ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Ubwami butazokwigera buvaho
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Umwami Nebukadinezari ariko ararota igishusho kinini gisabijwe n’ibuye

      ICIGWA CA 60

      Ubwami butazokwigera buvaho

      Umusi umwe mw’ijoro, umwami Nebukadinezari yararose ikintu kidasanzwe. Iyo ndoto yaramubujije amahoro ku buryo atasubiye gusinzira. Yaciye ahamagara abapfumu biwe ababwira ati: ‘Nimunsigurire indoto narose.’ Na bo bati: ‘Tubwire ivyo warose, mwami.’ Ariko Nebukadinezari yaciye ababwira ati: ‘Oya! Nimumbwire ivyo narose, atari aho ndabica.’ Barongeye kumubwira bati: ‘Tubwire ivyo warose, hama tubigusigurire.’ Na we ati: ‘Mwese mushaka kumbesha. Nimumbwire ivyo narose!’ Baciye bamubwira bati: ‘Nta muntu ashobora gukora ico kintu. Ivyo bintu udusavye ntibishoboka.’

      Nebukadinezari yarashavuye cane, ku buryo ategeka ko incabwenge zose zo mu gihugu zicwa. Aho harimwo Daniyeli, Shadrake, Meshake na Abedinego. Daniyeli yarasavye umwami ngo amuhe umwanya. Daniyeli na bagenziwe baciye basaba Yehova ngo abafashe. None Yehova yakoze iki?

      Mw’ijoro, Yehova yareretse Daniyeli indoto ya Nebukadinezari aramubwira n’ico isobanura. Bukeye, Daniyeli yaragiye ku mukozi umwami yari yategetse kwica za ncabwenge, amubwira ati: ‘Ntihagire incabwenge n’imwe wica. Ndashobora gusobanura indoto y’umwami.’ Nya mukozi yaciye amujana kwa Nebukadinezari. Daniyeli yabwiye umwami ati: ‘Imana yakweretse ibizoba muri kazoza. Indoto yawe ni iyi: Wabonye igishusho kinini gifise umutwe w’inzahabu, igikiriza n’amaboko vy’ifeza, inda n’amatako vy’umujumpu, amaguru y’icuma n’ibirenge vy’icuma kivanze n’ibumba. Ibuye ryaciye risiturwa ku musozi, rikubita ku birenge vy’ico gishusho. Caciye kimenagurika gicika ifu, nya fu ica igururwa n’umuyaga. Iryo buye ryaciye rivamwo umusozi munini, wuzura isi yose.’

      Daniyeli yaciye avuga ati: ‘Insobanuro y’indoto yawe ni iyi: ubwami bwawe ni uwo mutwe w’inzahabu. Ifeza ni ubwami buzoza inyuma yawe. Hazoca hakurikira ubwami bumeze nk’umujumpu buzoganza isi yose. Ubwami buzobukurikira buzoba bukomeye nk’icuma. Mu nyuma, hazoza ubwami bwigabuyemwo ibice: ibice bimwe bizoba bikomeye nk’icuma, ibindi vyoroshe nk’ibumba. Iryo buye ryavuyemwo umusozi na ryo ni Ubwami bw’Imana. Buzokuraho ubwo bwami bwose ariko bwobwo buzokwamaho.’

      Nebukadinezari yaciye yunama imbere ya Daniyeli arashikana umutwe hasi. Yamubwiye ati: ‘Imana yawe ni yo yakumenyesheje iyo ndoto. Nta yindi Mana imeze nka yo.’ Aho kumwica, Nebukadinezari yaciye amugira umukuru w’incabwenge zose n’umukuru w’intara ya Babiloni. Woba ubona ukuntu Yehova yishuye isengesho rya Daniyeli?

      «Abakoraniriza ahantu hitwa Harumagedoni mu giheburayo.»​—Ivyahishuwe 16:16

      Ibibazo: Ni nde yafashije Daniyeli gusigura indoto y’umwami? Iyo ndoto yasobanura iki?

      Daniyeli 2:1-49

  • Baranse kwunamira igishusho
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Shadrake, Meshake na Abedinego banka kwunamira igishusho c’inzahabu

      ICIGWA CA 61

      Baranse kwunamira igishusho

      Haciye igihe umwami Nebukadinezari arose ya ndoto, yarakoresheje igishusho kinini c’inzahabu. Yagishize mu kiyaya ca Dura, aca atumako abantu bahambaye cane mu gihugu ngo bakoranire imbere yaco. Muri bo harimwo na ba Baheburayo batatu ari bo Shadrake, Meshake na Abedinego. Umwami yategetse ati: ‘Nimwumva umuziki w’urumbete, inanga n’umwironge, muce mwunamira ico gishusho! Umuntu wese ataza kucunamira aca atererwa mw’ifuru yaka umuriro.’ None ba Baheburayo boba bari kwunamira ico gishusho, canke bari kuguma basenga Yehova gusa?

      Umwami yaciye atanga itegeko ry’uko bavuza wa muziki. Abantu bose baciye bunama barasenga ca gishusho, kiretse Shadrake, Meshake na Abedinego. Bamwe muri abo bantu barabibonye, baca babwira umwami bati: ‘Barya Baheburayo batatu banse gusenga igishusho cawe.’ Nebukadinezari yaciye abahamagara, ababwira ati: ‘Reka basubire babavugirize umuziki, muce musenga ico gishusho. Mutagisenze nca ndabaterera mw’ifuru y’umuriro. Nta mana n’imwe ishobora kubakiza.’ Bamwishuye bati: ‘Ntibirirwe barigora. Imana yacu irashobora kuturokora. Ariko naho itoturokora ga mwami, ntidusenga ico gishusho.’

      Nebukadinezari yarashavuye cane, aca abwira abantu biwe ati: ‘Nimushushe ifuru incuro indwi kuruta uko mwahora muyishusha!’ Yaciye ategeka abasoda biwe ati: ‘Nimubabohe mubaterereyo!’ Iyo furu yari ishushe cane ku buryo igihe nya basoda bayegera baciye bapfa. Baratereye abo Baheburayo batatu muri nya muriro. Ariko Nebukadinezari aravye muri nya furu, yabonyeyo abantu bane bariko baratembera kandi yari yatereyeyo batatu. Yaragize ubwoba, aca abaza abantu biwe ati: ‘Burya ntitwatereye mu muriro abantu batatu? Mbonayo bane, kandi umwe muri bo asa n’umumarayika!’

      Nebukadinezari yaregereye iyo furu, avuga ati: ‘Nimusohoke, mwa bantu b’Imana Mushoboravyose!’ Abantu bose baratangaye babonye Shadrake, Meshake na Abedinego bavuye muri uwo muriro ata na kimwe babaye. Impuzu zabo n’imishatsi yabo ntivyigeze bisha. Nta n’umwotsi wabamotako.

      Nebukadinezari yaciye avuga ati: ‘Imana ya Shadrake, Meshake na Abedinego irahambaye. Yarungitse umumarayika wayo arabarokora. Nta yindi mana imeze nka yo.’

      Woba uzokwigana abo Baheburayo batatu, ukaguma ugamburukira Yehova naho hoba iki?

      Umwami Nebukadinezari yumiwe kubera abonye Shadrake, Meshake na Abedinego bavuye mu muriro ata co babaye

      «Yehova Imana yawe ni we utegerezwa gusenga, kandi ni we wenyene utegerezwa gukorera igikorwa ceranda.»​—Matayo 4:10

      Ibibazo: Ni igiki Shadrake, Meshake na Abedinego banse gukora? Yehova yabarokoye gute?

      Daniyeli 3:1-30

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika