Amarabiro yo mu gatabu k’ikoraniro ry’Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu
5-11 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 17-20
«Umugabane w’abatwambura»
“Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si”
16 Ese ukuntu ayo mahinduka akora ku mutima! Bibiliya igereranya abantu bo mw’isi n’ikiyaga gisebagirika, kitagira amahoro. (Yes. 17:12; 57:20, 21; Ivyah. 13:1) Naho ibibazo vya politike bidurumbanya abantu, bikabacamwo imice kandi bigatuma haba ububisha butagira ishingiro, twebwe twigumanira amahoro n’ubumwe. Igihe rero Yehova yihweje iyi si yiciyemwo imice, ategerezwa kuba ahimbarwa cane no kubona ubumwe burangwa mu basavyi biwe.—Soma Zefaniya 3:17.
Tugume ata ho duhengamiye mw’isi yiciyemwo ibice
4 Aho tubaye hoshobora kuba hatarangwa uruhagarara mu vya politike, bigatuma ugusenga kw’ukuri gusa n’aho kutabangamiwe. Yamara rero, uko iherezo ry’isi ya Shetani ryegereza, twokwitega ko ikibazo co kutagira aho duhengamiye kizorushiriza gukomera. Isi yuzuye abantu “badashaka kwumvikana na gato” kandi b’“intumva,” ikaba rero izorushiriza kwicamwo ibice. (2 Tim. 3:3, 4) Mu bihugu bimwebimwe, abavukanyi bacu barahuye giturumbuka n’ibibazo bijanye no kutagira aho bahengamiye, kubera ko ivya politike vyahindutse bukwi na bukwi. Woba ubona igituma ubu ari ho dukwiye kurushiriza kwiyemeza kuguma ata ho duhengamiye? Hamwe tworindira ko dushikirwa n’ingorane, twoshobora kudohoka maze tugahemuka. None twokwitegura gute kugira tugume ata ho duhengamiye muri iyi si yiciyemwo ibice? Reka turimbure ibintu bine bizodufasha.
ip-1 198 ing. 20
Impanuro Yehova yahaye amahanga
20 None havuyemwo iki? Yesaya avuga ati: «Ku mugoroba hazoba hari ugucika ivutu. Imbere y’uko buca abansi ntibazoba bakiriho. Uwo ni wo mugabane w’abatwambura, ni yo mpembo y’abadusahura.» (Yesaya 17:14) Abantu benshi barasahura abasavyi ba Yehova, bakabafata nabi kandi ntibabubahe. Abakirisu b’ukuri ntibari mu madini nyamukuru yo kw’isi kandi nta n’ivyo bipfuza. Ivyo bituma vyoroha ko abandi babatyekeza kandi bakabarwanya. Ariko abasavyi b’Imana barazi neza ko buri ‘mu guca’ izo ngorane zose zikarangira.—2 Abatesalonika 1:6-9; 1 Petero 5:6-11.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 1
20:2-5—Yesaya yoba vy’ukuri yaramaze imyaka itatu yambaye ubusa? Bishoboka ko Yesaya yakuye umutamana wiwe gusa maze agenda yambaye mu buryo bubayabaye.
12-18 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 21-23
Ivyo twigira ku vyashikiye Shebuna
Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda
7 Kugira ngo dutahure akamaro ko gutozwa indero, nimuze turimbure uturorero tw’abantu babiri Yehova yatoje indero: Shebuna, uwabayeho mu gihe c’Umwami Hezekiya be na Graham, umuvukanyi wo muri iki gihe cacu. Kubera ko Shebuna yari umusuku “ahagarikiye inzu,” iyishobora kuba yari iya Hezekiya, yari umuntu ahambaye. (Yes. 22:15) Ariko ikibabaje, yaragize ubwibone mu kwironderera ubuninahazwa. Mbere yariteguriye imva izimvye cane, agendera no ku “mikogote y’ubuninahazwa”!—Yes. 22:16-18.
8 Kubera ko Shebuna yarondeye kwininahaza, Imana ‘yaramukuye ku giti ciwe c’ubukuru’ imusubiriza Eliyakimu. (Yes. 22:19-21) Ivyo vyabaye igihe Senakeribu umwami wa Ashuri yariko arondera gutera Yeruzalemu. Gatoyi inyuma y’aho, uwo mwami yararungitse i Yeruzalemu abanyacubahiro biwe bari kumwe n’ingabo nyinshi, kugira bace intege Abayuda bongere batere ubwoba Hezekiya ngo yishikane. (2 Abm. 18:17-25) Eliyakimu yararungitswe kuvugana na bo ariko ntiyari wenyene. Yari aherekejwe n’abandi babiri umwe muri bo akaba yari Shebuna ico gihe akaba yari asigaye ari umunyamabanga. None ivyo ntivyerekana ko Shebuna atagize umujinya n’inzika mugabo ko yemeye yicishije bugufi amabanga ari munsi y’ayo yahorana? Nimba ari ukwo biri, ni ivyigwa ibihe twokwigira kuri iyo nkuru? Reka twihweze bitatu.
9 Ica mbere, Shebuna yaratakaje ikibanza yarimwo. Ivyamushikiye bitwibutsa ko “ubwishime buza imbere yo gusenyuka, umutima wibona na wo imbere yo gutsitara.” (Imig. 16:18) Nimba ufise amabanga mw’ishengero atuma kumbure umenyekana, woba uzogerageza kuguma wicishije bugufi? Woba uzokwerekana ko ububangukirwe bwose ufise canke ivyo ushobora kurangura ubikesha Yehova? (1 Kor. 4:7) Intumwa Paulo yanditse ati: “Mbwira umuntu wese hiyo muri mwebwe kutiyumvira ko ahambaye kuruta uko abwirizwa kwiyumvira; ahubwo ndamubwira kwiyumvira ku buryo agira umuzirikanyi uroranye.”—Rom. 12:3.
Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda
10 Ica kabiri, impanuro ikomeye Yehova yahaye Shebuna ishobora kuba yerekana ko yari yizigiye yuko Shebuna azokwikubita agashi. (Imig. 3:11, 12) Ese ukuntu ari icigwa ciza ku batakaza uduteka mw’ishengero muri kino gihe! Aho gushavura no kubika inzika, boshobora kubandanya basukurira Imana uko bashoboye kwose bivanye n’uko ivyabo vyifashe, bakabona ko gutozwa indero ari ikimenyamenya c’uko Yehova abakunda. Niwibuke ko Umuvyeyi wacu aguma adufiseko icizigiro, nimba twicisha bugufi imbere yiwe. (Soma 1 Petero 5:6, 7.) Indero Imana idutoza ibigiranye urukundo yoshobora kuba uburyo ikoresha mu kutubumbabumba. Nimuze rero tube ibumba ryoroshe mu maboko yayo.
Gutozwa indero ni icerekana ko Imana idukunda
11 Ica gatatu, uburyo Yehova yatoje indero Shebuna buratanga icigwa gihambaye ku bafise ibanga ryo gutoza indero abandi, aho twovuga nk’abavyeyi n’abacungezi bakirisu. Uti icigwa ikihe? Naho indero Yehova atanga yerekana ko yanka igicumuro, irerekana kandi ko ababaye uwo mucumuzi. Nimba uri umuvyeyi canke umucungezi ukaba ubwirizwa gutoza indero, woba uzokwigana Yehova mu kwanka ikibi ariko ukaguma ubona ivyiza mu mwana wawe canke uwo musangiye ukwizera?—Yuda 22, 23.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Ibikurubikuru vyo mu gitabu ca Yesaya—Igice ca 1
21:1—Ni intara iyihe yitwa “ubugaragwa buri ku kiyaga”? Naho nyene Babiloni itari iruhande y’ikiyaga na kimwe kibaho vy’ukuri, iravugwa muri ubwo buryo. Ivugwa gutyo kubera ko ku mwaka ku mwaka, iyo Uruzi Efurate n’Uruzi Tigiri zuzuye, amazi yazo yaca asendanisha muri iyo ntara, agaca atuma haba ikidengeri kinini kimeze nk’ikiyaga.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Nohitamwo gute umuntu yombera akarorero keza?
“Igihe naba nagize ingorane kw’ishure, naca niyumvira umuntu nemera yagize ingorane zisa na zo kandi ivyo vyaramfasha. Naca ngerageza kumwigana. Kugira umuntu nigana vyaratumye noroherwa kwihanganira ibintu bigoye.”—Haley.
Kugira umuntu wigana birashobora kugukingira ingorane bikagufasha no gushika ku migambi yawe. Igihambaye ni uguhitamwo umuntu yokubera akarorero keza.
Kubera iki wokwitonda mu guhitamwo uwokubera akarorero?
● Abo uhitamwo baragira ingaruka ku vyo ukora.
Bibiliya ihimiriza abakirisu kwihweza abantu b’intangakarorero. Ivuga iti: “Uko mwitegereza ico ingeso zabo zivamwo, mwigane ukwizera kwabo.”—Abaheburayo 13:7.
Impanuro: Abo uhitamwo kwigana bazotuma umera neza canke nabi. Rero, nucagure abafise kamere nzizanziza, atari gusa abantu bakundwa na benshi canke abo mugomba kunganya imyaka.
“Narigiye vyinshi ku mukirisu mugenzanje yitwa Adam, haba ku gatima yagaragaza no ku kuntu yigenza. Biratangaje kubona ncibuka neza ibintu bimwebimwe yavuze be n’ivyo yakoze. Ntazi ko namwigiyeko vyinshi.”—Colin.
● Abo uhitamwo baragira ingaruka ku vyo wiyumvira no ku kuntu wiyumva.
Bibiliya ivuga iti: “Ntimuzimire. Kwifatanya n’ababi kwonona ingeso nziza.”—1 Abakorinto 15:33.
Impanuro: Nuhitemwo umuntu afise kamere nziza, nturabe gusa ubwiza bwo ku mubiri. Atari uko, nta kindi wohanoba atari ugucika intege.
“Igihe wama wigereranya n’abantu ba rurangiranwa, bituma wumva ko ata co umaze be n’uko uri mubi. Ivyo vyoshobora gutuma urazwa ishinga cane n’ukuntu usa.”—Tamara.
Zirikana kuri iki kintu: Ni ingorane izihe wogira nka hamwe wohitamwo kwigana abantu ba rurangiranwa canke abanonotsi?
● Abo uhitamwo barashobora gutuma ushika ku migambi yawe canke utayishikako.
Bibiliya ivuga iti: “Uwugendana n’inkerebutsi azocika inkerebutsi.”—Imigani 13:20.
Impanuro: Nuhitemwo abantu bafise kamere wipfuza kugira. Igihe ubihweza woshobora kubona intambwe ukeneye gutera kugira ushike ku mugambi wawe.
“Aho kwishingira umugambi udatomoye nk’uyu ngo ‘Nshaka kurushiriza kwitaho ibintu,’ ushobora riho kuvuga ngo ‘Nshaka kurushiriza kwitaho ibintu nka Jane. Ntiyigera acerwa kandi arafatana uburemere ibikorwa ajejwe.’”—Miriam.
Iciyumviro nyamukuru: Kugira ngo ube umuntu ushaka kuba, utegerezwa guhitamwo abantu bokubera akarorero keza.
Womuhitamwo gute?
Mu guhitamwo umuntu yokubera akarorero keza, woshobora gukoresha bumwe muri ubu buryo:
1. Urashobora guhitamwo kamere ushaka gutsimbataza hama ugaca uhitamwo umuntu wemera afise iyo kamere.
2. Urashobora guhitamwo umuntu wemera hama ugaca uhitamwo kamere afise wipfuza gutsimbataza.
Umwimenyerezo uri kumwe n’iki kiganiro urashobora kugufasha muri ivyo.
Mu bo wohitamwo harimwo:
Abo mu runganwe rwawe. “Umugenzi wanje somambike ni umuntu nipfuza kwigana. Yama arondera umwanya wo kwitwararika abandi. Ndamurusha imyaka, ariko arafise kamere nziza jewe ntafise, kandi bituma nipfuza kumwigana.”—Miriam.
Abakuze. Abo boshobora kuba ari abavyeyi bawe canke abo musangiye ukwemera. “Abavyeyi banje bompi barambera akarorero keza. Bafise kamere nziza cane. Ndabona utunenge twabo ariko kandi ndabona ko baguma ari intahemuka naho bafise utwo tunenge. Ninangana na bo, nipfuza ko nanje novugwa gutyo nyene.”—Annette.
Abantu bavugwa muri Bibiliya. “Narahisemwo abantu benshi bo muri Bibiliya nokwigana: Timoteyo, Rusi, Yobu, Petero na ka Kisirayelikazi kandi umwe wese hari icatumye ndamushima. Uko ndushiriza kwiga abantu bavugwa muri Bibiliya ni ko ndushiriza kubona ko babayeho koko. Nararyohewe cane no kwiga inkuru zabo mu gitabu Niwigane ukwizera kwabo no mu gice kivuga ngo ‘Ahari uturorero wokwigana’ kiri muri vya bitabu bibiri Ibibazo urwaruka rwibaza—Inyishu ngirakamaro.”—Melinda.
Impanuro: Nturondere umuntu umwe gusa wokwigana. Intumwa Paulo yabwiye abakirisu bagenziwe ati: “Mugumize ijisho ku bagenda bisunga akarorero twabahaye.”—Abafilipi 3:17.
Wari ubizi? Urashobora kubera abandi akarorero keza. Bibiliya ivuga iti: “Nubere akarorero abizigirwa mu mvugo, mu ngeso, mu rukundo, mu kwizera, mu kutandura.”—1 Timoteyo 4:12.
“Woshobora kuba uriko uraryohora zimwe muri kamere zawe, ariko kandi ugafasha abandi kugira baryohore kamere zabo. Ntuba uzi abariko barakwihweza kandi ntuba uzi ukuntu ivyo uvuga bishobora guhindura ubuzima bw’umuntu.”—Kiana.
Ivyo urunganwe rwawe ruvuga
“Abantu benshi ba rurangiranwa usanga bafata nabi umubiri Yehova yabahaye. Kwigana abantu nk’abo vyotugirira nabi kandi vyoshobora gutuma tutaba tukibona neza ibijanye n’inyifato runtu.”—Emma.
“Kugira umuntu w’intangakarorero wigana birashobora kugufasha kuroranirwa. Woshobora guhitamwo kwumva ubanje kwibonerako canke ukarabira ku wundi muntu kugira umenye neza ico wokora.”—Justine.
“Vyoshobora kuba ngombwa ko urondera abantu b’intangakarorero wokwigana. Ivyo bisaba ko ugerageza kubamenya kandi ukagerageza kugiranira ubugenzi na bo. Woshobora gusanga ubaronse mu bantu utari witeze.”—Micah.
19-25 NZERO
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 24-27
«Iyi ni yo Mana yacu»
«Raba! Iyi ni yo Mana yacu»
21 Woba umaze kubona akana gatoya gatunga urutoke se wako kakamwereka abagenzi bako maze ataco kinona, kakavugana umunezero kandi kihaya gati: «Urya ni papa»? Abasavyi b’Imana barafise imvo yumvikana yo kwiyumva nk’ukwo ku vyerekeye Yehova. Bibiliya iravuga igihe abantu b’abizigirwa bazovuga n’ijwi rirenga bati: «Raba! Iyi ni yo Mana yacu.» (Yesaya 25:8, 9) Uko uzorushiriza kumenya kamere za Yehova, ni ko uzoza urarushiriza kwumva yuko ufise Umuvyeyi mwiza aruta abandi bose.
Ivyo twigira ku gitangaro Yezu yakoze c’imikate
14 Igihe Yezu yatwigisha gusenga dusaba «ivyo kurya dukeneye uyu musi», yaranavuze ko dukwiye gusenga dusaba ko ivyo Imana igomba vyokorwa «kw’isi nko mw’ijuru.» (Mat. 6:9-11) Wibaza ko ico gihe ibintu bizoba bimeze gute? Bibiliya yerekana ko mu vyo Imana igomba ng’aha kw’isi harimwo no kuturonsa ibifungurwa vyiza. Nk’uko muri Yesaya 25:6-8 havyerekana, igihe Ubwami bw’Imana buzoba buganza, hazoba hari ibifungurwa vyinshi kandi vyiza. Zaburi 72:16 havuga hati: «Hazobaho ibifungurwa vyinshi kw’isi, habe umusesekara kw’isonga ry’imisozi.» Woba ushashaye kuzoteka ibifungurwa ukunda canke ivyo utari bwigere uteka? Ikigeretseko, uzotera imirima y’imizabibu wirire ivyamwa vyayo. (Yes. 65:21, 22) Emwe, ababa kw’isi bose bazokwinovora ivyo vyiza!
Ivyiza twironkera kubera Yehova adukunda
11 Iyumvire ukuntu ubuzima buzoba bumeze mw’Iparadizo! Ntuzohagarika umutima kubera indwara canke urupfu. (Yes. 25:8; 33:24) Yehova azoguha ibintu vyiza vyose wipfuza. Ni ibiki wipfuza kuzokwiga? Vyoba ari ibijanye n’ibikoko? Ibigendajuru? Gucuraranga? Canke gucapa? Nta nkeka ko mw’Iparadizo tuzokenera abatunganya imigero, abubatsi, abarimyi n’aborozi. Hazoba hakenewe n’abitwararika ibintu nko gutegura ibifungurwa, guhingura ibikoresho no kwitwararika ubusitani. (Yes. 35:1; 65:21) Kubera ko tuzobaho ibihe bidahera tuzoba dufise umwanya wo kwiga ikintu cose twipfuza.
12 Ese ingene bizoba bihimbaye kwakira abazutse! (Ivyak. 24:15) Iyumvire kandi umunezero uzogira igihe uzoba uriko uriga n’ibindi ku vyerekeye Yehova mu kwihweza ibintu vyinshi yaremye. (Zab. 104:24; Yes. 11:9) N’ikiruta vyose, bizoba bihimbaye cane gusenga Yehova ata kintu na kimwe gituma twiyagiriza. Wumva none wohitamwo «kunezererwa igicumuro akanya gato» ugahomba ivyo vyiza vyose? (Heb. 11:25) Oya nawe nu! Umuntu ntiyoba ahomvye yemeye kugira ivyo ahevye ubu kugira azoronke ivyo vyiza. Uribuka ko kubaho mw’isi izoba yahindutse Iparadizo atari ikintu tuzokwama turindiriye. Bizoteba biranguke. Nta na kimwe muri ivyo vyose coshobotse iyo Yehova atadukunda cane ku buryo yemera gutanga Umwana wiwe.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Yehova arazi neza amarira yawe
18 Amajambo Yehova yabwiye Hezekiya yaramuremesheje cane. Na twebwe Ijambo ry’Imana rirashobora kuturemesha. Yehova yarandikishije muri Bibiliya amajambo ashobora kuduhumuriza igihe turi mu bihe bitoroshe. (Rom. 15:4) Igihe mushiki wacu umwe wo muri Afrika yo mu burengero bamutora indwara ya kanseri, yaguma arira kenshi. Avuga ati: «Kimwe mu vyanditswe vyandemesheje cane ni Yesaya 26:3. Naho ingorane zidushikira usanga kenshi tudashobora kuzitorera umuti, ico canditswe caranyeretse ko Yehova ashobora kuduha amahoro yo mu mutima adufasha kwihanganira ingorane zidushikira.» Hoba hari icanditswe nawe cakuremesheje cane igihe wari mu bihe bitoroshe, kumbure ata n’icizere ugifise?
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Kubera iki Yezu yitwa Umwana w’Imana?
Inyishu Bibiliya itanga
Bibiliya ikunze kwita Yezu “Umwana w’Imana.” (Yohani 1:49) Imvugo “Umwana w’Imana” yerekana ko Imana ari yo Muremyi, ni ukuvuga ko ari yo Soko ry’ubuzima bwose, harimwo n’ubwa Yezu. (Zaburi 36:9; Ivyahishuwe 4:11) Bibiliya ntiyigisha ko Imana yavyaye Yezu nka kurya abantu bavyara.
Abamarayika na bo nyene Bibiliya ibita “abana b’Imana y’ukuri.” (Yobu 1:6) Bibiliya kandi ivuga ko wa muntu wa mbere Adamu yari “umwana w’Imana.” (Luka 3:38) Ariko rero, kubera ko Yezu ari we Imana yatanguriyeko kurema akaba ari na we wenyene Imana yiremeye ata wundi biciyeko, Bibiliya yerekana ko ari we Mwana w’Imana aruta abandi bose.
Yezu yoba yarabaye mw’ijuru imbere y’uko avukira kw’isi?
Ego. Imbere y’uko Yezu avukira kw’isi, yari ikiremwa c’impwemu mw’ijuru. We ubwiwe yivugiye ati: “Namanutse mva mw’ijuru.”—Yohani 6:38; 8:23.
Imana yaremye Yezu imbere y’uko irema ikindi kintu na kimwe. Ku bijanye na Yezu, Bibiliya ivuga iti:
● “Ni . . . imfura mu biremwa vyose.”—Abakolosayi 1:15.
● Ni “intango y’ivyaremwe n’Imana.”—Ivyahishuwe 3:14.
Yezu yarashikije ubuhanuzi bwerekeye umwe “amamo yiwe . . . ari ayo kuva mu bihe vya kera, kuva mu misi ya kera.”—Mika 5:2; Matayo 2:4-6.
Yezu ataraza kw’isi yakora iki?
Yari afise ikibanza kininahaye mw’ijuru. Yezu yaravuze ivyerekeye ico kibanza igihe yasenga ati: “Data, [nuninaharishe] bwa buninahazwa nari mfise ndi kumwe nawe imbere y’uko isi ibaho.”—Yohani 17:5.
Yarafashije Se kurema ibindi bintu vyose. Yezu yarakoranye n’Imana ari “umukozi w’umuhanga.” (Imigani 8:30) Ku vyerekeye Yezu, Bibiliya ivuga iti: “Biciye kuri we [ni] ho ibindi bintu vyose vyaremwe mw’ijuru no kw’isi.”—Abakolosayi 1:16.
Imana yakoresheje Yezu mu kurema ibindi bintu vyose. Muri ivyo harimwo abamarayika hamwe n’isi n’ijuru. (Ivyahishuwe 5:11) Mu buryo bunaka, ukuntu Imana na Yezu bakoranye twobigereranya n’ukuntu umu enjeniyeri akorana n’umwubatsi. Umu enjeniyeri aracapa imigero, umwubatsi na we agaca yubaka yisunze iyo migero.
Yari Jambo. Iyo Bibiliya iriko iravuga ivyerekeye Yezu imbere y’uko aba umuntu, imwita “Jambo.” (Yohani 1:1) Nta gukeka ko ivyo bisigura ko Imana yakoresha uwo Mwana wayo kugira ihe amakuru n’ubuyobozi abandi bamarayika.
Yezu kandi ashobora kuba ari we Imana yakoresha mu gushikiriza ubutumwa abantu. Imana ishobora kuba yabicishije kuri Yezu igihe yaha ubuyobozi Adamu na Eva mw’itongo rya Edeni. (Itanguriro 2:16, 17) Yezu ashobora kuba ari wa mumarayika yayobora Abisirayeli mu bugaragwa, akaba ari na we bategerezwa kugamburuka ijwi ryiwe.—Kuvayo 23:20-23.
26 NZERO–1 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 28-29
Nutere iteka Yehova mu vyo uvuga no mu vyo ukora
ip-1 299 ing. 23
Yesaya avuga ‘igikorwa gitangaje’ ca Yehova
23 Abakuru b’idini bo mu Buyuda bavuga ko bazi Ijambo ry’Imana, ariko bari barahevye Yehova. Aho kwigisha abantu Ijambo ry’Imana, babigisha ivyiyumviro vyabo bigoramye bijanye n’ikibereye n’ikitabereye kugira bashigikire ibikorwa vyabo bitaranga ukwizera kandi vy’ubuhumbu. Ivyo vyaca bituma abantu bakora ibintu Imana idashima. Yehova yokoze «ibintu vy’agatangaza», akagira ico ababaza kubera ubwo bwiyorobetsi bwabo. Avuga ati: «Aba bantu bansengesha akarimi gusa, bakanyubahisha iminwa yabo. Mugabo umutima wabo uri kure yanje rwose, kandi ukuntinya kwabo gushingiye ku mabwirizwa bigishijwe yavuye ku bantu. Ni co gituma nzosubira gukorera aba bantu ibintu vy’agatangaza, igitangaza gikurikirwe n’ikindi. Ubukerebutsi bw’inkerebutsi zabo buzohera, n’ugutegera kw’abanyabwenge babo kunyike.» (Yesaya 29:13, 14) Ubukerebutsi bwabo bw’uruhendo bwararangiye igihe Yehova yareka inganji nganzasi ya Babiloni igakuraho ukwo gusenga kwose kw’ikinyoma. Ikintu nk’ico nyene carabaye mu kinjana ca mbere igihe abakuru b’idini ry’Abayuda bigira incabwenge batuma iryo hanga rita Yehova. Ivyo nyene ni vyo bizoshikira abakirisu b’ikinyoma bo muri iki gihe.—Matayo 15:8, 9; Abaroma 11:8.
Nta na kimwe coshobora gutsitaza umugororotsi
7 Yezu abigiranye umutima rugabo, yariyamirije imigenzo yashizweho n’indongozi z’idini zo mu gihe ciwe ziyorobeka. Nk’akarorero, yariyamirije ubwiyorobetsi bw’Abafarizayo, abarazwa ishinga cane n’ukuntu bakaraba iminwe kuruta uko bitwararika abavyeyi babo. (Mat. 15:1-11) Abigishwa ba Yezu bashobora kuba baratangajwe n’ivyo yavuze. Nkako bamubajije bati: “Mbega urazi ko Abafarizayo batsitaye bumvise ivyo uvuze?” Na we yabishuye ati: “Igiterwa cose Dawe wo mw’ijuru atateye kizorandurwa. Bareke. Ni indongozi zihumye. Iyo rero impumyi irongoye iyindi mpumyi, zompi zigwa mu cobo.” (Mat. 15:12-14) Yezu ntiyaretse kuvuga ukuri ngo ni uko kwari kubabaza izo ndongozi z’idini.
Nube umushitsi wa Yehova ibihe bidahera
8 ‘Abavuga ukuri mu mutima wabo’ ntiberekana ko bagamburuka igihe bari mu bandi ariko igihe bari bonyene bagaca barenga ku mategeko y’Imana. (Yes. 29:13) Baririnda amanyanga. Umuntu w’umunyamanyanga yoshobora gutangura kwiyumvira ko amategeko ya Yehova yose atagororotse. (Yak. 1:5-8) Yoshobora kugambararira Yehova mu bintu we abona ko bidahambaye. Maze igihe abonye ko ata ngaruka n’imwe imushikiye kubera ukwo kugambarara, yoshobora no guca atangura kurenga ku yandi mategeko y’Imana. Ivyo vyotuma Yehova atemera ugusenga kwiwe naho yoba yiyumvira ko ariko aramukorera. (Umus. 8:11) Twipfuza rero kwigenza mu buryo bugororotse muri vyose.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Ariël» ing. 1; it «Ariël» No. 3
Ariyeli
(Arʹi·el) [Iziko ry’igicaniro ry’Imana; canke Intambwe y’Imana].
3. Ni izina ry’ikigereranyo ryahawe Yeruzalemu muri Yesaya 29:1, 2, 7. I Yeruzalemu ni ho hari urusengero rw’Imana, kuri urwo rusengero hakaba hariho igicaniro c’ibimazi. Rero ico gisagara ni nk’aho cari iziko ry’igicaniro ry’Imana. Vyari vyitezwe kandi ko muri ico gisagara ari ho haba intimatima y’ugusenga kw’ukuri. Ariko ubutumwa buri muri Yesaya 29:1-4 burateye akoba. Buvuga ingene Yeruzalemu yosanganguwe n’Abanyababiloni mu 607 imbere ya Kristu. Ico gihe Yeruzalemu yocitse «iziko ry’igicaniro» mu bundi buryo: ico gisagara cokwuzuye amaraso kandi kigaturirwa. Cokwuzuye ibiziga vy’abahitanywe n’ico gitero. Icotumye ivyo vyose bishika kiraboneka kuva ku murongo wa 9 gushika ku wa 16. Ariko muri Yesaya 29:7, 8 herekana ko amahanga yoteye Yeruzalemu atoshitse ku ntumbero yayo.
2-8 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 30-32
Nuhungire mu mababa ya Yehova
w01 1/12 14 ing. 7
Yehova ni we Buhungiro bwacu
7 Kubera yuko Yehova ari we buhungiro bwacu, turahumurizwa n’aya majambo agira iti: “Izokubundikira mu moya yayo, kand’uzohungira musi y’ivyubi vyayo; ukuri kwayo n’inkinzo n’[“igihome gikingira,” “NW”].” (Zaburi 91:4) Imana iradukingira, nka kurya nyene inyoni y’imvyeyi ihungiriza hejuru y’ivyana vyayo mu kubikingira. (Yesaya 31:5) ‘Iratubundikira mu moya yayo.’ Mu mvugo yagutse, bavuze “amoya” y’inyoni baba bashaka kuvuga amababa yayo. Inyoni irayakoresha mu gupfuka ivyana vyayo, ikabikingira ibikoko bibihiga. Nka kurya kw’ivyana bikiberagurwa, turatekaniwe twibereye munsi y’amoya y’ikigereranyo ya Yehova, kubera ko twahungiye mw’ishirahamwe nyakuri ryiwe rya gikirisu.—Rusi 2:12; Zaburi 5:1, 11.
Yehova azokuba hafi mu bihe bitoroshe
13 Ico twokora. Nurwanye icipfuzo co kwigunga. Igihe umuntu yigungiye ukwiwe, akenshi aca agumiza umutima ku bimwerekeye gusa no ku ngorane ziba ziriko ziramushikira. Ivyo vyoshobora gutuma afata ingingo zitabereye. (Imig. 18:1) Ego ni ko twese turakenera akanya ko kuguma turi twenyene, canecane igihe twashikiwe n’ibintu bitesha umutwe. Ariko rero hamwe twomara igihe kirekire twigungiye ukwacu, twoshobora gusanga twitesheje akanya ko gufashwa na Yehova biciye ku bandi bantu. Naho mu kiringo nk’ico usanga bigoye, niwemere gufashwa n’abagize umuryango wawe, abagenzi be n’abakurambere. Nubone ko ari bo nyene Yehova ariko arakoresha mu kugushigikira.—Imig. 17:17; Yes. 32:1, 2.
“Yehova azogukomeza”
19 Wokomeza gute icizigiro cawe? Nimba nk’akarorero ufise icizigiro co kuba kw’isi ibihe bidahera, nusome ibijanye n’ukuntu Bibiliya idondora iparadizo wongere ubizirikaneko. (Yes. 25:8; 32:16-18) Niwiyumvire ingene ubuzima buzoba bumeze mw’isi nshasha. Niwihe ishusho ari yo uri. Ubona ba nde? Ni ibiki wumva? Wiyumva gute? Kugira ubibone neza mu bwenge, nurabe amashusho ari mu bitabu vyacu yerekana iparadizo canke urabe ividewo y’umuziki, nk’iyivuga ngo Ya si nshasha yimirije, Isi nshasha iri hafi, canke iyivuga ngo Niwiyumvire ico gihe. Igihe tugumije mu bwenge icizigiro cacu cerekeye isi nshasha, ingorane zacu zica ziba iz’“akanya gato kandi zigahwahuka.” (2 Kor. 4:17) Yehova azogukomeza biciye ku cizigiro yaguhaye.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Pain» ing. 8
Umukate
Ingene iryo jambo rikoreshwa mu buryo bw’ikigereranyo. Muri Bibiliya ijambo «umukate» ryerekeza ku bintu bitandukanye. Nk’akarorero, Yosuwa na Kalebu babwiye Abisirayeli ko abantu b’i Kanani bari ‘umukate kuri bo’, bikaba biboneka ko bashaka kuvuga ko bobatsinze bitagoranye kandi ko iyo ntsinzi yokomeje Abisirayeli. (Gh 14:9, akajambo k’epfo.) Muri Zaburi 80:5 havuga ko Yehova, Umwungere w’Abisirayeli «[a]bagaburira amosozi mu kibanza c’ibifungurwa.» Biboneka ko hashaka kwerekeza ku ntuntu nyinshi yoshikiye Abisirayeli kubera bagambarariye Imana. Yehova kandi avugwa ko aha abasavyi biwe «umukate w’amarushwa n’amazi y’agacinyizo.» Biboneka ko ivyo vyerekeza ku ngorane zobashikiye igihe bobaye bugarijwe n’abansi, bakaba botevye bakazimenyera nka kurya nyene umukate n’amazi ari ibintu bimenyerewe.—Yes 30:20.
9-15 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 33-35
«Ni we atuma wiberaho utekanye»
Yehova azokuba hafi mu bihe bitoroshe
7 Ingorane. Igihe dushikiwe n’ikintu kibabaza, usanga tutaba tuciyumvira canke ngo dukore ibintu nk’uko twari dusanzwe tubigira. Twoshobora guhungabana mu bwenge tukamera nk’ubwato buzungazungishwa n’umuyaga. Wa mushiki wacu Ana, avuga yuko yahungabanye cane igihe umugabo wiwe Luis yapfa. Agira ati: «Igihe naba nihebuye, naca ntangura kwiganyira. Naranashavura kubona atakiriho.» Vyongeye, Ana yarumva ko ari inyakamwe akongera agata umutwe no kubona ari we yategerezwa gufata ingingo zijanye n’ibintu umugabo wiwe Luis yahora yitwararika. Vyarashika akumva ameze nk’ubwato bwugarijwe n’igihuhusi mu kiyaga. None Yehova adufasha gute igihe dutanguye kwumva ko turengewe gutyo?
8 Ico Yehova akora. Araduhumuriza ko azodufasha gutekana. (Soma Yesaya 33:6.) Igihe ubwato buhuye n’igihuhusi, bwoshobora gutangura kuzungazunga bimwe biteye ubwoba. Mu gutunganya iyo ngorane, usanga amato menshi ariko utuntu tumeze nk’amababa ku gice co munsi. Utwo tuntu turatuma butazungazunga birenze, ivyo bigatuma ababurimwo bagira urugendo badahagaritse umutima. Ariko rero utwo tuntu tumeze nk’amababa, tugira ico dufashije ubwato igihe buriko buragenda. Iyo natwe rero turi mu ngorane, Yehova aradufasha gutekana igihe tuguma tumukorera tudahemuka.
Ingene twogumana umunezero mu ngorane
10 Ico wokora: Nusabe Yehova ubukerebutsi. Nimba twipfuza kwihanganira ibigeragezo tunezerewe, dutegerezwa kubanza gusenga Yehova tumusaba ubukerebutsi dukeneye, kugira dufate ingingo nziza. (Soma Yakobo 1:5.) None dukwiye kuvyakira gute igihe tubonye ko Yehova adaciye yishura amasengesho yacu? Yakobo avuga ko dukwiye ‘kuguma dusaba’ Imana. Yehova ntabona ko tuba tumugoye igihe tuguma tumusaba ubukerebutsi. Ntadushavurira. Umuvyeyi wacu wo mw’ijuru ‘aratanga cane’ igihe tumusenze tumusaba ubukerebutsi bwodufasha kwihanganira ibigeragezo bidushikira. (Zab. 25:12, 13) Arabona ibigeragezo turimwo, akatugirira impuhwe, kandi arashashaye kudufasha. Emwe, ivyo biratuma tunezerwa! None Yehova aduha ubukerebutsi gute?
11 Yehova aturonsa ubukerebutsi biciye kw’Ijambo ryiwe. (Imig. 2:6) Kugira rero tuburonke, dutegerezwa kwiga Ijambo ry’Imana be n’ibitabu vyacu bishingiye kuri Bibiliya. Ariko rero turakwiye gukora n’ibindi uretse kwiga gusa. Turakwiye kubaho twisunga ubukerebutsi bw’Imana mu gukurikiza impanuro iduha. Yakobo yanditse ati: “Mube abashira mu ngiro rya jambo, atari abumva gusa.” (Yak. 1:22) Iyo dushize mu ngiro impanuro Imana iduha, turarushiriza kuba abanyamahoro, abakora ibitegereka be n’abanyembabazi. (Yak. 3:17) Izo kamere ziradufasha kwihanganira ikigeragezo ico ari co cose, kandi tukaguma tunezerewe.
ip-1 352-355 ing. 21-22
«Nta wuhaba azovuga ngo: “Ndarwaye.”»
21 Ariko rero ubwo buhanuzi bwo muri Yesaya buriko buraranguka no muri iki gihe. Abasavyi ba Yehova muri kino gihe bariko barakira mu kuvavanura n’inyigisho z’ikinyoma nk’iy’ubutatu, umuriro udahera n’iyivuga ko umuntu adapfa ngo ahere. Barigishwa ibijanye n’inyifato runtu, bigatuma birinda ubuhumbu kandi bagashobora gufata ingingo nziza. Vyongeye, babikesheje incungu Yezu yatanze baragiranira ubucuti bwiza n’Imana, bakagira n’ijwi ryiza ryo mu mutima. (Abakolosayi 1:13, 14; 1 Petero 2:24; 1 Yohani 4:10) Ivyo birabagirira akamaro no ku mubiri. Nk’akarorero, kuba bataja mu buhumbu canke ngo banywe itabi biratuma batandura indwara zandukira biciye mu bihimba vy’irondoka canke kanseri zimwezimwe.—1 Abakorinto 6:18; 2 Abakorinto 7:1.
22 Ariko rero, amajambo yo muri Yesaya 33:24 azoranguka mu buryo bwagutse mw’isi nshasha. Igihe tuzoba dutwarwa n’Ubwami bw’Imana, nta ndwara n’imwe izoba ikihari. (Ivyahishuwe 21:3, 4) Igihe Yezu yari ng’aha kw’isi yarahumuye impumyi, arazibura abatumva, arakiza n’abacumbagira. Isi ya Shetani niyakurwaho, nta ndwara canke ubumuga bizoba bikiriho. (Yesaya 35:5, 6) Ivyo bizotuma abazoba barokotse ya makuba akomeye bose bashobora kugira uruhara mu gikorwa kinini cane co guhindura isi ikaba iparadizo.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
Nugume ugendera muri ya “Nzira y’Ubweranda”
8 Hari abokwibaza bati: ‘Naho ivyo bintu vyabaye ku Bayuda ico gihe bishimishije, vyoba bitwerekeye muri iki gihe?’ Ego cane, kubera ko hari ukuntu na twebwe turiko tugendera muri iyo “Nzira y’Ubweranda.” Twaba turi abo mu barobanuwe canke abo mu “zindi ntama,” turakwiye kuguma muri iyo “Nzira y’Ubweranda” iriko iducisha mw’iparadizo yo mu buryo bw’impwemu, tugana ku mihezagiro y’Ubwami yimirije. (Yoh. 10:16) Kuva mu 1919, abagabo n’abagore be n’abana amamiliyoni, baravuye muri Babiloni Akomeye, ya nganji y’isi yose y’idini ry’ikinyoma, maze batangura guca muri iyo nzira y’ikigereranyo. Birashoboka ko nawe uri muri bo. Naho haheze nk’imyaka 100 iyo nzira yuguruye, igikorwa co kuyitegura coco catanguye imyaka amajana imbere y’aho.
16-22 RUHUHUMA
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 36-37
«Ntutinye kubera amajambo wumvise»
it «Hizqiya» No. 1 ing. 14
Hezekiya
Senakeribu ntiyashoboye kwigarura Yeruzalemu. Senakeribu yarafashe ingingo yo gutera Yeruzalemu nk’uko nyene Hezekiya yari avyiteze. Igihe Senakeribu n’ingabo ziwe bari bugarije igisagara gikomeye ca Lakishi, yararungitse bamwe mu ngabo ziwe bari kumwe n’abakuru mu vya gisirikare kugira baje gusaba abantu b’i Yeruzalemu ngo bishikane. Umuvugizi w’uwo mugwi yari Rabushake (iryo ntiryari izina ryiwe, ahubwo ryari ipete yari afise), akaba yaravuga neza igiheburayo. Yaracokoye n’ijwi rirenga Hezekiya na Yehova, avuga yiyemera ko Yehova atoshobora kurokora Yeruzalemu nk’uko nyene n’imana z’ayandi mahanga zitashoboye gukingira ibihugu vyayo ngo ntibifatwe n’umwami wa Ashuri.—2Bm 18:13-35; 2Ng 32:9-15; Yes 36:2-20.
ip-1 387 ing. 10
Umwami yarahezagiwe kubera ukwizera kwiwe
10 Rabushake yaciye abwira Abayuda ko ata gisoda gikomeye bafise. Yababwiranye ubwishime ati: «Reka nguhe amafarasi 2.000 turabe ko uronka abasoda bakwiye boyagenderako.» (Yesaya 36:8) Ariko mu vy’ukuri, kuba Ubuyuda bwari bufise abarwanira ku mafarasi bake canke benshi nta co vyari bitwaye, kuko batari bazeye ubukiriro ku nguvu za gisirikare. Mu Migani 21:31 havuga hati: «Ifarasi itegurirwa umusi w’intambara, ariko Yehova ni we atanga ubukiriro.» Rabushake yaciye avuga kandi ko Yehova ahezagira Abashuri, ko adahezagira Abayuda. Yavuze ko iyaba Yehova adahezagira Abashuri batari kuba barigaruriye akarere kanini k’Ubuyuda.—Yesaya 36:9, 10.
ip-1 388 ing. 13-14
Umwami yarahezagiwe kubera ukwizera kwiwe
13 Rabushake yarabandanije kubwira Abayuda amajambo yo kubaca intege. Yababwiye ngo ntibemere ivyo Hezekiya ababwira ngo: «Yehova azodukiza.» Yaribukije Abayuda ko imana z’i Samariya zitashoboye gukingira ya miryango cumi ngo ntitsindwe n’Abashuri nk’uko nyene n’imana z’ayandi mahanga Ashuri yatsinze zitashoboye kuyakingira. Yabajije ati: «Imana z’i Hamati n’i Arupadi ziri hehe? Iz’i Sefaruvayimu ziri hehe? Zoba zarakingiye Samariya sindahafate?»—Yesaya 36:18-20.
14 Erega Rabushake, uwasenga imana z’ikinyoma, ntiyatahura itandukaniro rikomeye ryari hagati ya Samariya yahemutse na Yeruzalemu yo mu gihe ca Hezekiya. Imana z’ikinyoma abantu b’i Samariya basenga ntizari gushobora kurokora ubwo bwami bwari bugizwe n’imiryango cumi. (2 Abami 17:7, 17, 18) Ariko abantu b’i Yeruzalemu bo mu gihe ca Hezekiya bobo bari barahevye imana z’ikinyoma basubira gusenga Yehova. Mugabo, Abayuda batatu umwami yari yatumye kuvugana na Rabushake, ari bo Eliyakimu, Shebuna na Yowa, ntibarondeye gusigurira Rabushake iryo tandukaniro. Bibiliya ivuga iti: «Ntihagira n’uwukurako umunwa ngo agire ico amwishuye, kuko umwami yari yabategetse ati: “Ntihagire ico mumwishura.”» (Yesaya 36:21) Baciye basubira kwa Hezekiya bamubwira ivyo Rabushake yavuze.—Yesaya 36:22.
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
it «Bride, mors» ing. 4
Imigozi
Yehova yabwiye Senakeribu umwami wa Ashuri ati: «Nzoshira . . . igera ryanje mu zuru ryawe n’imigozi yanje hagati y’iminwa yawe, mpeze ndagusubize inyuma ndagucishije mu nzira wazananye.» (2Bm 19:28; Yes 37:29) Yehova yaratumye Senakeribu areka kwugariza Yeruzalemu ahubwo asubira i Ninewe, aho yahavuye yicirwa n’abahungu biwe. (2Bm 19:32-37; Yes 37:33-38) Iyo bashize imigozi ku minwa y’igikoko ntigisubira kuja iyo gishaka, ahubwo kiza kiraja iyo nyeneco ashaka. Muri ubwo buryo nyene, igihe Yehova ashize imigozi mu minwa y’abansi biwe, bisigura ko badasubira gukora ivyo bashaka ahubwo bakora ivyo Yehova ashaka.—Yes 30:28.
NIWIJUKIRE IGIKORWA CO MU NDIMIRO
Ibatisimu ni iki?
Inyishu Bibiliya itanga
Ibatisimu ni ukwibiza umuntu wese mu mazi. Muri Bibiliya, haravugwamwo inkuru nyinshi z’ibatisimu. (Ivyakozwe 2:41) Muri zo harimwo iyijanye n’ingene Yezu yabatijwe mu kwibizwa mu ruzi Yorodani. (Matayo 3:13, 16) Mu myaka yakurikiye, Umunyetiyopiya yarabatijwe mu «mazi» yari haruhande y’ibarabara yariko aracamwo.—Ivyakozwe 8:36-40.
Yezu yigishije yuko ibatisimu ari igisabwa ku bayoboke biwe. (Matayo 28:19, 20) Intumwa Petero na we nyene yarerekanye ko ivyo ari ukuri. (1 Petero 3:21)
Ibatisimu isobanura iki?
Ibatisimu ni ikimenyetso cerekana ku mugaragaro ko umuntu agiye kubatizwa yigaye ibicumuro vyiwe be n’uko yasezeraniye Imana gukora ivyo igomba adaca ku ruhande. Aho harimwo kwama ugamburukira Imana na Yezu mu mice yose y’ubuzima. Kubatizwa bituma umuntu ashobora kuzobaho ibihe bidahera.
Kwibizwa mu mazi ni ikimenyetso kibereye c’ihinduka umuntu yagize mu buzima bwiwe. Uti gute? Bibiliya igereranya ibatisimu n’uguhambwa. (Abaroma 6:4; Abakolosayi 2:12) Kuja munsi y’amazi, umuntu aba yerekanye mu buryo bw’ikigereranyo ko yapfuye mu bijanye n’ukuntu yari abayeho. Iyo avuye mu mazi, aba atanguye ubuzima bushasha ari umukirisu yiyeguye.
23 RUHUHUMA–1 NTWARANTE
UBUTUNZI BWO MW’IJAMBO RY’IMANA YESAYA 38-40
«Kurya kw’umwungere, azokwitaho ubusho bwiwe»
Bibiliya igaragaza iki ku bijanye n’uwo ikomokako?
3 Soma Yesaya 40:8. Mu myaka ibihumbi n’ibihumbi, Ijambo ry’Imana ryagiye riraha impanuro nziza abagabo n’abagore b’abizigirwa. None ivyo vyashobotse gute? Ico kibazo kirumvikana kuko mu ntango Bibiliya yanditswe ku bintu vyahavuye vyononekara, ubu akaba ata na kimwe kikiriho muri vyo. Ariko rero Yehova yaritwararitse ko ivyanditswe vyeranda bigenda birimurwa. Naho igikorwa co kuvyimura cakozwe n’abantu b’abanyagasembwa, baracitondeye cane. Nk’akarorero, ku bijanye n’Ivyanditswe vy’igiheburayo, umuhinga umwe yavuze ati: “Twoshobora kwemeza neza ko ata kindi gitabu na kimwe ca kera cagiye kirimurwa mu buryo bwitondewe ukuraho.” Naho rero Bibiliya imaze igihe kirekire yanditswe, kandi mu ntango ikaba yanditswe ku bintu vyononekara ikongera ikimurwa n’abantu b’abanyagasembwa, turemera tudakeka ko ivyo dusoma muri Bibiliya dufise ubu ari ivyiyumviro vy’uwo ikomokako, Yehova Imana.
4 Yehova ni we Soko ry’“ingabirano nziza yose be n’impano yose itagira akanenge.” (Yak. 1:17) Bibiliya ni imwe mu ngabire nziza kuruta izindi zose Yehova yaduhaye. Iyo umuntu aguhaye ingabire, bica bikwereka ko akuzi neza cane be n’ivyo ukeneye. Ni na ko bimeze ku bijanye n’uwaduhaye Bibiliya. Iyo dusuzumye iyo ngabire, turamenya vyinshi ku bijanye na Yehova. Turamenya ko atuzi neza be n’uko azi ivyo dukeneye. Muri iki kiganiro, tugiye kuraba ingene Bibiliya igaragaza kamere zitatu za Yehova, ari zo ubukerebutsi, ubutungane be n’urukundo. Reka duhere ku kuraba uburyo butandukanye igaragaza ubukerebutsi bw’Imana.
Ububasha bwo gukingira—«Imana ni ubuhungiro bwacu»
7 Kuba Yehova yigereranya n’umwungere, biradukura amazinda ko afise icipfuzo kivuye ku mutima co kudukingira. (Ezekiyeli 34:11-16) Ibuka ukuntu Yehova adondorwa muri Yesaya 40:11, kikaba ari icanditswe twarimbuye mu kigabane ca 2 c’iki gitabu. Hagira hati: «Kurya kw’umwungere, azokwitaho ubusho bwiwe. Azokwegeranya imyagazi y’intama n’ukuboko kwiwe, ayitware mu gikiriza ciwe.» Akagazi kashika gute mu «gikiriza» c’umwungere, ni ukuvuga mu mpuzu yarenza ku zindi yambaye? Ako kagazi karashobora kwegera uwo mwungere, mbere kakikubagura ku kuguru kwiwe. Ariko rero, umwungere ni we yategerezwa kwunama, agaterura nya kagazi, maze akagashira yitonze mu gikiriza ciwe hatekanye. Ese ukuntu ari ikigereranirizo kiranga ikibabarwe c’umutima ukunze Umwungere wacu Mukuru afise wo kuturinda no kudukingira!
“Aha ububasha uwurushe”
4 Soma Yesaya 40:26. Nta n’umwe arashobora guharura inyenyeri ziriho. Abahinga bavuga ko umubumbe wacu wonyene ushobora kuba urimwo inyenyeri zishika imiliyaridi 400. Ariko Yehova wewe arazi izina ry’imwimwe yose. None ivyo bitwigisha iki? Nimba Yehova yitaho ibiremwa vyiwe bidafise ubwenge, hari akantu wewe umukorera ubitumwe n’urukundo, atari ku gahato! (Zab. 19:1, 3, 14) Umuvyeyi wacu adukunda arakuzi neza. ‘N’imishatsi yo ku mutwe wawe arayiharura yose.’ (Mat. 10:30) Umwanditsi wa zaburi na we adukura amazinda ati: “Yehova arazi imisi y’abantu batagira amahinyu.” (Zab. 37:18) Ego cane, arazi ingorane zidushikira, kandi arashobora kuduha inkomezi zo kuzihanganira.
5 Soma Yesaya 40:28. Yehova ni we Sôko ry’inguvu zose. Rimbura nk’akarorero inguvu yahaye izuba. Umuhinga akaba n’umwanditsi yitwa David Bodanis yavuze ko buri segunda izuba rirekura inguvu zingana n’izosohorwa n’ibibombe ruhonyanganda amamiliyaridi. Uwundi mushakashatsi yaraharuye asanga mw’isegunda imwe gusa, izuba rirekura inguvu zishobora kuronsa umuyagankuba abantu bose bo kw’isi mu kiringo c’imyaka 200.000! None hari uwoharira ko uwahaye izuba izo nkomezi, ashobora kuduha inguvu dukeneye kugira ngo twihanganire ingorane zose zidushikira?
6 Soma Yesaya 40:29. Gukorera Yehova bituma tugira umunezero. Yezu yabwiye abigishwa biwe ati: “Mwishireko ingǒgo yanje.” Yaciye yongerako ati: “Muzokwumva muruhuriwe. Kuko ingǒgo yanje yoroshe, n’umutwaro wanje ukaba uhwahutse.” (Mat. 11:28-30) Emwe, yavuze ukuri nk’ukurima! Birashobora gushika tukumva turushe iyo tuvuye muhira tugiye ku makoraniro canke mu ndimiro. Mugabo none twiyumva gute iyo dutashe? Tuba twagaruye agatege, kandi twiteguriye guhangana n’ibigeragezo bidushikira. Mu vy’ukuri, ingǒgo ya Yezu iroroshe!
Ducukure ubutunzi bwo muri Bibiliya
ip-1 400 ing. 7
«Nimuhoze abantu banje»
7 Ubwo buhanuzi bwararangutse mu 537 imbere ya Kristu igihe Abisirayeli bava i Babiloni. Bwararangutse kandi mu kinjana ca mbere inyuma ya Kristu. Yohani Umubatizi ni we yari ijwi ry’umuntu ‘asemerera mu bugaragwa.’ Ivyo vyashikije ubuhanuzi buvugwa muri Yesaya 40:3. (Luka 3:1-6) Yohani ahumekewe n’Imana, yaravuze ko amajambo yo muri Yesaya yerekeza kuri we. (Yohani 1:19-23) Mu 29, Yohani yaratanguye gutegurira inzira Yezu Kristu. Ibintu Yohani yavuze vyatumye abantu bitega Mesiya yari yarasezeranywe. Yashaka ko bokwumviriza Mesiya niyaza kandi bakamukurikira. (Luka 1:13-17, 76) Biciye kuri Yezu, Yehova yotumye abemera kwigaya bidegemvya, bakava mu caha n’urupfu. Ubwami bw’Imana ni bwo bwonyene butuma uwo mwidegemvyo ushoboka. (Yohani 1:29; 8:32) Ubuhanuzi bwa Yesaya bwararangutse mu buryo bwagutse igihe abagize Isirayeli y’Imana bava muri Babiloni Akomeye mu 1919 bagasubizaho ugusenga kw’ukuri.