-
Elizabeti aronka umwanaIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 68
Elizabeti aronka umwana
Hari umuherezi yitwa Zakariya n’umugore wiwe Elizabeti baba hafi y’i Yeruzalemu. Ico gihe hari haciye imyaka 400 uruzitiro rw’i Yeruzalemu rusubiye kwubakwa. Bari bamaze imyaka myinshi babana, ariko nta kana bari bafise. Umusi umwe Zakariya yariko arashikanira Imana imibavu ku rusengero, umumarayika Gaburiyeli aca aramubonekera. Zakariya yaratinye ariko Gaburiyeli amubwira ati: ‘Ntutinye. Nje kukubwira inkuru nziza ivuye kuri Yehova. Umugore wawe azovyara umuhungu kandi uze umwite Yohani. Hari igikorwa kidasanzwe Yehova ashaka ko azokora.’ Zakariya yaciye amubaza ati: ‘Ivyo novyemezwa n’iki? Jewe n’umugore wanje turashaje ntidushobora kuvyara.’ Gaburiyeli yamwishuye ati: ‘Imana ni yo yantumye kubikubwira. Rero ko utavyemeye, ntuzosubira kuvuga gushika uwo mwana avutse.’
Uwo musi Zakariya yaratevye mu rusengero. Igihe yasohoka, abari bamurindiriye hanze barashatse kumenya icamutebeje. Ariko Zakariya ntiyashobora kuvuga. Ico ashaka kuvuga yacerekana akoresheje amaboko. Baciye batahura ko yari yaronse ubutumwa buva ku Mana.
Elizabeti yahavuye atwara inda hama avyara umuhungu nk’uko nyene wa mumarayika yari yabivuze. Incuti n’abagenzi baraje kuraba uwo mwana. Bararyohewe cane. Elizabeti yababwiye ati: ‘Yitwa Yohani.’ Na bo bati: ‘Mu muryango wanyu nta n’umwe yitwa Yohani. Mwite Zakariya nka se.’ Ariko Zakariya yaciye yandika ati: ‘Yitwa Yohani.’ Ubwo nyene Zakariya yaciye asubira kuvuga! Amakuru y’uwo mwana yaramenyekanye i Yudaya hose, bituma abantu bibaza bati: ‘Uwu mwana niyakura azoba umuntu ki?’
Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Zakariya, aca avuga ati: ‘Yehova nashemezwe. Yasezeraniye Aburahamu ko azoturungikira umucunguzi, ari we Mesiya. Yohani azoba umuhanuzi kandi azotegurira inzira Mesiya.’
Mariya incuti ya Elizabeti na we nyene yarashikiwe n’ibintu bidasanzwe. Reka tubirabe mu kigabane gikurikira.
«Ku bantu ivyo ntibishoboka, ariko ku Mana vyose birashoboka.»—Matayo 19:26
-
-
Gaburiyeli agendera MariyaIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 69
Gaburiyeli agendera Mariya
Elizabeti yari afise incuti yitwa Mariya, akaba yari umukobwa yaba i Galilaya mu gisagara ca Nazareti. Mariya yari arehejwe n’umubaji yitwa Yozefu. Igihe inda ya Elizabeti yari imaze amezi atandatu, umumarayika Gaburiyeli yarabonekeye Mariya. Yamubwiye ati: ‘Amahoro Mari. Yehova yaraguteye iteka ridasanzwe.’ Mariya ntiyatahuye ico ashatse kuvuga. Gaburiyeli yaciye amubwira ati: ‘Uzotwara inda, uvyare umuhungu kandi uze umwite Yezu. Azoba Umwami, kandi Ubwami bwiwe buzokwamaho.’
Mariya yamwishuye ati: ‘Novyara gute kandi ata mugabo ngira?’ Gaburiyeli na we ati: ‘Yehova nta kimunanira. Impwemu nyeranda izokuzako kandi uzovyara umuhungu. Incuti yawe Elizabeti na we nyene arafise inda.’ Mariya yaciye avuga ati: ‘Yehova nangire uko ashaka. Nibibe nk’uko ubivuze.’
Mariya yaciye aja kuraba Elizabeti aho yaba mu misozi. Mariya amuramukije, Elizabeti yagiye yumva umwana ari mu nda yiwe asimvye. Impwemu nyeranda yaciye iza kuri Elizabeti, aca avuga ati: ‘Mari, Yehova yaraguhezagiye. Ni iteka kwakira nyina w’Umukama wanje.’ Mariya na we ati: ‘Ndashemeza Yehova n’umutima wanje wose.’ Yaciye agumana na Elizabeti amezi atatu hanyuma asubira iwabo i Nazareti.
Aho Yozefu yumviye ko Mariya afise inda, yaciye ashaka kumuheba. Ariko umumarayika yaramubonekeye amubwira ati: ‘Ntutinye kumutwara. Nta kibi na kimwe yakoze.’ Yozefu yaciye atwara Mariya barabana.
«Ico Yehova ashatse cose aragikora, haba mw’ijuru [canke] kw’isi.»—Zaburi 135:6
-