-
Ezira yarigisha amategeko y’ImanaIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 66
Ezira yarigisha amategeko y’Imana
Hari haheze imyaka nka 70 Abisirayeli benshi bagarutse i Yeruzalemu, ariko hari abari bakiba mu turere tw’Ubuperesi. Umwe muri bo yari umuherezi Ezira, akaba yarigisha abantu amategeko ya Yehova. Yaramenye ko abantu b’i Yeruzalemu batakurikiza ayo mategeko, aca ashaka kuja kubafasha. Umwami w’Ubuperesi Aritazerusi yamubwiye ati: ‘Imana yaraguhaye ubwenge kugira wigishe amategeko yayo. Genda kandi ujane n’uwuvyipfuza wese.’ Ezira yaciye akoranya abantu bose bashaka gusubira i Yeruzalemu. Barasenze Yehova ngo abakingire mu rugendo rurerure bagomba bagire, baca baragenda.
Bashitse i Yeruzalemu haciye amezi ane. Abatware bari i Yeruzalemu babwiye Ezira bati: ‘Abisirayeli baragambarariye Yehova bazana abagore basenga ibigirwamana.’ None Ezira yaciye akora iki? Yarapfukamye imbere y’abantu, arasenga ati: ‘Yehova, waradukoreye ivyiza vyinshi, ariko twebwe twaragucumuyeko.’ Abantu baratahuye ko bakoze nabi ariko ntibahevye gukora ibibi. Ezira yaratoye abashingantahe n’abacamanza kugira barabe icokorwa. Mu mezi atatu gusa, abantu bose batasenga Yehova bari bamaze kwirukanwa.
Haraciye imyaka 12. Muri ico kiringo, uruzitiro rwa Yeruzalemu rwarasubiye kwubakwa. Ezira yarakoranije abantu mu kibanza rusangi kugira abasomere amategeko y’Imana. Igihe yazingurura igitabu, abantu baciye bahaguruka. Yaraninahaje Yehova, na bo baca baraduza amaboko kugira berekane ko babishigikiye. Ezira yaciye asoma amategeko y’Imana yongera arayasigura, kandi abantu baramwumvirije bitonze. Baremeye ko bari barasubiriye guheba Yehova baca bararira. Bukeye, Ezira yarabandanije kubasomera amategeko. Baramenye ko bari bakwiye guhimbaza umusi mukuru w’insago, kandi ko igihe co kuwuhimbaza cari cegereje. Baciye batangura kuwitegurira.
Mu misi indwi uwo musi mukuru wamaze, abantu baranezerewe bongera barashimira Yehova kubera bari bimbuye vyinshi. Nta musi mukuru w’insago nk’uwo wari bwabe kuva mu gihe ca Yosuwa. Umusi mukuru uheze, abantu barakoraniye hamwe maze barasenga bati: ‘Yehova, waradukuye mu buja, uratugaburira mu bugaragwa maze uduha iki gihugu ciza. Ariko twagumye tukugambararira. Wararungitse abantu bawe ngo baduhanure mugabo ntitwabumvirije. Ariko wagumye utwihanganira. Warashikije ivyo wasezeraniye Aburahamu. Ubu rero turemeye ko tuzokugamburukira.’ Baciye bandika ivyo bari biyemeje. Abatware, Abalewi n’abaherezi baciye babishirako ikidodo.
«Hahiriwe abumva ijambo ry’Imana bakarikurikiza!»—Luka 11:28
-
-
Uruzitiro rwa YeruzalemuIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 67
Uruzitiro rwa Yeruzalemu
Reka dusubire inyuma gatoyi. Nehemiya yari Umwisirayeli yaba i Shushani mu Buperesi, akaba yari umukozi w’umwami Aritazerusi. Mwenewabo na Nehemiya yaraje avuye mu Buyuda, aza amuzaniye inkuru mbi ati: ‘Abantu basubiye i Yeruzalemu nta mutekano bafise. Uruzitiro n’amarembo Abanyababiloni babomoye ntibirasubira kwubakwa.’ Ivyo vyarababaje Nehemiya, aca yumva yojayo kubafasha. Yarasenze asaba ko umwami yomwemerera kugenda.
Umusi umwe, umwami yarabonye ko Nehemiya atanezerewe. Yamubwiye ati: ‘Ni irya mbere ndakubonye ubabaye gutyo. Ni ibiki?’ Nehemiya yamwishuye ati: ‘Noreka kubabara kandi igisagara cacu ca Yeruzalemu carabomaguritse?’ Umwami yaciye amubaza ati: ‘None ushaka iki?’ Nehemiya yaciye asengera mu mutima hanyuma amubwira ati: ‘Nundeke nje i Yeruzalemu kwubaka uruzitiro rwaho.’ Aritazerusi yaramwemereye, aca aramuha n’abasoda bamukingira. Umwami kandi yaragize Nehemiya buramatari w’Ubuyuda, aramuha n’ibiti vyo kwubakisha amarembo y’igisagara.
Nehemiya ashitse i Yeruzalemu yarihweje ingene uruzitiro rwaho rumeze. Yaciye akoranya abaherezi n’abatware, ababwira ati: ‘Ni akamaramaza. Nimuze dusubire kwubaka uruzitiro.’ Abantu baravyemeye, baca baratangura kurwubaka.
Ariko bamwe mu bansi babo baciye batangura kubatwenga bati: ‘Uruhome muriko murubaka n’imbwebwe yorubomora.’ Abubatsi barinumiye baguma bubaka. Urwo ruhome rwaraduze kandi rurakomera.
Abo bansi baciye bagira umugambi wo kuza kubatera bazananye impande zose. Abayuda bavyumvise umutima warabavuyemwo. Ariko Nehemiya yababwiye ati: ‘Ntimutinye. Yehova azodufasha.’ Yaciye ashiraho abasoda kugira bakingire abubatsi, kandi abansi babo ntibashoboye kubatera.
Mu misi 52 gusa, uruzitiro n’amarembo y’igisagara vyari birangiye. Nehemiya yaciye atumako Abalewi bose kugira baze i Yeruzalemu ku musi mukuru kubera bari barangije kwubaka. Yabagabuyemwo imigwi ibiri y’abaririmvyi. Baruriye ku ruhome baciye ku ngazi zo kw’irembo ryo kw’isôko, maze barazunguruka ico gisagara baciye irya n’ino. Bagenda baravuza inzumbete n’inanga bongera baririmbira Yehova. Ezira yajanye n’umugwi umwe, Nehemiya ajana n’uwundi maze bahurira ku rusengero. Abantu bose: abagabo, abagore n’abana barashikaniye ibimazi Yehova bongera baranezerwa. Amajwi yabo yarumvikanye gushika kure kubera umunezero mwinshi.
«Nta kirwanisho cakozwe kugira bakurwanye kizororanirwa.»—Yesaya 54:17
-