ICIGWA CA 16
Imvugo iremesha
Yobu 16:5
INCAMAKE: Nushimike ku bintu vyiza kandi biremesha.
UKO WOBIGIRA:
Nubone abakwumviriza mu buryo bwiza. Niwizigire ko abo musangiye ukwemera bipfuza guhimbara Yehova. N’igihe vyoba ngombwa ko ubaha impanuro, nubanze ubakeze bivuye ku mutima igihe cose bishoboka.
Gabanya ibintu bica intege. Ibintu bitaremesha nubicishemwo igihe gusa bikenewe. Muri rusangi, ikiganiro cawe gikwiye kuba ikiremesha.
Nukoreshe neza Ijambo ry’Imana. Nushimike ku vyo Yehova yakoreye abantu, ku vyo ariko arabakorera no ku vyo azobakorera. Nuremeshe abakwumviriza wongere ubakomeze.