ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • Daniyeli mu kinogo c’intambwe
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Abagabo b’ishari basanga Daniyeli ariko arasenga imbere y’idirisha ryuguruye

      ICIGWA CA 64

      Daniyeli mu kinogo c’intambwe

      Uwundi mwami yatwaye Babiloni yitwa Dariyo Umumedi. Yarabonye ko Daniyeli ari umuntu adasanzwe, aca amugira umukuru w’abantu bahambaye cane mu gihugu. Abo bantu barashavuriye Daniyeli baca barondera kumwica. Bari bazi ko Daniyeli yama asenga Yehova gatatu ku musi. Baciye babwira Dariyo bati: ‘Mwami, hakwiye kujaho itegeko ry’uko abantu bose basenga wewe gusa. Uwuzorirengako azoca atererwa mu kinogo c’intambwe.’ Dariyo yarabishimye, aca aratera igikumu kuri iryo tegeko.

      Daniyeli acumva iryo tegeko, yaciye ataha. Yarapfukamye imbere y’idirisha ryuguruye arasenga Yehova. Ba bagabo baciye bitera mu nzu, basanga ariko arasenga. Baciye biruka kwa Dariyo, bamubwira bati: ‘Daniyeli yakugambarariye. Aguma asenga Imana yiwe gatatu ku musi.’ Dariyo yarakunda Daniyeli kandi ntiyashaka ko apfa. Yamaze uwo musi wose ariko ariyumvira ingene yomurokora. Ariko n’umwami ntiyashobora guhindura itegeko yamaze guterako igikumu. Kubera ata kundi yari kubigenza, yarategetse ko Daniyeli atererwa mu kinogo c’intambwe.

      Muri iryo joro vyaranse ko Dariyo asinzira kubera yaguma yiyumvira Daniyeli. Bukeye, yaciye yiruka kuri ca kinogo abaza Daniyeli ati: ‘Imana yawe yakurokoye?’

      Dariyo yaciye yumva ijwi rya Daniyeli! Daniyeli yamwishuye ati: ‘Umumarayika wa Yehova yugaye iminwa y’intambwe. Nta co zangize.’ Dariyo yaranezerewe cane, aca avuga ko Daniyeli akurwa muri ico kinogo. Nta n’urwara zari zamuriye. Umwami yaciye ategeka ati: ‘Nimuterere muri ico kinogo ba bagabo barega Daniyeli.’ Babatereyeyo, za ntambwe zaciye zibarotsa.

      Dariyo yaciye ategeka ati: ‘Abantu bose bakwiye kwubaha Imana ya Daniyeli. Yaramukingiye intambwe ntizamurya.’

      Woba usenga Yehova imisi yose nka Daniyeli?

      Daniyeli mu kinogo c’intambwe

      ‘Yehova arazi kurokora mu kigeragezo abantu bamwihebera.’​—2 Petero 2:9

      Ibibazo: Ni igiki Daniyeli yama akora gatatu ku musi? Yehova yamurokoye gute?

      Daniyeli 6:1-28

  • Esiteri arokora abantu b’iwabo
    Ivyigwa dukura muri Bibiliya
    • Umwamikazi Esiteri yinjiye mu kirimba c’umwami Ahasuwerusi gicungerewe cane

      ICIGWA CA 65

      Esiteri arokora abantu b’iwabo

      Umwamikazi Esiteri

      Esiteri yari umwigeme w’Umuyudakazi yaba mu Buperesi, mu gisagara ca Shushani. Hari haciye imyaka myinshi Nebukadinezari akuye umuryango wabo i Yeruzalemu. Esiteri yarezwe na Morudekayi mwenesewabo, umukozi wa Ahasuwerusi umwami w’Ubuperesi.

      Ahasuwerusi yari akeneye uwundi mwamikazi. Abakozi biwe baramuzaniye abakobwa bezabeza bo mu gihugu, harimwo na Esiteri. Muri bose umwami yatoye Esiteri. Morudekayi yari yaramubujije kuvuga ko ari Umuyudakazi.

      Umugabo yishima yitwa Hamani ni we yari umukuru w’abatware. Yashaka ko abantu bose bamwunamira. Morudekayi yaranse kumwunamira, aca arashavura cane ku buryo arondera kumwica. Hamani amenye ko Morudekayi ari Umuyuda, yaciye arondera kwica Abayuda bose bo muri ico gihugu. Yabwiye umwami ati: ‘Abayuda ni abantu babi cane; ukwiye kubica.’ Umwami yamubwiye ati: ‘Nubagire uko ushaka,’ aca amuha ububasha bwo gushiraho itegeko rishasha. Hamani yaciye ashiraho itegeko ryo kwica Abayuda bose ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari. Ivyo vyose Yehova yarabibona.

      Esiteri ntiyari azi ivy’iryo tegeko. Morudekayi yaramurungikiye iryo tegeko maze amubwira ati: ‘Genda uvugane n’umwami.’ Esiteri yamwishuye ati: ‘Umuntu wese yinjiye aho umwami ari atamuhamagaye aca yicwa. Umwami amaze imisi 30 atantumako! Ariko nta kundi ndagenda. Niyantunga agakoni kiwe nzoba ndokotse, atari aho na ho ndapfa.’

      Esiteri yarinjiye aho umwami ari. Umwami amubonye yaciye amutunga agakoni. Esiteri yaciye amwegera. Umwami yamubajije ati: ‘Ushaka iki ga Esiteri?’ Na we ati: ‘Nshaka ko mwe na Hamani mwoza nkabazimana.’ Ahejeje kubazimana, yaciye asubira kubatumira. Bagarutse, umwami yarongeye kubaza Esiteri ati: ‘Ushaka iki?’ Esiteri yishuye ati: ‘Hari umuntu ashaka kunyica n’abantu bo mu gihugu cacu. Nudufashe.’ Umwami yaciye amubaza ati: ‘Ni nde ashaka kubica?’ Na we ati: ‘Ni uwu mubisha Hamani.’ Ahasuwerusi yarashavuye cane, aca ategeka ko Hamani yicwa ubwo nyene.

      Nta n’umwe yari gushobora gukuraho rya tegeko rya Hamani, mbere n’umwami. Umwami yaciye agira Morudekayi umukuru w’abatware, amuha n’ububasha bwo gushiraho irindi tegeko. Morudekayi yaciye ashiraho itegeko ryemerera Abayuda kwigwanira baramutse batewe. Ku musi ugira 13 w’ukwezi kwa Adari, Abayuda baratsinze abansi babo. Kuva ico gihe, buri mwaka Abayuda baragira umusi mukuru wo kwibuka iyo ntsinzi.

      «Bazobarengutsa imbere ya ba buramatari n’abami kubera jewe, kugira bibe intahe kuri bo no ku mahanga.»​—Matayo 10:18

      Ibibazo: Hamani yashaka kugirira iki Abayuda? Esiteri yerekanye gute ko yizigira Yehova?

      Esiteri 2:5-20; 3:1–5:8; 7:1–8:14; 9:1-28

Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
Sohoka
Injira
  • Ikirundi
  • Rungika
  • Uko vyoza bimeze
  • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
  • Amasezerano agenga ikoreshwa
  • Ibijanye no kugumya ibanga
  • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
  • JW.ORG
  • Injira
Rungika