-
Yezu akiri mutoIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 72
Yezu akiri muto
Yozefu na Mariya baba i Nazareti hamwe na Yezu be n’abandi bana babo. Yozefu yakora akazi ko kubaza kugira aronke ibitunga umuryango, kandi yarigisha umuryango wiwe ivyerekeye Yehova n’amategeko yiwe. Bama baja kw’isinagogi gusenga, kandi buri mwaka baraja guhimbaza Pasika i Yeruzalemu.
Igihe Yezu yari afise imyaka 12, umuryango wabo waragize urugendo rurerure uja i Yeruzalemu nk’uko wama ubigira. Ico gisagara cari cuzuyemwo abantu baje guhimbaza Pasika. Pasika irangiye, Yozefu na Mariya barafashe urugendo barataha. Bibaza ko Yezu yari mu bantu bari bafadikanije urugendo, ariko baramurondeye mu ncuti zabo baramubura.
Baciye basubira i Yeruzalemu, bamara imisi itatu bamurondera. Baratevye barashika no ku rusengero. Aho ni ho basanze Yezu, yicaye hagati y’abigisha, abumviriza yitonze yongera ababaza ibibazo. Abo bigisha baratangaye cane ku buryo na bo nyene bamubaza ibibazo. Barumijwe n’inyishu yabaha. Bariboneye ko yatahura amategeko ya Yehova.
Yozefu na Mariya bari bahagaritse umutima cane. Mariya yamubwiye ati: ‘Mwana, urazi aho twakurondereye!’ Yezu yamwishuye ati: ‘Ntimwari muzi ko ntegerezwa kuba ndi ng’aha mu nzu ya Dawe?’
Yezu yaciye atahana n’abavyeyi biwe i Nazareti. Yozefu yarigishije Yezu umwuga wo kubaza. Wiyumvira ko Yezu yari ameze gute akiri muto? Uko Yezu yagenda arakura ni ko yarushiriza kugira ubwenge no gukundwa n’Imana n’abantu.
«Ewe Mana yanje, gukora ivyo ugomba birampimbara, kandi itegeko ryawe riri muri jewe.»—Zaburi 40:8
-
-
Yohani ategura inziraIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 73
Yohani ategura inzira
Yohani umuhungu wa Zakariya na Elizabeti amaze gukura yabaye umuhanuzi. Yehova yarakoresheje Yohani mu kwigisha abantu ko Mesiya yari mu kuza. Yohani yigishiriza mu bugaragwa aho kwigishiriza mu masinagogi no mu bisagara. Abantu b’i Yeruzalemu n’i Yudaya hose baraza ngo abigishe. Yababwira ko bategerezwa guheba ibibi kugira banezereze Imana. Abantu benshi bamaze kwumva ivyo Yohani yigisha baca baheba ibibi bakora, na we agaca ababatiza mu ruzi Yorodani.
Yohani yari abayeho mu buryo busanzwe. Yambara impuzu zikozwe mu bwoya bw’ingamiya, akarya inzige n’ubuki bwo mw’ishamba. Abantu baramutangarira. Mbere n’Abafarizayo n’Abasadukayo b’ubwibone baraza kumuraba. Yohani yababwira ati: ‘Nimuhinduke mureke ibibi. Ntimwirate ngo muri abana ba Aburahamu. Erega ntibica bituma muba abana b’Imana!’
Abantu benshi baraza aho Yohani ari bakamubaza bati: ‘Dukore iki kugira tunezereze Imana?’ Yohani yababwira ati: ‘Nimba ufise impuzu zibiri, nuhe imwe uwudafise.’ None urazi igituma yabishura gutyo? Yashaka ko abigishwa biwe bamenya ko bategerezwa gukundana kugira banezereze Imana.
Abatozakori yababwira ati: ‘Ntihagire umuntu mwiba.’ Abasoda na bo akababwira ati: ‘Ntimurye ibiturire canke ngo mubeshe.’
Abaherezi n’Abalewi na bo nyene baraza bakamubaza bati: ‘Uri nde? Erega abantu bose bashaka kubimenya.’ Yohani yabishura ati: ‘Ndi ijwi risemerera mu bugaragwa, ngo abantu bagaruke kuri Yehova, nk’uko Yesaya yabivuze.’
Abantu barakunda ivyo Yohani yabigisha. Benshi bibaza ko ari we Mesiya. Mugabo Yohani yababwira ati: ‘Hariko haraza uwuhambaye kundusha. Sinkwiye no gupfungura imigozi y’ibirato vyiwe. Jewe mbatiza mu mazi, ariko wewe azobatiza mu mpwemu nyeranda.’
«Uwo muntu yaje nk’icabona gishingira intahe umuco, kugira ngo abantu b’uburyo bwose bizere biciye kuri we.»—Yohani 1:7
-