ICIGWA CA 20
Ingene ishengero ritunganijwe
Yehova ni Imana ifise urutonde. (1 Abakorinto 14:33) Rero twokwitega ko n’abasavyi biwe baba batunganijwe neza. None ishengero rya gikirisu ritunganijwe gute? Kandi twokora iki kugira hagume urwo rutonde?
1. Ni nde ayoboye ishengero?
“Kristu [ni] umutwe w’ishengero.” (Abanyefeso 5:23) Arayobora ari mw’ijuru ibikorwa abasavyi ba Yehova barangura hirya no hino kw’isi. Yezu yaragenye “umushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge.” Uwo mushumba ni umugwi mutoyi w’abakurambere bazi utuntu n’utundi, ukaba witwa kandi Inama Nyobozi. (Soma Matayo 24:45-47.) Nka kumwe kw’intumwa n’abagabo b’inararibonye b’i Yeruzalemu bo mu kinjana ca mbere, Inama Nyobozi iraha ubuyobozi amashengero yacu yo kw’isi yose. (Ivyakozwe 15:2) Ariko abo bavukanyi bagize Inama Nyobozi si bo batwara ishirahamwe ryacu. Barisunga Bibiliya kugira babone ico Yehova yipfuza ko bakora, bakongera bakagamburuka ubuyobozi Yezu atanga.
2. Abakurambere ni bande kandi bajejwe iki?
Abakurambere ni abagabo bamaze igihe bakorera Yehova badahemuka. Barigisha abasavyi ba Yehova bakoresheje Bibiliya bakongera bakabaremesha. Ico gikorwa bakora ntibagihemberwa. Bagikora ‘babikunze, batabitumwe n’ugukunda inyungu mbi, ahubwo babishashaye.’ (1 Petero 5:1, 2) Abafasha abakurambere bitwa abakozi b’ishengero. Haciye igihe kanaka, na bo nyene barashobora gukwiza ibisabwa bakaba abakurambere.
Inama Nyobozi iragena abakurambere bamwebamwe ngo babe abacungezi b’imizunguruko. Abo bacungezi baragendera amashengero atandukanye, bagatanga ubuyobozi bakongera bakaremesha abayagize. Baragena abavukanyi bakwije ibisabwa vyo mu Vyanditswe ngo babe abakurambere n’abakozi b’ishengero.—1 Timoteyo 3:1-10, 12; Tito 1:5-9.
3. Icabona ca Yehova umwumwe wese ajejwe ibanga irihe?
Abagize ishengero bose ‘barashemeza izina rya Yehova’ mu kwitaba amakoraniro no mu kugira uruhara mu gikorwa co kwamamaza bivanye n’uko ivyabo vyifashe.—Soma Zaburi 148:12, 13.
TWINJIRE MU MIZI
Reka turabe ingene Yezu ari Umutware mwiza n’ingene abakurambere bagerageza kwigana akarorero kiwe. Turaza kubona kandi ingene twomugamburukira tukongera tugakorana neza n’abakurambere.
4. Yezu ni Umutware w’umutima mwiza
Yezu aradutera akamo gateye umunezero. Nimusome Matayo 11:28-30, muce muganira kuri iki kibazo:
Yezu ni Umutware ameze gute kandi abantu bemera kuyoborwa na we bamererwa gute?
Abakurambere bigana gute Yezu? Nimurabe iyo VIDEWO.
Bibiliya iratomora ingene abakurambere bakwiye kurangura igikorwa cabo.
Nimusome Yesaya 32:2 na 1 Petero 5:1-3, muce muganira kuri ibi bibazo:
Kumenya ko abakurambere bihatira kwigana Yezu mu kuntu yaruhurira abandi bituma wiyumva gute?
Ni mu bundi buryo ubuhe abakurambere bigana Yezu?
5. Abakurambere baratwigisha biciye ku karorero batanga
Yezu yipfuza ko abakurambere babona gute ibanga bajejwe? Nimurabe iyo VIDEWO.
Yezu yaravuze ivyo abaja imbere abandi mw’ishengero bokwisunga. Nimusome Matayo 23:8-12, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni ibiki Bibiliya isaba abakurambere? Ubona abakuru b’ayandi madini bakurikiza ivyo Bibiliya ivuga?
Abakurambere baguma bakomeza ubucuti bafitaniye na Yehova bagafasha n’imiryango yabo kubigenza gutyo
Abakurambere baritwararika abagize ishengero bose
Abakurambere baramamaza n’umwete
Abakurambere barigisha, bagafasha mu gukora isuku no mu bindi bikorwa
6. Ingene twokorana neza n’abakurambere
Bibiliya iratubwira imvo ihambaye ituma dukorana neza n’abakurambere. Nimusome Abaheburayo 13:17, muce muganira kuri ibi bibazo:
Ni kubera iki Bibiliya itubwira ko dukwiye kugamburukira abatuja imbere no kubayobokera? Ivyo wewe ubibona gute?
Nimusome Luka 16:10, muce muganira kuri iki kibazo:
Ni kubera iki bihambaye ko twama tugamburukira abakurambere no mu tuntu dusa n’utudahambaye cane?
HARI ABAVUGA BATI: “Ntibikenewe ko umuntu aba ari mw’idini kanaka. Igihambaye ni ukwubaha Imana.”
Wibaza ko ari kubera iki ari vyiza ko umuntu asenga Imana yifatanije n’ishirahamwe ryayo?
INCAMAKE
Yezu ni we ayoboye ishengero. Turagamburukira abakurambere akoresha tubikuye ku mutima kubera ko baturemesha bakongera bakatwigisha biciye ku karorero batanga.
Wize iki?
Ni nde ayoboye ishengero?
Abakurambere bafasha gute mw’ishengero?
Umwumwe wese mu basavyi ba Yehova afise ibanga irihe?
RONDERA N’IBINDI
Nurabe ikimenyamenya cerekana ko Inama Nyobozi hamwe n’abandi bakurambere bitwararika cane bagenzi babo.
Raba ibijanye n’igikorwa abacungezi b’imizunguruko barangura.
Nusome ibijanye n’ikibanza abakenyezi bafise mw’ishengero.
“Mbega mu Vyabona vya Yehova abagore barigisha?”(Umunara w’Inderetsi, 1 Nyakanga 2012)
Raba ingene abakurambere bakora cane kugira baremeshe abakirisu bagenzi babo.
“Abakurambere ni abakozi bagenzi bacu ku bw’akanyamuneza kacu” (Umunara w’Inderetsi, 15 Nzero 2013)