ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w05 15/7 rup. 26-30
  • Woba uri umwizigirwa mu bintu vyose?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Woba uri umwizigirwa mu bintu vyose?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ico kuba umwizigirwa bisobanura
  • Kuba abizigirwa mu gukoresha “itunga ribi”
  • Kuba inzirabugunge birahambaye
  • Kuba abizigirwa mu busuku bwacu bwa gikirisu
  • Tugume twitandukanije n’isi
  • Imihezagiro izanwa n’ukuba umwizigirwa
  • Nurondere ubutunzi bw’ukuri
    Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro y’ukwiga)—2017
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2005
w05 15/7 rup. 26-30

Woba uri umwizigirwa mu bintu vyose?

“Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye”.​—LUKA 16:10.

1. Bumwe mu buryo Yehova ari umwizigirwa ni ubuhe?

WOBA umaze kubona ukuntu igitutu c’igiti kimera uko umusi ugenda uriterera? Emwe, uburebure bwaco be n’iyo cerekeza biguma bihindagurika! Ivyo abantu bagerageza gushikako be n’imihango batanga biguma bihindagurika nka kurya kw’igitutu. Ariko Yehova Imana wewe ntahindurwa n’ukurengana kw’igihe. Umwigishwa Yakobo yerekeza kuri Yehova nka we “Se w’imico”, maze akavuga ati: “[Nt]ashobora guhinduka canke kugira igitūtu gitewe n’uguhindagurika” (Yakobo 1:17). Yehova ntahinduka kandi ni uwo kwizigirwa, mbere no mu tuntu dutoduto cane. Ni “Imana yo kwizigirwa”.​—Gusubira mu vyagezwe 32:4.

2. (a) Ni kubera iki dukwiye kwisuzuma kugira ngo tumenye nimba turi abizigirwa? (b) Ni ibibazo ibihe tugiye gusuzuma bijanye no kuba umwizigirwa?

2 Imana ibona gute ukwizigirwa kw’abasavyi bayo? Ikubona nk’uko Dawidi yakubona, uwavuze ivyerekeye abasavyi b’Imana b’abizigirwa ati: “Amaso yanje azoba ku bizigirwa bo mu gihugu, kugira ngo tubane: ūgendera mu nzira itunganye, ni we azonkorera” (Zaburi 101:6). Ego cane, Yehova arahimbarwa n’ukwizigirwa kw’abasavyi biwe. Ni co gituma intumwa Paulo yanditse ati: “Ababgiriza babagomba ko baboneka ar’abizigirwa” (1 Ab’i Korinto 4:2). None kuba umwizigirwa bisobanura iki? Ni mu yihe mice y’ubuzima dukwiye kuba abizigirwa? Ni iyihe mihezagiro izanwa no “[ku]gendera mu nzira itunganye”?

Ico kuba umwizigirwa bisobanura

3. Ni igiki cerekana nimba turi abizigirwa?

3 Mu Baheburayo 3:5 havuga hati: “Mose yayoboka . . . nk’umushumba”. Ni igiki catumye umuhanuzi Musa ayoboka canke aba umwizigirwa? Mu gihe co kwubaka no gushinga ihema, “Mose [y]abigen[jeje] artyo: uk’Uhoraho yamubariye kwose, ni ko yabikoze” (Kuvayo 40:16). Kubera yuko turi abasavyi ba Yehova, twerekana ko turi abizigirwa mu kumukorera tubigiranye ukugamburuka. Birumvikana yuko ivyo birimwo ukuguma turi intahemuka kuri Yehova igihe turi mu ngorane zitoroshe canke mu bigeragezo bikomeye. Ariko rero, kuvyifatamwo neza mu bigeragezo bikomakomeye si vyo vyonyene vyerekana ko turi abizigirwa. Yezu yavuze ati: “Ūkora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira artyo no ku gikomeye: ūgabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye” (Luka 16:10). Dutegerezwa kuguma turi abizigirwa no mu tuntu dusa n’uko ari dutoyi.

4, 5. Iyo tubaye abizigirwa “ku coroshe cane”, vyerekana iki?

4 Kwama imisi yose tugamburuka “ku coroshe cane” canke mu bintu bitobito, birahambaye kubera imvo zibiri. Ubwa mbere: birerekana ingene tubona ubusegaba bwa Yehova. Iyumvire nk’akarorero ibijanye na ca kigeragezo c’ukudahemuka kw’umugabo n’umugore ba mbere ari bo Adamu na Eva. Bari basabwe kugamburuka itegeko ritabateza ingorane n’imwe. Naho bari barekuriwe kurya ku vyamwa vyose vyari mw’itongo ry’i Edeni, bari babujijwe kurya ku vyamwa vyo ku giti kimwe gusa: “igiti kimenyekanisha iciza n’ikibi” (Itanguriro 2:16, 17). Iyo uwo mugabo n’umugore ba mbere baba abizigirwa mu kugamburuka iryo tegeko ritagoye, bari kuba berekanye yuko bashigikiye ubutegetsi bwa Yehova. Gukurikiza ubuyobozi Yehova aduha mu buzima bwacu bwa misi yose, birerekana yuko dushigikiye ukugaba n’ukuganza kwiwe.

5 Ubwa kabiri: ukuntu tuvyifatamwo mu “coroshe cane”, kuragira ingaruka ku kuntu tuzovyifatamwo mu “gikomeye”, ni ukuvuga igihe tuzoba duhanganye n’ibibazo bitoroshe mu buzima. Ku bijanye n’ico ciyumviro, rimbura ivyashikiye Daniyeli na bagenziwe batatu b’Abaheburayo b’intahemuka, ari bo Hananiya, Mishayeli na Azariya. Bari bajanywe mu bunyagano i Babiloni mu mwaka wa 617 B.G.C. Naho bari bakiri bato, bikaba bishoboka ko bari bakiri imiyabaga, bose uko ari bane bagiye babona bajanywe ku kirimba c’Umwami Nebukadinezari. Aho i bwami, “[bagerewe] ingaburo bahabga imisi yose ivuye ku vy’umwami afūngura, no ku giturire yuhira, [bagererwa] kandi ko bagaburirwa imyaka itatu; ngo ni yashira babone gukorera umwami”.​—Daniyeli 1:3-5.

6. Ni ikihe kigeragezo cashikiye Daniyeli na bagenziwe batatu b’Abaheburayo bari ku kirimba c’i Babiloni?

6 Ariko rero, ivyo bifungurwa vy’umwami w’i Babiloni vyari ikigeragezo kuri abo basore bane b’Abaheburayo. Birashoboka yuko mu bifungurwa vy’Umwami harimwo n’ivyari bibujijwe n’Ivyagezwe vya Musa (Gusubira mu vyagezwe 14:3-20). Ibikoko babaga bishobora kuba bitakurwamwo amaraso neza, kurya inyama nk’izo rero kukaba kwari ukurenga ku Vyagezwe vy’Imana (Gusubira mu vyagezwe 12:23-25). Ivyo bifungurwa bishobora kandi kuba vyabanza gushikanirwa ibigirwamana imbere y’uko babifungurira hamwe, kubera yuko wari wo mugenzo w’Abanyababiloni basenga imana z’ikinyoma.

7. Ukugamburuka kwa Daniyeli na bagenziwe batatu kwerekanye iki?

7 Ivy’ukuziririza ibifungurwa nta gukeka yuko kitari ikintu gihambaye ku bantu bo ku kirimba c’umwami w’i Babiloni. Ariko rero, Daniyeli na bagenziwe bari biyemeje kutihumanya mu kurya ibifungurwa vyari bibujijwe n’Ivyagezwe Imana yahaye Isirayeli. Ico cari ikibazo kiraba ukutadohoka be n’ukudahemukira Imana kwabo. Baciye basaba yuko bohabwa indya z’insoromano hamwe n’amazi, maze baravyemererwa (Daniyeli 1:9-14). Ku bantu bamwebamwe muri iki gihe, ivyo abo basore bane bakoze vyosa n’ibidahambaye. Ariko rero, ukugamburukira Imana kwabo kwarerekanye aho bahagaze kuri ca kibazo c’ukugaba n’ukuganza kwa Yehova.

8. (a) Ni ikihe kigeragezo gikomeye c’ukutadohoka cashikiye ba Baheburayo batatu? (b) Ico kigeragezo carangiye gute, kandi ivyo vyerekana iki?

8 Kuba abizigirwa mu bintu bishobora kuba vyasa n’ibidahambaye, vyarateguye abo bagenzi batatu ba Daniyeli kugira batsinde ikigeragezo gikomeye kuruta. Zingurura Bibiliya muri Daniyeli ikigabane ca 3, maze wirabire ingene abo Baheburayo batatu baciriwe igihano co gupfa kubera banse gusenga igishushanyo c’inzahabu Umwami Nebukadinezari yari yahagaritse. Igihe barengutswa imbere y’umwami, baramenyesheje umwiyemezo wabo umutima uri mu nda, mu kuvuga bati: “Asangw’ari ko bimeze, Imana yacu dusavye ishobora kudukiza mur’iryo tanure ry’umuriro uhinda; kandi ntiyobura kudukiza mu kuboko kwawe, mugenzi. Ariko naho bitoba birtyo, umenye mugenzi, ko tutosaba imana zawe, canke ngo dusenge ico gishushanyo c’izahabu wahagaritse” (Daniyeli 3:17, 18). Yehova yoba yarabakijije? Abasoda bataye abo basore muri iryo tanure ry’umuriro barapfuye, mugabo nya Baheburayo batatu b’intahemuka bobo bawuvuyemwo badora, n’umuriro w’iryo tanure ntiwigeze ubababura! Kubera yuko bari bimenyereje kuguma ari abizigirwa kuva kera, vyarabafashije kuba abizigirwa muri ico kigeragezo gikomeye. Ivyo none ntivyerekana yuko bihambaye kuba abizigirwa mu bintu bitobito?

Kuba abizigirwa mu gukoresha “itunga ribi”

9. Yezu yariko avuga ivyerekeye iki igihe yacishamwo amajambo dusanga muri Luka 16:10?

9 Imbere y’uko Yezu ashikiriza ya ngingo ngenderwako ivuga yuko umwizigirwa mu bintu bisa na bitobito aba n’umwizigirwa mu bikomeye, yahanuye abariko baramwumviriza ati: “Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura baze babatunge mube muri za ngo zitazoshira”. Yaciye akurikizako ibijanye no kuba umwizigirwa mu bintu bitobito. Hanyuma y’ivyo, Yezu yaciye avuga ati: “Namba mutabaye abizigirwa kw itunga ribi mubīkijwe, ni nde azobabītsa itunga nyaryo? . . . Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kur’umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n’Itunga”.​—Luka 16:9-13.

10. Twokwerekana gute ko turi abizigirwa mu kuntu dukoresha “itunga ribi”?

10 Dufatiye ku vyariko biravugwa, amajambo ya Yezu dusanga muri Luka 16:10, ubwa mbere na mbere yerekeza kw’ikoreshwa ry’“itunga ribi”, ni ukuvuga ivyo dutunze. Vyitwa bibi kubera yuko ibintu vy’umubiri, na canecane amahera, biri mu minwe y’abantu b’abanyavyaha. Ikindi kandi, icipfuzo co kuronka itunga kirashobora gushikana umuntu ku gukora ibintu bibi. Twerekana ko turi abizigirwa mu gukoresha neza ibintu vy’umubiri dutunze. Aho kubikoresha kugira ngo dushike ku migambi y’ubwikunzi, twipfuza kubikoresha mu guteza imbere ivyungura Ubwami no mu gufasha abatagira aho bikora. Tubaye abizigirwa muri ubwo buryo, Yehova Imana hamwe na Yezu Kirisitu tuba tubagize abagenzi, ari na bo bene “za ngo zitazoshira”. Bazotwakira muri izo ngo mu kuduha ubuzima budahera mw’ijuru canke kw’isi izoba yabaye Iparadizo.

11. Ni kubera iki tudakwiye kugonanwa gusigurira abo tubwira ubutumwa yuko twakira intererano zo gushigikira igikorwa Ivyabona vya Yehova barangura kw’isi yose?

11 Zirikana kandi ku co tuba duhaye abantu dushikiriza Bibiliya canke ibitabu bishingiye kuri yo igihe turiko turavuga ubutumwa bw’Ubwami, maze tukabasigurira yuko twakira intererano zo gushigikira igikorwa abasavyi ba Yehova barangura kw’isi yose. Ntituba none tubahaye akaryo ko gukoresha neza itunga ryabo ry’umubiri? Naho ingingo ngenderwako yo muri Luka 16:10 ubwa mbere na mbere yerekeza kw’ikoreshwa ry’itunga ry’umubiri, irakora no mu yindi mice y’ubuzima.

Kuba inzirabugunge birahambaye

12, 13. Ni mu mice iyihe twokwerekana ko turi inzirabugunge?

12 Intumwa Paulo yanditse ati: “Tuzi tudakekeranya ko turi n’imitima itarimw’ijwi ritwagiriza ikibi, tugomba [“kwigenza mu buryo butarimwo ubugunge”, NW] muri vyose” (Abaheburayo 13:18). Nta nkeka yuko muri “vyose” harimwo n’ibintu vyose bijanye n’amahera. Turishura amadeni be n’amakori tudatebaganye kandi ata kubesha. Uti kubera iki? Tubigenza gutyo kubera ijwi ryacu ryo mu mutima, na canecane kubera yuko dukunda Imana tukaba kandi tugomba kugamburuka amategeko yayo (Abaroma 13:5, 6). Dukora iki iyo dutoye ikintu kitari rwacu? Turarondera kugisubiza nyeneco. Ese ingene ivyo bivamwo intahe nziza iyo dusiguriye uwo muntu icatumye tumusubiza utwiwe!

13 Kuba abizigirwa n’inzirabugunge mu bintu vyose, bisaba yuko tutagira ubugunge mu kazi. Kutagira ubugunge mu kazi biratuma abandi bashaka kumenya ivyerekeye Imana duserukira. ‘Ntitwiba’ umwanya mu kuba ibinebwe. Ahubwo riho, turakora tugatama, tugakora nk’abakorera Yehova (Abanyefeso 4:28; Ab’i Kolosayi 3:23). Mu gihugu kimwe c’i Buraya, bigereranywa yuko ica gatatu c’abakozi basaba muganga urupapuro rwemeza ko bakeneye akaruhuko kubera barwaye, baba bariko barabesha. Abasavyi b’Imana b’ukuri ntibarondera ivyitwazo vyo gusiba ku kazi. Bihora bishika Ivyabona vya Yehova bakaduzwa igarade mu kazi kubera yuko abakoresha babo babona ko ari inzirabugunge be n’uko bakora bagatama.​—Imigani 10:4.

Kuba abizigirwa mu busuku bwacu bwa gikirisu

14, 15. Uburyo bumwebumwe twokwerekana yuko turi abizigirwa mu busuku bwa gikirisu ni ubuhe?

14 Twerekana gute ko turi abizigirwa mu busuku twashinzwe? Bibiliya ivuga iti: “Nuko na ntaryo twame duha Imana ikimazi co gukenguruka tubiheshwa n’uyo, ni co mbuto z’iminwa ishima izina ryayo” (Abaheburayo 13:15). Uburyo nyamukuru twerekana yuko turi abizigirwa mu busuku bwo mu ndimiro, ni mu kubugiramwo uruhara tudahorereza. Hari icotuma none tumara ukwezi kwose tudashingiye intahe Yehova n’umugambi wiwe? Kwama tugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza biradufasha kandi kuryohora ubuhanga bwacu, bikongera bigatuma turushiriza kuroranirwa muri co.

15 Ubundi buryo bwiza bwo kwerekana ko turi abizigirwa mu murimo wo mu ndimiro, ni ugushira mu ngiro inama tugirwa mu Munara w’Inderetsi no mu Gikorwa dukorera Ubwami. Iyo duteguye tukongera tugakoresha uburyo bwo gutanguza ibiyago buba bwatanzwe canke tugakoresha ubundi buryo bushingiye ku bintu bibaho koko, ntiduhora twibonera none ko ubusuku bwacu burushiriza kwimbuka? Iyo tuganiriye n’umuntu tukabona ko yashimishijwe n’ubutumwa bw’Ubwami, twoba dusubira kumugendera tudatebaganye? Bite hoho ku bijanye n’inyigisho za Bibiliya zo ku muhana dushobora gutangura kugirira abantu bashimishijwe? Twoba turi abizigirwa mu kuzirongora ubudasiba? Kwerekana yuko turi abizigirwa mu busuku birashobora gutuma twikizanya n’abatwumviriza.​—1 Timoteyo 4:15, 16.

Tugume twitandukanije n’isi

16, 17. Ni mu buryo butari bumwe ubuhe twokwerekana yuko dutandukanye n’isi?

16 Mw’isengesho Yezu yatuye Imana, yavuze ku vyerekeye abayoboke biwe ati: “Nabahaye ijambo ryawe; kand’ab’isi barabanka, kukw atar’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi. Singusaba ng’ubakūre mw isi, ariko ng’ubarinde wa Mubi. S’ab’isi, nk’uko nanje ntar’uw’isi” (Yohana 17:14-16). Turashobora kuba twariyemeje kuguma twitandukanije n’isi mu bintu bikomakomeye, nk’ukutagira aho duhengamiye mu vya politike, imisi mikuru be n’imigenzo bigirwa n’amadini, be n’ivy’ubuhumbu. Ariko tuvuge iki ku bintu bitobito? Vyoba bishika tugasanga twatwawe n’inzira z’isi tutanabizi? Nk’akarorero, tutabaye maso dushobora gusanga dusigaye twambara mu buryo butaranga urupfasoni kandi butabereye! Kuba umwizigirwa bisaba “ukwifata ruto n’ukurorana kw’umuzirikanyi” mu bijanye n’inyambaro be n’ukwitunganya (1 Timoteyo 2:9, 10, NW). Emwe, “ntitugira ico tuzana gitsitaza mu kintu na kimwe, kugira ngo kugabura ivy’Imana kwacu ntikugawe. Ariko twishimagiza muri vyose nk’abakozi b’Imana”.​—2 Ab’i Korinto 6:3, 4.

17 Kubera yuko twipfuza gutera iteka Yehova, turambara tukikwiza igihe tugiye ku makoraniro y’ishengero. Igihe dukoraniye hamwe turi abantu benshi, nko ku materaniro no ku mahwaniro, na ho nyene turambara tukikwiza. Impuzu zacu zikwiye kuba zisesuka kandi ziberanye n’igihe tuzambariyeko. Ivyo birashinga intahe ku bandi bantu batwitegereza. Mbere n’abamarayika baritegereza igikorwa cacu, nk’uko nyene bitegereje igikorwa ca Paulo n’ic’abandi bakirisu bagenziwe (1 Ab’i Korinto 4:9). Vy’ukuri, dukwiye kwama twambara mu buryo bubereye. Kuri bamwebamwe, kuba abizigirwa mu guhitamwo impuzu bambara vyosa n’ibidahambaye, ariko ku Mana hoho birahambaye.

Imihezagiro izanwa n’ukuba umwizigirwa

18, 19. Ni imihezagiro iyihe izanwa no kuba umwizigirwa?

18 Bibiliya ivuga yuko abakirisu b’ukuri ari “ababgiriza beza b’ubuntu bg’Imana bg’uburyo bginshi”. Ku bw’ivyo, biheka ku “bushobozi Imana itanga” (1 Petero 4:10, 11). Vyongeye, kubera yuko turi ababwiriza, twajejwe ibintu bitari rwacu, ni ukuvuga uburyo Imana iseruramwo ubuntu bwayo tutabereye, harimwo n’ubusuku. Iyo twihetse ku nkomezi Imana itanga, ari bwo “bushobozi buhebuje”, tuba twerekanye ko turi ababwiriza beza (2 Ab’i Korinto 4:7). Ese ingene ubwo ari uburyo bwiza bwo kwitegurira ibigeragezo ivyo ari vyo vyose vyodushikira muri kazoza!

19 Umwanditsi wa Zaburi yaririmvye ati: “Mukunde Uhoraho, yemwe bakunzi biwe mwese: Uhoraho azigama abizigirwa” (Zaburi 31:23). Nimuze twiyemeze kuba abizigirwa, twizigiye tudakekeranya yuko Yehova ari “Umukiza w’abantu bose, cane-cane w’abiz[igirwa]”.​—1 Timoteyo 4:10.

Woba uvyibuka?

• Ni kubera iki dukwiye kuba ‘abizigirwa ku coroshe cane’?

• Twokwerekana gute ko turi abizigirwa

mu bijanye n’ukutagira ubugunge?

mu busuku?

mu kuguma twitandukanije n’isi?

[Ifoto ku rup. 26]

Uwubaye umwizigirwa ku bintu bitobito, aba n’umwizigirwa ku bikomeye

[Ifoto ku rup. 29]

‘Mwigenze mu buryo butarimwo ubugunge muri vyose’

[Ifoto ku rup. 29]

Uburyo bwiza bwo kwerekana ko turi abizigirwa ni mu kwitegurira neza ubusuku bwo mu ndimiro

[Ifoto ku rup. 30]

Niwambare wongere witunganye mu buryo buranga urupfasoni

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika