-
Yezu atora intumwa 12Ivyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 80
Yezu atora intumwa 12
Yezu yari amaze nk’umwaka n’igice yamamaza. Ico gihe yategerezwa gutora abazoguma bakorana na we, ari na bo yari kumenyereza ngo baje imbere abandi mw’ishengero rya gikirisu. Yezu yashaka ko Yehova amufasha kumenya abo yotora. Yaciye aduga ku musozi ari wenyene, arara arasenga ijoro ryose. Bukeye, yarahamagaye bamwe mu bigishwa biwe maze atoramwo intumwa 12. Woba uzi amazina yabo? Bari Petero, Andereya, Yakobo, Yohani, Filipo, Barutelemi, Toma, Matayo, Yakobo mwene Alufayo, Tadeyo, Simoni na Yuda Isikariyoti.
Andereya, Petero, Filipo, Yakobo
Abo 12 bari kuguma bagendana na we. Amaze kubamenyereza, yaciye abarungika kwamamaza ari bonyene. Yehova yarabahaye ububasha bwo kwirukana amadayimoni no gukiza abarwaye.
Yohani, Matayo, Barutelemi, Toma
Izo ntumwa 12 Yezu yazise abagenzi biwe, kandi yarabizigira. Abafarizayo babona ko izo ntumwa ari abantu batize kandi basanzwe. Ariko Yezu yari yarabigishije gukora neza igikorwa yabahaye. Bama bari kumwe na we mu bihe bihambaye yaciyemwo mu buzima, nk’imbere y’uko apfa n’aho amariye kuzuka. Benshi muri bo bava i Galilaya nka Yezu, kandi bamwe bari bafise abagore.
Yakobo mwene Alufayo, Yuda Isikariyoti, Tadeyo, Simoni
Intumwa zarakora amakosa nk’abandi bantu bose. Vyarashika bakavuga batabanje kwiyumvira, bagafata n’ingingo mbi. Hari igihe vyabananira kwihangana. Barigeze no guharira barondera kumenya umukuru muri bo. Ariko bari abantu beza bakunda Yehova. Ni bo bari guhagarikira ishengero Yezu amaze gusubira mw’ijuru.
«Nabise abagenzi, kuko nabamenyesheje ibintu vyose numvanye Dawe.»—Yohani 15:15
-
-
Insiguro yo ku musoziIvyigwa dukura muri Bibiliya
-
-
ICIGWA CA 81
Insiguro yo ku musozi
Yezu ahejeje gutora za ntumwa 12, yaciye amanuka umusozi aja ahantu hari hakoraniye abantu benshi. Bari baje bava i Galilaya, i Yudaya, i Tiro, i Sidoni, muri Siriya no hakurya ya Yorodani. Bari bazanye abantu barwaye ingwara zitandukanye harimwo n’abarwaye amadayimoni. Bose Yezu yarabakijije. Yaciye yicara atangura kubigisha. Yaravuze ivyo dutegerezwa gukora kugira tube abagenzi b’Imana. Dutegerezwa gutahura ko dukeneye kumenya Yehova kandi tukamukunda. Ariko ntidushobora gukunda Imana nimba tudakunda abantu nkatwe. Ntidukwiye kurenganya abandi, kandi dutegerezwa kugirira neza abantu bose, mbere n’abatwanka.
Yezu yavuze ati: ‘Ntimukwiye gukunda abagenzi banyu gusa. Murakwiye gukunda n’abansi banyu kandi mugaharira abandi bivuye ku mutima. Hagize uwugushavurira, nuce ugenda umusabe ikigongwe. Nimufate abandi nk’uko mushaka ko na bo babafata.’
Yezu yarabahaye kandi impanuro nziza ku bijanye n’amahera. Yavuze ati: ‘Kuba umugenzi wa Yehova biraruta kugira amahera menshi. Umusuma yoshobora kwiba amahera yawe ariko nta n’umwe ashobora kwiba ubugenzi ufitaniye na Yehova. Ntimugume mwiganyira ngo tuzorya iki, tuzonywa iki canke tuzokwambara iki? Nimurabe inyoni. Imana yama izigaburira. Kwiganyira ntibica bituma mubaho igihe kirekire. Nimwibuke ko Yehova azi ivyo mukeneye.’
Abo bantu ntibari bwigere bumva umuntu yigisha nka Yezu. Abakuru b’amadini yabo ntibari bwabigishe ibintu nk’ivyo. None ni kubera iki Yezu yigisha neza? Ni kubera ivyo yigisha yabikura kuri Yehova.
«Nimwikorere ingogo yanje kandi munyigireko, kuko nitonda kandi nicisha bugufi, namwe muzokwumva muruhuriwe.»—Matayo 11:29
-