ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • mrt ikiganiro 19
  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Ingene wokwihanganira indwara ikomeye
  • Ibindi biganiro
  • Udutwe
  • Ivyo bijanye
  • Impanuro zogufasha kwihanganira indwara
  • Imana yoba izogufasha kwihanganira ingorane z’amagara?
  • 4 | Bibiliya iratanga impanuro ngirakamaro
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Ingene twofasha abarwaye indwara zo mu mutwe
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova (Integuro ya bose)—2023
  • Ukuntu wofasha umugenzi arwaye
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2010
  • Nugume wisunga ivyanditswe mu bijanye no kubungabunga amagara
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2008
Ibindi
Ibindi biganiro
mrt ikiganiro 19
Umuganga ariko araraba ibipimo vy’iradiyo yafashe yongera asigurira umugabo yijiriwe mu maso indwara yamutoye.

Ingene wokwihanganira indwara ikomeye

Amagara yawe yoba ariko arayonga mu buryo utari witeze? Nimba ari ukwo biri, urazi ingene indwara ishobora kuruhisha ku mubiri, gutuma wumva wihebuye no kugutwara amahera menshi. None ni igiki cogufasha kwihangana? Wofasha gute incuti canke umugenzi ariko aragira ingorane z’amagara? Naho Bibiliya atari igitabu c’ivy’ubuvuzi, irimwo ingingo ngenderwako zogufasha kwihangana.

Impanuro zogufasha kwihanganira indwara

  • Kwitura abaganga

    Ico Bibiliya ivuga: “Abafise amagara meza ntibakenera umuganga, ahubwo abarwaye ni bo bamukenera.”​—Matayo 9:12.

    Ingene woyishira mu ngiro: Igihe bikenewe, niwiture abaganga bavyigiye.

    Nugerageze iki kintu: Niwiture umuganga abishoboye woshobora kuronka. Rimwe na rimwe, biraba vyiza wituye n’uwundi muganga. (Imigani 14:15) Nutomorere abaganga ukuntu umerewe kandi wiyemeze neza ko utahura ivyo bakubwira be n’uko batahuye neza ukuntu umerewe. (Imigani 15:22) Numenye ibijanye n’indwara yawe hamwe n’uburyo butandukanye woshobora kuvurwa. Umaze gutahura neza ivyo wokwitega, bituma ushobora kwihanganira iyo ngorane yawe no gufata ingingo nziza ku bijanye n’ukuntu bokuvura.

  • Gukora ivyotuma ugira amagara meza

    Ico Bibiliya ivuga: “Kumenyereza umubiri bigira akamaro.”​—1 Timoteyo 4:8.

    Ingene woyishira mu ngiro: Gukora ibintu vyotuma ugira amagara meza, nko kuza uragira agasiporo, birashobora kukugirira akamaro.

    Nugerageze iki kintu: Niwame winonora imitsi udahorereza, wongere witwararike gufungura neza no gusinzira neza. N’igihe woba uriko uramenyera kubana n’iyo ndwara yawe, abahinga bavuga ko kwihatira gukora ibintu vyotuma ugira amagara meza bishobora kuvamwo ivyiza. Ariko uraraba neza ntuhave ukora ibintu vyotuma amagara yawe yunyuka canke bidahuza n’imiti woba uriko urafata.

  • Kurondera gushigikirwa n’abandi

    Ico Bibiliya ivuga: “Umugenzi nyakuri akundana igihe cose, kandi ni uwo muvukana yavukiye kuhaseruka mu gihe c’amarushwa.”​—Imigani 17:17.

    Ingene woyishira mu ngiro: Abagenzi barashobora kugufasha kwihanganira ibihe bitoroshe.

    Nugerageze iki kintu: Nuyagire umugenzi wizigiye, umuserurire ukuntu wiyumva. Ivyo vyotuma amaganya uterwa n’iyo ndwara agabanuka ugasubira kugira umunezero. Incuti n’abagenzi bashobora kuba bipfuza kugufasha no mu bundi buryo, ariko bakaba batazi ico bogufasha. Rero nubabwire utabahisha ico woshima ko bagufasha. Ntiwitege ibirenze kandi wame ukenguruka imfashanyo bakuronsa. Ariko ntiwumve, hari igihe vyosaba ko wishingira uturimbi tumwetumwe, nko kugabanya umwanya bakugendera be n’uwo bahamara kugira bikworohere ko uruhuka neza.

  • Nugume ubona ibintu mu buryo bwiza

    Ico Bibiliya ivuga: “Umutima unezerewe ugira neza nk’umuti uvūra, mugabo umutima ukubititse wumisha amagufa.”​—Imigani 17:22.

    Ingene woyishira mu ngiro: Kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza no kugumana icizigiro birashobora kugufasha kutarengerwa n’umubabaro no kwihanganira indwara.

    Nugerageze iki kintu: Kugira umenyere uko ivyawe bisigaye vyifashe, niwibande ku vyo ushoboye gukora, ntugumize umutima ku vyo utagishoboye. Niwirinde kwigereranya n’abandi canke kuguma wiyumvira uko wari umeze utararwara. (Abagalatiya 6:4) Niwishingire imigambi ushobora gushikako. Ivyo bizogufasha kuguma ubona ibintu mu buryo bwiza. (Imigani 24:10) Nugire ivyo ufashije abandi bivanye n’aho ubushobozi bwawe bugera. Umunezero uva ku gufasha abandi urashobora gutuma utaguma wiyumvira ingorane zawe.​—Ivyakozwe 20:35.

Imana yoba izogufasha kwihanganira ingorane z’amagara?

Bibiliya ivuga ko Yehova Imanaa ashobora gufasha umuntu kwihanganira ingorane z’amagara. Naho tutokwitega gukira ku gitangaro, Imana irashobora gufasha abasavyi bayo mu kubaronsa ibi bintu bikurikira:

Amahoro. Yehova araturonsa “amahoro y’Imana arengeye ukwiyumvira kwose.” (Abafilipi 4:6, 7) Ayo mahoro, canke ugutekana mu mutima, aratuma umuntu atarengerwa n’amaganya. Imana iha ayo mahoro abayisenga bakayibwira ibibaraje ishinga.​—1 Petero 5:7.

Ubukerebutsi. Yehova araturonsa ubukerebutsi bwo gufata ingingo zibereye. (Yakobo 1:5) Umuntu aronka ubwo bukerebutsi igihe yiyigisha ingingo ngenderwako zo muri Bibiliya akongera akazishira mu ngiro.

Icizigiro ca kazoza. Yehova asezerana ko hazogera igihe aho “[a]ta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’” (Yesaya 33:24) Ico cizigiro kiratuma abantu benshi baguma babona ibintu mu buryo bwiza naho baba bahanganye n’ingorane zikomeye z’amagara.​—Yeremiya 29:11, 12.

a Yehova ni izina ry’uruharo ry’Imana nk’uko riboneka muri Bibiliya.​—Zaburi 83:18.

Ukuntu wofasha umugenzi afise ingorane z’amagara

Nube umuntu yumviriza. Bumwe mu buryo bwiza kuruta bwo gufasha umugenzi ni kumwumviriza igihe ariko arakuyagira. Ntiwibaze ko ari ngombwa ko ugira ico uvuze ku kantu kose ashikirije. Akenshi kwumviriza biba bihagije. Nugerageze kuba umuntu atahura kandi wirinde kumucira urubanza. Ntiwibaze ko utahura neza ukuntu yiyumva, na canecane igihe afise indwara idashoka yibonekeza.​—Imigani 11:2.

Nube umuntu aremesha. Hari igihe wokwumva umengo ntufise ico wovuga, ariko naho wovuga amajambo makeyi gusa yerekana ko utahura ingorane uwo mugenzi wawe arimwo birashobora kumuremesha kuruta kuguma winumiye. N’igihe wumva umenga wabuze amajambo wokoresha, nugerageze kuvuga ikintu gisanzwe ariko kivuye ku mutima nka “Sinumva uko nobivuga, ariko numenye ko mbabaranye nawe.” Niwirinde kuvuga amajambo nk’aya ngo “Birashobora kwunyuka” canke ngo “Nushime ko utarwaye . . . ”

Urashobora kwerekana ko umwitayeho mu kugerageza kumenya ibijanye n’iyo ndwara afise. Birashoboka ko azokenguruka utwigoro ugira kugira utahure ivyo ariko aracamwo kandi n’ivyo umubwira bizorushiriza kumukora ku mutima. (Imigani 18:13) Ariko rero uririnda kumuha impanuro atabigusavye.

Numufashe mu buryo buboneka. Aho kwiyumvira ko uzi uko womufasha, numubaze ico womufasha. Ariko uribuka ko vyoshobora gushika akakubwira ko ata co akeneye ko umufasha. Mugabo aba gusa adashaka kukubera umuzigo. Bishitse akakubwira gutyo, nugerageze kumubwira ibintu biboneka ubona womufasha, nko kuja gusuma, gukora isuku canke utundi dukorwa.​—Abagalatiya 6:2.

Ntutane n’akabando. Igihe umugenzi ariko aranyinyana n’indwara, vyoshobora gushika agasivya isango muba mufitaniye canke akumva adashaka kuyaga. Numwihanganire kandi umutahure. Nubandanye kumufasha mu vyo akeneye.​—Imigani 18:24.

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika