ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET ca Watchtower
Watchtower
ICEGERANYO C'IBITABU CO KURI INTERNET
Ikirundi
  • BIBILIYA
  • IVYASOHOWE
  • AMAKORANIRO
  • w15 1/9 rup. 7
  • Kubera iki bamamaza?

Nta videwo ihari.

Uradutunga, ividewo yanse kuvuga.

  • Kubera iki bamamaza?
  • Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Ivyo bijanye
  • Ibindi vyofasha umuryango
    Be maso!—2018
  • Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
    Twokura he inyishu z’ibibazo bihambaye vyerekeye ubuzima?
  • Icogufasha gutahura Bibiliya
    Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
  • Turyohore ubuhanga bwacu mu ndimiro: Gukoresha JW.ORG
    Ubuzima bwacu n’igikorwa cacu—Agatabu k’ikoraniro—2018
Ibindi
Umunara w’Inderetsi Utangaza Ubwami bwa Yehova—2015
w15 1/9 rup. 7
Ivyabona vya Yehova babiri bariko baramamaza

IKIGANIRO GIHUYE N’IBIRI KU GIPFUKISHO | IVYABONA VYA YEHOVA NI BANDE?

Kubera iki bamamaza?

Abantu benshi baratuzi kubera ko twamamaza cane, haba inzu ku nzu, mu bibanza vya bose n’ahandi hose dushobora gusanga abantu. Kubera iki none twamamaza?

Twamamaza kugira tuninahaze Imana twongere tumenyekanishe izina ryayo. (Abaheburayo 13:15) Twipfuza kandi kugamburukira Kristu Yezu, we yadutegetse ati: “Nimugende rero muhindure abantu bo mu mahanga yose abigishwa, . . . mubigish[e] kwubahiriza ibintu vyose nabategetse.”​—Matayo 28:19, 20.

Ariko kandi turakunda bagenzi bacu. (Matayo 22:39) Turazi ko abantu nka bose bafise ivyo bemera kandi ko atari bose bahimbarwa n’ivyo twigisha. Ariko turatahura ko ivyo Bibiliya yigisha birokora ubuzima. Ni co gituma tubandanya ‘kwigisha no kumenyesha inkuru nziza yerekeye Kristu tudatezura,’ nk’uko abakirisu bo mu kinjana ca mbere babigira.​—Ivyakozwe 5:41, 42.

Umuhinga mu vy’imibano yitwa Antonio Cova Maduro yaranditse ibijanye “n’utwigoro Ivyabona vya Yehova bagira, mbere bakanasanzara  . . . kugira gusa ivyanditswe vyeranda bishike mu mihingo ya kure y’isi.”​—Vyakuwe mu kinyamakuru kimwe (El Universal) co muri Venezuwela

Abasoma ibinyamakuru vyacu bose si Ivyabona vya Yehova. N’abantu amamiliyoni twigisha Bibiliya bari mu madini atandukanye. Ariko barahimbarwa n’uko Ivyabona vya Yehova babagendera.

Ego ni ko, mushobora kuba mufise ibindi bibazo ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova. Tubaremesheje kurondera inyishu zavyo:

  • Mu kubaza umwe mu Vyabona vya Yehova.

  • Mu kuja ku muhora wacu www.pr418.com.

  • Mu kwitaba amakoraniro yacu. Agirwa ku buntu kandi nta n’umwe yimiriwe.

Yezu arungitse abigishwa babiri kwamamaza
Umusozi uriko ibibarafu

Ushaka kumenya n’ibindi ku vyerekeye Ivyabona vya Yehova, raba kuri www.pr418.com ividewo ivuga ngo Ivyabona vya Yehova baramamaza inkuru nziza kw’isi yose. (Raba ahavuga ngo IVYASOHOWE > AMAVIDEWO)

    Ibitabu vy’ikirundi (1983-2026)
    Sohoka
    Injira
    • Ikirundi
    • Rungika
    • Uko vyoza bimeze
    • Copyright © 2025 Watch Tower Bible and Tract Society of Pennsylvania
    • Amasezerano agenga ikoreshwa
    • Ibijanye no kugumya ibanga
    • Gutunganya ibijanye no kugumya ibanga
    • JW.ORG
    • Injira
    Rungika