-
Yezu ahumanura urusengeroIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 76
Yezu ahumanura urusengero
Mu mwaka wa 30, Yezu yaragiye ku rusengero i Yeruzalemu. Abantu benshi bari baje guhimbaza Pasika. Mu kuyihimbaza baratanga ibimazi vy’ibitungwa ku rusengero. Bamwe baza bavyizaniye, abandi bakabigurira aho i Yeruzalemu.
Yezu yinjiye mu rusengero, yarabonye abantu bariko baragurishirizayo ibitungwa. Bariko baronderera amahera mu nzu yo gusengeramwo Yehova! None Yezu yaciye akora iki? Yarafashe imigozi arayizinga nk’ikimoko, aca ahindira hanze intama n’inka zari mu rusengero. Yarahenuye amameza y’abavunjayi yongera arasanzaza ibingorongoro vyabo. Yezu yabwiye abariko baragurisha inuma ati: ‘Kura ivyo bintu ng’aha! Mugomba guhindura inzu ya Dawe isoko?’
Abari ku rusengero baratangaye babonye ivyo Yezu akoze. Abigishwa biwe baciye bibuka ubuhanuzi bwerekeye Mesiya bugira buti: ‘Nzogirira umwete mwinshi inzu ya Yehova.’
Ikindi gihe, mu mwaka wa 33, Yezu yarasubiye kwirukana abariko baradandariza mu rusengero. Yashaka ko abantu bose bubaha inzu ya Se wiwe.
«Ntimushobora gukorera Imana n’Ubutunzi.»—Luka 16:13
-
-
Yezu n’UmusamariyakaziIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 77
Yezu n’Umusamariyakazi
Pasika irangiye, Yezu n’abigishwa biwe baraciye i Samariya bariko basubira i Galilaya. Bageze hafi y’igisagara citwa Sikara, Yezu yaciye aba araruhukira ahantu bavoma amazi hitwa kw’iriba rya Yakobo, abigishwa biwe na bo baja mu gisagara kugura ibifungurwa.
Umugore umwe yaraje kuvoma, Yezu aca amubwira ati: ‘Mpa amazi yo kunywa.’ Na we ati: ‘Kubera iki umvugisha kandi ndi Umusamariyakazi? Mwebwe Abayuda ntimuvugisha Abasamariya.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Iyaba wari unzi, wari kumbwira nkaguha amazi atanga ubuzima.’ Nya mugore yaciye amubaza ati: ‘Wompa amazi gute kandi ata n’indobo ufise?’ Yezu na we ati: ‘Uwunywa amazi ndamuhaye ntazosubira kunyoterwa.’ Uwo mugore yaciye avuga ati: ‘Mpa ayo mazi none!’
Yezu yaciye amubwira ati: ‘Genda uhamagare umugabo wawe.’ Na we ati: ‘Nta mugabo mfise.’ Yezu ati: ‘Ntubeshe. Umaze kuja ku bagabo batanu, kandi n’uwo mubana ubu si umugabo wawe.’ Nya mugore yaciye avuga ati: ‘Ndabona ko uri umuhanuzi. Twebwe twemera ko dukwiye gusengera kuri uwu musozi, ariko Abayuda bavuga ko dukwiye gusengera i Yeruzalemu gusa. Ndazi ko Mesiya niyaza azotwigisha uko dukwiye gusenga.’ Yezu yaciye amubwira ati: ‘Ni jewe Mesiya.’ Ico kintu nta wundi yari bwakibwire.
Nya mugore yaciye yiruka mu gisagara, abwira abantu ati: ‘Ndabonye umuntu nibaza ko ari Mesiya. Arazi ivyanje vyose. Ingo mumurabe!’ Baciye bamukurikira gushika kuri rya riba, Yezu aca arabigisha.
Abo Basamariya baciye basaba Yezu ngo agume mu gisagara iwabo. Yamaze imisi ibiri ariko arabigisha, kandi abantu benshi baramwizeye. Babwiye wa Musamariyakazi bati: ‘Turiyumviye ko uwu muntu vy’ukuri ari we mukiza w’isi.’
«‘Ingo!’ Kandi uwo wese anyotewe naze. Uwushaka wese natore amazi y’ubuzima ku buntu.»—Ivyahishuwe 22:17
-