri yo uyigire ifu inoze, ushire nkeyi kuri yo imbere ya ca Gishingantahe mw’ihema ry’ihuriro, aho nzoseruka imbere yawe. Ikwiye kuba myeranda rwose kuri mwebwe.” Kugira Yehova yereke Abisirayeli ko iyo mibavu yari iyidasanzwe kandi ko ari myeranda, yongeyeko ati: “Uwo wese akoze imibavu iyo ari yo yose imeze nka yo kugira aryoherwe n’akamoto kayo, aze arandurwe mu bantu b’iwabo.”​—Kv 30:34-38; 37:29.

it-1 229 ing. 5

Igicaniro

Ibicaniro vy’itaberenakulo. Igihe itaberenakulo yashingwa, barubatse ibicaniro bibiri bisunze ivyo Imana yari yavuze. Igicaniro c’ishikanwa riturirwa (icitwa kandi “igicaniro c’umujumpu” [Kv 39:39]) cari gikozwe mu mbaho z’umunyinya kimeze nk’igisandugu kirangaye, bikaba biboneka ko kitari gifise icicariro canke umufuniko. Cari gifise ubwaguke bw’imetero 2,2 be n’amahagarara y’imetero 1,3 kikagira n’“amahembe” ahagaze hejuru ku mfuruka zaco zine. Cose uko cakabaye cari gihometseko umujumpu. Munsi y’agakikuzo k’igicaniro “amaja hasi imbere muri co,” “amaja hagati na hagati yaco” bahashira akayungiro canke urusenga. Ku mpande zine z’igicaniro hafi ya nya kayungiro bahashira ibigombo bine, bikaba biboneka ko ari na vyo bacishamwo iminiho ibiri y’umunyinya ihometseko umujumpu bakoresha mu guterura nya gicaniro. Vyasobanura ko baca inzira binjizamwo nya kayungiro ku mpande zibiri z’igicaniro, vya bigombo na vyo bikaba biri inyuma kuri izo mpande zibiri nyene. Abahinga mu vya Bibiliya bavuga ibitandukanye kuri ico ciyumviro, benshi bakavuga ko hashobora kuba hari imirongo ibiri y’ibigombo. Umurongo wa kabiri w’ivyo bigombo ni wo bacishamwo iminiho yo guterura igicaniro, bikaba vyari bitereye inyuma kuri co. Harakozwe n’ibindi bikoresho vy’umujumpu: ibigopo n’ibiyozo vy’umunyota, amabakure yo gushiramwo amaraso y’ibitungwa, amakanya yo gufatisha inyama be n’ibijamwo umuriro.​—Kv 27:1-8; 38:1-7, 30; Gh 4:14.

Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya

it-1 34

Umunyinya

Umunyinya ufise amahwa menshi maremare akwiragiye ku mashami yawo atagaraye cane. Ayo mashami arinjiranamwo n’amashami y’iminyinya iba iri mu micungararo, bigaca biba nk’ishamba rya manyenye. Nta gukeka ko ari co gituma muri Bibiliya ijambo shit·timʹ ryama rikoreshwa mu bwinshi. Umunyinya ushobora kugira imetero 6 gushika ku 8 z’uburebure, ariko akenshi uboneka nk’ishamba. Amababi yayo uyakozeko, aroroshe nk’amubi. Ufise amashurwe y’umuhondo amota neza. Ivyamwa vyawo usanga bitekewe mu bishishwa vyigonze. Igiti c’umunyinya gifise igishishwa cirabura gikomeye cane, kikaba kivamwo urubaho ruremereye kandi rutabungwa. Ivyo bintu biranga umunyinya hamwe no kuba waraboneka cane mu bugaragwa, vyatumye ari wo canecane ukoreshwa mu kwubaka itaberenakulo n’ibikoresho vyo muri yo. Warakoreshejwe mu gukora isandugu y’isezerano (Kv 25:10; 37:1), imeza y’imikate yerekanwa (Kv 25:23; 37:10), ibicaniro (Kv 27:1; 37:25; 38:1), iminiho yo guterura ibicaniro (Kv 25:13, 28; 27:6; 30:5; 37:4, 15, 28; 38:6), inkingi za ya rido (Kv 26:32, 37; 36:36), vya bizingiti (Kv 26:15; 36:20) be n’ibihindizo vyayo (Kv 26:26; 36:31).

w15 1/4 15 ing. 4

Wari ubizi?

Ivyirore vy’ubu usanga bikozwe mu kiyo, mugabo ivya kera vyovyo wasanga bikozwe mu butare busenye neza. Kenshi vyaba bikozwe mu mujumpu uvanze. Mugabo bashobora kuba barabikora no mu mujumpu utavanze, mw’ifeza, mu nzahabu canke mu ruvange rw’ifeza n’inzahabu. Ahantu ha mbere muri Bibiliya havugwa ibijanye n’ivyirore ni mu nkuru ijanye n’iyubakwa ry’itaberenakulo, ikibanza nyamukuru Abisirayeli batanguye gusengeramwo. Abagore baraterereye ivyirore kugira ngo hakorwe ikibesani c’umujumpu be n’igitereko caco. (Kuvayo 38:8) Biboneka ko vyabaye ngombwa ko biyonzwa kugira ngo bishobore gukoreshwa muri ico gikorwa.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika