UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 1-3
Intumbero y’amashikanwa
Itegeko rya Musa ryasaba Abisirayeli gutanga amashikanwa canke ibimazi. Ivyo vyarahimbara Yehova bikaba vyari icitegererezo c’inkuka y’incungu ya Yezu canke ingene twokwungukiye kuri iyo ncungu.—Heb 8:3-5; 9:9; 10:5-10.
Kurya nyene ibitungwa batangako ibimazi vyategerezwa kutagira akanenge canke ikirabagu, na Yezu yarashikanye umubiri wiwe utunganye kandi utagira agahaze.—1Pt 1:18, 19
Kurya nyene amashikanwa aturirwa bayashikanira Imana uko yakabaye, Yezu yarishikanye wese kuri Yehova
Nk’uko nyene abashikana ibimazi vy’ugusangira vyemerwa baba bafitaniye amahoro n’Imana, ni ko n’abarobanuwe bihereza ku mfungurwa z’Umukama zo ku mugoroba baba bafitaniye amahoro n’Imana