Yesaya
1 Iyerekwa+ rya Yesaya+ mwene Amozi, iryo yabonye ku vyerekeye Yuda na Yeruzalemu mu misi ya Uziya+, Yotamu+, Ahazi+ na Hezekiya+, abami ba Yuda+:
2 Nimwumve+, mwa majuru, tega ugutwi nawe si, kuko Yehova ubwiwe avuze ati: “Narakujije abana, ndabarera+, mugabo bo barangararije+. 3 Ishūri irazi neza nyene kuyigura, n’indogobwa irazi ubwato bw’ibitungwa bwa nyeneyo; Isirayeli yo ntiyamenye+, abantu banje ntibigenjeje nk’abafise ugutegera+.”
4 Riragowe ihanga ry’iricumuzi+, abantu buzuye amakosa, uruvyaro rukora ikibi+, abana b’abononyi+! Barahevye Yehova+, ntibubashe wa Mweranda wa Isirayeli+, basubiye inyuma+. 5 Ni hehe handi muzokubitwa+, ko mwongerako ubundi bugarariji+? Umutwe wose urarwaye, kandi umutima wose uragoyagoya+. 6 Kuva mu kirenge gushika ku mutwe nta hakomeye hariho+. Ibikomere n’inguma n’ibisebe bishasha—ntivyafyonzwe canke ngo bitubikwe, canke ngo vyoroshwe n’amavuta+. 7 Igihugu canyu ni umusaka+, ibisagara vyanyu biturijwe umuriro+; ubutaka bwanyu—neza na neza imbere yanyu ni ho ab’ahandi+ bariko baburīra bakabuherengeteza+, kandi uwo musaka umeze nk’ahubitswe n’ab’ahandi+. 8 Kandi umukobwa wa Siyoni+ asigaye ameze nk’urusago mu murima w’imizabibu, nk’akaruri k’irindiro mu murima w’amakonkombure, nk’igisagara cugarijwe+. 9 Iyo Yehova nyen’ingabo* ubwiwe ataba yaradusigarije abarokotse bakeyi+, tuba twaracitse nka Sodomu, tuba twarabaye nka Gomora ubwayo+.
10 Nimwumve ijambo rya Yehova+, mwa ntwazagikenye+ za Sodomu+! Tege ugutwi itegeko ry’Imana yacu, mwa bantu b’i Gomora! 11 “Ibimazi vyanyu vyinshi bimariye iki?”, ni ko Yehova avuga. “Mpāze amashikanwa aturirwa uko yakabaye+ y’impfizi z’intama+ n’ibinure vy’ibitungwa vyagaburiwe neza+; kandi simpimbarwa+ n’amaraso+ y’ibimasa n’imyagazi y’intama y’amasuguru be n’amasuguru y’impene+. 12 Igihe muguma mwinjira kuraba mu maso hanje+, ni nde aba yabasavye guhonyora mu bigo vyanje+? 13 Nimureke kuzana ayandi mashikanwa y’intete ata co amaze+. Imibavu*—ni ikintu kintera ishishi+. Imboneko y’ukwezi+ n’isabato+, uguhamagaza ihwaniro+—sinshobora kwihanganira ikoreshwa ry’ububasha bw’ivy’amageza+ hamwe n’ikoraniro ry’agakūra. 14 Imboneko z’ukwezi zanyu n’ibiringo vy’imisi mikuru vyanyu, ndavyanka+. Vyambereye umuzigo+; naruhijwe no kuvyihanganira+. 15 Iyo mugaranzuye ibiganza+, ndabahisha amaso yanje+. Naho mutura amasengesho menshi+, sinumviriza+; amaboko yanyu asigaye yuzuye ugusesa amaraso+. 16 Nimwiyoze+, mwihumanure+; nimukure ububi bw’ibikorwa vyanyu imbere y’amaso yanje+, mureke gukora ikibi+. 17 Nimwige gukora iciza+; nimurondere ubutungane+; nimugorore umunyagahahazo+; nimuce urubanza rw’impfuvyi*+; nimuburanire umupfakazi+.”
18 “Nimuze rero tugorore ibintu hagati yacu,” ni ko Yehova avuga+. “Naho ibicumuro vyanyu vyoba bimeze nk’agahama, bizogirwa ivyera derere*+; naho vyoba bitukura nk’impuzu y’ibara ry’umutukutuku rihinze, bizocika nk’ubwoya bwera derere. 19 Nimwerekana ugushaka kandi mukumviriza koko, muzorya ivyiza vy’igihugu+. 20 Mugabo nimwanka+ kandi mukaba koko abagarariji, muzoribwa n’inkota ibaherengeteze; kuko akanwa ka Yehova ari ko kabivuze+.”
21 Ewe kuntu igisagara cari icizigirwa+ cacitse maraya+! Cari cuzuye ubutungane+; ubugororotsi ubwabwo bwahora buba muri co+, ariko ubu haba abicanyi+. 22 Ifeza yawe ubwayo icitse inkamba+. Inzoga yawe y’ingano ijoborojwe amazi+. 23 Abaganwa bawe ni intagondwa bakaba na bagenzi b’ibisuma+. Umwe wese muri bo akunda igiturire+ kandi akiruka inyuma y’ingabirano+. Kuko badaca urubanza rw’impfuvyi; kandi n’urubanza rw’umupfakazi ntirushika kuri bo+.
24 Ku bw’ivyo ibi ni vyo Umukama w’ukuri, Yehova nyen’ingabo, wa Munyabubasha wa Isirayeli+, avuze: “Ahaa! Nzokwikurako abansi banje, kandi nzokwihora+ abansi banje+. 25 Nzogarukana ukuboko kwanje kuri wewe, kandi nzoshongesha inkamba zawe nk’aho noba nkoresheje umuti w’umumesuzi, kandi nzokuraho ibicafu vyawe vyose+. 26 Nzokugarukanira abacamanza nk’uko vyahora mbere, nkugarukanire n’abajanama nk’uko vyari mu ntango+. Inyuma y’ivyo uzokwitwa Igisagara c’Ubugororotsi, Igisagara Cizigirwa+. 27 Siyoni ubwiwe azocunguzwa+ ubutungane, kandi abiwe bagarutse bazocunguzwa ubugororotsi+. 28 Ugusenyuka kw’abagarariji n’ukw’abacumuzi bizobera icarimwe+, kandi abaheba Yehova bazoyogera+. 29 Kuko bazomaramazwa n’ibiti vy’ibinyabushobozi mwipfuje+, kandi muzoteterwa kubera imirima mwahisemwo+. 30 Kuko muzocika nk’igiti kinini c’amababi ariko arakabirana+, kandi nk’umurima utagira amazi. 31 Umuntu yuzuye ingoga azocika ata gukeka ubugwegwe+, ibiva mu gikorwa ciwe na vyo bicike agasase k’umuriro; vyompi bizorurumbira icarimwe, ntihagire n’umwe wo kubizimya+.”