ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w13 1/1 rup. 10-11
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
  • Ivyo bijanye
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2012
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • Bibiliya irahindura ubuzima bw’abantu
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2009
  • «Sinkiri inkozi y’ikibi»
    Bibiliya irahindura ubuzima
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2013
w13 1/1 rup. 10-11

BIBILIYA IRAHINDURA UBUZIMA BW’ABANTU

“Ubu nararonse umwidegemvyo nyakuri”

Nk’uko vyavuzwe na Brian Hewitt

  • YAVUTSE MU 1981

  • IGIHUGU AKOMOKAMWO: LETA ZUNZE UBUMWE ZA AMERIKA

  • IVYO YACIYEMWO: UMWANA W’ICANGAZI

KAHISE KANJE:

Navukiye i Moundsville, kikaba ari igisagara gitekanye kiri iruhande y’Uruzi Ohio, mu buraruko bwa leta ya Virginie yo mu Burengero, muri Leta Zunze Ubumwe za Amerika. Nari umwana agira kabiri mu bana bane, batatu muri bo bakaba bari abahungu; ni co gituma wasanga i muhira haba irungu gake. Abavyeyi banje bari abantu bakunda ibikorwa, b’intungane kandi bakunda abandi. Naho tutari abatunzi, twama twaronse ivya nkenerwa mu buzima. Abavyeyi banje bari Ivyabona vya Yehova kandi nta ko batagize ngo batwigishe ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya tukiri bato.

Ariko rero igihe nari umuyabaga, umutima wanje wari umaze gutangura gukwegwa n’ibindi bintu, ndata ivyo nari narigishijwe. Sinemera yuko kubaho nisunga ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya vyashobora gutuma ngira ubuzima buri n’ico buvuze kandi buhimbaye. Niyumvira yuko kugira umwidegemvyo wo gukora ico nshaka cose ari vyo vyari gutuma mpimbarwa vy’ukuri. Bidatevye, naciye mpeba kuja ku makoraniro twagira ajanye no gusenga. Babiri mu bo tuvukana na bo nyene baciye banyigana, baragarariza. Nta co abavyeyi bacu batakoze kugira ngo bagerageze kudufasha, mugabo turananirana.

Sinigeze ntahura yuko uwo mwidegemvyo nipfuza wotumye mba umuja w’ingeso mbi. Umusi umwe, ndiko ndataha mvuye kw’ishure, hari umugenzi yampaye agatabi ndakakira. Kuva ico gihe, ingeso mbi nyinshi sinazigera umutwe. Mu nyuma, nahavuye mfata ibiyayuramutwe n’inzoga zirenze urugero nongera nisuka mu buhumbu. Mu myaka yakurikiye, nagiye ndahonja ibiyayuramutwe bikaze, kandi vyinshi muri vyo vyarangize umuja wavyo. Nya biyayuramutwe vyaranyiziziye gushika n’aho ntangura kubidandaza kugira ngo ndonke ikimfasha muri ubwo buzima.

Naho naguma nirengagiza ivyo ijwi ryanje ryo mu mutima ryambwira, ryoryo ntiryahengeshanya kunyibutsa ko nari mbayeho mu buryo butari bwiza. Ariko jewe nabona ko ata co ngisha nokora. Naho naguma ndi kumwe n’abandi mu biteramo vy’imiziki n’ivyo kwidagadura, akenshi naguma numva mfise irungu n’intuntu. Vyarashika nkiyumvira ukuntu abavyeyi banje bari abantu beza kandi bisoneye, nkibaza icatumye ngera iyo hose.

UKUNTU BIBILIYA YAHINDUYE UBUZIMA BWANJE:

Naho nabona ko kabaye, abandi bo si ko babibona. Mu mwaka wa 2000, abavyeyi banje barantumiye kw’ihwaniro ry’intara ry’Ivyabona vya Yehova. Naremeye, ndapfa kujana na bo. Icantangaje, na ba bandi babiri tuvukana bagarariza baraje.

Tugezeyo, naributse yuko hari haheze nk’umwaka aho hantu habereye igiteramo c’umuziki wa rock. Narakozwe cane ku mutima n’ivyo nabonye kuri iryo hwaniro. Kuri nya giteramo c’umuziki, aho hantu hari huzuye imyanda n’imyotsi y’itabi. Abenshi mu bari bacitavye bari bameze nabi, kandi ivyavugwa mu miziki ntivyahumuriza. Ariko kuri iryo hwaniro hoho, nari nibereye mu bantu bahimbawe vy’ukuri, abantu banyakirana igishika naho hari haheze imyaka itari mike batambona. Aho hantu hari hasukuye, kandi ivyahavugirwa vyarahumuriza. Mbonye ukuntu ukuri kwo muri Bibiliya gutuma abantu bamera neza, naciye nibaza igituma nari naraguteye akagere!—Yesaya 48:17, 18.

“Bibiliya yaratumye ndonka inguvu zo guhagarika gufata no kudandaza ibiyayuramutwe, nsigara ndi umuntu ari n’ico amariye abandi”

Iryo hwaniro rikirangira, naciye mfata ingingo yo gusubira kwifatanya n’ishengero. Bamwe twavukana na bo nyene barafashe ingingo yo gusubira kwifatanya n’ishengero kubera ko bari bakozwe ku mutima n’ivyo bari biboneye kuri iryo hwaniro. Umwe wese muri twebwe uko turi batatu yaremeye kugirirwa inyigisho ya Bibiliya.

Umurongo wo muri Bibiliya wankoze ku mutima cane ni Yakobo 4:8, uwuvuga uti: “Mwiyegereze Imana, na yo izobiyegereza.” Naratahuye yuko nimba nipfuza kwiyegereza Imana, nobwirijwe gutyorora ubuzima bwanje. Mu mahinduka nategerezwa kugira, harimwo uguheba itabi n’ibiyayuramutwe hamwe n’ukunywa inzoga zirenze urugero.—2 Abakorinto 7:1.

Naravavanuye n’abagenzi nari mfise, ndabasubiriza abagenzi bashasha bo mu basenga Yehova. Umukurambere wo mw’ishengero yanyigishije Bibiliya yarambereye kirumara bimwe bidasanzwe. Yama anterefona kandi akicisha muhira kuraba uko merewe. Gushika n’ubu, aracari umugenzi wanje somambike.

Mu mpeshi yo mu 2001, nariyeguriye Imana hanyuma ndabatizwa mu mazi, hamwe na bamwe tuvukana babiri. Iyumvire ukuntu abavyeyi banje be na mutoya wanje yari yagumye ari intahemuka baryohewe igihe babona umuryango wacu usubiye kwunga ubumwe mu gusenga Yehova!

IVYIZA NAHAKUYE:

Nahora niyumvira yuko ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya zituzitira cane, mugabo ubu ndabona ko zidukingira bimwe bidasanzwe. Bibiliya yaratumye ndonka inguvu zo guhagarika gufata no kudandaza ibiyayuramutwe, nsigara ndi umuntu ari n’ico amariye abandi.

Ndahimbawe kuba ndi mu muryango ukwiye kw’isi yose w’abasenga Yehova. Abo bantu barakundana vy’ukuri, kandi bakorera Imana bunze ubumwe. (Yohani 13:34, 35) Muri uwo muryango naraharonkeye umuhezagiro udasanzwe, uwo na wo akaba ari umukenyezi wanje Adrianne nkunda cane, ngahoza ku mutima. Ntiworaba ukuntu duhimbarwa no gukorera Umuremyi dufatanye mu nda!

Aho kubaho nkurikirana ivyanje gusa, ubu nditanga nkamara umwanya munini mbwira abantu ivyerekeye Imana, nkabigisha ukuntu na bo nyene bokwungukira kw’Ijambo ryayo. Ico gikorwa gituma ngira umunezero ntangere. Ndashobora kwemeza nivuye inyuma yuko Bibiliya yahinduye ubuzima bwanje. Ubu nararonse umwidegemvyo nyakuri.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika