ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lfb icig. 57 rup. 138-rup. 139 ing. 1
  • Yehova atuma Yeremiya

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Yehova atuma Yeremiya
  • Ivyigwa dukura muri Bibiliya
  • Ivyo bijanye
  • Yeremiya ntiyaretse kuvuga ivyerekeye Yehova
    Niwigishe abana bawe
  • “Sinshobora kuguma ncereje”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • Ni bande uzohitamwo ngo bakubere abagenzi?
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
  • “Nshize amajambo yanje mu kanwa kawe”
    Ijambo Imana itubwira biciye kuri Yeremiya
Ibindi
Ivyigwa dukura muri Bibiliya
lfb icig. 57 rup. 138-rup. 139 ing. 1
Yeremiya ameneye akabindi imbere y’abashingantahe

ICIGWA CA 57

Yehova atuma Yeremiya

Yehova yaratoye Yeremiya ngo amutume ku bantu bo mu Buyuda. Yamutumye kubabwira ngo bahebe gukora ibibi. Yeremiya yabwiye Yehova ati: ‘Erega Yehova jewe ndacari muto. Sinzi ivyo novuga.’ Yehova yamubwiye ati: ‘Ntutinye. Nzokubwira ivyo uzovuga kandi nzogufasha.’

Yehova yabwiye Yeremiya ngo akoranye abashingantahe bo mu Buyuda ace amenera akabindi imbere yabo, maze avuge ati: ‘Uku ni ko Yehova azomenagura Yeruzalemu.’ Igihe Yeremiya yabigira, abashingantahe bo mu Buyuda baciye bashavura cane. Umuherezi yitwa Pashuri yaramukubise, aca amubohera amaboko n’amaguru mu mpatane z’ibiti. Yamaze ijoro ryose adakakaza. Bukeye Pashuri yaramurekuye. Yeremiya yaciye avuga ati: ‘Ndabihevye. Sinzosubira kuvuga ubutumwa.’ None yoba koko yarabihevye? Oya. Yeremiya yarasubiye kuvyiyumvira, aca avuga ati: ‘Ijambo rya Yehova rimeze nk’umuriro muri jewe. Sinshobora kureka kurivuga.’ Yeremiya yarabandanije kubwira abantu ngo bahebe ibibi.

Haciye imyaka, uwundi mwami yaragiye ku butegetsi. Abaherezi n’abahanuzi b’ikinyoma baranka ivyo Yeremiya yavuga. Babwiye abatware bati: ‘Uyu muntu akwiye gupfa.’ Yeremiya yaciye ababwira ati: ‘Nimwanyica, muzoba mumpoye ubusa. Mvuga ivyo Yehova antuma, si ivyo nikurira mu mutwe.’ Abatware bavyumvise, baciye bavuga bati: ‘Ntakwiye gupfa.’

Yeremiya yagumye avuga ubutumwa, abatware bo mu Buyuda baca barashavura cane. Baciye basaba umwami ngo bice Yeremiya. Umwami yababwiye ko bomugira ico bashaka cose. Baciye bamuterera mu runogo rurerure rwuzuyemwo ivyondo ngo apfireyo. Yeremiya yaciye atangura kunyika.

Ebedimeleki n’abandi bagabo bariko barakura Yeremiya mu runogo

Umukozi wo ku kirimba yitwa Ebedi-Meleki yaciye abwira umwami ati: ‘Abatware bataye Yeremiya mu runogo! Nitwamurekerayo arapfa.’ Umwami yaciye ategeka Ebedi-Meleki ngo atore abagabo 30, baje kumukura muri urwo runogo. Yeremiya ntiyaretse ngo hagire ikintu na kimwe kimubuza kuvuga ubutumwa. Wumva tudakwiye kumwigana?

«Muzokwankwa n’abantu bose kubera izina ryanje, ariko uwuzoba yihanganye gushika kw’iherezo ni we azokizwa.»​—Matayo 10:22

Ibibazo: Kubera iki Yeremiya yagamburukiye Yehova naho yari akiri muto? Ni bande bagerageje kubuza Yeremiya kuvuga ubutumwa?

Yeremiya 1:1-19; 19:1-11; 20:1-13; 25:8-11; 26:7-16; 38:1-13

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika