ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • lmd icig. 6
  • Ubutinyutsi

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ubutinyutsi
  • Nukunde abantu ubahindure abigishwa
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Ivyo Yezu yakoze
  • Twigira iki kuri Yezu?
  • Niwigane Yezu
  • Twigane Yezu mu kwamamaza n’ubutinyutsi
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Woba Wamamaza Ushize Amanga?
    Igikorwa dukorera Ubwami—2000
  • ‘Nuvuge Ijambo ry’Imana n’ubutinyutsi’
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Bandanya kuvuga ijambo ry’Imana ushize amanga
    Igikorwa dukorera Ubwami—2005
Ibindi
Nukunde abantu ubahindure abigishwa
lmd icig. 6

GUTANGUZA IKIYAGO

Yezu abwira Zakayo ngo yururuke ave ku giti, ivyo bigatangaza bamwebamwe mu bari ng’aho.

Luka 19:​1-7

ICIGWA CA 6

Ubutinyutsi

Icanditswe c’ishimikiro: «Imana yacu yaradufashije kugira ubutinyutsi ngo tubabwire inkuru nziza.»—1 Tes. 2:2.

Ivyo Yezu yakoze

Yezu abwira Zakayo ngo yururuke ave ku giti, ivyo bigatangaza bamwebamwe mu bari ng’aho.

IVIDEWO: Yezu abwira Zakayo inkuru nziza

1. Nurabe iyi VIDEWO, canke usome Luka 19:​1-7. Nuce uzirikana ibi bibazo:

  1. Kubera iki abantu bamwebamwe bashobora kuba barinuba Zakayo?

  2. Naho vyari ukwo, ni igiki catumye Yezu amubwira inkuru nziza?

Twigira iki kuri Yezu?

2. Turakeneye ubutinyutsi kugira twamamaze ubutumwa bw’Ubwami ata nkunzi.

Niwigane Yezu

3. Niwizigire Yehova. Impwemu nyeranda yarahaye ububasha Yezu kugira yamamaze inkuru nziza, kandi nawe irashobora kubuguha. (Mat. 10:​19, 20; Luka 4:18) Nusabe Yehova ubutinyutsi bwo kubwira inkuru nziza abasa n’abatinyitse.—Ivyak. 4:29.

4. Ntiwihutire gucira urubanza abandi. Turashobora kugonanwa kuyagisha abantu bamwebamwe kubera ukuntu basa, ikibanza bafise mu kibano, uburyo bafise, ukuntu babayeho canke ivyo bemera. Ariko niwibuke:

  1. Yehova na Yezu barashobora kubona ibiri mu mitima, ariko twebwe nta vyo dushoboye.

  2. Nta n’umwe atoshobora gufashwa na Yehova.

5. Nugire ubutinyutsi ariko wigengesere kandi wiyubare. (Mat. 10:16) Niwirinde ibihari. Nusozere ikiyago mu bwitonzi nimba uwo muntu adashaka kwumviriza inkuru nziza canke igihe wumva ko uri mu kaga.—Imig. 17:14.

NURABE KANDI

Ivyak. 4:31; Ef. 6:​19, 20; 2 Tim. 1:7

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika