-
Kwongera kuvuka—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Kwongera kuvuka—Yoba ari yo nzira ishikana ku bukiriro?
NKA hamwe bokubaza ngo “Woba umaze kwongera kuvuka,” wokwishura gute? Abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bavuga ko ari abakirisu boshobora guca bishura bati: “Cane nyene!” Bemera yuko kwongera kuvuka ari ikintu kiranga abakirisu b’ukuri bose be n’uko ari yo nzira yonyene ishikana ku bukiriro. Baremera ivyo abakuru b’amadini bavuga, nk’ibi vyavuzwe n’umunyatewolojiya yitwa Robert C. Sproul, uwanditse ati: “Umuntu atongeye kuvuka, . . . ntaba ari umukirisu.”
Woba uri mu bemera yuko kwongera kuvuka bituma uja mu nzira ishikana ku bukiriro? Nimba ari vyo wemera, nta gukeka ko wipfuza gufasha incuti zawe n’abagenzi bawe kugira ngo batore iyo nzira kandi batangure kuyigenderamwo. Ariko rero kugira ngo bashobore kubishikako, barakeneye gutahura itandukaniro riri hagati y’umuntu amaze kwongera kuvuka be n’uwutarongera kuvuka. Wobasigurira gute ico bisobanura kwongera kuvuka?
Abantu benshi bemera yuko iyo mvugo ngo “kwongera kuvuka” yerekeza ku muntu asezerana ku mugaragaro ko azokorera Imana na Kristu, maze bigatuma ahinduka akava mu rupfu akaja mu buzima ku bijanye n’ubucuti afitaniye n’Imana. Nkako, inyizamvugo imwe ya vuba isigura ko umuntu yongeye kuvuka ari “umuntu aba yari asanzwe ari umukirisu, yasubiye kugira isezerano rijanye n’ukwizera canke yaryemeje, ivyo akabigira na canecane ahejeje gushikirwa n’ikintu camukoze ku mutima cane mu vy’ugusenga.”—Merriam-Webster’s Collegiate Dictionary—Eleventh Edition.
Woba wotangara hamwe wosanga Bibiliya idashigikira iyo nsobanuro? Woba woshima kumenya ico mu vy’ukuri Ijambo ry’Imana ryigisha ku bijanye n’ukwongera kuvuka? Ata gukeka, uraza kwungukira ku gusuzuma witonze ibijanye n’ico kibazo. Uti kubera iki? Kubera yuko niwatahura mu buryo butagira amakosa ico bisobanura kwongera kuvuka, bizogira ico bikoze ku buzima bwawe no ku vyo witeze muri kazoza.
Bibiliya yigisha iki?
Ahantu hamwe gusa muri Bibiliya yose dusanga iyo mvugo ngo “kwongera kuvuka” ni muri Yohani 3:1-12, hano hakaba havuga ibijanye n’ikiyago gishimishije cabereye i Yeruzalemu hagati ya Yezu n’umukuru umwe w’idini. Mu ruzitiro ruri kumwe n’iki kiganiro, uraza kuhasanga iyo nkuru yo muri Bibiliya yasubiwemwo yose. Turagusavye uyisome witonze.
Muri iyo nkuru, Yezu arashimika ku mice itandukanye y’“ivuka rishasha.”a Nkako, ico kiganiro ca Yezu kiradufasha kwishura ibi bibazo bitanu bihambaye:
◼ Ivuka rishasha rihambaye ku rugero rungana iki?
◼ Twoba ari twebwe twihitiramwo ivyo kwongera kuvuka?
◼ Ivuka rishasha rifise intumbero iyihe?
◼ Bigenda gute ngo umuntu yongere kuvuka?
◼ Ni ihinduka irihe rica riba ku bijanye n’ubucuti umuntu afitaniye n’Imana?
Nimuze turimbure ivyo bibazo kimwekimwe ukwaco.
[Akajambo k’epfo]
a Imvugo ngo “ivuka rishasha” tuyisanga muri 1 Petero 1:3, 23. Ni iyindi mvugo yo muri Bibiliya idondora ibijanye no “kwongera kuvuka.” Izo mvugo zompi zikomoka mu rivuga ry’ikigiriki ari ryo gen·naʹo.
[Uruzitiro/Ifoto ku rup. 4]
“Mutegerezwa kwongera kuvuka”
“Buno hari umuntu wo mu Bafarizayo, yitwa Nikodemu, akaba yari umutware w’Abayuda. Uwo yaje kuri we mw’ijoro hanyuma amubwira ati: ‘Rabi, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana; kuko ata muntu ashobora gukora ivyo bimenyetso ukora Imana itari kumwe na we.’ Mu kwishura, Yezu amubwira ati: ‘Ego ni ukuri ndabikubwiye: Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.’ Nikodemu amubwira ati: ‘Umuntu ashobora gute kuvuka kandi ashaje? None arashobora kwinjira mu nda ya nyina ubugira kabiri hanyuma akavuka?’ Yezu yishura ati: ‘Ego ni ukuri ndabikubwiye: Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana. Ikivyawe n’umubiri ni umubiri, ikivyawe n’impwemu na co ni impwemu. Ntutangazwe n’uko nkubwiye nti: Mutegerezwa kwongera kuvuka. Umuyaga uhuhutira iyo ushaka, kandi wewe urumva ijwi ryawo mugabo ntumenya iyo uva n’iyo uriko uraja. Ukwo ni ko umuntu wese avyawe n’impwemu amera.’ Mu kwishura, Nikodemu amubwira ati: ‘Ivyo bintu bishoboka gute?’ Yezu na we amwishura ati: ‘Wewe uri umwigisha wa Isirayeli ukaba utazi ivyo bintu? Ego ni ukuri ndabikubwiye: Ico tuzi turakivuga kandi ico twabonye turagishingira intahe, mugabo mwebwe ntimwakira intahe dushinga. Nimba ndababwiye ivyo kw’isi ntimwemere, muzokwemera gute ninababwira ivyo mw’ijuru?’”—Yohani 3:1-12.
-
-
Ivuka rishasha—Rihambaye ku rugero rungana iki?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Ivuka rishasha—Rihambaye ku rugero rungana iki?
MU KIGANIRO Yezu yagiranye na Nikodemu, yarashimitse ku vy’uko kwongera kuvuka bihambaye cane. None ivyo yabitomoye gute?
Raba ukuntu mu kiganiro Yezu yagiranye na Nikodemu yashimitse ku kuntu ivuka rishasha rihambaye. Yavuze ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” (Yohani 3:3) Ayo majambo ngo “atongeye” be na “ntashobora” arashimika ku vy’uko ivuka rishasha rikenewe. Reka tubitangire akarorero: Umuntu avuze ngo “Izuba ritatse, umurango ntushobora kubaho,” aba ashaka kuvuga yuko umuco w’izuba ari ikintu ntahara kugira ngo umurango uboneke. Mu buryo nk’ubwo nyene, Yezu yavuze yuko kwongera kuvuka ari ikintu ntahara kugira ngo umuntu ashobore kubona Ubwami bw’Imana.
Amaherezo, kugira ngo Yezu akureho ugukekeranya kwose kwoba kwari kugisigaye ku bijanye n’ico ciyumviro, yavuze ati: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.” (Yohani 3:7) Twisunze ivyo Yezu yavuze, biragaragara ko kwongera kuvuka ari igisabwa, ni ukuvuga ikintu umuntu ategerezwa gushitsa, kugira ngo ‘yinjire mu bwami bw’Imana.’—Yohani 3:5.
Kubera yuko Yezu yabona ko ivuka rishasha ari ikintu gihambaye cane, abakirisu bakwiye kuraba neza ko batahura ico kintu mu buryo butagiramwo amakosa. Nk’akarorero, woba wibaza yuko umukirisu ashobora kwihitiramwo ivyo kwongera kuvuka?
[Iciyumviro ku rup. 5]
“Izuba ritatse, umurango ntushobora kubaho”
-
-
Ivuka rishasha—Coba ari ikintu umuntu yihitiramwo?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Ivuka rishasha—Coba ari ikintu umuntu yihitiramwo?
NI NDE atuma ivuka rishasha rishoboka? Igihe abavugabutumwa bamwebamwe baba bariko barahimiriza ababumviriza ngo bacike abakirisu bongeye kuvuka, barasubiramwo amajambo Yezu yavuze agira ati: “Mutegerezwa kwongera kuvuka.” (Yohani 3:7) Mwene abo bavugabutumwa bakoresha ayo majambo nk’itegeko, ku bwa ngingo bakaba baba bariko bavuga ngo “Nimwongere kuvuka!” Gutyo, baba bigishije yuko uwemera wese ari we ubwiwe yihitiramwo kugamburuka ayo majambo Yezu yavuze maze agatera intambwe zikenewe kugira ngo yongere kuvuka. Twisunze iciyumviro nk’ico, ivuka rishasha ryoca riba ikintu umuntu yihitiramwo ku giti ciwe. Ariko none, ico ciyumviro coba gihuza n’ivyo Yezu yabwiye Nikodemu?
Umuntu asomye yitonze ayo majambo Yezu yavuze aca abona yuko Yezu atigishije ko umuntu ari we yihitiramwo nimba yokwongera canke atokwongera kuvuka. Ni kubera iki tuvuze gutyo? Imvugo y’ikigiriki yahinduwe ngo “[yo]ngeye kuvuka” ishobora kandi guhindurwa ngo “arakwiye kuvuka aturutse hejuru.”a Ku bw’ivyo, twisunze ubwo bundi buryo ayo majambo yoshobora guhindurwamwo, ivuka rishasha rikomoka “hejuru,” ni ukuvuga mw’ijuru, canke ‘kuri Data.’ (Yohani 19:11; Yakobo 1:17) Ego cane, Imana ni yo ituma ivuka rishasha rishoboka.—1 Yohani 3:9.
Tugumije ku muzirikanyi iyo mvugo ngo “aturutse hejuru,” bica bitworohera gutahura igituma umuntu ubwiwe adashobora gutuma yongera kuvuka. Nuzirikane ku bijanye n’ivuka ryawe risanzwe. Mbega ni wewe wihitiyemwo ibijanye n’ivuka ryawe? Birumvikana ko atari wewe! Wavutse kubera yuko so yakuvyaye. Muri ubwo buryo nyene, dushobora kwongera kuvuka igihe gusa Imana, Data wa twese wo mw’ijuru, itumye ivuka rishasha ryacu rishoboka. (Yohani 1:13) Ku bw’ivyo rero, birabereye kubona intumwa Petero yaravuze ati: “Hahezagirwe ya Mana ikaba na Se w’Umukama wacu Yezu Kristu, kuko, nk’uko imbabazi zayo nyinshi ziri, yaduhaye ivuka rishasha.”—1 Petero 1:3.
Ryoba ari itegeko?
Ariko rero hari abokwibaza bati: ‘Nimba ari ivy’ukuri ko ata wushobora kwihitiramwo ivyo kwongera kuvuka, ni kubera iki none Yezu yatanze itegeko rigira riti: “Mutegerezwa kwongera kuvuka”?’ Ico ni ikibazo cumvikana. Nakare, nimba vy’ukuri amajambo Yezu yavuze ari itegeko yari atanze, yobaye ariko adutegeka gukora ikintu kiturengeye. Ivyo ntivyoba vyumvikana. None, ayo majambo ngo mutegerezwa “kwongera kuvuka” akwiye gutahurwa gute?
Twihweje twitonze ayo majambo mu rurimi yatanguye kwandikwamwo, dusanga atashikirijwe mu muvugire wa rubwiriza, canke mu buryo bw’itegeko. Ahubwo riho, ayo majambo ashikirizwa mu buryo bwo kumenyesha ikintu. Mu yandi majambo, igihe Yezu yavuga ngo mutegerezwa “kwongera kuvuka,” yariko aramenyesha ikintu, ntiyariko aratanga itegeko. Yavuze ati: “Murakeneye kuvuka muturutse hejuru.”—Yohani 3:7, Modern Young’s Literal Translation.
Kugira ngo ubone akarorero kerekana itandukaniro riri hagati yo gutanga itegeko be n’ukumenyesha ikintu, zirikana kuri iki kigereranyo. Niwihe ishusho y’igisagara gifise amashure atari make. Rimwe muri yo ryagenewe kuba ishure ryigamwo abanyeshure b’imvukira baba mu karere kari kure yaco. Umusi umwe, umuhungu atari imvukira yo muri ico gisagara abwiye umuyobozi w’iryo shure ati: “Nashaka kwiyandikisha mw’ishure uyoboye.” Uwo muyobozi aciye amubwira ati: “Kugira ngo wiyandikishe, utegerezwa kuba uri imvukira.” Birumvikana ko ayo majambo y’uwo muyobozi atari itegeko atanze. Ntariko ategeka uwo munyeshure ngo “Nube imvukira!” Uwo muyobozi amenyesheje gusa ikintu, ni ukuvuga igisabwa kugira ngo umuntu yandikwe kuri iryo shure. Muri ubwo buryo nyene, igihe Yezu yavuga ngo “mutegerezwa kwongera kuvuka,” yariko gusa amenyesha ikintu, ni bukuvuga igisabwa kugira ngo umuntu ‘yinjire mu bwami bw’Imana.’
Ico kintu giherejweko, ni ukuvuga Ubwami bw’Imana, kirafitaniye isano n’uwundi muce w’ivuka rishasha. Uwo muce ujanye n’ikibazo kigira giti: Intumbero y’ivuka rishasha ni iyihe? Kumenya inyishu y’ico kibazo ni ikintu gihambaye kidufasha gutahura mu buryo butagiramwo amakosa ico bisobanura kwongera kuvuka.
[Akajambo k’epfo]
a Ukwo ni ko impinduro zitari nke za Bibiliya zihindura icanditswe co muri Yohani 3:3. Nk’akarorero, impinduro imwe (A Literal Translation of the Bible) igira iti: “Umuntu ataronse ivuka rituruka hejuru, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.”
[Ifoto ku rup. 6]
Ni isano irihe riri hagati y’ivuka rishasha be n’ivuka risanzwe?
-
-
Ivuka rishasha—Intumbero yaryo ni iyihe?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Ivuka rishasha—Intumbero yaryo ni iyihe?
ABENSHI bemera ko umuntu asabwa kwongera kuvuka kugira ngo aronke ubukiriro bw’ibihe bidahera. Ariko rero, raba ico Yezu ubwiwe yavuze ku bijanye n’intumbero y’ivuka rishasha. Yavuze ati: “Umuntu atongeye kuvuka, ntashobora kubona ubwami bw’Imana.” (Yohani 3:3) Ku bw’ivyo, bisabwa ko umuntu yongera kuvuka kugira ngo yinjire mu Bwami bw’Imana, atari kugira ngo aronke ubukiriro. Hari abovuga bati: ‘None izo mvugo zibiri, ni ukuvuga kwinjira mu Bwami be no kuronka ubukiriro, ntizerekeza ku mpembo imwe?’ Oya, ntizerekeza ku mpembo imwe. Kugira ngo dutahure itandukaniro ririho, reka tubanze turimbure insobanuro y’imvugo ngo “ubwami bw’Imana.”
Ubwami ni ubwoko bw’intwaro. Iyo mvugo rero ngo “ubwami bw’Imana” isobanura “intwaro y’Imana.” Bibiliya yigisha ko Yezu Kristu “Umwana w’umuntu,” ari Umwami w’Ubwami bw’Imana be n’uko Kristu afise abo bafadikanya gutegeka. (Daniyeli 7:1, 13, 14; Matayo 26:63, 64) Vyongeye, ivyo intumwa Yohani yeretswe vyarahishuye yuko abafadikanya na Kristu gutegeka ari abantu batowe “mu muryango wose n’ururimi rwose n’igisata cose n’ihanga ryose” kandi ko “[bazo]ganza isi nk’abami.” (Ivyahishuwe 5:9, 10; 20:6) Ijambo ry’Imana rirongera rikerekana yuko abazotegeka ari abami, bagize “ubusho buto” bw’abantu 144.000 “baguzwe bakuwe mw’isi.”—Luka 12:32; Ivyahishuwe 14:1, 3.
Icicaro c’Ubwami bw’Imana kiri hehe? “Ubwami bw’Imana” bwitwa kandi “ubwami bwo mw’ijuru,” ivyo bikaba vyerekana ko Yezu hamwe n’abami bafadikanya na we bategeka bari mw’ijuru. (Luka 8:10; Matayo 13:11) Ku bw’ivyo, Ubwami bw’Imana ni intwaro yo mw’ijuru igizwe na Yezu Kristu be n’umugwi w’abafadikanya na we gutegeka batowe mu bantu.
None, Yezu yashaka kuvuga iki igihe yavuga ko umuntu ategerezwa kwongera kuvuka kugira ngo ashobore “kwinjira mu bwami bw’Imana”? Yashaka kuvuga yuko bisabwa ko umuntu yongera kuvuka kugira ngo afadikanye na Kristu gutegeka ari mw’ijuru. Tubivuze mu buryo bworoshe, ivuka rishasha rifise intumbero yo gutegura umugwi mutoya w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru.
Gushika aha, turamaze kubona yuko ivuka rishasha rihambaye cane, ko Imana ari yo ituma rishoboka be n’uko ririko rirategura umugwi w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru. Ariko none, neza na neza ivuka rishasha riba gute?
[Iciyumviro ku rup. 7]
Ivuka rishasha rifise intumbero yo gutegura umugwi mutoya w’abantu kugira ngo bazotegeke bari mw’ijuru
[Ifoto ku rup. 7]
Yezu Kristu be n’umugwi w’abafadikanya na we gutegeka batowe mu bantu ni bo bagize Ubwami bw’Imana
-
-
Ivuka rishasha—Riba gute?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Ivuka rishasha—Riba gute?
YEZU ntiyaganiriye gusa na Nikodemu ibijanye n’uko ivuka rishasha rihambaye, ibijanye n’uwutuma rishoboka be n’intumbero yaryo, ariko kandi yaraganiriye na we ibijanye n’ukuntu bigenda ngo ribe. Yezu yavuze ati: “Umuntu atavyawe n’amazi be n’impwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw’Imana.” (Yohani 3:5) Ku bw’ivyo, umuntu yongera kuvuga biciye ku mazi be n’impwemu. None, imvugo ngo “amazi be n’impwemu” yerekeza ku ki?
“Amazi be n’impwemu,” ni ibiki?
Kubera yuko Nikodemu yari incabwenge mu vy’idini ry’Abayuda, nta gukeka ko yari amenyereye ingene Ivyanditswe vy’igiheburayo bikoresha imvugo ngo “impwemu y’Imana,” ni ukuvuga inguvu zikora z’Imana zishobora gutuma abantu bakora ibintu bitangaje. (Itanguriro 41:38; Kuvayo 31:3; 1 Samweli 10:6) Igihe rero Yezu yakoresha ijambo “impwemu,” Nikodemu ashobora kuba yaciye atahura ko ari impwemu nyeranda, ari zo nguvu zikora z’Imana.
Tuvuge iki ku bijanye n’ukuba Yezu yarerekeje ku mazi? Rimbura ibintu vyabaye vyanditswe neza na neza imbere be n’inyuma y’ico kiganiro Yezu yagiranye na Nikodemu. Ivyo bintu vyerekana ko Yohani Umubatizi be n’abigishwa ba Yezu bariko barabatiza mu mazi. (Yohani 1:19, 31; 3:22; 4:1-3) Ico kintu cahavuye kimenyekana cane i Yeruzalemu. Ni co gituma igihe Yezu yavuga ibijanye n’amazi, Nikodemu ashobora kuba yaciye atahura yuko Yezu atariko yerekeza ku mazi muri rusangi, ahubwo ko yariko yerekeza ku mazi y’ibatisimu.a
Ukubatirishwa “impwemu nyeranda”
Nimba ‘kuvyarwa n’amazi’ vyerekeza ku kubatizwa mu mazi, none ‘kuvyarwa n’impwemu’ bisobanura iki? Imbere y’uko Nikodemu aganira na Yezu, Yohani Umubatizi yari yaramenyesheje ko uretse amazi, impwemu na yo nyene yogize uruhara mu bijanye n’ibatisimu. Yavuze ati: “Jewe nababatirishije amazi, mugabo we [ni ukuvuga Yezu] azobabatirisha impwemu nyeranda.” (Mariko 1:7, 8) Umwanditsi w’Injili Mariko aravuga ingene ibatisimu mwene iyo yabaye ari bwo mbere. Yandika ati: “Muri iyo misi, Yezu aza avuye i Nazareti h’i Galilaya hanyuma abatizwa na Yohani muri Yorodani. Maze buno nyene aduze avuye mu mazi abona ijuru ryuguruka, n’impwemu imanuka kuri we nk’inuma.” (Mariko 1:9, 10) Igihe Yezu yibizwa muri Yorodani, yari abatirishijwe amazi. Igihe yaronka impwemu ivuye mw’ijuru na ho, yari abatirishijwe impwemu nyeranda.
Haciye nk’imyaka itatu Yezu abatijwe, yarakuye amazinda abigishwa biwe ati: “[Muzobatizwa] mu mpwemu nyeranda mu misi mikeyi iri imbere.” (Ibikorwa 1:5) None ivyo vyabaye ryari?
Ku musi wa Pentekoti mu mwaka wa 33 G.C., abigishwa ba Yezu bashika 120 bari bakoraniye mu nzu imwe i Yeruzalemu. “Bukwi na bukwi haza urwamo ruvuye mw’ijuru rumeze nk’urw’umuyaga ukomeye uhuhuta, rwuzura nya nzu yose bari bicayemwo. Maze babona indimi zimeze nk’iz’umuriro . . . , hanyuma bose buzuzwa impwemu nyeranda.” (Ibikorwa 2:1-4) Kuri uwo musi nyene, abandi bantu bari i Yeruzalemu barahimirijwe ngo babatizwe mu mazi. Intumwa Petero yabwiye isinzi ati: “Nimwigaye, kandi umwe wese muri mwebwe abatizwe mw’izina rya Yezu Kristu ku bwo kubabarirwa ibicumuro vyanyu, muzoheza muronke ya ngabirano ya gusa y’impwemu nyeranda.” None bavyakiriye gute? Bibiliya ivuga iti: “Abakiriye ijambo ryiwe n’umutima wabo wose barabatizwa, hanyuma kuri uwo musi abantu nk’ibihumbi bitatu barongerwako.”—Ibikorwa 2:38, 41.
Ni ikintu kiba mu mice ibiri
Ayo mabatisimu ahishura iki ku bijanye n’ivuka rishasha? Yerekana ko ivuka rishasha riba mu mice ibiri. Urabona ko Yezu yabanje kubatirishwa amazi. Mu nyuma yaciye aronka impwemu nyeranda. Muri ubwo buryo nyene, abigishwa bo mu ntango babanje kubatizwa mu mazi (hakaba hari ababatijwe na Yohani Umubatizi), maze mu nyuma bararonka impwemu nyeranda. (Yohani 1:26-36) Mu buryo busa n’ubwo, ba bigishwa 3.000 bashasha babanje kubatirishwa amazi, maze mu nyuma baronka impwemu nyeranda.
None tugumije ku muzirikanyi ayo mabatisimu yabaye kuri Pentekoti mu 33 G.C., dukwiye kwitega ko ivuka rishasha riba gute muri kino gihe? Riba kurya nyene ryabaye ku ntumwa za Yezu be no ku bigishwa bo mu ntango. Umuntu arabanza akigaya ibicumuro vyiwe, agahindukira akava mu ngeso mbi, akegurira ubuzima bwiwe Yehova kugira ngo amusenge yongere amukorere, maze akerekana ku mugaragaro ukwiyegura kwiwe mu kubatizwa mu mazi. Ubukurikira, Imana imuhisemwo ngo azobe umutegetsi mu Bwami bwayo, ararobanuzwa impwemu nyeranda. Umuce wa mbere w’ico kintu kiba mu mice ibiri (ni ukuvuga ukubatirishwa amazi) umuntu ni we awutanguza; umuce ugira kabiri na wo (ni ukuvuga ukubatirishwa impwemu) Imana ni yo iwutanguza. Igihe umuntu aronse izo batisimu zompi, aba amaze kuronka ivuka rishasha.
Ariko none, ni kubera iki Yezu yakoresheje imvugo ngo “[kuvyarwa] n’amazi be n’impwemu” muri ca kiganiro yagirana na Nikodemu? Kwari ukugira ngo ashimike ku vy’uko ababatijwe mu mazi no mu mpwemu bociye bagira ihinduka ridasanzwe. Ikiganiro gikurikira kirarimbura uwo muce w’ivuka rishasha.
[Akajambo k’epfo]
a Mu buryo busa n’ubwo, igihe kimwe intumwa Petero yarigeze kuvuga ibijanye n’ibatisimu ati: “Hari uwobuza amazi?”—Ibikorwa 10:47.
[Ifoto ku rup. 9]
Yohani yarabatirisha amazi Abisirayeli baba bigaye
-
-
Ivuka rishasha—Rishikana ku ki?Umunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Ivuka rishasha—Rishikana ku ki?
NI KUBERA iki Yezu yakoresheje imvugo ngo ‘kuvyarwa n’impwemu’ igihe yariko avuga ibijanye n’ukubatirishwa impwemu nyeranda? (Yohani 3:5) Igihe ijambo “ivuka” rikoreshejwe nk’imvugo ngereranyo, risobanura “intango,” nk’akarorero iyo rikoreshejwe mu mvugo ngo “ivuka ry’ihanga.” Ku bw’ivyo rero, imvugo ngo “ivuka rishasha” ishaka kuvuga “intango nshasha.” Gutyo rero, imvugo ngereranyo ngo “kuvuka” be na “ivuka rishasha” zishimika ku vy’uko haca habaho intango nshasha mu bijanye n’ubucuti buri hagati y’Imana be n’ababatirishijwe impwemu nyeranda. None iryo hinduka ryuzuye ku bijanye n’ubwo bucuti, riba gute?
Mu gusigura ukuntu Imana itegura abantu kugira ngo bazobe abategetsi mw’ijuru, intumwa Paulo yakoresheje ikigereranyo akuye mu bintu biba mu buzima bwo mu muryango. Yandikiye abakirisu bo mu gihe ciwe yuko ‘bogizwe abana b’Imana’ be n’uko rero yoshoboye guca ibagirira nk’uko igirira “abana.” (Abagalatiya 4:5; Abaheburayo 12:7) Kugira ngo tubone ukuntu ako karorero ko kugirwa abana b’Imana gafasha umuntu gutahura ihinduka rica riba igihe umuntu abatirishijwe impwemu nyeranda, subira urimbure ca kigereranyo ca wa muhungu yipfuza kwiyandikisha mw’ishure rigenewe abanyeshure b’imvukira.
Ihinduka riba kubera yuko Imana yabagize abana bayo
Muri ca kigereranyo, wa muhungu ntashobora kwiyandikisha muri rya shure kubera yuko atari uwo mu bantu b’imvukira. Ubu na ho, fata ko umusi umwe habaye ihinduka rikomeye. Sebibondo umwe wo mu muryango w’imvukira aremeye kumugira umwana wiwe mu buryo bwemewe n’amategeko. None ivyo bigira ico bikoze gute kuri uwo muhungu? Urabona, kubera yuko agizwe umwana w’uwo sebibondo, ubu yoshobora guca agira uburenganzira bumwe n’urundi rwaruka rw’imvukira, harimwo n’uburenganzira bwo kwiyandikisha muri rya shure. Ukwo kugirwa umwana n’uwo muntu w’imvukira kwahinduye bimwe bishitse ivyo ashoboye gukora.
Ivyo biratwereka ibishikira abaronka ivuka rishasha, bano bikaba bibashikira mu buryo buhambaye kuruta. Rimbura amasano amwamwe ahari. Wa muhungu avugwa muri ca kigereranyo azoronka ikibanza kuri rya shure, mugabo azokironka ari uko gusa akwije ibisabwa vyo kwemererwa kwiyandikisha, ni ukuvuga igihe ari mu muryango w’imvukira. Ariko rero, we ubwiwe ntashobora gushitsa ico gisabwa. Muri ubwo buryo nyene, hari abantu bazohabwa ikibanza mu Bwami bw’Imana, ari yo ntwaro yo mw’ijuru, mugabo bazogihabwa ari uko gusa bakwije igisabwa kugira ngo bemererwe, ico na co kikaba ari “ukwongera kuvuka.” Ariko rero, bo ubwabo ntibashobora gushitsa ico gisabwa kubera yuko Imana ari yo ituma ivuka rishasha rishoboka.
None ni igiki cahinduye uko ivya wa muhungu vyari vyifashe? Vyahinduwe n’ukuba yaremerewe kugirwa umwana wo mu muryango w’imvukira mu buryo bwemewe n’amategeko. Birumvikana ko ico kintu cabaye kitahinduye ukuntu uwo muhungu asanzwe ameze. Uwo muhungu amaze kugirwa umwana, yagumye ari wa wundi nyene. Naho ari ukwo, ibisabwa kugira ngo yemererwe kugirwa umwana muri uwo muryango bimaze gushitswa, uko ivyiwe vyari bisanzwe vyifashe kwaciye guhinduka. Mu vy’ukuri, yaragize intango nshasha, akaba ari nk’aho yari aronse ivuka rishasha. Yaciye acika umuhungu wa wa muvyeyi, ivyo bikaba vyaciye bimuha uburenganzira bwo kwinjira muri rya shure no kuba mu bagize umuryango w’umwe sebibondo yamugira umwana wiwe.
Muri ubwo buryo nyene, Yehova yarahinduye uko ivy’umugwi w’abantu badatunganye vyari vyifashe mu gutanguza intunganyo yemewe yo kubagira abana biwe. Intumwa Paulo, uno akaba yari umwe mu bagize uwo mugwi, yandikiye abo bari basangiye ukwemera ati: “Mwaronse impwemu y’ukugirwa abana, biciye kuri nya mpwemu tukaba dusemerera duti: ‘Abba, Data!’ Impwemu ubwayo ishinga intahe hamwe n’impwemu yacu yuko turi abana b’Imana.” (Abaroma 8:15, 16) Egome, biciye kuri ya ntunganyo yo kugirwa abana, abo bakirisu baracitse abo mu bagize umuryango w’Imana, canke “abana b’Imana.”—1 Yohani 3:1; 2 Abakorinto 6:18.
Ego ni ko, ukwo kugirwa abana b’Imana ntikwahinduye ukuntu abo bagizwe abana bayo bari basanzwe bameze, kubera yuko bagumye ari abantu badatunganye. (1 Yohani 1:8) Yamara rero, nk’uko Paulo yabandanije abisigura, ibisabwa vyemewe kugira ngo bahindurwe abana b’Imana bimaze gushitswa, uko ivyabo vyari bisanzwe vyifashe kwaciye guhinduka. Muri ico gihe nyene, impwemu y’Imana yarashize muri abo bagizwe abana b’Imana icizigiro ntakekeranywa c’uko bobanye na Kristu mw’ijuru. (1 Yohani 3:2) Ukwo gushira amazinda gukomeye kuva ku mpwemu nyeranda kwatumye batangura kubona ubuzima mu buryo butandukanye rwose n’uko bahora babubona. (2 Abakorinto 1:21, 22) Ego cane, baragize intango nshasha, bakaba ari nk’aho baronse ivuka rishasha.
Mu kuvuga ibijanye n’abo Imana yagize abana bayo, Bibiliya ivuga iti: “Bazoba abaherezi b’Imana n’aba Kristu, kandi bazoganza nk’abami hamwe na we iyo myaka igihumbi.” (Ivyahishuwe 20:6) Bari kumwe na Kristu, abagizwe abana b’Imana bazoronka ikibanza c’ukuba abami mu Bwami bw’Imana, ari yo ntwaro yo mw’ijuru. Intumwa Petero yabwiye abo bari basangiye ukwemera ko boronse “intoranwa itabora, idahumanye, idakabirana” ‘babikiwe mw’ijuru.’ (1 Petero 1:3, 4) Vy’ukuri, ni intoranwa y’agaciro kanini!
Ariko rero, ico ciyumviro cerekeye ubutegetsi na co nyene gica kivyura ikibazo. Nimba abo bongeye kuvuka bazotegeka ari abami mw’ijuru, none bazoba bategeka bande? Ico kibazo kirarimburwa mu kiganiro gikurikira.
[Ifoto ku rup. 10]
Ni ibiki Paulo yavuze ku bijanye n’ukugirwa abana b’Imana?
-
-
Hazotegeka bake, hunguke benshiUmunara w’Inderetsi—2009 | 1 Ndamukiza
-
-
Hazotegeka bake, hunguke benshi
KUVA mu gihe c’intumwa, Imana yagiye iratora mu bantu igitigiri gitoyi c’abakirisu b’abizigirwa, ikabagira abana bayo. Abo baba bagizwe abana b’Imana barahinduka bimwe bishitse ku buryo Ijambo ry’Imana ryerekana ko iryo hinduka ari ivuka rishasha. Intumbero y’iryo vuka rishasha ni iyo gutegura mwene abo basavyi b’Imana baba bongeye kuvuka kugira ngo bazobe abategetsi mw’ijuru. (2 Timoteyo 2:12) Kugira ngo babe abategetsi, barazurwa bakuwe mu rupfu bagahabwa ubuzima bwo mw’ijuru. (Abaroma 6:3-5) Mw’ijuru, “babwirizwa kuganza isi nk’abami” bari kumwe na Kristu.—Ivyahishuwe 5:10; 11:15.
Ariko rero, Ijambo ry’Imana riravuga kandi yuko, uretse abo baba bongeye kuvuka, hari n’abandi bazoronka ubukiriro bw’ibihe bidahera. Muri Bibiliya (mu Vyanditswe vy’igiheburayo cokimwe no mu Vyanditswe vy’ikigiriki), haravugwa ivy’uko Imana yagabiye gukiza imigwi ibiri y’abantu, ni ukuvuga umugwi uboneka ko ari muto ugizwe n’abategetsi bazoba mw’ijuru be n’umugwi munini ugizwe n’abatwarwa b’ubwo butegetsi bazoba kw’isi. Raba nk’akarorero ivyo intumwa Yohani yandikiye abo basangiye ukwemera bari bararonse ivuka rishasha. Yavuze ku bijanye na Yezu ati: “Uyo ni ikimazi c’impongano ku bw’ibicumuro vyacu, yamara si ku bw’ivyacu gusa [wa mugwi mutoya] mugabo kandi ku bw’ivy’isi yose [wa mugwi munini].”—1 Yohani 2:2.
Muri ubwo buryo nyene, intumwa Paulo yanditse ati: “Ivyaremwe [wa mugwi munini] vyiteze bibishashaye ihishurwa ry’abana b’Imana [wa mugwi mutoya].” (Abaroma 8:19-21) None ayo majambo y’intumwa Yohani na Paulo akwiye gutahurwa gute? Akwiye gutahurwa muri ubu buryo: Abongeye kuvuka bazoba mu bagize intwaro yo mw’ijuru. Ku bw’iyihe ntumbero? Kugira ngo bazanire ivyiza vyamaho abantu amamiliyoni, bano bakaba ari abatwarwa b’intwaro y’Imana bazoba baba kw’isi. Ni co gituma Yezu yigishije abigishwa biwe gusenga bati: “Ubwami bwawe nibuze. Ivyo ugomba nibibe kw’isi nko mw’ijuru.”—Matayo 6:10.
Ukwo kuri nyene kwerekeye ubukiriro buhabwa imigwi ibiri turagusanga no mu Vyanditswe vy’igiheburayo. Raba nk’akarorero ivyo Yehova yabwiye sekuruza wa Yezu ari we Aburahamu, ati: “Mu ruvyaro rwawe [wa mugwi mutoya] ni ho amahanga yose yo mw isi [wa mugwi munini] azohērwa umugisha.” (Itanguriro 22:18) Ego cane, amahanga yose yoshoboye kuronka imihezagiro biciye ku “ruvyaro” rwa Aburahamu.
Urwo “ruvyaro” ni nde? Ni Yezu Kristu, ari kumwe na bamwe baronka ivuka rishasha, ari bo bagizwe abana b’Imana. Intumwa Paulo asigura ati: “Nimba muri aba Kristu, muri uruvyaro rwa Aburahamu vy’ukuri.” (Abagalatiya 3:16, 29) None ni imihezagiro iyihe abantu bo mu mahanga yose baronka biciye kuri urwo “ruvyaro”? Ni agateka ko gusubira gutoneshwa n’Imana be no kwironkera ubuzima butagira iherezo mw’isi y’iparadizo. Umwanditsi wa Zaburi Dawidi yanditse mu buryo bw’ubuhanuzi ati: “Abagororotsi bazoragwa [“isi,” NW], ba[y]ibemw’ibihe bidashira.”—Zaburi 37:29; Yesaya 45:18; Ivyahishuwe 21:1-5.
Egome, ubutegetsi bwo mw’ijuru bwagenewe abantu bakeya, ariko ivyiza bizanwa n’ubwo butegetsi, ni ukuvuga kubaho ibihe bidahera ng’aha kw’isi be n’imihezagiro yose bijana, bihabwa abantu benshi. Ese wewe n’umuryango wawe mwoba mu bazokwironkera imihezagiro y’ibihe bidahera Ubwami bw’Imana buzozana!
-