-
Yezu yamamaza Ubwami bw’ImanaIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 78
Yezu yamamaza Ubwami bw’Imana
Yezu amaze kubatizwa, yaciye atangura kwamamaza ati: ‘Ubwami bw’Imana buri hafi.’ Abigishwa biwe barajanye na we i Galilaya n’i Yudaya hose. Igihe yagaruka mu gisagara c’iwabo ca Nazareti, yaragiye kw’isinagogi. Yarazinguruye umuzingo wa Yesaya maze asoma n’ijwi ryumvikana ati: ‘Yehova yarampaye impwemu nyeranda kugira namamaze inkuru nziza.’ None ivyo vyasobanura iki? Vyasobanura ko imvo nyamukuru yatumye aronka impwemu nyeranda kwari kugira yamamaze inkuru nziza, naho abantu bashaka ko aguma akora ibitangaro. Yaciye abwira abari ng’aho ati: ‘Uno musi aya majambo ararangutse.’
Yezu avuye ng’aho yaciye aja ku kiyaga c’i Galilaya. Yahasanze bane mu bigishwa biwe, bakaba bari abarovyi. Yaciye ababwira ati: ‘Nimunkurikire, nzobagira abarovyi b’abantu.’ Abo bigishwa bari Petero, Andereya, Yakobo na Yohani. Baciye baheba kuroba baramukurikira. Baramamaje Ubwami bwa Yehova i Galilaya hose. Barigisha mu masinagogi, mu masoko no mu mabarabara. Abantu benshi baguma babakurikira. Amakuru yerekeye Yezu yarakwiragiye hose, arashika no muri Siriya.
Mu nyuma, Yezu yarahaye bamwe mu bigishwa biwe ububasha bwo gukiza abantu no kwirukana amadayimoni. Abandi barajana na we agiye kwamamaza mu bisagara no mu bigwati. Hari abagore b’abizigirwa bafasha udukorwa Yezu n’abigishwa biwe. Muri bo harimwo Mariya Magadalena, Yohana, Suzana n’abandi.
Yezu amaze kumenyereza abigishwa biwe, yaciye abarungika kwamamaza. Uko bagenda baramamaza i Galilaya, abandi benshi barabaye abigishwa kandi barabatizwa. Abantu benshi baripfuza kuba abigishwa ba Yezu ku buryo yabagereranije n’umurima ugeze kwimburwa. Yavuze ati: ‘Nimusabe Yehova arungike abandi bimbuzi.’ Mu nyuma yaratoye 70 mu bigishwa biwe, abarungika ari babiribabiri kwamamaza i Yudaya. Barigishije abantu benshi ivyerekeye Ubwami bw’Imana. Si bo babonye baragarutse ngo babwire Yezu ingene vyagenze. Shetani ntiyari gushobora guhagarika igikorwa co kwamamaza.
Yezu yashaka ko abigishwa biwe babandanya ico gikorwa gihambaye amaze gusubira mw’ijuru. Yababwiye ati: ‘Nimwamamaze inkuru nziza kw’isi yose, mwigishe abantu Ijambo ry’Imana kandi mubabatize.’
«Ntegerezwa kumenyesha inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.»—Luka 4:43
-
-
Yezu akora ibitangaro vyinshiIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 79
Yezu akora ibitangaro vyinshi
Yezu yaje kw’isi kwamamaza inkuru nziza y’Ubwami bw’Imana. Yehova yaramuhaye impwemu nyeranda kugira ashobore gukora ibitangaro. Ivyo bitangaro vyarerekana ivyo azokora niyaba Umwami. Yarakiza ingwara zose. Aho yaja hose, abarwayi baraza akabakiza. Impumyi zarahumuka, abatumva bakumva, abamugaye bagatambuka, abarimwo amadayimoni na bo akabavamwo. Naho bakora gusa ku mpuzu yiwe baca bakira. Abantu barakurikira Yezu aho yaja hose. N’igihe yaba ashaka kuguma ari wenyene, ntiyigera abirukana.
Igihe kimwe, abantu barazaniye Yezu umugabo amugaye. Ariko kubera hari abantu benshi, ntibashoboye kwinjira mu nzu Yezu yarimwo. Baciye batobora hejuru maze bururukiriza uwo muntu aho Yezu yari. Yezu yamubwiye ati: ‘Haguruka utambuke.’ Abantu baratangaye cane babonye ahagurutse.
Ikindi gihe Yezu yarinjiye mu kigwati kimwe, hanyuma abagabo cumi b’abanyamibembe bari bahagaze nka hariya barasemerera bati: ‘Yezu, dufashe!’ Ico gihe abanyamibembe ntibemererwa kwegera abandi bantu. Yezu yaciye ababwira ngo baje ku rusengero kuko amategeko ya Yehova yavuga ko umunyamibembe akize yoca aja ku rusengero. Bariko baragenda baciye bakira. Umwe muri bo abonye ko yakize, yaragarutse gushimira Yezu no kuninahaza Imana. Muri abo cumi, uwo umwe wenyene ni we yashimiye Yezu.
Hari umugore yari amaze imyaka 12 arwaye, kandi vyari vyaranse ko akira. Abonye Yezu ari mu bantu benshi, yaciye asoboka amukora ku mpuzu. Ubwo nyene yaciye akira. Yezu yaciye abaza ati: «Ni nde ankozeko?» Naho uwo mugore yagize ubwoba, yaregereye Yezu aramubwira igituma yamukozeko. Yezu yaramuhumurije ati: ‘Mukobwa wanje, niwigire amahoro.’
Umusoda umwe yitwa Yayiro yaringinze Yezu ati: ‘Nuze muhira iwanje! Agakobwa kanje kararwaye cane.’ Ariko ako gakobwa kapfuye Yezu atarashikayo. Ashitseyo, yahasanze abantu benshi bari baje kuraba uwo muryango. Yababwiye ati: ‘Nimureke kurira; arasinziriye.’ Yaciye afata ukuboko ako gakobwa, akabwira ati: «Haguruka!» Kaciye kavyuka karicara, Yezu aca abwira abavyeyi bako ngo bagahe ivyo kurya. Abavyeyi bako baranezerewe cane.
«Imana yamurobanuje impwemu nyeranda n’ububasha, hanyuma [aca] mu gihugu akora ivyiza yongera akiza abantu bose bahahazwa na Shetani, kuko Imana yari kumwe na we.»—Ivyakozwe 10:38
-