-
Icigwa kijanye n’ukwizeraYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 105
Icigwa kijanye n’ukwizera
MATAYO 21:19-27 MARIKO 11:19-33 LUKA 20:1-8
IGITI C’UMUSUKONI CUMYE: ICIGWA KIJANYE N’UKWIZERA
UBUBASHA YEZU AKORESHA BUVA HE?
Yezu ava i Yeruzalemu ku wa mbere ku mugoroba, agasubira i Betaniya ku ruhande rwo mu buseruko bw’Umusozi w’imyelayo. Birashoboka ko arara ku bagenzi biwe ari bo Lazaro, Mariya na Marita.
Ubu ni ku wa 11 Nisani mu gitondo. Yezu n’abigishwa biwe barasubiye gufata inzira baja i Yeruzalemu, akaba ari bwo bwa nyuma agiye ku rusengero. Ni umusi wa nyuma w’igikorwa ciwe co kwigisha imbere y’uko ahimbaza Pasika, agatanguza Icibutso c’urupfu rwiwe, hama agacirwa urubanza maze akicwa.
Bari mu nzira iva i Betaniya ikaja i Yeruzalemu uciye ku Musozi w’imyelayo, Petero arabona ca giti Yezu yari yaraye avumye. Aratangara ati: “Rabi, raba! Ca giti c’umusukoni wavuma cumye.”—Mariko 11:21.
Ariko none, ni kubera iki Yezu yatumye ico giti cuma? Asigura ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Mufise ukwizera gusa kandi ntimukekeranye, ntimuzokora ivyo nakoze kuri ico giti c’umusukoni vyonyene, mugabo kandi mubwiye uyu musozi muti: ‘Shinguka ujugunywe mu kiyaga,’ bizoba. Kandi ibintu vyose muzosaba mu gusenga, mufise ukwizera, muzobironka.” (Matayo 21:21, 22) Asubiyemwo iciyumviro yari yaravuze c’uko ukwizera gushobora kwimura umusozi.—Matayo 17:20.
Mu gutuma ico giti cuma, Yezu yari atanze icigwa kiboneka cerekana ko dukeneye kwizera Imana. Avuga ati: “Ibintu vyose musaba mu gusenga, mwizere ko ari nk’aho mumaze kubihabwa, kandi muzobironka.” (Mariko 11:24) Ese ingene ico ari icigwa gihambaye ku bayoboke ba Yezu bose! Ni icigwa ciza canecane ku ntumwa ziwe, narirya bimirije guhangana n’ibigeragezo bitoroshe. Ariko rero, hariho irindi sano riri hagati y’ukwuma kw’ico giti hamwe n’ukwizera.
Cokimwe n’ico giti c’umusukoni, ihanga rya Isirayeli riboneka uko ritari. Abagize iryo hanga baragiraniye n’Imana isezerano rishingiye ku vyagezwe, kandi womengo barubahiriza ivyo vyagezwe. Ariko rero, iryo hanga muri rusangi vyaragaragaye ko ritagira ukwizera be n’uko ritama ivyamwa vyiza. Mbere ririyamiriza Umwana w’Imana! Mu gutuma ico giti cuma rero, Yezu ariko arerekana ibizoshikira iryo hanga ritama ivyamwa kandi ritagira ukwizera.
Bidatevye, Yezu n’abigishwa biwe barinjira i Yeruzalemu. Nk’uko asanzwe abigira, araja ku rusengero agatangura kwigisha. Abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye, kumbure bibutse ivyo Yezu yaraye agiriye bamwe bavunja amahera, bamubaza bati: “Ni ububasha ki butuma ukora ivyo bintu? canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora?”—Mariko 11:28.
Yezu abishura ati: “Ndababaza ikibazo kimwe. Munyishure, nanje ndaheza ndababwire ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo. Ibatisimu ya Yohani yava mw’ijuru canke ku bantu? Nimunyishure.” Abariko baramurwanya birabagora kuronka inyishu. Abaherezi n’abagabo b’inararibonye batangura kubazanya ico bokwishura, bati: “Nitwavuga ngo ‘Mw’ijuru,’ aca avuga ati: ‘Kubera iki none mutamwemeye?’ Mugabo none, duhirahire tuvuge ngo ‘Ku bantu’?” Biyumvira gutyo kubera batinya isinzi, “kuko abo bose bemera yuko Yohani yari umuhanuzi vy’ukuri.”—Mariko 11:29-32.
Abarwanya Yezu nta nyishu baronka. Baca bavuga bati: “Nta vyo tuzi.” Yezu na we ababwira ati: “Nanje sindababwira ububasha butuma nkora ivyo bintu ubwo ari bwo.”—Mariko 11:33.
-
-
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibuYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 106
Uturorero tubiri tujanye n’umurima w’imizabibu
MATAYO 21:28-46 MARIKO 12:1-12 LUKA 20:9-19
AKARORERO K’ABAHUNGU BABIRI
AKARORERO K’ABAKOZI BO MU MURIMA W’IMIZABIBU
Yezu ari ku rusengero, akaba ahejeje kunumya abakuru b’abaherezi n’abagabo b’inararibonye bariko baramubaza aho akura ububasha akoresha. Inyishu abaha ituma badasubira gukurako umunwa. Aca atanga akarorero kerekana ukuntu abo bantu bameze vy’ukuri.
Yezu yigana ati: “Hābaye umuntu yar’afise abahungu babiri: aragenda abarira umukuru, ati Genda, mwana wanje, uyu musi uje gukora mu ruzabibu. Aramwishura, at’Eka singenda. Maze hanyuma aririmbura, aragenda. Aja ku wa kabiri, amubwira kuno. Aramwishura, ati Ndagiye muvyeyi; ntiyajayo. None mur’abo bompi n’uwuhe yakoze ivyo se agomba? (Matayo 21:28-31, Bibiliya Yera) Inyishu iratomoye: umuhungu wa mbere ni we yahavuye akora ukugomba kwa se.
Yezu rero abwira abamurwanya ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko abatozakori n’abamaraya bariko barabatanga kwinjira mu bwami bw’Imana.” Mu ntango, abatozakori n’abamaraya ntibakorera Imana. Ariko rero cokimwe n’uwo muhungu wa mbere, bahavuye bigaya batangura kuyikorera. Abakuru b’idini bobo bameze nk’uwo muhungu wa kabiri: bavuga ko bakorera Imana ariko mu vy’ukuri nta vyo bagira. Yezu avuga ati: “Yohani [Umubatizi] yaje kuri mwebwe mu nzira y’ubugororotsi, mugabo ntimwamwemera. Ariko abatozakori n’abamaraya baramwemeye, mugabo mwebwe, naho ivyo mwabibonye, ntimwicujije mu nyuma ngo mumwemere.”—Matayo 21:31, 32.
Yezu aca atanga akandi karorero. Ubu ho yerekana ko abakuru b’idini badakorera Imana kubera ukuvyirengagiza gusa. Ahubwo ni ababisha. Yigana ati: “Umuntu umwe yateye umurima w’imizabibu, awukikuza uruzitiro, hanyuma yimba ikinogo c’uruganiro rw’umuvinyu, yubaka n’umunara, hanyuma awukotesha ku barimyi, araheza afata urugendo aja mu mahanga. Igihe kigeze, atuma umushumba kuri nya barimyi, ngo bamuhe ku vyamwa vya nya murima w’imizabibu. Mugabo baramufata, baramuhuragura hanyuma bamurungika imbokoboko. Yongera atuma uwundi mushumba kuri bo; uwo na we baramukubita ku mutwe bongera baramutetereza. Hanyuma atuma uwundi, uwo na we barica; n’abandi benshi, bamwe muri bo barabahuragura, abandi na bo barabica.”—Mariko 12:1-5.
Abariko barumviriza Yezu boba batahura ako karorero? Bashobora kuba bibuka amajambo Yesaya yavuze yagiriza Abisirayeli ati: “Umurima w’imizabibu wa Yehova nyen’ingabo [ni] inzu ya Isirayeli, abantu ba Yuda na bo bakaba igitâra yakunda cane. Kandi yaguma yiteze urubanza rugororotse, mugabo, ehe hari ukurenga itegeko.” (Yesaya 5:7) Akarorero ka Yezu kavuga ibintu bisa n’ivyo. Yehova ni we nyene uwo murima, ihanga rya Isirayeli na ryo ni uwo murima w’imizabibu ukingiwe n’amategeko y’Imana agereranywa n’uruzitiro. Yehova yararungitse abahanuzi kugira bigishe abantu biwe maze babafashe kwama ivyamwa vyiza.
Ariko rero, “abarimyi” barakubaguye “abashumba” babatumweko bongera barabica. Yezu asigura ati: “[Nyene umurima w’imizabibu] yari afise wundi umwe, umwana w’umukundwa. Amurungika kuri bo ari we wa nyuma, avuga ati: ‘Bazokwubaha umwana wanje.’ Mugabo abo barimyi bavugana hagati yabo bati: ‘Uyu ni we samuragwa. Ingo tumwice, maze intoranwa izoca iba rwacu.’ Nuko baramufata baramwica.”—Mariko 12:6-8.
Ubu na ho Yezu ababaza ati: “None nyen’umurima azokora iki?” (Mariko 12:9) Abakuru b’idini bamwishura ati: “Kubera ko ari babi, azobatikiza bimwe bibi, nya murima na wo awuhe abandi barimyi bazomuhereza ivyamwa igihe kigeze.”—Matayo 21:41.
Gutyo, bariciriye urubanza batabizi, kuko bari muri abo “barimyi” bo mu “murima w’imizabibu” wa Yehova, ni ukuvuga ihanga rya Isirayeli. Mu vyamwa Yehova yiteze ko abo barimyi bama harimwo ukwizera Umwana wiwe ari we Misiya. Yezu aritegereza abo bakuru b’idini maze akavuga ati: “Mbega ntimwigeze musoma iki canditswe ngo: ‘Ibuye abubatsi bataye, iryo ni ryo ribaye ibuye nyamukuru rigumya imfuruka. Ivyo vyavuye kuri Yehova, kandi ni agatangaza mu maso yacu’?” (Mariko 12:10, 11) Yezu aca atomora ico ashatse kuvuga ati: “Ni co gituma ndababwiye nti: Ubwami bw’Imana muzobwakwa buhabwe ihanga ryama ivyamwa vyabwo.”—Matayo 21:43.
Abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abaherezi barabona ko Yezu “atanze ico kigereranyo ari bo yiyumvira.” (Luka 20:19) Icipfuzo co kumwica we “samuragwa” abibereye gica kirushiriza gukomera. Ariko baratinya isinzi kuko ribona ko Yezu ari umuhanuzi, ivyo bikaba bituma batarondera kumwica ubwo nyene.
-
-
Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeniYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 107
Umwami ahamagara abatumiwe ku bugeni
AKARORERO K’INZIMANO Y’UBUGENI
Uko Yezu yegereza iherezo ry’igikorwa ciwe, abandanya gukoresha uturorero kugira ashire ku kabarore abanyabwenge b’ivyanditswe n’abakuru b’abaherezi. Ivyo bituma barondera kumwica. (Luka 20:19) Ariko Yezu ntaraheza kubashira ku kabarore. Abaha akandi karorero.
Agira ati: “Ubwami bwo mw’ijuru bumeze nk’umuntu, umwami, yatunganirije umuhungu wiwe inzimano y’ubugeni. Maze atuma abashumba biwe guhamagara abatumiwe kuri nya nzimano y’ubugeni, mugabo baranka kuza.” (Matayo 22:2, 3) Mu gutangura ako karorero, Yezu akoresha imvugo ngo “Ubwami bwo mw’ijuru.” Birumvikana rero ko uwo “mwami” ari Yehova Imana. None umuhungu wiwe n’abatumiwe ku nzimano bobo ni bande? N’ubu nyene, ntibigoye kubona ko umuhungu w’uwo mwami ari Umwana wa Yehova, ari na we ariko ashikiriza ako karorero. Biroroshe kandi kubona ko abatumiwe ari abazofadikanya n’uwo Mwana kuganza mu Bwami bwo mw’ijuru.
Ni bande batanguye gutumirwa? None ni bande Yezu n’intumwa bamaze igihe babwira ubutumwa bw’Ubwami? Ni Abayuda. (Matayo 10:6, 7; 15:24) Iryo hanga ryaremeye kugiranira n’Imana isezerano mu 1513 imbere ya Kristu, baba bacitse aba mbere mu bogize “ubwami bw’abaherezi.” (Kuvayo 19:5-8) None vy’ukuri botumiwe ryari kuri iyo “nzimano y’ubugeni”? Ubwo butumire bwatanzwe mu 29 inyuma ya Kristu, igihe Yezu yatangura kwamamaza Ubwami bwo mw’ijuru.
None Abisirayeli benshi bakira gute ubwo butumire? Nk’uko Yezu abivuga, “baranka kuza.” Benshi mu bakuru b’idini no mu bantu basanzwe ntibemera ko Yezu ari Mesiya be n’uko ari Umwami yagenywe n’Imana.
Ariko rero, Yezu arerekana ko Abayuda boronse akandi karyo. Agira ati: “[Umwami] yongera atuma abandi bashumba, avuga ati: ‘Mubwire abatumiwe muti: “Ehe nateguye imfungurwa zanje zo ku mutaga, amashūri yanje n’ibitungwa vyadoheshejwe vyabazwe, kandi ibintu vyose birateguwe. Nimuze ku nzimano y’ubugeni.”’ Mugabo ntibabinegwa, barigira, umwe mw’itongo ryiwe, uwundi mu rucuruza rwiwe; abandi na bo, bacakira abashumba biwe, babagirira nabi bimwe biteye isoni, barabica.” (Matayo 22:4-6) Ivyo birerekana ivyoshitse ishengero rya gikirisu rimaze gushingwa. Ico gihe Abayuda bari bagifise akaryo ko kwinjira mu Bwami, ariko benshi baranse ubwo butumire, mbere barakubagura ‘abashumba b’umwami.’—Ivyakozwe 4:13-18; 7:54, 58.
None ni ibiki bishikira iryo hanga? Yezu yigana ati: “Nya mwami araraka, arungika ingabo ziwe, ziririka abo bicanyi zongera ziturira igisagara cabo.” (Matayo 22:7) Ivyo vyashikiye Abayuda mu 70 igihe Abaroma batikiza “igisagara cabo” ca Yeruzalemu.
None ko banse ubwo butumire bw’umwami, vyoba bisobanura ko ata bandi botumiwe? Si ko Yezu abivuga. Abandanya ati: “Maze [umwami] abwira abashumba biwe ati: ‘Inzimano y’ubugeni yateguwe koko, mugabo abatumiwe ntibari babibereye. Nimugende rero mu mayira ava mu gisagara, uwo muronka wese mumutumire ku nzimano y’ubugeni.’ Abo bashumba baca barasohoka baja mu mayira, bakorakoranya abo baronse bose, ababi n’abeza; inzu y’ibirori vy’ubugeni yuzura abari ku meza.”—Matayo 22:8-10.
Mu nyuma intumwa Petero yotanguye gufasha Abanyamahanga, ni ukuvuga abatari Abayuda n’abatarahindukirira idini ryabo, kugira bacike abakirisu. Mu 36, intwazangabo y’Umuroma yitwa Koruneliyo n’umuryango wiwe bararonse impwemu y’Imana, bituma baja mu gitigiri c’aborazwe bwa Bwami bwo mw’ijuru Yezu yavuga.—Ivyakozwe 10:1, 34-48.
Yezu arerekana ko “umwami” adashima abaza ku nzimano bose. Avuga ati: “Umwami yinjiye kugendura abashitsi, ahabona umuntu atambaye impuzu y’ubugeni. Nuko amubwira ati: ‘Mugenzi, winjiye ng’aha gute utambaye impuzu y’ubugeni?’ Abura ico avuga. Maze nya mwami abwira abasuku biwe ati: ‘Nimumubohe amaboko n’amaguru, mumuterere mu mwiza hanze. Aho ni ho hazoba ukurira kwiwe n’uguhekenya amenyo.’ Kuko abatumiwe ari benshi, mugabo abatowe bakaba bake.”—Matayo 22:11-14.
Abakuru b’idini bariko barumviriza Yezu bashobora kuba badatahura ivyo ariko aravuga vyose. Naho ari ukwo, birabashavuza kandi baca barondera hasi hejuru gukuraho uwo muntu ariko arabamaramaza.
-
-
Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutegaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 108
Yezu ahindura ubusa imigambi yo kumutega
MATAYO 22:15-40 MARIKO 12:13-34 LUKA 20:20-40
GUHA SEZARI IVYIWE
ABAZUTSE BOBA BAZOKWUBAKA IZABO?
AMABWIRIZWA ARUTA AYANDI
Abansi ba Yezu ishavu riraniga. Ahejeje gutanga uturorero dushira ahabona ububisha bwabo. Ubu rero Abafarizayo baja inama yo kumutega. Bashaka ko avuga ikintu gituma bamurengutsa imbere ya buramatari w’Umuroma. Nuko bahera bamwe mu bigishwa babo kugira baje kumutega.—Luka 6:7.
Bamubwira bati: “Mwigisha, turazi ko uvuga kandi ukigisha neza be n’uko utagira nkunzi, mugabo ukigisha inzira y’Imana uhuje n’ukuri: Vyoba vyemewe ko turiha ikori Sezari canke ntivyemewe?” (Luka 20:21, 22) Yezu ntahendwa n’akarimi kabo gasosa, kuko buzuye ubwiyorobetsi n’amayeri. Hamwe yovuga ngo ‘Oya ntimukwiye gutanga iryo kori,’ boca bamwagiriza ko yagararije intwaro y’Abaroma. Hamwe na ho yovuga ngo ‘Ego nimuritange,’ abantu baterekwa ubutegetsi bw’Abaroma bohava bamutahura nabi bagaca bamurwanya. None yishura gute?
Yezu yishura ati: “Kubera iki mungeza, mwa biyorobetsi mwe? Nyereka igiceri c’ikori.” Bamuzanira idenariyo, agaca ababaza ati: “Iyi shusho n’ibi vyandiko ni ivya nde?” Bamwishura bati: “Ni ivya Sezari.” Yezu aca abaha inyishu irimwo ubwenge ati: “Nimwishure rero Sezari ivya Sezari, mugabo ivy’Imana muvyishure Imana.”—Matayo 22:18-21.
Abo bagabo barumirwa. Iyo nyishu irimwo ubwenge ituma babura ico basubizayo, bagaca bagenda. Ariko rero umusi nturarangira, kandi n’abo bagabo ntibatana n’akabando. Abafarizayo bamaze kunanirwa gutega Yezu, haca haza abakuru b’irindi dini.
Abasadukayo, bano bakaba bavuga ko ata zuka ririho, baravyura ikibazo cerekeye izuka n’ugucura umugore wa mwene wanyu. Bamubaza bati: “Mwigisha, Musa yavuze ati: ‘Nihagira umuntu apfa ata bana asize, mwene wabo ategerezwa kwabira umugore wiwe, agahagurukiriza uruvyaro mwene wabo.’ Iwacu rero hari abavukana indwi; uwa mbere ararongora hanyuma arahwera, maze kubera ko atagira uruvyaro, asigira umugore wiwe mwene wabo. Bigenda gutyo nyene no ku wugira kabiri be no ku wugira gatatu, gushika bamwe indwi bose barangiye. Hanyuma ya bose nya mugore arapfa. None mw’izuka, azoba umugore wa nde muri abo indwi? Kuko bose baramwabiriye.”—Matayo 22:24-28.
Afatiye ku vyo Musa yanditse, Abafarizayo bakaba basanzwe bavyemera, Yezu yishura ati: “None si co gituma mwahuvye, kuba mutazi Ivyanditswe canke ububasha bw’Imana? Kuko igihe bazuka mu bapfuye, abagabo ntibarongora canke abagore ngo bashingirwe, mugabo baba bameze nk’abamarayika bo mw’ijuru. Nayo ku vyerekeye abapfuye, yuko bazurwa, ntimwasomye mu gitabu ca Musa, muri ya nkuru y’igisaka c’amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: ‘Ndi Imana ya Aburahamu n’Imana ya Izahaki n’Imana ya Yakobo’? Ni Imana, atari iy’abapfuye, ahubwo y’abazima. Mwarahuvye cane.” (Mariko 12:24-27; Kuvayo 3:1-6) Isinzi rirajorezwa n’iyo nyishu.
Yezu yamaze kunumya Abafarizayo n’Abasadukayo. Ubu na ho baca bagira urunani kugira basubire kumugeza. Umunyabwenge umwe w’ivyanditswe amubaza ati: “Mwigisha, ibwirizwa risumba ayandi mw’Itegeko ni irihe?”—Matayo 22:36.
Yezu yishura ati: “Irya mbere ni iri: ‘Umve, ewe Isirayeli, Yehova Imana yacu ni Yehova umwe, kandi utegerezwa gukunda Yehova Imana yawe n’umutima wawe wose n’ubuzima bwawe bwose n’umuzirikanyi wawe wose n’inkomezi zawe zose.’ Irigira kabiri ni iri: ‘Utegerezwa gukunda mugenzawe nk’uko wikunda.’ Nta rindi bwirizwa ririho riruta ayo.”—Mariko 12:29-31.
Uwo munyabwenge yumvise iyo nyishu, amubwira ati: “Mwigisha, uvuze neza mu buryo buhuye n’ukuri, ‘Ni Umwe, kandi nta wundi ariho atari We’; kandi ico c’uko umuntu amukunda n’umutima wiwe wose n’ubwenge bwiwe bwose n’inkomezi ziwe zose be n’ukwo gukunda mugenziwe nk’uko yikunda, biri n’agaciro rwose kuruta amashikanwa yose aturiwe uko yakabaye be n’ibimazi vyose.” Yezu arabona ko yishuranye ubwenge, akamubwira ati: “Nturi kure y’ubwami bw’Imana.”—Mariko 12:32-34.
Yezu amaze imisi itatu (ku wa 9, 10 na 11 Nisani) yigisha mu rusengero. Abantu bamwebamwe, nk’uwo munyabwenge w’ivyanditswe, barahimbawe no kumwumviriza. Ariko si ko biri ku bakuru b’idini, bakaba badasubira “kwubahuka kumubaza ikibazo.”
-
-
Ashira ku mugaragaro abamurwanyaYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 109
Ashira ku mugaragaro abamurwanya
MATAYO 22:41–23:24 MARIKO 12:35-40 LUKA 20:41-47
KRISTU NI UMWANA WA NDE?
YEZU ASHIRA AHABONA UBWIYOROBETSI BW’ABAMURWANYA
Abakuru b’idini barananirwa gucafuza Yezu canke kumutega mu majambo kugira bamushikirize Abaroma. (Luka 20:20) Ubu Yezu aracari ku rusengero ku wa 11 Nisani, akaba abahindukirira maze akerekana uwo ari we vy’ukuri. Arabitanga akababaza ati: “Mwibaza iki kuri Kristu? Ni mwene nde?” (Matayo 22:42) Birazwi neza ko Kristu ari we Mesiya akomoka mu muryango wa Dawidi. Iyo nyene ni yo nyishu batanga.—Matayo 9:27; 12:23; Yohani 7:42.
Yezu ababaza ati: “Bishoboka bite none ngo Dawidi, ahumekewe, amwite ‘Umukama,’ akavuga ngo: ‘Yehova yabwiye Umukama wanje ati: “Icara iburyo bwanje gushika nshize abansi bawe munsi y’ibirenge vyawe”’? Nimba rero Dawidi amwita ‘Umukama,’ none aba umwana wiwe gute?”—Matayo 22:43-45.
Abafarizayo nta co basubizayo kuko biteze ko hazoboneka umuntu wo mu muryango wa Dawidi yobakurako ubutegetsi bw’Abaroma. Ariko Yezu afatiye ku majambo Dawidi yavuze muri Zaburi 110:1, 2, arerekana ko Mesiya atobaye umutegetsi asanzwe. Ni Umukama wa Dawidi, kandi amaze kwicara iburyo bw’Imana yohawe ububasha. Abarwanya Yezu ntibaronka ico basubizayo.
Abigishwa n’abandi bantu benshi bariko barumviriza. Yezu aca abagabisha ku bijanye n’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo. Abo bagabo “biyicaritse ku ntebe ya Musa” kugira bigishe amategeko y’Imana. Yezu abwira abariko baramwumviriza ati: “Ivyo bababwira vyose rero, mubikore kandi muvyubahirize, mugabo ntimukore nk’ivyo bakora, kuko bavuga mugabo ntibakore.”—Matayo 23:2, 3.
Yezu aratanga akarorero kerekana ubwiyorobetsi bwabo, ati: “Bāgura utubweta tw’ivyanditswe bambara nk’uburyo bwo kwikingira.” Abayuda bamwebamwe wasanga bambara ku ruhanga canke ku maboko utwo tubweta turimwo amajambo yo mu mategeko Imana yahaye Abisirayeli. Abafarizayo barāgura utubweta twabo kugira berekane ko bakunda cane ayo mategeko. Vyongeye, “ba[r]arehūra ubuyonga bw’impuzu zabo.” Abisirayeli basabwa gushira ubuyonga ku mpuzu zabo, ariko Abafarizayo baca babugira burebure cane. (Guharūra 15:38-40) Ivyo vyose babigira kugira “ngo abantu bababone.”—Matayo 23:5.
N’abigishwa ba Yezu boshobora gutwarwa n’icipfuzo co kwiyerekana. Ni co gituma abahanura ati: “Ntimukitwe Rabi, kuko umwigisha wanyu ari umwe, nayo mwebwe mwese muri abavukana. Vyongeye, ntihakagire umuntu n’umwe mwita so kw’isi, kuko So ari umwe, Umwe wo mw’ijuru. Eka mbere ntimukitwe ‘indongozi,’ kuko Indongozi yanyu ari imwe, ni Kristu.” None abigishwa bakwiye kwifata gute? Yezu ababwira ati: “Umukuru muri mwebwe ategerezwa kuba umusuku wanyu. Uwo wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwo wese yicisha bugufi azoshirwa hejuru.”—Matayo 23:8-12.
Ubukurikira, Yezu aravuga amagorwa azoshikira abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo biyorobeka, ati: “Muragowe, mwa banditsi n’Abafarizayo, mwa biyorobetsi mwe! kuko mwugarira ubwami bwo mw’ijuru imbere y’abantu; kuko mwebwe ubwanyu mutinjira, mbere n’abariko barinjira ntimubareka ngo binjire.”—Matayo 23:13.
Yezu aracira urubanza Abafarizayo kuko badaha agaciro ibintu Imana ibona ko bihambaye, nk’uko bibonekera mu mategeko atagira ishingiro bashiraho. Nk’akarorero, bavuga bati: “Iyo umuntu arahiye urusengero, nta co bitwaye; mugabo iyo umuntu arahiye inzahabu y’urusengero, abwirizwa gushitsa.” Ivyo birerekana ko batabona kure kuko baha agaciro inzahabu y’urusengero kuruta ico kibanza co gusengeramwo Yehova no kumwiyegereza. Vyongeye, “[barirengagiza] ibihambaye kuruta vyo mw’Itegeko, ari vyo butungane n’imbabazi n’ubwizigirwa.”—Matayo 23:16, 23; Luka 11:42.
Yezu avuga ko abo Bafarizayo ari ‘indongozi zihumye, zimimina agatuku mugabo zikarotsa ingamiya!’ (Matayo 23:24) Bamimina agatuku kuko ako gakoko gahumanye. Ariko ingene birengagiza ibihambaye kuruta vyo mu mategeko y’Imana ni nko kurotsa ingamiya, na yo nyene ikaba ihumanye, uretse ko ari nini cane kuruta agatuku.—Abalewi 11:4, 21-24.
-
-
Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengeroYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 110
Umusi wa nyuma Yezu aboneka ku rusengero
MATAYO 23:25–24:2 MARIKO 12:41–13:2 LUKA 21:1-6
YEZU ABANDANYA GUTERA IVYATSI ABAKURU B’IDINI
URUSENGERO RUZOSAMBURWA
UMUPFAKAZI W’UMWORO ATANGA UDUCERI TUBIRI
Igihe Yezu ari ku rusengero ubwa nyuma, arabandanya gushira ku kabarore ubwiyorobetsi bw’abanyabwenge b’ivyanditswe n’Abafarizayo, akavuga atarya umunwa ko biyorobeka. Akoresha imvugo ngereranyo, ati: “Mwoza inyuma igikombe n’isahani, mugabo imbere vyuzuye ubusahuzi n’ukurenza urugero. Wa Mufarizayo w’impumyi we, banza woze imbere igikombe n’isahani kugira ngo n’inyuma habone kuba heza.” (Matayo 23:25, 26) Naho Abafarizayo birinda cane guhumana no kuboneka nabi inyuma, ntibitwararika uko bari imbere kandi ntibatyorora umutima wabo w’ikigereranyo.
Ubwiyorobetsi bwabo buragaragarira kandi ku kuntu bitaho gushariza imva z’abahanuzi bavugishwa n’Imana. Yamara rero nk’uko Yezu abivuga, ni “abana b’abagandaguye abahanuzi.” (Matayo 23:31) Ivyo baravyerekanye mu kugerageza kwica Yezu.—Yohani 5:18; 7:1, 25.
Yezu aca yerekana ibizoshikira abo bakuru b’idini nibatigaya. Agira ati: “Mwa nzoka mwe, mwa ruvyaro rw’imamba mwe, muzohunga mute urubanza rwa Gehena?” (Matayo 23:33) Gehena bisobanura ngo “Umwonga wa Hinomu.” Uwo mwonga ni wo batuririramwo umucafu, ico kikaba ari ikigereranyo kiboneka c’ugutikizwa kw’ibihe bidahera kugiye gushikira abo banyabwenge b’ivyanditswe n’abo Bafarizayo b’ababisha.
Abigishwa ba Yezu bazomuserukira babe “abahanuzi n’abantu b’inkerebutsi be n’abigisha b’abantu.” None bazofatwa gute? Yezu abwira abakuru b’idini ati: “Bamwe mu [bigishwa banje] muzobica, mubamanike, abandi na bo mubashishagurire mu masinagogi yanyu, mubahame mu gisagara no mu kindi; kugira ngo amaraso yose y’abagororotsi yavishijwe kw’isi aze kuri mwebwe, kuva ku maraso ya wa mugororotsi Abeli gushika ku maraso ya Zekariya . . . uwo mwagandagu[ye].” Abagabisha ati: “Ni ukuri ndabibabwiye: Ivyo vyose bizoza kuri iri yaruka.” (Matayo 23:34-36) Ivyo vyashitse mu 70 igihe ingabo z’Abaroma zasambura Yeruzalemu maze zikica Abayuda ibihumbi.
Ico kintu giteye akagongwe kirababaza Yezu. Avugana umubabaro ati: “Yeruzalemu, Yeruzalemu, wewe wica abahanuzi ugatera amabuye abagutumweko, ni kangahe nashatse gukoraniriza hamwe abana bawe, nka kurya inkokokazi ikoraniriza imiswi yayo munsi y’amababa yayo! Ariko ntimwabishatse. Ehe inzu yanyu murayitanywe.” (Matayo 23:37, 38) Abumva ayo majambo bategerezwa kuba bibaza “inzu” ariko aravuga iyo ari yo. Yoba ariko avuga urwo rusengero ruteye igomwe rw’i Yeruzalemu, urwo bisa n’uko rukingiwe n’Imana?
Yezu aca yongereko ati: “Ndabibabwiye: Kuva ubu ntimuzogenda mumbonye gushika muvuze muti: ‘Arahezagiwe uwuje mw’izina rya Yehova!’” (Matayo 23:39) Aho asubiyemwo amajambo yari yaravuzwe muri Zaburi 118:26 agira ati: “Hahezagirwe uwuje mw’izina rya Yehova; twarabahezagiye turi mu nzu ya Yehova.” Biragaragara ko urwo rusengero nirwamara gusamburwa ata wuzoruzamwo mw’izina ry’Imana.
Yezu aca aja mu gihimba c’urusengero kirimwo udusandugu tw’amashikanwa. Abantu barashobora gushiramwo amashikanwa bacishije mu minwa yatwo mitomito. Yezu arabona Abayuda batandukanye babigira, abatunzi “batererayo ibiceri vyinshi.” Yezu araheza akabona umupfakazi umwe w’umworo atiburiyeyo “uduceri tubiri dufise agaciro gatoyi cane.” (Mariko 12:41, 42) Nta gukeka ko Yezu azi ingene Imana ihimbarwa n’iryo shikanwa ryiwe.
Yezu arahamagara abigishwa biwe akababwira ati: “Ni ukuri, ndababwiye yuko uyu mupfakazi w’umworo yatiburiyeyo vyinshi gusumvya abo bose bariko batiburira amahera mu dusandugu two mw’ishikaniro.” Ivyo bishoboka gute? Asigura ati: “Bose batiburiyeyo ibivuye ku musesekara wabo, mugabo we, ku bukene bwiwe, yatiburiyeyo ivyo yari afise vyose, ivyari bimubeshejeho vyose.” (Mariko 12:43, 44) Ese ingene ivyiyumviro n’ibikorwa vy’uwo mupfakazi bitandukanye cane n’ivy’abakuru b’idini!
Ni ku wa 11 Nisani, kandi amasaha ariko aragenda. Yezu arava ku rusengero ubwa nyuma. Umwe mu bigishwa biwe aratangara ati: “Mwigisha, raba aya mabuye ingene ameze n’izi nyubakwa ingene zimeze!” (Mariko 13:1) Emwe, amabuye amwamwe y’urusengero ni manini cane, bikaba bituma ruboneka ko rukomeye kandi ruzoramba cane. Nta gukeka ko bitangaje rero kwumva Yezu avuga ati: “Urabona izo nyubakwa zihambaye? Nta buye rizogenda risigaye aha rigeretse ku rindi ridasenyuriwe hasi.”—Mariko 13:2.
Yezu amaze kuvuga ivyo, we n’intumwa ziwe barajabuka Umwonga Kidironi maze bakaduga Umusozi w’imyelayo. Aragera ahantu ari kumwe na bane mu ntumwa ziwe ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Bari aho hantu, barashobora kuraba epfo bakabona rwa rusengero ruteye igomwe.
-
-
Intumwa zisaba ikimenyetsoYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 111
Intumwa zisaba ikimenyetso
MATAYO 24:3-51 MARIKO 13:3-37 LUKA 21:7-38
ABIGISHWA BANE BASABA IKIMENYETSO
IRANGUKA RYO MU KINJANA CA MBERE N’INYUMA YAHO
DUTEGEREZWA KUGUMA TURI MASO
Ni ku wa kabiri ku muhingamo, igenekerezo rya 11 Nisani rikaba rigira rirangire. Vyongeye, imisi y’ibikorwa vyinshi Yezu yari afise kw’isi na yo nyene igira irangire. Ku murango yahora yigisha mu rusengero, bugorovye agaca aja kurara hanze y’igisagara. Abantu bakunda inyigisho ziwe bahora “[baza] mu gatondo ka kare kuri we mu rusengero kumwumva.” (Luka 21:37, 38) Ubu vyarangiye. Yezu yicaye ku Musozi w’imyelayo ari kumwe n’intumwa ziwe zine, ari bo Petero, Andereya, Yakobo na Yohani.
Izo ntumwa zine zaje kuri we ari zonyene. Barajwe ishinga n’urusengero, kuko Yezu ahejeje kuvuga ko ata buye ryarwo rizosigara rigeretse ku rindi. Ariko rero si ivyo vyonyene bibaraje ishinga. Yezu yari yabahimirije ati: “Mugume mwiteguye, kubera ko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.” (Luka 12:40) Yaravuze kandi ibijanye n’“umusi Umwana w’umuntu azobwirizwa guhishurwa.” (Luka 17:30) None ivyo vyoba bifitaniye isano n’ivyo ahejeje kuvuga ku vyerekeye urusengero? Intumwa zirashashaye kubimenya. Zivuga ziti: “Tubwire: Ivyo bizoba ryari, kandi ni igiki kizoba ikimenyetso c’ukuhaba kwawe n’ic’insozero y’ivy’isi?”—Matayo 24:3.
Bashobora kuba bariko biyumvira ibijanye n’iherezo ry’urwo rusengero babona hafi yabo. Bipfuza kandi kumenya igihe Umwana w’umuntu yokwimitswe mw’ijuru. Bashobora kuba bibuka ko Yezu yatanze akarorero k’“umuntu umwe wo mu muryango uhambaye yafashe urugendo aja . . . kwihesha ububasha bwa cami agaheza akagaruka.” (Luka 19:11, 12) Ubwa nyuma na ho, bipfuza kumenya ingene bizogenda ku “nsozero y’ivy’isi.”
Mu nyishu iramvuye Yezu atanga, arabaha ikimenyetso cerekana igihe ikibano c’Abayuda corangiriye, ushizemwo n’urusengero rwabo. Mugabo arabaha n’ayandi makuru. Ico kimenyetso mu nyuma cofashije abakirisu kumenya ko babayeho mu gihe c’“ukuhaba” kwiwe, ni ukuvuga igihe yobaye yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’isi ryegereje.
Uko imyaka irengana, intumwa za Yezu ziribonera ingene ivyo yavuze biranguka. Mbere ibintu vyinshi yavuze bitangura kuranguka bakiriho. Ku bw’ivyo, abakirisu bari maso inyuma y’imyaka 37, ni ukuvuga mu 70, ntibatangazwa n’uko ikibano c’Abayuda n’urusengero rwabo vyimirije gutikizwa. Ariko rero, ivyo Yezu yavuze vyose ntibiranguka gushika mu mwaka wa 70. Ni ibiki none bizokwerekana ko yimitswe mw’ijuru? Yezu araha inyishu intumwa ziwe.
Yezu avuga ko hazoba “intambara n’amakuru y’intambara” be n’uko “ihanga rizohagurukira irindi hanga, n’ubwami bugahagurukira ubundi bwami.” (Matayo 24:6, 7) Avuga kandi ko “hazoba vya nyamugigima bikomakomeye, habe n’ibiza n’amapfa biva hamwe bija ahandi.” (Luka 21:11) Yezu agabisha abigishwa biwe ati: “Bazobashorerako amaboko, babahame.” (Luka 21:12) Hazokwaduka abahanuzi b’ikinyoma bazimize benshi. Ubugarariji buzogwira, kandi urukundo rwa benshi ruzotimba. Avuga kandi ko “inkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo ri[ce] riza.”—Matayo 24:14.
Naho ivyo Yezu yavuze hari ukuntu vyarangutse igihe Abaroma batikiza Yeruzalemu n’imbere yaho, ubwo ntivyoba bifise irindi ranguka rihambaye kuruta? Woba ubona ibimenyamenya vyerekana ko amajambo akomeye Yezu yavuze ariko araranguka mu buryo buhambaye muri iki gihe cacu?
Umwe mu mice igize ikimenyetso Yezu avuga ko cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru, ni uguseruka kw’“ikintu gisesemye giteza ubugesera.” (Matayo 24:15) Mu 66, ico kintu gisesemye caserutse ari “ingabo [z’Abaroma] zishinze ikambi,” zitwaje amabendera y’ibigirwamana vyabo. Abaroma barakikuje Yeruzalemu bongera barabomora ibice bimwebimwe vy’uruhome rwayo. (Luka 21:20) Gutyo rero, ca “kintu gisesemye” cari gihagaze aho kidakwiriye, ni ukuvuga ahantu Abayuda babona ko ari “heranda.”
Yezu yongerako ati: “Hazoba amakuba akomeye atigeze abaho kuva mu ntango y’isi gushika n’ubu, kandi atazokwongera kubaho.” Mu 70 Abaroma baratikije Yeruzalemu. Igihe bigarurira ico ‘gisagara ceranda’ c’Abayuda hamwe n’urusengero rwaho, yabaye amakuba akomeye yahitanye abantu ibihumbi. (Matayo 4:5; 24:21) Ico gisagara hamwe n’Abayuda ntibari bwigere babona amakuba akomeye nk’ayo, kandi ivyo vyatumye uburyo bwo gusenga bari bamaze imyaka amajana bisunga buhagarara. Uca wumva ko iranguka nyamukuru ry’ayo majambo ya Yezu rizoba riteye ubwoba koko.
ABIGISHWA NTIBAKWIYE KWIHEBURA
Yezu ntaraheza kuyaga n’intumwa ziwe ibijanye n’ikimenyetso cokwerekanye ko yabaye umwami mw’ijuru be n’uko insozero y’ivy’isi yegereje. Aca abagabisha ku bijanye no gukurikira “ba Kristu b’ikinyoma n’abahanuzi b’ikinyoma.” Avuga ko bazokora ibishoboka vyose “kugira ngo bishobotse bazimize n’abatowe.” (Matayo 24:24) Ariko abo batowe ntibazozimizwa. Ba Kristu b’ikinyoma baza mu buryo buboneka. Ariko Yezu wewe igihe yokwimitswe abantu ntibobibonye.
Mu kuvuga ibijanye n’amakuba akomeye cane yobaye ku nsozero y’ivy’isi, Yezu agira ati: “Izuba rizocura umwiza, n’ukwezi ntikuzotanga umuco wakwo, n’inyenyeri zizotibagurika ziva kw’ijuru, kandi ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa.” (Matayo 24:29) Intumwa zumvise ayo majambo ateye ubwoba ntizitahura neza ibizoshika, ariko nta gukeka ko bizoba bikomeye cane.
None ivyo bizogira ingaruka izihe ku bantu? Yezu avuga ati: “Abantu bazorabikwa n’ubwoba be n’ukwitega ibintu biza kw’isi; kuko ibinyabubasha vyo mw’ijuru bizonyiganyizwa.” (Luka 21:26) Emwe, ico kizoba ari igihe kigoye kuruta ibindi vyose vyashikiye abantu.
Igihumuriza, Yezu aratomorera intumwa ziwe ko atari abantu bose bazoba bariko baraniha ‘Umwana w’umuntu niyaza ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi.’ (Matayo 24:30) Yari amaze kuvuga ko Imana izohaseruka “ku bw’abatowe.” (Matayo 24:22) None abo bigishwa b’intahemuka bakwiye kuvyifatamwo gute mu gihe c’ivyo bintu biteye ubwoba Yezu ahejeje kuvuga? Yezu aremesha abayoboke biwe ati: “Ivyo bintu nivyatangura kuba, muze muhagarare mugororotse, muraramike imitwe, kuko ukurokoka kwanyu kuzoba kuriko kuregereza.”—Luka 21:28.
Ariko none, abigishwa ba Yezu bobayeho muri ico gihe bomenye gute ko iherezo ryegereje? Yezu atanga akarorero k’igiti c’umusukoni ati: “Iyo ishami ryaco rikiri rito rikimara gutoha, rikazana amababi, muca mumenya yuko ici riri hafi. Na mwebwe nyene, mukabona ivyo bintu vyose, muze mumenye ko ari hafi ku miryango. Ni ukuri, ndababwiye yuko iri yaruka ritazogenda rivuyeho ivyo vyose bitabaye.”—Matayo 24:32-34.
Ku bw’ivyo rero, abigishwa babonye imice myinshi y’ico kimenyetso iriko iraranguka, bakwiye guca batahura ko iherezo ryegereje. Yezu araha impanuro abigishwa bobayeho muri ico gihe gihambaye.
Avuga ati: “Nayo ivy’uwo musi n’iyo saha, nta n’umwe abizi, baba abamarayika bo mw’ijuru canke Umwana, atari Data gusa. Kuko nk’uko imisi ya Nowa yari imeze, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera. Kuko nk’uko bari bameze muri iyo misi y’imbere ya rya segenya, barya bakanywa, abagabo bakarongora n’abagore bagashingirwa, gushika umusi Nowa yinjiriye mu bwato, ntihagire ico bitaho gushika aho isegenya riziye rikabakukumura bose, ni ko n’ukuhaba kw’Umwana w’umuntu kuzomera.” (Matayo 24:36-39) Ico kintu Yezu afatirako, ni ukuvuga wa Mwuzure wo mu gihe ca Nowa, cabaye kw’isi yose.
Intumwa ziriko zirumviriza Yezu ku Musozi w’imyelayo nta nkeka ko zitahura ko zikwiye kuguma ziri maso. Yezu avuga ati: “Mwiyubare ubwanyu kugira ngo imitima yanyu ntiyigere iremerwa n’ukurira agahokero n’ukunywa birenze urugero be n’amaganya y’ubuzima, hanyuma bukwi na bukwi uwo musi ukabazako ako kanya nyene nk’umutego. Kuko uzoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera. Mugume murikanuye rero, mutakamba igihe cose kugira ngo mushobore gukira ivyo bintu vyose bibwirizwa kuba, no guhagarara imbere y’Umwana w’umuntu.”—Luka 21:34-36.
Yezu arongeye kwerekana ko ivyo ariko aravuga bitazoba mu gice kimwe gusa. Ntariko avuga ibintu vyobaye mu myaka mirongo iri imbere kandi vyogize ingaruka gusa ku gisagara ca Yeruzalemu canke kw’ihanga ry’Abayuda. Ariko avuga ibintu “[bi]zoza ku bantu bose baba kw’isi yose iyo iva ikagera.”
Avuga ko abigishwa biwe bokeneye kuguma barikanuye no kwama biteguye. Mu gushimika kuri ico ciyumviro, Yezu abaha akandi karorero ati: “Mumenye ikintu kimwe: iyaba nyen’urugo yari azi iterama igisuma coziyemwo, yogumye arikanuye ntareke ngo inzu yiwe imenwe. Ku bw’ivyo, na mwebwe nyene mwame mwiteguye kuko Umwana w’umuntu azoza kw’isaha mutiyumvira.”—Matayo 24:43, 44.
Yezu abandanya yereka abigishwa biwe igituma badakwiye kwihebura. Arabahumuriza yuko igihe amajambo yiwe yobaye ariko araranguka hobaye hariho “umushumba” aguma agavye kandi akorana umwete. Afatira ku kintu intumwa ziwe zimenyereye, akagira ati: “None ni nde mushumba w’umwizigirwa kandi w’ubwenge shebuja yashinze abakozi biwe bo mu nzu, kugira abahe ibifungurwa vyabo ku gihe kibereye? Hahiriwe uwo mushumba shebuja niyashika azosanga ariko akora atyo! Ni ukuri ndabibabwiye: Azomuzeza ivyo atunze vyose.” Ariko uwo “mushumba” niyadukana ingeso mbi agatangura gufata abandi nabi, shebuja “azomuhana bimwe vya ruhasha.”—Matayo 24:45-51; gereranya na Luka 12:45, 46.
Ariko rero, Yezu ntashaka kuvuga ko bamwe mu bayoboke biwe bazokwadukana ingeso mbi. None ni icigwa ikihe ashaka guha abigishwa biwe? Yipfuza ko baguma bari maso kandi bagakorana umwete, nk’uko abitomora mu kandi karorero aca atanga.
-
-
Icigwa cerekeye ukuba masoYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 112
Icigwa cerekeye ukuba maso
YEZU ATANGA AKARORERO K’ABIGEME CUMI B’ISUGI
Yezu yariko arishura ikibazo c’intumwa ziwe kijanye n’ikimenyetso cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’isi ryegereje. Afatiye kuri ivyo, aca abaha impanuro nziza akoresheje akandi karorero. Abobaye ari bazima mu gihe yobaye yimitswe mw’ijuru bokwiboneye iranguka ry’ibivugwa muri ako karorero.
Mu gutangura ako karorero, avuga ati: “Ubwami bwo mw’ijuru buzomera nk’abigeme cumi b’isugi batoye amatara yabo, barasohoka baja gusanganira umukwe. Batanu muri bo bari ibijuju, bandi batanu bari ab’ubwenge.”—Matayo 25:1, 2.
Yezu ntashaka kuvuga ko igice c’abigishwa biwe bazoragwa Ubwami bwo mw’ijuru ari ibijuju, abandi na bo bakaba ab’ubwenge. Ahubwo ashaka kwerekana ko ku bijanye n’Ubwami, umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kwihitiramwo kuguma ari maso canke gusamara. Ariko rero, Yezu nta makenga afise yuko umwe wese mu bigishwa biwe ashobora kuguma ari umwizigirwa maze agahezagirwa na Se wiwe.
Muri ako karorero, abo bigeme bose uko ari cumi barasohoka gusanganira umukwe no kwifatanya n’abandi mu rugendo rwo guherekeza abageni. Umukwe ashitse, abo bigeme baraza kumurika inzira n’amatara yabo, babe bamuteye iteka igihe azanye umugeni wiwe mu nzu yateguriwe. Ariko none ibintu bigenda gute?
Yezu asigura ati: “Abari ibijuju ba[ra]twaye amatara yabo mugabo ntibayatwarana n’amavuta, ab’ubwenge bobo batwara amavuta mu macupa yabo, bayatwarana n’amatara yabo. Umukwe agitebaganye, bose batangura guhunyiza hanyuma baja kuryama.” (Matayo 25:3-5) Umukwe ntashika kw’isaha bari biteze. Bisa n’uko ateba cane, abo bigeme bagaca batwarwa n’agatiro. Intumwa zishobora kuba zibuka ivyo Yezu yavuze ku bijanye na wa muntu wo muryango uhambaye yafata urugendo hama “amaherezo [akagaruka] amaze kwihesha ububasha bwa cami.”—Luka 19:11-15.
Muri ako karorero k’abigeme cumi, Yezu aravuga ingene bigenda igihe umukwe atevye agashika. Agira ati: “Mw’ijoro hagati humvikana akamo ngo: ‘Ng’uyu umukwe! Nimusohoke kumusanganira.’” (Matayo 25:6) None yoba asanga abo bigeme biteguye kandi bagavye?
Yezu abandanya ati: “Maze abo bigeme b’isugi bose barahaguruka batunganya amatara yabo. Bamwe b’ibijuju babwira ab’ubwenge bati: ‘Duheko ku mavuta yanyu, kubera ko amatara yacu agira azime.’ Bamwe b’ubwenge bishura bati: ‘Hari aho hatoboneka ayahagije yodukwira twe namwe. Ahubwo nimuje ku bayagurisha mwigurire.’”—Matayo 25:7-9.
Abo bigeme batanu b’ibijuju rero ntibaguma bagavye kandi ntibiteguriye ukuza kw’umukwe. Nta mavuta akwiye bafise, bakaba bakeneye kurondera ayandi. Yezu yigana ati: “Bakigenda kugura, wa mukwe arashika, maze ba bigeme b’isugi bari biteguye binjirana na we ku nzimano y’ubugeni; umuryango uca urugarwa. Mu nyuma ba bigeme bandi na bo baraza, bavuga bati: ‘Mutungwa, mutungwa, twugururire!’ Yishura ati: ‘Ndababwiye ukuri: Sindabazi.’” (Matayo 25:10-12) Ese ukuntu bibabaje kubona batagumye biteguye kandi bagavye!
Intumwa zirashobora kubona ko uwo mukwe ari Yezu nyene. Yari amaze kwigereranya n’umukwe. (Luka 5:34, 35) Abo bigeme b’ubwenge bo ni bande? Igihe Yezu yavuga ivyerekeye “ubusho buto” bworazwe Ubwami, yagize ati: “Nimukenyere mu mafyinga, n’amatara yanyu agume yaka.” (Luka 12:32, 35) Ku bw’ivyo, muri ako karorero k’abigeme cumi, intumwa zirashobora gutahura ko Yezu ari zo nyene ariko aravuga. None ni igiki Yezu ashaka kubigisha biciye kuri ako karorero?
Yezu aragitomora neza. Asozera ako karorero mu kuvuga ati: “Mugume muri maso rero, kuko mutazi umusi canke isaha.”—Matayo 25:13.
Biratomoye rero ko Yezu ariko yibutsa abayoboke biwe b’intahemuka yuko bokeneye ‘kuguma bari maso’ bakamenya ko yimitswe mw’ijuru. Yobaye ariko araza, bakaba rero bakeneye kwitegura no kuguma barikanuye nka ba bigeme batanu b’ubwenge, kugira ntibanjajwe ku cizigiro ciza bafise maze impembo yabo ikabaca mu myanya y’intoke.
-
-
Icigwa cerekeye ugukorana umweteYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 113
Icigwa cerekeye ugukorana umwete
YEZU ATANGA AKARORERO K’ITALANTO
Igihe Yezu akiri kumwe n’intumwa ziwe zine ku Musozi w’imyelayo, araziha akandi karorero. Imisi mikeyi imbere y’aho, igihe yari i Yeriko, yaratanze akarorero k’imina kugira yerekane ko Ubwami butaragera gushingwa. Akarorero agira atange karafitaniye isano cane n’ako ka mbere. Aracariko arishura ca kibazo cerekeye igihe yotanguye kuganza be n’iherezo ry’ivy’isi. Ako karorero karerekana ko abigishwa biwe bategerezwa kurangurana umwete ibikorwa abazeza.
Yezu atangura ati: “Bimeze nk’igihe umuntu yagira afate urugendo ngo aje mu mahanga, agahamagaza abashumba biwe akabazeza ivyo atunze.” (Matayo 25:14) Ko Yezu amaze kwigereranya n’umuntu yagiye mu mahanga “kwihesha ububasha bwa cami,” intumwa zica zitahura ko uwo “muntu” ari Yezu.—Luka 19:12.
Imbere y’uko uwo muntu avugwa muri ako karorero aja mu mahanga, arazeza abashumba biwe ibintu vy’agaciro. Mu myaka itatu n’igice Yezu amaze akora igikorwa ciwe, yibanze ku kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana yongera aramenyereza abigishwa biwe. Ubu rero agira agende, akaba yizigiye ko bazobandanya ico gikorwa.—Matayo 10:7; Luka 10:1, 8, 9; gereranya na Yohani 4:38; 14:12.
Muri ako karorero, uwo muntu agaburira gute abashumba biwe ivyo atunze? Yezu yigana ati: “Umwe amuha italanto zitanu, uwundi zibiri, uwundi na we imwe, umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri, araheza aja mu mahanga.” (Matayo 25:15) None abo bashumba bazokoresha gute italanto bahawe? Boba bazokorana umwete ku buryo shebuja yunguka?
Yezu abwira intumwa ziwe ati: “Buno nyene umwe yaronka za talanto zitanu aca aragenda arazicuruza, yunguka zindi zitanu. Umwe yaronka zibiri na we nyene yunguka zindi zibiri. Mugabo umwe yaronka imwe gusa aragenda, yimba mw’ivu, anyegeza amafeza ya shebuja.” (Matayo 25:16-18) None bizogenda gute shebuja niyagaruka?
Yezu arabandanya ati: “Haciye igihe kirekire shebuja wa nya bashumba araza, arabishuza.” (Matayo 25:19) Babiri ba mbere barakoze ivyo bashoboye vyose, “umwe wese nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” Umwe wese yarakoranye umwete, bituma ivyo shebuja yamujeje vyunguka. Uwaronse italanto zitanu yungutse zindi zitanu, uwaronse zibiri na we yunguka zindi zibiri. (Ico gihe umukozi yakora nk’imyaka 19 kugira aronke umushahara ungana n’italanto imwe.) Shebuja arabakeza bose, akababwira ati: “Wakoze neza, mushumba mwiza kandi w’umwizigirwa! Wabaye umwizigirwa kuri bikeya. Nzogushinga vyinshi. Injira mu kanyamuneza ka shobuja.”—Matayo 25:21.
Ariko rero, si ko bigenda kuri wa mushumba yahabwa italanto imwe. Avuga ati: “Databuja, nari nzi yuko uri umuntu w’umuhambazi, ushwabura aho utabivye, ugakumakuma aho utagosoreye. Ivyo vyatumye ngira ubwoba, nca ndagenda nyegeza italanto yawe mw’ivu. Ehe ng’ibi ivyawe.” (Matayo 25:24, 25) Yaranse no kuyishira muri banki kugira ngo shebuja azoronke n’inyungu na nkeyi. Mu bisanzwe, yarahombeje shebuja.
Ntibitangaje kubona shebuja amwita “umushumba mubi kandi w’ikinebwe.” Ivyo yari afise aca abimwaka bigahabwa wa mushumba akorana umwete. Shebuja aca ashinga iyi ngingo: “Umuntu wese afise azokwongerwa agire umurengera; mugabo uwudafise wewe, n’ico yari afise azocakwa.”—Matayo 25:26, 29.
Ako karorero karigisha ibintu vyinshi abigishwa ba Yezu. Barabona ko igikorwa Yezu abazeza, ni ukuvuga agateka kadasanzwe ko guhindura abantu abigishwa, gihambaye cane. Kandi Yezu yiteze ko ico gikorwa bakirangurana umwete. Ntiyiteze ko bose bakora ibingana muri ico gikorwa yabashinze co kwamamaza. Nk’uko ako karorero kavyerekana, umwe wese akwiye gukora ivyo ashoboye vyose “nk’uko ubushobozi bwiwe bwite buri.” Ivyo ntibishaka kuvuga na gato ko Yezu ahimbarwa igihe umuntu abaye “ikinebwe,” ntakore ivyo ashoboye vyose kugira yongereze ubutunzi bwa Shebuja.
Ariko rero, intumwa zitegerezwa kuba zihimbarwa n’amajambo ahumuriza agira ati: “Umuntu wese afise azokwongerwa.”
-
-
Kristu acira urubanza intama n’impeneYezu ni inzira, ukuri n’ubuzima
-
-
IKIGABANE CA 114
Kristu acira urubanza intama n’impene
YEZU ATANGA AKARORERO K’INTAMA N’IMPENE
Yezu ari ku Musozi w’imyelayo, akaba ahejeje gutanga akarorero ka ba bigeme cumi hamwe n’ak’italanto. None asozera gute inyishu aha intumwa ziwe ku kibazo zamubajije cerekeye ikimenyetso cokwerekanye ko yimitswe mw’ijuru be n’uko iherezo ry’ivy’iyi si ryegereje? Asozera mu kubaha akandi karorero ka nyuma kerekeye intama n’impene.
Yezu atangura yerekana ingene ibintu vyifashe, akababwira ati: “Umwana w’umuntu niyashika mu buninahazwa bwiwe, n’abamarayika bose bari kumwe na we, ni ho azokwicara ku ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” (Matayo 25:31) Aratomora ko ari we muntu nyamukuru avugwa muri ako karorero. Yaravuze kenshi ko ari we “Mwana w’umuntu.”—Matayo 8:20; 9:6; 20:18, 28.
None ibivugwa muri ako karorero bizoranguka ryari? Bizoranguka Yezu “niyashika mu buninahazwa bwiwe” ari kumwe n’abamarayika hama akicara ku “ntebe yiwe y’ubwami y’ubuninahazwa.” Yari amaze kuvuga ivyerekeye “Umwana w’umuntu aza ku bicu vyo kw’ijuru ari n’ububasha be n’ubuninahazwa bwinshi” ari kumwe n’abamarayika biwe. None ivyo vyobaye ryari? “Buno nyene inyuma y’ayo makuba.” (Matayo 24:29-31; Mariko 13:26, 27; Luka 21:27) Ku bw’ivyo, ibivugwa muri ako karorero bizoranguka Yezu niyaza mu buninahazwa bwiwe. None azoca akora iki?
Yezu asigura ati: “Umwana w’umuntu niyashika . . . , amahanga yose azokoranirizwa imbere yiwe; na we azotandukanya abantu n’abandi, nka kurya umwungere atandukanya intama n’impene. Azoshira intama iburyo bwiwe, mugabo impene azishire ibubamfu bwiwe.”—Matayo 25:31-33.
Ku bijanye n’intama zizoba ziri mu kibanza ciza, Yezu avuga ati: “Umwami azobwira abari iburyo bwiwe ati: ‘Nimuze, mwebwe abahezagiwe na Dawe, mutorane ubwami mwateguriwe kuva kw’ishingwa ry’isi.’” (Matayo 25:34) Ni kubera iki Umwami ashima izo ntama?
Umwami asigura ati: “Kuko nashonje mukampa ico ndya. Naranyotewe murampa ico nywa. Nari kavantara muranyakira neza; nari gusa muranyambika. Nararwaye muranyitwararika. Nari mw’ibohero murangarukirako.” Igihe izo ntama, ni ukuvuga “abagororotsi,” zimubaza ingene zamukoreye ivyo vyiza, yishura ati: “Ku rugero mwabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi muri bene wacu, ni jewe mwabigiriye.” (Matayo 25:35, 36, 40, 46) Ivyo bikorwa vyiza ntibabikorera mw’ijuru kuko mw’ijuru ata ndwara n’inzara biriyo. Ivyo vyiza bategerezwa kuba babikorera bene wabo na Kristu bari kw’isi.
Bite ku bijanye n’impene ziri ibubamfu? Yezu avuga ati: “Maze [Umwami] azoheza abwire abari ibubamfu bwiwe ati: ‘Mva iruhande, mwebwe abavumwe, muje mu muriro utazima wateguriwe Shetani n’abamarayika biwe. Kuko nashonje ntimwampa ico ndya, ndanyoterwa ntimwampa ico nywa. Nari kavantara, ntimwanyakira neza; nari gusa, ntimwanyambika; nararwaye, ndaja mw’ibohero, ntimwanyitwararika.’” (Matayo 25:41-43) Urwo rubanza rurabereye kubera yuko izo mpene zitafashe neza bene wabo na Kristu bari kw’isi.
Intumwa zirumvise ko urwo rubanza rwo muri kazoza ruzoba ari ntabanduka. Yezu ababwira ati: “Maze [Umwami] azobishura ati: ‘Ni ukuri ndabibabwiye: Ku rugero mutabigiriye umwe muri aba batoyi bo hanyuma y’abandi, nta vyo mwangiriye.’ Abo bazoja mu kurandurwa kw’ibihe bidahera, mugabo abagororotsi baje mu buzima budahera.”—Matayo 25:45, 46.
Inyishu Yezu aha intumwa ziwe ituma abayoboke biwe bazirikana cane, ikabafasha gusuzuma inyifato yabo n’ivyo bakora.
-