Ijambo rya Yehova ni rizima
Ibikurubikuru vyo mu gitabu c’Abalewi
UMWAKA nturahera kuva igihe Abisirayeli babohorewe mu buja bwo mu Misiri. Ubu kubera bagizwe ihanga rishasha, bariko baja mu gihugu c’i Kanani. Umugambi Yehova afise ni uw’uko ngaho hoba ihanga ryeranda. Ariko rero, uburyo bwo kubaho be n’imigenzo ijanye no gusenga vy’Abanyakanani birononekaye cane. Ni co gituma Imana y’ukuri iha ishengero ry’Abisirayeli amategeko azorishira ku ruhande kugira ngo riyirangurire umurimo. Ivyo bintu tubisanga mu gitabu ca Bibiliya c’Abalewi. Ico gitabu canditswe n’umuhanuzi Musa mu bugaragwa bwa Sinayi nko mu 1512 B.G.C., ivyo kivuga bikaba bitarenga ivyabaye mu kiringo c’ukwezi kumwe (Kuvayo 40:17; Guharūra 1:1-3). Incuro n’izindi Yehova arahimiriza abasavyi biwe kuba beranda.—Abalewi 11:44; 19:2; 20:7, 26.
Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ntibagengwa na vya Vyagezwe vyatanzwe n’Imana biciye kuri Musa. Urupfu rwa Yezu Kirisitu rwarakuyeho ivyo Vyagezwe (Abaroma 6:14; Abanyefeso 2:11-16). Ariko rero, amategeko dusanga mu gitabu c’Abalewi arashobora kutugirira akamaro, akatwigisha vyinshi ku vyerekeye ugusenga Imana yacu Yehova.
AMASHIKANWA MERANDA: AYO BATANGA BAVYISHAKIYE BE N’AYO BATANGA KW’IBWIRIZWA
Amashikanwa amwamwe be n’ibimazi bimwebimwe vyo mu Vyagezwe babitanga bavyishakiye, mu gihe ibindi babitanga kw’ibwirizwa. Nk’akarorero, ishikanwa ryo kwoswa baritanga bavyishakiye. Ryashikanirwa Imana ryose uko ryakabaye, nka kurya nyene Yezu Kirisitu yatanze ubuzima bwiwe avyishakiye kandi ata co yisigarije bwa nkuka y’incungu. Ikimazi c’ishimwe batanga bavyishakiye carasangirwa. Igice kimwe caco cashikanirwa Imana ku gicaniro, ikindi kikaribwa n’abaherezi, ikindi na co kikaribwa na nyene gutanga ikimazi. Muri ubwo buryo nyene, ku bakirisu basizwe, Icibutso c’urupfu rwa Kirisitu ni imfungurwa zisangirirwa hamwe.—1 Ab’i Korinto 10:16-22.
Amashikanwa yatangirwa ivyaha be n’amashikanwa y’impongano yatangwa kw’ibwirizwa. Ayo ya mbere yakuraho ivyaha umuntu yakoze kubera ukwihenda, canke yakoze atabishaka. Ayo mashikanwa ya kabiri yarahwamika uburake bw’Imana igihe umuntu ayatanze yaba yahonyanze uburenganzira bw’uwundi, canke ayo mashikanwa yarasubizaho uburenganzira kanaka bwaba bwatswe uwakoze icaha yigaye, kibure agatangwa ku bw’izo mvo zompi. Hariho kandi amashikanwa y’ifu yatangwa mu gukengurukira Yehova ku bw’ubutanzi bwiwe. Ivyo bintu vyose biradufitiye akamaro kubera yuko ibimazi vyategekwa gutangwa mu gihe c’isezerano ry’Ivyagezwe vyerekeza kuri Yezu Kirisitu no ku kimazi yotanze canke ku vyiza vyovuye kuri ico kimazi.—Abaheburayo 8:3-6; 9:9-14; 10:5-10.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
2:11, 12—Ni kubera iki ubuki bwatangwa “ngo b[u]be ishikanwa ritōngōrwa n’umuriro” butari bwemewe kuri Yehova? Ubuki buvugwa ngaha ntibushobora kuba bwari ubw’inzuki. Naho butari burekuwe gutangwa “ngo b[u]be ishikanwa ritongōrwa n’umuriro”, bwari mu “mushuzo . . . [w’]ivyeze vyose vyo mu mirima” (2 Ngoma 31:5). Ubwo buki biboneka ko wari umutobe w’ivyamwa canke amake yavyo. Kubera yuko ubwo buki (ni ukuvuga uwo mutobe canke amake) bwashobora gusha kurya kw’inzoga, ntibwari bwemewe kuba ishikanwa rishikanirwa ku gicaniro.
2:13—Ni kubera iki ‘ivyatangwa vyose vyategerezwa gutanganwa’ n’umunyu? Ivyo ntivyakorwa kugira ngo bongereze uburyohe bw’ibimazi. Hirya no hino kw’isi, umunyu barawukoresha kugira ngo uzigame ibintu ntibibore. Biboneka yuko washirwa ku mashikanwa yatangwa kubera ko ugereranya yuko ikintu kiba gikingiwe ukwononekara canke ukubora.
Ivyigwa tuhigira:
3:17. Kubera yuko ibinure vyabonwa nka co gihimba ciza canke kinuze kuruta ibindi vyose, ukubuzwa gufungura ibinure biboneka ko vyibutsa Abisirayeli yuko igihimba ciza gusumba ibindi vyose ari ica Yehova (Itanguriro 45:18). Ivyo biratwibutsa yuko dukwiye guha Yehova ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo dufise.—Imigani 3:9, 10; Ab’i Kolosayi 3:23, 24.
7:26, 27. Abisirayeli bategerezwa kutarya amaraso. Mu nyonga z’Imana, amaraso agereranya ubuzima. “Ubugingo [ubuzima] bg’umubiri buba mu maraso”. Ivyo bivugwa mu Balewi 17:11. Kwirinda amaraso kiracari igisabwa ku bambaji b’Imana b’ukuri muri kino gihe.—Ivyakozwe 15:28, 29.
UBUHEREZI BWERANDA BUSHINGWA
Ni bande bashinzwe ibanga ryo gukora ibikorwa bijanye n’ibimazi be n’amashikanwa? Ivyo vyari vyashinzwe abaherezi. Nk’uko Imana yari yarabitegetse, Musa yarayoboye ibirori vy’ugushiraho Aroni umuherezi mukuru be n’abahungu biwe bane, abari abaherezi-vyegera. Biboneka ko ivyo birori vyamaze ikiringo c’imisi indwi, ubuherezi bukaba bwatanguye gukora ku musi ukurikira.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
9:9—Ni insobanuro ihambaye iyihe iri mu bijanye n’ugusesa amaraso hasi hambavu y’igicaniro be n’ukuyasīga ku bikoresho bitandukanye? Ivyo vyarerekana ko Yehova yemera ko amaraso ashobora gukoreshwa ku bw’impongano. Indinganizo y’ivy’impongano yose uko yakabaye yari ishingiye ku maraso. Paulo yanditse ati: “Nk’ukw ivyagezwe biri, ibintu ni nka vyose vyozwa n’amaraso, kandi hatavuye amaraso ntihaba guharirwa ivyaha”.—Abaheburayo 9:22.
10:1, 2—Icaha abahungu ba Aroni ari bo Nadabu na Abihu bakoze gishobora kuba cari nyabaki? Inyuma gatoyi y’aho Nadabu na Abihu bakoreye ivyo bishakiye mu kurangura amabanga yabo y’ubuherezi, Yehova yarabujije abaherezi kunywa vino canke ikiboreza igihe baba bariko barakorera kw’ihema (Abalewi 10:9). Ivyo vyumvikanisha yuko inzoga ari zo zatumye abahungu babiri ba Aroni bakora ivyo bishakiye muri ico gihe. Ariko rero, imvo nyezina yatumye bapfa ni uko bosheje ku “muriro urahuwe ahandi, uwo [Yehova] atabageze”.
Ivyigwa tuhigira:
10:1, 2. Abasavyi ba Yehova bafise amabanga muri iki gihe bategerezwa guhuza n’ivyo Yehova asaba. Vyongeye, bategerezwa kutaba abanyabwibone igihe barangura amabanga bajejwe.
10:9. Ntidukwiye kurangura amabanga twashinzwe n’Imana twanyoye inzoga.
UGUSENGA KWERANDA GUSABA KO TUBA TUDAHUMANYE
Amategeko ajanye n’ibifungurwa yerekeye ibikoko bihumanye n’ibidahumanye yaragirira akamaro Abisirayeli mu buryo bubiri. Ayo mategeko yarabakingira kwandura imigera yobagiriye nabi akongera agakomeza akarimbi kabatandukanya n’abantu bo mu mahanga yari abakikije. Ayandi mategeko yari ayajanye n’uguhumana kwahaba iyo umuntu yakoze ku mivyimba, uguhumanurwa kw’abakenyezi inyuma y’ukwibaruka kwabo, ivyagirwa ku bijanye n’imibembe be n’uguhumana bivuye ku vyava mu bihimba vy’irondoka vy’umugabo canke vy’umugore. Abaherezi bategerezwa kwitwararika ibibazo bijanye n’abantu baba bahumanye.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
12:2, 5—Ni kubera iki ukwibaruka kwatuma umugore aba ‘uwuhumanye’? Ibihimba vy’irondoka vyari vyashizweho kugira ngo bitume haboneka ubuzima bw’umuntu butunganye. Ariko rero, kubera ingaruka z’icaha abantu barazwe, umwana yavuka yaba yavukanye ubuzima burimwo agasembwa n’icaha. Ikiringo gito c’‘uguhumana’ umuntu yamara iyo yibarutse be n’ibindi bintu nk’ukuja mu kwezi be n’ugusohora intanga, vyarabibutsa nya caha barazwe (Abalewi 15:16-24; Zaburi 51:5; Abaroma 5:12). Amategeko ajanye n’uguhumanurwa kwasabwa yarafasha Abisirayeli kwemera icese yuko bakeneye inkuka y’incungu kugira ngo ipfuke ibicumuro vy’abantu yongere igarukane ukutagira agasembwa kw’abantu. Gutyo, ivyagezwe vyababereye ‘umurezi abarera akabashikiriza Kirisitu’.—Ab’i Galatiya 3:24.
15:16-18—‘Ukuvamwo kw’intanga mu mugabo’ kuvugwa muri iyo mirongo ni iki? Ivyo biboneka ko vyerekeza ku gusesa intanga canke imbuto mw’ijoro be n’iyo ariko ararangura amabanga y’abubatse.
Ivyigwa tuhigira:
11:45. Yehova Imana ni mweranda kandi asaba ko abamukorera umurimo mweranda baba beranda. Bategerezwa gushishikara kuba beranda no kuguma badahumanye ku mubiri no mu vy’impwemu.—2 Ab’i Korinto 7:1; 1 Petero 1:15, 16.
12:8. Yehova yararekuriye abakene gutanga inyoni aho gutanga intama zizimvye kuruta, bwa kimazi c’ishikanwa. Aritaho abakene.
UBWERANDA BUTEGEREZWA KUZIGAMWA
Amashikanwa yo guhongera ivyaha yari ahambaye kuruta ayandi yatangwa ku Musi w’Impongano waba ku mwaka ku mwaka. Impfizi y’inka yarashikanwa ku bw’abaherezi no ku bw’umuryango wa Lewi. Isuguru y’impene yarashikanwa ku bw’imiryango y’Abisirayeli itakora ivy’ubuherezi. Iyindi suguru y’impene yararungikwa ari nzima mu bugararwa imaze kwaturirwako ivyaha vy’abantu. Izo suguru zibiri zabonwa ko ari ishikanwa rimwe ryo gutangirwa ivyaha. Ivyo vyose vyerekana yuko Yezu Kirisitu yotanzweko ikimazi kandi na we nyene akaba yojanye ivyaha vyacu.
Amategeko ajanye n’ukurya inyama be n’ayajanye n’ibindi bintu arashimika ku vy’uko dukeneye kuba turi beranda igihe dusenga Yehova. Mu buryo bubereye rero, abaherezi bategerezwa kuguma ari beranda. Ya misi mikuru itatu yagirwa ku mwaka ku mwaka, yari uturyo tw’ukugira umunezero mwinshi no gushimira Umuremyi. Yehova yarahaye kandi abasavyi biwe amategeko bokwisunze igihe hari uwakoresheje nabi izina ryiwe ryeranda, ayajanye n’iyubahirizwa ry’Amasabato n’irya Yubile, ay’ivyategerezwa kugirirwa abakene be n’ayajanye n’ukuntu abashumba bategerezwa gufatwa. Imihezagiro yozanywe n’ukugamburukira Imana irahushanywa n’imivumo yoshikiye abantu baramutse bagambaraye. Hariho kandi amategeko yerekeye amashikanwa mu bijanye n’indagano be n’ivy’ugucira umuntu ico yoriha, ayerekeye ibitungwa vy’uburiza be n’ayerekeye ugutanga ikigiracumi bwa ‘kintu cerejwe Yehova’.
Inyishu z’ibibazo bishingiye ku Vyanditswe:
16:29—Ni mu buryo ubuhe Abisirayeli bategerezwa ‘kwibabaza’? Uwo mugenzo wagirwa ku Musi w’Impongano, wari ushingiye ku kurondera guharirwa ivyaha. Biboneka ko kwisonzesha muri ico gihe vyari bifitaniye isano no kwemera icese yuko umuntu ari umunyavyaha. Biboneka cane rero yuko ‘kwibabaza’ vyerekeza ku kwisonzesha.
19:27—Itegeko ryo ‘kudakebera umushatsi wo ku misaya’ canke ‘kudacacura imitwe’ y’ubwanwa rishaka kwerekana iki? Biboneka ko iryo tegeko ryatanzwe kugira ngo ribuze Abayuda kumwa umushatsi canke ubwanwa mu buryo bwigana imigenzo imwimwe ya gipagani (Yeremiya 9:25, 26; 25:23; 49:32). Ariko rero, iryo tegeko ry’Imana ntiryabuza namba Abayuda kuringaniza ubwanwa bwabo canke imishatsi yabo yo ku misaya.—2 Samweli 19:24.
25:35-37—Vyoba nantaryo vyari bibi yuko Abisirayeli basaba inyungu? Mu gihe umuntu yaba yaguranye amahera ku bw’imvo z’ubudandaji, nyene kuyamugurana yarashobora kumusaba inyungu. Ariko rero, Ivyagezwe vyarabuza kwaka inyungu ku ngurane zaba zatanzwe kugira ngo umuntu acungure ubwatsi. Kurira mbege ku mubanyi yigorewe mu vy’ubutunzi vyari bibi.—Kuvayo 22:25.
26:19—Ni mu buryo ubuhe ‘ijuru ryo hejuru y’abantu rishobora guhinduka nk’icuma, n’isi y’abantu nk’umuringa’? Bivuye ku gutara kw’imvura, ijuru ryo hejuru y’igihugu c’i Kanani ryobonetse ko rimeze nk’icuma gikomeye kidafise intoboro. Ata mvura iguye, isi yogize ibara risa n’iry’umuringa, igakayangana nk’icuma.
26:26—Imvugo ngo ‘abagore icumi bazoderenganiriza mu ziko rimwe’ isobanura iki? Mu bisanzwe, umugore umwumwe wese yaba akeneye iziko ryiwe ku bw’imikate yose yategerezwa kwotsa. Mugabo iyo mvugo yerekeza ku gihe hobaye umukeno w’imfungurwa ku buryo iziko rimwe ryobaye rihagije kugira ngo rijeko imikate yose yotswa n’abagore icumi. Iyo yari imwe mu nkurikizi zari zarabuwe zohabaye biturutse ku kunanirwa kuzigama ubweranda.
Ivyigwa tuhigira:
20:9. Yehova yabona ko agatima ko kwankana be n’ak’ubunyamaswa ari kabi ku rugero rungana n’ubwicanyi. Ni co catumye ategeka yuko uwatutse abavyeyi biwe yohanwa nk’aho yoba yabishe. Wumva none ivyo bidakwiye guca bidusunikira ku gukunda abo dusangiye ukwizera?—1 Yohana 3:14, 15.
22:32; 24:10-16, 23. Izina rya Yehova ritegerezwa kudatukishwa. Ahubwo, dutegerezwa gushemeza izina ryiwe tukongera tugasenga dusaba ko ryokwubahwa canke ryokwezwa.—Zaburi 7:17; Matayo 6:9.
Ingene igitabu c’Abalewi kigira ico gikoze ku gusenga kwacu
Ivyabona vya Yehova muri iki gihe ntibagengwa n’Ivyagezwe (Ab’i Galatiya 3:23-25). Ariko rero, kubera ko ibivugwa mu gitabu c’Abalewi bituma duca mu kajisho ku bijanye n’ukuntu Yehova abona ibibazo bitandukanye, birashobora kugira ico gikoze ku gusenga kwacu.
Uko usoma Bibiliya ku ndwi ku ndwi mu kwitegurira Ishure ry’Ubusuku bwa Gitewokarasi, nta mazinda yuko uzoshimishwa no kumenya ko Imana yacu isaba abasavyi bayo kuba beranda. Ico gitabu ca Bibiliya kirashobora kandi kukuvyurira umutima wo guha Musumbavyose ikintu ciza kuruta ibindi vyose mu vyo ufise, ukama nantaryo uzigama ubweranda kugira ngo ashemezwe.
[Ifoto ku rup. 21]
Ibimazi vyatangwa mu gihe c’Ivyagezwe vyerekeza kuri Yezu no ku nkuka yotanze
[Ifoto ku rup. 22]
Umusi mukuru w’imitsima itambiwe rwari urubanza ruteye umunezero mwinshi
[Ifoto ku rup. 23]
Imisi mikuru yagirwa uko umwaka utashe, nk’Umusi mukuru w’Insago, vyari ibihe vyo gutura Yehova inkenguruko