-
Igiti cagereranya ubwamiIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 62
Igiti cagereranya ubwami
Umusi umwe, Nebukadinezari yararose ibintu vyamuteye ubwoba cane. Yarahamagaye abantu biwe b’incabwenge ngo babimusobanurire, ariko nta n’umwe yabishoboye. Mu nyuma yaravyiganiye Daniyeli.
Yamubwiye ati: «Narose mbona igiti, hanyuma kirakura cane gishika mu bicu. Kw’isi yose abantu barashobora kukibona. Cari gifise ibibabi vyiza n’ivyamwa vyinshi. Ibikoko vyaraza kurondera agatutu munsi yaco, n’inyoni zikaza kwubaka ivyari mu mashami yaco. Haciye hamanuka umumarayika avuye mw’ijuru, maze asemerera ati: ‘Nimuteme ico giti n’amashami yaco. Ariko igishitsi caco mukirekere mw’ivu, mukiboheshe imigozi y’icuma n’umujumpu. Umutima waco nuhindurwe ube uw’igikoko kandi hahere ibihe indwi. Abantu bose bazomenya ko Imana ari yo Mutware be n’uko uwo ishaka ari we iha ubukuru.’»
Yehova yarabwiye Daniyeli ico ivyo bintu vyasobanura. Daniyeli avyumvise, yaciye agira ubwoba. Yabwiye umwami ati: ‘Mwami, ese iyaba ivyo bintu vyoshikiye abansi bawe! Ariko bizoshikira wewe. Ico giti kinini batemye ni wewe. Uzova ku butegetsi kandi uzorya ivyatsi nk’ibikoko vyo mw’ishamba. Ariko rero, kubera ko umumarayika yavuze ngo igishitsi bakigumize mw’ivu, uzosubira kuba umwami.’
Haciye umwaka, Nebukadinezari yariko aragendagenda hejuru ku nzu yiwe araba ingene igihugu ca Babiloni ari ciza. Yaciye avuga ati: ‘Raba ingene iki gisagara nubatse ari ciza. Ndahambaye cane!’ Akiriko aravuga, yagiye yumva ijwi rivuye mw’ijuru rimubwira riti: ‘Nebukadinezari, uravuye ku butegetsi!’
Ako kanya nyene Nebukadinezari yaciye asara, acika nk’igikoko co mw’ishamba. Yarirukanywe i bwami aja kubana n’ibikoko mw’ishamba. Imishatsi yiwe yarakuze imera nk’amababa y’inkona, inzara ziwe na zo zimera nk’ivyara vy’ibisiga.
Haheze imyaka indwi, Nebukadinezari yarakize, Yehova aca arasubira kumugira umwami. Nebukadinezari yaciye avuga ati: ‘Yehova Imana yo mw’ijuru nashemezwe! Ubu ndamenye ko Yehova ari we Mutware aruta abandi bose. Aracisha bugufi abishira hejuru kandi uwo ashaka ni we aha ubukuru.’
«Imbere yo gusenyuka habanza ubwishime, kandi imbere yo gutsitara habanza ubwibone.»—Imigani 16:18
-
-
Indome ku ruhomeIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 63
Indome ku ruhome
Haciye igihe, Belushazari yarabaye umwami wa Babiloni. Umusi umwe mw’ijoro, yaratumiye ku musi mukuru abantu igihumbi bahambaye mu gihugu. Yategetse abakozi biwe kuzana ibikombe vy’inzahabu Nebukadinezari yari yakuye mu rusengero rwa Yehova. Belushazari n’abashitsi biwe baranywereye muri ivyo bikombe bongera barashemeza imana zabo. Bagiye babona ukuboko kuriko kurandika amajambo batazi ku ruhome rw’inzu barimwo.
Belushazari yaratinye cane. Yaciye ahamagara abapfumu biwe, abemerera ati: ‘Uwumbwira ico aya majambo asobanura, nzomugira uwa gatatu ahambaye mu gihugu ca Babiloni.’ Abo bapfumu baragerageje, ariko nta n’umwe yabishoboye. Umwamikazi yaciye yinjira, amubwira ati: ‘Hariho umugabo yitwa Daniyeli yahora asobanurira ibintu Nebukadinezari. Arashobora kugusigurira ayo majambo.’
Daniyeli yaciye yinjira aho umwami ari. Belushazari yamubwiye ati: ‘Niwashobora gusoma ayo majambo no kuyasobanura, ndaguha inzahabu yo kwambara mw’izosi kandi nzoca ndakugira uwa gatatu ahambaye muri Babiloni.’ Daniyeli yishuye ati: ‘Ivyo bintu nta vyo nkeneye ariko ndakubwira ico ayo majambo asobanura. So wawe Nebukadinezari yarishima kandi Yehova yaramucishije bugufi. Urazi ivyamushikiye vyose ariko wasuzuguye Yehova mu kunywera umuvinyu mu bikombe vy’inzahabu vyo mu rusengero rwiwe! Imana rero yanditse aya majambo ngo: Mene, Mene, Tekeli na Parisini. Asobanura ko Abamedi n’Abaperesi bazokwigarurira Babiloni, kandi ntuzobandanya kuba umwami.’
Vyasa n’uko ata n’umwe yari gushobora gutsinda Babiloni. Ico gisagara cari gikikujwe n’ibihome bininibinini be n’uruzi. Ariko muri iryo joro, Abamedi n’Abaperesi barahateye. Umwami w’Ubuperesi yitwa Kuro yarakatishije amazi ya rwa ruzi ku buryo abasoda biwe barucamwo n’amaguru gushika ku miryango y’ico gisagara. Basanze huguruye, baca barinjira barafata ico gisagara bongera barica n’umwami. Kuro yaciye aba umwami wa Babiloni.
Haciye umwaka, Kuro yamenyesheje ati: ‘Yehova yansavye gusubira kwubaka urusengero rwiwe ruri i Yeruzalemu. Umuntu wese ashaka gufasha muri ico gikorwa nagende.’ Nk’uko Yehova yari yarabisezeranye, Abayuda benshi barasubiye iwabo haciye imyaka 70 Yeruzalemu isambuwe. Kuro yararungitse ibikombe vy’inzahabu n’ifeza be n’ibindi bikoresho Nebukadinezari yari yarakuye mu rusengero. Urabona ingene Yehova yafashije abantu biwe abicishije kuri Kuro?
«Yatemvye! Babiloni Akomeye yatemvye, yacitse ikibanza c’amadayimoni.»—Ivyahishuwe 18:2
-