Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
2-8 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | KUVAYO 39-40
“Musa yarisunze ubuyobozi avyitondeye”
Woba uzwi na Yehova?
13 Musa wewe yari “uwutekereza kuruta kure n’iyo abantu bose bari ku buringanire bw’ubutaka.” (Guh. 12:3) Yarerekanye ko atekereza be n’uko yicisha bugufi mu kwiyemeza gukurikiza ubuyobozi bwa Yehova. (Kuv. 7:6; 40:16) Nta kintu na kimwe cerakana ko Musa yakunda gukekeranya ku kuntu Yehova akora ibintu canke ngo ashavuzwe n’uko yabwirizwa gukurikiza ubuyobozi buva kuri Yehova. Nk’akarorero, Yehova yaratanze amategeko yerekeye ukwubaka itaberenakulo gushika ku kantu gatoyi hanyuma y’utundi, nk’ibara ry’inyuzi be n’igitigiri c’utugōmbo vyategerezwa gukoreshwa mu guhingura ibitambara vy’ihema. (Kuv. 26:1-6) Mu gihe umuhagarikizi w’umuntu wo mw’ishirahamwe ry’Imana aguha ubuyobozi busa n’uburimwo utuntu turenze urugero, vyoshobora gushika ugashavura. Yehova we ni umuhagarikizi atagira akanenge, ashinga amabanga abasavyi biwe atitangiriye itama akongera akabizigira. Igihe atanze ubuyobozi burimwo utuntu twinshi, abigira abitumwe n’imvo nziza. Ariko rero, urabona ko Musa atashavuriye Yehova ngo ni uko amuhaye ubuyobozi burimwo utuntu twinshi gutyo, nk’aho umenga Yehova yariko aramukengera canke ariko aratuma adakoresha ubushobozi bwiwe bwo kwiyumvira kibure umwidegemvyo wiwe. Ahubwo nyabuna, Musa yararavye neza ko abakozi “bakora kuno nyene” mu gukurikiza ubuyobozi Imana yari yatanze. (Kuv. 39:32) Mbega ukwicisha bugufi! Musa yaratahura ko ico cari igikorwa ca Yehova be n’uko we yari igikoresho gusa cariko kirakoreshwa kugira ngo ico gikorwa kirangurwe.
Woba uri umwizigirwa mu bintu vyose?
3 Mu Baheburayo 3:5 havuga hati: “Mose yayoboka . . . nk’umushumba”. Ni igiki catumye umuhanuzi Musa ayoboka canke aba umwizigirwa? Mu gihe co kwubaka no gushinga ihema, “Mose [y]abigen[jeje] artyo: uk’Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze” (Kuvayo 40:16). Kubera yuko turi abasavyi ba Yehova, twerekana ko turi abizigirwa mu kumukorera tubigiranye ukugamburuka. Birumvikana yuko ivyo birimwo ukuguma turi intahemuka kuri Yehova igihe turi mu ngorane zitoroshe canke mu bigeragezo bikomeye. Ariko rero, kuvyifatamwo neza mu bigeragezo bikomakomeye si vyo vyonyene vyerekana ko turi abizigirwa. Yezu yavuze ati: “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye” (Luka 16:10). Dutegerezwa kuguma turi abizigirwa no mu tuntu dusa n’uko ari dutoyi.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-2 510 ing. 4
Urushato rw’icogaruzi
Ingene Abisirayeli baruronka. Nimba urushato ruvugwa muri Bibiliya (taḥash mu giheburayo) rwerekeza ku bwoko bw’icogaruzi, umuntu rero yokwibaza ukuntu Abisirayeli bashobora kururonka. Naho ivyogaruzi bisanzwe biba mu turere two kw’isonga ry’epfo n’irya ruguru ry’umubumbe w’isi, hari ivyogaruzi bikunda ahantu hashushe. Muri iki gihe, ivyogaruzi bike vyitwa phoques moines biraboneka mu duce tumwetumwe two mu Kiyaga Mediterane hamwe no mu yandi mabahari ashushe. Mu binjana biheze, abantu baratumye ivyogaruzi bigabanuka mu buryo budasanzwe. Ariko mu bihe vya Bibiliya ivyo bikoko vyari vyinshi mu Kiyaga Mediterane no mu Kiyaga Gitukura. Mu myaka ya 1832, kazinduzi imwe y’uwitwa Augustin Calmet (rup. 139) yagize iti: “Ivyogaruzi biraboneka mu mazinga matomato atari make yo mu Kiyaga Gitukura akikuje agace k’isi kinjira mu mazi ka Sinayi.”—Raba kandi igitabu The Tabernacle’s Typical Teaching, A. J. Pollock, Londres, rup 47.
Hoba hari uwubona ivyo ukora?
Igihe itaberenakulo yuzura, igicu “[caratanguye] gupfuka rya hema ry’ihuriro, ubuninahazwa bwa Yehova na bwo bwuzura nya taberenakulo.” (Kuv. 40:34) Ese ukuntu ivyo vyerekanye neza ko Yehova ayishimye! Wibaza ko Bezaleli na Oholiyabu bumvise bamerewe gute ico gihe? Naho amazina yabo atanditswe kuri ivyo bintu bakoze, bategerezwa kuba barahimbawe n’uko Imana yari yahezagiye utwigoro twabo twose. (Imig. 10:22) Nta gukeka ko mu myaka yakurikiye bahimbawe no kumenya yuko ivyo bahinguye vyabandanije gukoreshwa mu murimo wa Yehova. Bezaleli na Oholiyabu nibazuka mw’isi nshasha, bazohimbarwa vy’ukuri no kumenya yuko iyo taberenakulo yamaze imyaka nka 500 ikoreshwa mu gusenga kw’ukuri!
9-15 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 1-3
“Intumbero y’amashikanwa”
it-2 847
Amashikanwa
Amashikanwa aturirwa. Amashikanwa aturirwa bayashikanira Imana uko yakabaye, akaba ata n’umwe yari akwiye gukurako igice na kimwe cayo. (Gereranya na Abc 11:30, 31, 39, 40.) Amashikanwa aturirwa yari ayo kwinginga Yehova ngo yemere canke yerekane ko yakiriye ishikanwa ry’igicumuro, akenshi rikaba ryatanganwa n’ayo yandi. Yezu yishikanye wese uko yakabaye nk’“ishikanwa riturirwa.”
it-2 849 ing. 7
Amashikanwa
Amashikanwa y’intete. Amashikanwa y’intete bayashikana ari kumwe n’ibimazi vy’ugusangira, amashikanwa aturirwa, amashikanwa y’ibicumuro be n’umushuzo w’umwimbu. Ariko ikindi gihe bayashikana ari yonyene. (Kv 29:40-42; Lw 23:10-13, 15-18; Gh 15:8, 9, 22-24; 28:9, 10, 20, 26-28; ikig 29) Ivyo bimazi babishikiriza kugira bakenguruke ukuntu Imana itanga cane mu kubaronsa imihezagiro no mu gutuma baroranirwa. Akenshi ayo mashikanwa bayashikana ari kumwe n’amavuta be n’imibavu ya olibani. Amashikanwa y’intete yarashobora kuba ifu inoze, intete zikaranze, udukate tumeze nk’utugombo canke udukate twokeje, bakaba babitegurira kw’ikarayi canke mu nkono. Amwe mu mashikanwa y’intete bayashira ku gicaniro c’ishikanwa riturirwa. Umuherezi yararya bimwe mu vyashikanywe kandi n’uwabishikanye yarabiryako mu bihe vy’ibimazi vy’ugusangira. (Lw 6:14-23; 7:11-13; Gh 18:8-11) Nta shikanwa ry’intete bashikana ryari rikwiye kuba ririmwo umwambiro canke “ubuki” (bikaba bisa n’ivyerekeza ku mazi y’insukoni canke ku mutobe w’ivyamwa).—Lw 2:1-16.
it-2 847 ing. 5
Amashikanwa
Ibimazi vy’ugusangira (canke ibimazi vy’amahoro). Ibimazi vy’ugusangira Yehova ashima cari ikimenyetso c’ukugiranira amahoro na we. Uwatanze ikimazi n’abo mu rugo rwiwe barabiryako (mu kigo c’itaberenakulo; nk’uko umugenzo wabisaba, barashinga insago iruhande y’irido ry’indani ryari rikikuje ikigo; mu rusengero na ho wasanga hari ivyumba vy’uburiro). Haba hari igipande c’umuherezi yaba ariko aratanga ibimazi n’ikindi gipande c’abaherezi baba bari ku gikorwa. Yehova wewe yakira umwotsi uruhura wava ku kinure. Amaraso, ayagereranya ubuzima, bayaha Yehova akaba rwiwe. Ni nk’aho rero abaherezi, abashikana ibimazi be na Yehova baba bariko barasangira, bikaba vyasobanura ko bafitaniye ubucuti burangwa amahoro. Umuntu yahirahira akabifungurako ahumanye (ubwoko bwose bw’ubuhumane bwavuzwe mw’Itegeko) canke akarya inyama yarengeje igihe categekanijwe (igihe hashushe ikaba yaba itanguye kubora), yategerezwa kurandurwa mu bantu b’iwabo. Yaba ahumanije izo mfungurwa, kubera ko uwo ahumanye canke uwo ariye ibifungurwa Yehova Imana abona ko bihumanye, yaba yerekanye ko atubaha ibintu vyeranda.—Abalewi 7:16-21; 19:5-8.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abalewi
2:13—Ni kubera iki ‘ivyatangwa vyose vyategerezwa gutanganwa’ n’umunyu? Ivyo ntivyakorwa kugira ngo bongereze uburyohe bw’ibimazi. Hirya no hino kw’isi, umunyu barawukoresha kugira ngo uzigame ibintu ntibibore. Biboneka yuko washirwa ku mashikanwa yatangwa kubera ko ugereranya yuko ikintu kiba gikingiwe ukwononekara canke ukubora.
it-1 1003
Ikinure
Icatumye iryo tegeko ritangwa. Mu gihe c’isezerano ry’Itegeko, amaraso n’ikinure vyabonwa ko vyegukira Yehova wenyene. Amaraso ni ubuzima kandi Yehova wenyene ni we ashobora kubutanga; ku bw’ivyo amaraso yegukira Yehova. (Lw 17:11, 14) Ikinure cabonwa ko ari co gihimba ciza kuruta ibindi vyose vy’igitungwa. Uwutanze ikinure c’igitungwa rero yaba yerekanye ko atahura ko ibihimba vyiza kuruta ibindi ari ivya Yehova, we atanga atitangiriye itama. Yaba yerekanye kandi ko yipfuza guha Imana ivyiza kuruta ibindi vyose. Kubera Abisirayeli babona ko gushikana ikinure ari uguha Yehova ivyiza kuruta ibindi, bivugwa ko bagifumbisha umwotsi ku gicaniro bikabera Imana nk’“ibifungurwa” n’“akamoto karuhura.” (Lw 3:11, 16) Uwuriye ikinure rero yaba arenze itegeko mu kwigarurira ikintu ceranda ku Mana. Yaba avogereye uburenganzira bwa Yehova, bakaba bamuha igihano co gupfa. Ariko ntiwumve, ikinure ntibakibona nk’amaraso kuko co bashobora kugikoresha no mu bindi bintu, nk’akarorero igihe igitungwa ciyishe canke catabaguwe n’ikindi gikoko.—Lw 7:23-25.
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abalewi
3:17. Kubera yuko ibinure vyabonwa nka co gihimba ciza canke kinuze kuruta ibindi vyose, ukubuzwa gufungura ibinure biboneka ko vyibutsa Abisirayeli yuko igihimba ciza gusumba ibindi vyose ari ica Yehova (Itanguriro 45:18). Ivyo biratwibutsa yuko dukwiye guha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise.—Imigani 3:9, 10; Ab’i Kolosayi 3:23, 24.
16-22 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 4–5
“Nuhe Yehova ivyiza kuruta ibindi vyose ufise”
it-2 848 ing. 12
Amashikanwa
Amashikanwa y’ukwagirwa n’icaha. Amashikanwa y’ukwagirwa n’icaha yatangwa kubera igicumuro. Mu gihe c’Itegeko, igicumuro catuma umuntu yagirwa. Ayo mashikanwa rero bayatangira ubwoko kanaka bw’ibicumuro. Yari atandukanye n’ayandi mashikanwa y’ibicumuro. Bigaragara ko yatangwa ku bw’ibicumuro umuntu yaba yakoreye uwundi. Yaba yacumuye kuri Yehova canke kuri mugenziwe. Ishikanwa ry’ukwagirwa n’icaha ryatuma ubutungane bwa Yehova bushitswa canke rigatuma umucumuzi yigaya asubirana uburenganzira ahabwa n’isezerano ry’Itegeko, maze igihano yaciriwe kubera igicumuro yakoze kikamuvako.—Gereranya na Yes 53:10.
Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera
Mu guserura ukuntu Yehova yitwararikana abigiranye ikibabarwe, Itegeko ryagira riti: “Mugabo nimba ata buryo buhagije afise bwo kuronka intama, bwa shikanwa ryiwe ry’ukwagirwa n’icaha ku bw’igicumuro yakoze, aze azanire Yehova intunguru zibiri canke inuma zibiri.” (Umurongo wa 7) Ayo majambo ngo “nimba ata buryo . . . afise” yoshobora kandi guhindurwa ngo “nimba . . . ari ntahonikora.” Igihe Umwisirayeli yaba ari ntahonikora ku buryo adashobora kuronka intama, Imana yarahimbarwa no kwemera ico uwo muntu yaba ashoboye gutanga, ni ukuvuga intunguru zibiri canke inuma zibiri.
Ntiyirengagiza aho ubushobozi bwacu bugera
Mbe hoho vyagenda gute igihe umuntu ataba ashoboye kuronka n’izo nyoni zibiri? Rya Tegeko ryavuga riti: “Aze azane ic’icumi ca efa y’ifu inoze [ibikombe umunani canke icenda] kibe ishikanwa ry’igicumuro.” (Umurongo wa 11) Ku bantu baba bakenye cane, Yehova yahisemwo kubemerera ikintu atemerera abandi, mu kwemera ishikanwa ry’igicumuro ritarimwo amaraso. Muri Isirayeli, ubukene ntibwabuza umuntu n’umwe kwironkera umuhezagiro wo guhongerwa ibicumuro canke akaryo ko gusubiza hamwe n’Imana.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ni ibiki twigira ku basavyi ba Yehova b’intahemuka?
14 Ubuntu burashobora kugufasha kuba intahemuka kuri Yehova no ku bandi. Nk’akarorero, woshobora kuba uzi neza ko uwo musangiye ukwemera yakoze igicumuro gikomeye. Woshobora kubona ko utomuhemukira, na canecane igihe ari umugenzi somambike canke incuti. Mugabo uramutse upfutse ico gicumuro, ntuba ubaye intahemuka ku Mana. Mu bisanzwe ukwiye kubanza kuba intahemuka ku Mana. Cokimwe na Natani rero, nugaragaze ubuntu ariko ushikame. Nuhimirize uwo mugenzi canke iyo ncuti kurondera gufashwa n’abakurambere. Nimba atabigize mu kiringo kinaka, nube intahemuka ku Mana maze umenyeshe ico kintu abakurambere. Ubigenjeje gutyo, uba ubaye intahemuka kuri Yehova ukaba kandi ugaragarije ubuntu umugenzi wawe canke incuti yawe, kuko abakurambere baca bagerageza kumubogora babigiranye ubwitonzi.—Soma Abalewi 5:1; Abagalatiya 6:1.
it-2 861 ing. 8
Ubweranda
Ibitungwa be n’ivyimburwa. Impfizi z’uburiza mu nka, mu ntama no mu mpene zafatwa ko ari nyeranda zigenewe Yehova kandi carazira kuzigurisha. Zari izo gutangwako ibimazi, igice cavyo kigahabwa abaherezi. (Gh 18:17-19) Ivyimburwa vy’umushuzo n’imperezwa vyari vyeranda, cokimwe n’ibimazi vyose be n’amashikanwa yose vyaba vyejejwe ku bw’igikorwa co kw’itaberenakulo. (Kv 28:38) Ibintu vyeranda vyose bigenewe Yehova vyarubahwa. Nta wari akwiye kubifata uko yishakiye canke ngo abikoreshe mu bintu bisanzwe canke bihumanye. Ikivyerekana ni itegeko rijanye n’imperezwa. Bishitse umugabo agashira ku ruhande ikintu ngo kizobe imperezwa, nk’akarorero ku mwimbu wiwe w’ingano, maze we canke umwe mu bo atunze agakurako bikeya atabizi akabikoresha mu vyo mu rugo nko mu kubiteka, nya mugabo yaba ahonyanze itegeko ry’Imana ryerekeye ibintu vyeranda. Itegeko ryamusaba kubiriha kw’itaberenakulo yavyongeyeko ibice 20 kw’ijana, hambavu yo gutanga ikimazi c’umwagazi w’intama akuye mu busho. Ivyo rero vyaratuma bubaha cane ibintu vyeranda vyegukira Yehova.—Lw 5:14-16.
23-29 MUNYONYO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 6-7
“Uburyo bwo guserura ugukenguruka”
Ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi
9 Icigwa ca kabiri: Dukorera Yehova kubera ko tumukengurukira. Kugira tubitahure, nimuze dusuzume uwundi muce wari uhambaye mu gusenga kw’Abisirayeli, na wo akaba ari amashikanwa y’ugusangira. Igitabu c’Abalewi, kirerekana ko Umwisirayeli yashobora gutanga ikimazi c’ugusangira “agomba guserura ugukenguruka.” (Lew. 7:11-13, 16-18) Ntiyaba agitanze kubera ko yabisabwa n’itegeko, ahubwo kubera ko yaba avyipfuza. Ico kimazi ryaba ari ishikanwa atanze ku bushake abitumwe n’uko yakunda Imana yiwe Yehova. Uwaba atanze iryo shikanwa, umuryango wiwe, be n’abaherezi barasangira inyama z’ico gitungwa. Ariko rero hariho ibihimba vy’ico gitungwa vyari bigenewe Yehova gusa. None ivyo bihimba ni ibihe?
w00 1/9 9 ing. 15
Ibimazi Vyahimbara Imana
15 Irindi shikanwa umuntu yatanga avyishakiye cari ikimazi c’ishimwe, ikidondorwa mu Balewi ikigabane ca 3. Iryo zina rishobora guhindurwa kandi ngo “ikimazi c’amashikanwa y’amahoro.” Mu Giheburayo, ijambo “amahoro” ntirisobanura gusa ukutaba mu ntambara canke mu mudurumbanyo. Igitabu kimwe (Studies in the Mosaic Institutions) kivuga giti: “Muri Bibiliya, ivyo ni vyo risobanura, be n’ukugiranira n’Imana amahoro canke ubucuti burangwa amahoro, ugusagamba, umunezero, n’agahimbare. Gutyo, ibimazi vy’ishimwe ntivyashikanwa ku bw’ugukingira amahoro afitaniye n’Imana, nk’aho yoba iriko iratururuzwa, mugabo vyashikanwa ku bwo kugaragaza ugukenguruka canke kwigina amahoro abashimwa n’Imana bafitaniye na yo. Abaherezi na nyene gutanga ikimazi barafungura kuri ico kimazi amaraso n’ibinure bimaze gushikanirwa Yehova. (Abalewi 3:17; 7:16-21; 19:5-8) Mu buryo bwiza kandi bw’ikigereranyo, nyene gutanga ikimazi, abaherezi be na Yehova Imana baba bariko barasangira imfungurwa, ivyo bigasobanura ubucuti burangwa amahoro bafitaniye.
w00 1/9 13 ing. 8
Ibimazi vy’Ugushemeza Bihimbara Yehova
8 Bite ho ku vyerekeye umuntu yaba atanze iryo shikanwa? Ivyagezwe vyavuga yuko uwo ari we wese yaza imbere ya Yehova yategerezwa kuba atyoroye kandi adahumanye. Umuntu yaba yahumanye bivuye ku mvo iyo ari yo yose, ubwa mbere yategerezwa gushikana ikimazi atangiye icaha canke ic’impongano kugira ngo agarukane impagararo ityoroye imbere ya Yehova kugira ngo ikimazi ciwe co kwoswa canke ic’ishimwe gishobore kwemerwa na we. (Abalewi 5:1-6, 15, 17) Kubera ico, twoba dutahuye akamaro k’ukwama nantaryo dufise impagararo ityoroye imbere ya Yehova? Nimba dushaka ko ugusenga kwacu kwemerwa n’Imana, dutegerezwa kwihutira kwikosora igihe cose turenze ku vyagezwe vy’Imana. Dukwiye kudatebagana kwikora ku buryo bwatanzwe n’Imana kugira ngo dufashwe—ni ukuvuga “abashingantahe b’ishengero” be n’“impongano y’ivyaha vyacu,” Yezu Kirisitu.—Yakobo 5:14; 1 Yohana 2:1, 2.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it-1 889 ing. 2
Umuriro
Kw’itaberenakulo no ku rusengero. Umuriro barawukoresha mu bijanye n’ugusenga kwabera kw’itaberenakulo, mu nyuma na ho ku rusengero. Buri gitondo no hagati ya ya migoroba ibiri, umuherezi mukuru yaraturira imibavu ku gicaniro c’imibavu. (Kv 30:7, 8) Itegeko ry’Imana ryasaba ko umuriro wo ku gicaniro c’ishikanwa riturirwa uguma waka igihe cose. (Lw 6:12, 13) Abayuda ba kera babona ko umuriro wo ku gicaniro Imana ari yo yawucanye ubwa mbere ku gitangaro. Naho vyemerwa na benshi, ntibishigikiwe n’Ivyanditswe. Twisunze ubuyobozi Yehova yahaye Musa, bene Aroni babwirizwa ‘gushira umuriro kuri ca gicaniro, hanyuma bagatondeka inkwi ku muriro’ imbere yo gushira ikimazi ku gicaniro. (Lw 1:7, 8) Inyuma y’aho batangurije ubuherezi bwa bene Aroni hamwe rero n’inyuma yo gutanga ibimazi bijanye n’ico kintu, ni ho umuriro uvuye kuri Yehova wayigiza ishikanwa ryari ku gicaniro, kumbure uvuye muri ca gicu cari hejuru y’itaberenakulo. Biboneka ko uwo muriro wabonetse ku gitangaro utaje kugira ufatishe inkwi zari ku gicaniro, ahubwo waje “kuyigiza rya shikanwa riturirwa na vya bipande binuze vyo ku gicaniro.” Uca wumva ko umuriro wabandanije kwaka ushobora kuba ari umuriro uva ku Mana wavanganye n’uwari usanzwe uri ku gicaniro. (Lw 8:14–9:24) Muri ubwo buryo nyene, Salomo agiheza gusenga mu gihe co kwegurira Yehova urusengero, umuriro uva kuri Yehova warayigije ibimazi.—2Ng 7:1; ushaka ubundi burorero bw’ingene Yehova yakoresheje umuriro mu kwerekana ko yemeye ibimazi vy’abasavyi biwe, raba Abc 6:21; 1Bm 18:21-39; 1Ng 21:26.
si 27 ing. 15
Igitabu ca Bibiliya nomero 3: Abalewi
15 (3) Ishikanwa ry’igicumuro risabwa umuntu yacumuye atabishaka canke bivuye ku kwihenda. Ubwoko bw’igitungwa gica gishikanwa buvana na nyene gucumura nimba ari umuherezi, abantu bose muri rusangi, umukuru canke umuntu asanzwe. Ishikanwa riturirwa n’ishikanwa ry’ugusangira baritanga ku bushake mu gihe gutanga ishikanwa ry’igicumuro vyovyo ryari itegeko.—4:1-35; 6:24-30.
30 MUNYONYO–6 KIGARAMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA | ABALEWI 8-9
“Ikimenyamenya c’umuhezagiro wa Yehova”
it-1 1189
Ingene ubuherezi bwatangujwe
Musa yarogeje Aroni na bene Aroni ari bo Nadabu, Abihu, Eleyazari na Itamari (canke akaba yabasavye kwiyoga) mw’ibesani y’umujumpu yari mu kigo, maze yambika Aroni impuzu zidasanzwe z’umuherezi mukuru. (Gh 3:2, 3) Iruhande y’izo mpuzu zidasanzwe, Musa yarambitse Aroni ibindi vyambarwa vyagereranya kamere n’amabanga ajanye n’igikorwa ciwe. Mu nyuma, Musa yararobanuye itaberenakulo, ibikoresho vyose vyayo, igicaniro c’ishikanwa riturirwa hamwe na ya besani be n’ibindi bikoresho vyajana. Vyaciye rero bicika vyeranda, bishirwa ku ruhande ku bw’igikorwa kirangurirwa Imana kidasanzwe. Amaherezo, Musa yararobanuye Aroni mu kumusuka amavuta ku mutwe.—Lw 8:6-12; Kv 30:22-33; Zb 133:2.
it-1 1190 ing. 3
Ingene ubuherezi bwatangujwe
Ku musi ugira umunani, kubera ko abaherezi bari baronse ibikenewe vyose kandi bagashirwa mw’ibanga ryabo, baciye batangura igikorwa cabo (badafashijwe na Musa), baratangira impongano ihanga rya Isirayeli. Iryo hanga ryari rikeneye cane gutyororwa atari kubera gusa impengamiro yabo y’icaha ariko kandi kubera bari baherutse kugambararira Yehova mu gukora inyana y’inzahabu, bica bituma abashavurira cane. (Lw 9:1-7; Kv 32:1-10) Mu gusozera ico gikorwa abaherezi baranguye ari bwo bwa mbere, Yehova yarerekanye ko abemeye kandi ko abashima mu kurungika umuriro utangaje. Nta gukeka ko uwo muriro wazananye muri ya nkingi y’igicu yari hejuru y’itaberenakulo, maze uyigiza ikimazi cari gisigaye ku gicaniro.—Lw 9:23, 24.
Ivyigwa dukura mu gitabu c’Abalewi
13 Icigwa ca kane: Yehova ariko arahezagira igice co kw’isi c’ishirahamwe ryiwe. Rimbura ivyabaye mu 1512 imbere ya Kristu, igihe itaberenakulo yashingwa ku mucamo w’Umusozi Sinayi. (Kuv. 40:17) Musa ni we yahagarikiye ibirori vyo kwatira Aroni n’abahungu biwe mw’ibanga ry’ubuherezi. Ihanga rya Isirayeli ryarakoraniye hamwe kugira ryibonere ingene abo baherezi bashikiriza imbere ya Yehova ibimazi vyabo vy’ibitungwa ari bwo bwa mbere. (Lew. 9:1-5) None Yehova yerekanye gute ko ashimye abo baherezi bari bahejeje kwatirwa? Igihe Aroni na Musa bariko barahezagira abantu, Yehova yararekuye umuriro uyigiza ibimazi vyari ku gicaniro bitari bwashe ngo bihere.—Soma Abalewi 9:23, 24.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Igituma dutegerezwa kuba beranda
6 Kuba abakora igikorwa c’ubuherezi muri Isirayeli basabwa kuba basukuye ku mubiri, birafise ikintu gikomeye bisobanura ku basavyi ba Yehova muri iki gihe. Akenshi abo twigisha Bibiliya baribonera ko aho dusengera hasukuye bakabona n’ukuntu dusukuye kandi twambara neza. Ariko rero, kuba ubuherezi butari buhumanye biradufasha gutahura yuko umuntu wese aduga ku musozi ukirurutse Yehova asengerwako, ategerezwa kuba “adahumanye mu mutima wiwe.” (Soma Zaburi 24:3, 4; Yes. 2:2, 3.) Dutegerezwa kurangurira Imana umurimo mweranda tudahumanye mu bwenge, ku mutima no ku mubiri. Ivyo bisaba ko twisuzuma kenshi, kandi bamwebamwe boshobora guca bagira ibintu bihambaye bahinduye kugira babe beranda. (2 Kor. 13:5) Nk’akarorero, umukirisu araba n’ibigirankana amasanamu y’ibiterasoni akwiye kwibaza ati: ‘Noba ndiko nderekana ko ndi mweranda?’ Yoshobora rero guca arondera gufashwa kugira ngo ahebe iyo ngeso mbi.—Yak. 5:14.
it-2 310 ing. 5
Musa
Imana yaragenye Musa ngo abe umuhuza w’Itegeko yagiraniye na Isirayeli. Ako kari agateka kadasanzwe ata wundi muntu yigeze aterwa kiretse Yezu Kristu, Umuhuza w’isezerano rishasha. Musa yaramijagiye amaraso y’ibitungwa igitabu c’isezerano (isezerano Yehova yagiraniye n’abantu biwe). Yaciye asomera abantu ico gitabu c’isezerano, na bo bishura bati: “Ivyo Yehova avuze vyose turiteguriye kubikora no kubigamburuka.” (Kv 24:3-8; Heb 9:19) Kubera ko Musa yari umuhuza, yaratewe agateka ko guhagarikira igikorwa co kwubaka itaberenakulo no guhingura ibikoresho vyayo yisunze ivyo Imana yari yamutegetse. Yaratewe n’agateka ko gutanguza ubuherezi, ararobanura ya taberenakulo na Aroni umuherezi mukuru akoresheje amavuta agizwe n’ibintu bidasanzwe. Mu nyuma, yarahagarikiye ibikorwa abaherezi bashasha baranguye ari bwo bwa mbere.—Kv ikig. 25-29; Lw ikig. 8, 9.