Igitabu wokwizigira—Igice ca 7
Inganji nganzasi igira indwi
Iki ni ikiganiro ca nyuma muri rwa rukurikirane rw’ibiganiro indwi vyagiye birasohoka mu nomero zikurikirana za “Be maso!”, bino bikaba bica irya n’ino za nganji nganzasi indwi zivugwa mu nkuru ya kahise dusanga muri Bibiliya. Intumbero yavyo ni iyo kwerekana yuko Bibiliya ari iyo kwizigirwa, ko yahumetswe n’Imana be n’uko ubutumwa buri muri yo butuma umuntu yizigira ko imibabaro iterwa no kuba umuntu ategeka mugenziwe mu buryo buranga ubunyamaswa izokurwaho.
TUBAYEHO mu gihe kidasanzwe kandi gihambaye, ni ukuvuga igihe c’inganji nganzasi igira indwi ivugwa mu nkuru ya kahise yo muri Bibiliya. Vyongeye, iyo nganji ni yo yonyene ivugwa muri Bibiliya mu buryo bw’ubuhanuzi gusa, kubera ko zimwe zitandatu za mbere zozo zivugwa mu nkuru ya kahise yo muri Bibiliya. Ku bijanye n’izo nganji nganzasi indwi, ari bo “bami,” Bibiliya yari yaravuze iti: “Hari abami indwi: batanu baratemvye, umwe ariho, uwundi ntarashika, mugabo niyashika abwirizwa kugumaho akanya gato.”a—Ivyahishuwe 17:10.
Igihe ayo majambo yandikwa, ubu hakaba haciye imyaka irenga gatoyi 1.900, batanu muri abo “bami” indwi, ari zo nganji nganzasi, ‘bari baratemvye.’ Izo nganji zari Misiri, Ashuri, Babiloni, Ubumedi n’Ubuperesi hamwe n’Ubugiriki. Imvugo ngo “umwe ariho” yerekeza ku Buroma. Mugabo Uburoma ntibwokwamyeho. Hobayeho iyindi nganji imwe, mugabo ubwo buhanuzi bwavuze yuko ‘itarashika.’ Nk’uko ubwo buhanuzi bwo muri Bibiliya bwari bwarabivuze, uwo ‘mwami’ agira indwi yarashitse mw’isi. None iyo nganji yabaye iyihe? Yoba izokwama iganza? Nimba itazokwama iganza, izovaho gute? Bibiliya irabiduhishurira.
Ubuhanuzi bwo kwizigirwa
Iyo nganji nganzasi igira indwi yatanguye kwibonekeza igihe Ubwongereza bwarushiriza gukomera mu karere ko mu buraruko bushira uburengero bw’Inganji y’Uburoma. Mu myaka ya 1760, iryo hanga rigizwe n’amazinga ryari rimaze kuba Inganji y’Ubwongereza ikomeye. Ubwongereza bwarabandanije gutunga no gukomera ku buryo mu kinjana ca 19, ari bwo bwari ihanga ritunze kandi rikomeye kuruta ayandi yose kw’isi. Igitabu kimwe kivuga giti: “Inganji y’Ubwongereza yari yo nganji yagutse kuruta izindi zose zari zarabayeho. Yabamwo abantu imiliyoni 372 ikaba kandi yari ifise ubwaguke bw’ibilometero kwadarato imiliyoni 28.”
Ariko rero, intambara ya mbere y’isi yose (1914-1918) yaratumye Ubwongereza butangura kugiranira imigenderanire idasanzwe na Leta Zunze Ubumwe za Amerika, ino ikaba yahora itwarwa na bwo. None ivyo vyavuyemwo iki? Inganji y’Ubwongereza yavuyemwo urunani rw’Abongereza n’Abanyamerika, rukaba ari inganji nganzasi igizwe n’ibihugu bibiri bivuga icongereza bihuriye ku bintu vyinshi, iyo nganji nganzasi ikaba yaragumyeho gushika n’ubu.—Raba uruzitiro ruvuga ngo: “Urunani rudasanzwe.”
Ubuhanuzi bwo mu Vyahishuwe 17:10 burunganira ubundi buhanuzi buri mu gitabu ca Daniyeli. Daniyeli yaranditse ibijanye n’“igishusho amahero” Nebukadinezari umwami wa Babiloni yabonye mu vyo yeretswe n’Imana. (Daniyeli 2:28, 31-43) Daniyeli yarahishuriye uwo mwami yuko ibihimba bigize ico gishusho vyagereranya inganji nganzasi zogiye zirakurikirana, zino zikaba zahereye kuri Babiloni, ico gihe akaba ari yo yari inganji nganzasi. (Misiri na Ashuri zari zaramaze kuvaho.) Inkuru ya kahise iremeza ibi bikurikira:
Umutwe w’inzahabu wagereranya Inganji ya Babiloni.
Igikiriza n’amaboko vy’ifeza vyagereranya Ubumedi n’Ubuperesi.
Inda n’amatako vy’umujumpu vyagereranya Ubugiriki bwa kera.
Amaguru y’icuma yagereranya Inganji y’Uburoma.
Ibirenge, bino bikaba vyari uruvange rw’icuma n’ibumba, bigereranya ukuntu ivya politike n’ivy’imibano bitokwunze ubumwe mu gihe c’inganji nganzasi y’Abongereza n’Abanyamerika.
Nk’uko bivugwa mu Vyahishuwe 17:10, inganji nganzasi igira indwi “[i]bwirizwa kugumaho akanya gato.” None ako kanya kangana gute? Iyo nganji izovaho gute? Kandi ni ibiki bizoshika inyuma y’aho? Daniyeli aradufasha kuronka inyishu z’ivyo bibazo.
Umuhango wokwizigira
Daniyeli amaze kudondora ico gishusho duhejeje kuvuga, yanditse ati: ‘Ibuye ryarasituwe [ku musozi], ridasituwe n’amaboko, rikubita ca gishusho ku birenge vyaco vy’icuma n’ibumba ribumbabumvye rirabijanjagura.’ (Daniyeli 2:34) None ivyo bintu biteye ubwoba vyerekana iki?
Daniyeli yabandanije ati: “Mu misi y’abo bami [ba nyuma], Imana yo mw’ijuru izoshinga ubwami butazokwigera busenyurwa. Kandi ubwo bwami ntibuzohabwa ikindi gisata c’abantu. Buzojanjagura ubwo bwami [bwo kw’isi] bwose bubuherengeteze, yamara bwobwo buzohangama gushika ibihe bitagira urugero.”b (Daniyeli 2:44, 45) Raba ibi vyiyumviro bihambaye:
Ubwo Bwami butahukana intsinzi, ubugereranywa n’ibuye rinini, ‘bushingwa’ n’Imana ubwayo, ntibushingwa n’“amaboko” y’abantu. Ni co gituma bwitwa mu buryo bubereye Ubwami bw’Imana.
Ubwami bw’Imana “buzojanjagura” intwaro zose z’abantu, harimwo na ya nganji nganzasi igira indwi. Kubera iki? Izo ntwaro zose zizokwanka kuva ku butegetsi kandi zizorwanya Imana mu gihe c’intambara ya nyuma ihambaye izobera ahantu h’ikigereranyo hitwa Haru–Magedoni, ni ukuvuga Harumagedoni. Bibiliya iratomora yuko iyo ntambara izoba irimwo “abami b’isi yose.”—Ivyahishuwe 16:13, 14, 16.
Mu buryo butandukanye n’intwaro z’abantu zimara akanya isase, harimwo na za nganji nganzasi indwi, Ubwami bw’Imana bwobwo ‘ntibuzokwigera busenyurwa.’ Vyongeye, buzoganza isi yose.—Daniyeli 2:35, 44.
Ugutikizwa kwa nyuma kw’abarwanya Imana kuzoba ari iranguka rihambaye ry’ubuhanuzi bwo mw’Itanguriro 3:15 bwavuzwe mu kiganiro ca mbere co muri uru rukurikirane rw’ibiganiro. Uruvyaro rw’uwo mugore ari rwo Yezu Kristu, rwojanjaguye iyo nzoka y’ikigereranyo, ari yo Shetani, be n’uruvyaro rwiwe. (Abagalatiya 3:16) Uruvyaro rwa Shetani rugizwe n’abantu bose bisunga inzira ziwe z’ububisha bakongera bakaremesha ivyo kwitegeka aho gutegekwa n’Imana hamwe na Kristu.—Zaburi 2:7-12.
Ivyo bidushikana kuri iki kibazo gihambaye cane: Ukwo gutikizwa kwa nyuma kuzoba ryari? Egome, rya “buye” ari bwo Bwami bw’Imana, rizokuraho ryari ikintu cose gifitaniye isano n’ubutegetsi bw’abantu? Bibiliya irishura ico kibazo mu kuvuga ibijanye n’“ikimenyetso” cokwerekanye ko turi mu misi y’iherezo.—Matayo 24:3.
Nutahure ico “kimenyetso”!
Ico kimenyetso c’iherezo kigizwe n’intambara, “vya nyamugigima bikomakomeye,” “ibiza,” hamwe n’“amapfa” akomeye, ivyo vyose bikaba biba kw’isi yose. (Luka 21:10, 11; Matayo 24:7, 8; Mariko 13:8) Ikindi kintu cokwerekanye yuko turi mu “misi ya nyuma” ni uko abantu bobayeho batisunga ingingo mfatirwako z’Imana zigenga inyifato runtu kandi ntibitwararike ivy’Imana. (2 Timoteyo 3:1-5) None “ivyo bintu vyose” biramaze gushika? (Matayo 24:8) Egome biramaze gushika, ku buryo abantu benshi basigaye batinya kazoza. Ikinyamakuru kimwe (The Globe and Mail) cavuze giti: “Bamwebamwe mu ncabwenge zubahwa kuruta izindi mu bijanye na siyansi be n’ikibano bariko baravuga ibintu biteye ubwoba bijanye na kazoza vyerekana yuko umuryango w’abantu ugiye guherengetera.”
Ariko rero, ivyo bintu bavuga si vyo mu muce umwe uhambaye, uwo na wo ukaba ari uko umuryango w’abantu ubwawo utazoherengetera. Nkako, kuba Ubwami bw’Imana buzogira ico bukoze biremeza ico kintu! Igihe Yezu Kristu yatanga ikimenyetso cokwerekanye iherezo, yavuze ati: “Iyi nkuru nziza y’ubwami izokwamamazwa mw’isi yose ngo bibe intahe ku mahanga yose; maze iherezo rizoca riza.” (Matayo 24:14) None ubwo buhanuzi bwarangutse gute?
Mu bihugu birenga 230, Ivyabona vya Yehova bariko baramamaza Ubwami bw’Imana. Nkako, umutwe w’ikinyamakuru nyamukuru cabo ni Umunara w’Inderetsi utangaza Ubwami bwa Yehova, Yehova rikaba ari izina ry’Imana ry’uruharo. (Yesaya 12:2) Porogarama yo kwigisha Bibiliya igirwa n’Ivyabona vya Yehova iriko irafasha abantu benshi n’imiryango myinshi guheba uburyo bwo kubaho bwonona maze bakagira inyifato idahumanye kandi irangwa amahoro ihuye n’ingingo mfatirwako z’Imana. (1 Abakorinto 6:9-11) Ivyo biratuma abantu amamiliyoni bo hirya no hino kw’isi bizigira yuko bazokingirwa n’Imana, Ubwami bwayo nibwagira ico bukoze mu vyo abantu bakora.
Nkako, bazokwibonera iranguka rya rya sengesho ry’akarorero rya Kristu, iryitwa rimwe na rimwe ngo Igisabisho ca Dawe wa twese, rikaba ririmwo amajambo avuga ngo: “Ubgami bgawe buze, ivyo ugomba bibe mw isi nk’uko biba mw ijuru.” (Matayo 6:10, Bibiliya Yera) Woba umaze kwibaza ukuntu ubuzima buzoba bumeze kw’isi igihe abantu bose bazoba bakunda Imana kandi bayigamburukira? Imirongo yo muri Bibiliya ikurikira yoshobora kugufasha gutahura igituma imvugo ngo “inkuru nziza” ibereye.
Ivyo Imana igomba nivyakorwa kw’isi . . .
Hazobaho amahoro nyakuri, atari ugukuraho intambara gusa. “Yehova . . . ahagarika intambara gushika ku mpera y’isi. Umuheto aravunagura, emwe, icumu agahimbagura; imikogote ayituririra mu muriro.” (Zaburi 46:8, 9) “Mugabo abatekereza bazokwigabira isi, kandi bazokwinovora amahoro menshi.”—Zaburi 37:11.
Abantu bose bazoronka ibifungurwa umukimba. “Hazoba umukimba w’intete kw’isi; kw’isonga ry’imisozi hazoba umusesekara.”—Zaburi 72:16.
Abantu bose bazogira amagara meza. “Nta wuhaba azovuga ngo: ‘Ndarwaye.’ ”—Yesaya 33:24.
Umuntu wese azoronka inzu nziza. “Emwe, bazokwubaka amazu bayiberemwo; emwe, bazotera imirima y’imizabibu birire ivyamwa vyayo. Ntibazokwubaka ngo uwundi ayibemwo; ntibazotera ngo uwundi abirye.”—Yesaya 65:21, 22.
Imibabaro yose izovaho. “Ihema ry’Imana riri kumwe n’abantu, kandi . . . izohanagura amosozi yose ku maso yabo, kandi urupfu ntiruzoba rukiriho, eka n’ikigandaro canke amaborogo canke ububabare ntibizoba bikiriho. Ivya kera vyagiye.”—Ivyahishuwe 21:3, 4.
Ivyo bintu vyasezeranywe vyoba bigushimisha? Nimba bigushimisha, Ivyabona vya Yehova bakuremesheje kuraba n’ibindi bintu bivugwa muri Bibiliya. Nkako, niwabigenza gutyo uzobona mbere n’ibindi bimenyamenya vy’uko kuba umuntu ategeka mugenziwe mu buryo buranga ubunyamaswa biri mu kurangira. Uzobona kandi yuko ukwiye kwizigira Bibiliya bimwe bishitse, ko yahumetswe n’Imana vy’ukuri.—2 Timoteyo 3:16.c
a Kubera yuko inganji zivugwa muri Bibiliya akenshi zatwarwa n’umwami, izo nganji ubwazo zikunda kwitwa “abami,” “ubwami” canke zikitwa ayo mazina yompi.—Daniyeli 8:20-22.
b Ushaka kumenya vyinshi ku bijanye n’Ubwami bw’Imana bwo mw’ijuru, raba ikigabane ca 8 n’ica 9 mu gitabu Mu vy’ukuri Bibiliya yigisha iki? casohowe n’Ivyabona vya Yehova.
c Nimba ushaka kumenya vyinshi ku vyerekeye Bibiliya, ntiwitinye kwitura Ivyabona vya Yehova bo mu karere ubamwo, kwandika ukoresheje aderese ibereye mu ziri ku rupapuro rwa 5, canke kuja ku muhora wacu wa Internet witwa www.watchtower.org.