URURIRIMBO RWA 31
Gendana n’Imana!
Integuro icapuwe
(Mika 6:8)
1. Gendana n’Imana kandi
Wam’ur’intahemuka
Yehova niwamuguma hafi
Azokurons’inguvu!
Niwaguma kw’Ijambo ryiwe
Ntuzoheb’ukuri
Rek’akuyobore rero
Ni h’urukiza ruri.
2. Gendana n’Imana kandi
Uzirikan’ivyiza.
Nah’inyosha mbi zongana gute,
Ntizogutererana.
Ivyo vyose bidahumanye,
Vyiza, biroranye,
Bib’ari vyo wiyumvira
Igum’ikuzigamye.
3. Gendana n’Imana na yo
Ikuber’umugenzi.
Ingabire Yehov’aturonsa
Gum’uzikenguruka.
Gendana na Yehova wame
Umuririmbira.
Bose bazoca babona
Kw’ari we wegukira.
(Raba kandi Ita. 5:24; 6:9; Flp. 4:8; 1 Tim. 6:6-8.)