Hoseya
1 Ijambo rya Yehova+ ryaje kuri Hoseya+ mwene Beyeri mu misi+ ya Uziya+, n’iya Yotamu+, n’iya Ahazi+, n’iya Hezekiya+, abami ba Yuda, no mu misi ya Yerobowamu+ mwene Yowasi+, umwami wa Isirayeli. 2 Yehova atangura kuvuga ijambo ryiwe biciye kuri Hoseya. Yehova abwira Hoseya ati: “Genda+ wabire umugore azokora ubusambanyi bigatuma uronka abana bavuye ku busambanyi, kuko ubusambanyi ari bwo butumye igihugu kireka gukurikira Yehova+.”
3 Aragenda rero yabira Gomeri umukobwa wa Dibulayimu; nuko aribungenga, hanyuma amuvyarira umuhungu+.
4 Maze Yehova amubwira ati: “Mwite Yezireyeli+, kuko hasigaye igihe gito nkagira ico mbaza koko inzu ya Yehu+ kubera ibikorwa vy’ugusesa amaraso vya Yezireyeli, kandi nzozimanganya ingoma y’inzu ya Isirayeli+. 5 Kuri uwo musi, sinzobura kuvunira umuheto+ wa Isirayeli mu kiyaya co hasi ca Yezireyeli.”
6 Yongera kwibungenga maze yibaruka umukobwa. Nuko Imana imubwira iti: “Mwite Lo-ruhama*+, kuko ntazokwongera kugirira imbabazi+ inzu ya Isirayeli, kubera ko nzobakuraho ata kabuza+. 7 Mugabo inzu ya Yuda nzoyigirira imbabazi+; nzobakiza jewe Yehova Imana yabo+, mugabo sinzobakirisha umuheto canke inkota canke intambara canke amafarasi canke abagendera ku mafarasi+.”
8 Amaherezo acutsa Lo-ruhama; nuko aribungenga hanyuma yibaruka umuhungu. 9 Imana ivuga rero iti: “Mwite Lo-ami*, kuko mutari abantu banje kandi nanje sinzoba Imana yanyu.
10 “Kandi igitigiri ca bene Isirayeli kizoba koko nk’udutete tw’umusenyi two ku kiyaga tudashobora kugerwa canke guharurwa+. Kandi aho bahora babwirirwa ngo: ‘Ntimuri abantu banje+,’ bazohabwirirwa ngo: ‘Muri abana b’Imana nzima+.’ 11 Egome, bene Yuda na bene Isirayeli bazokoranirizwa hamwe mu bumwe+, bishirireho koko umukuru umwe maze baduge bave mu gihugu+, kuko umusi wa Yezireyeli uzoba uhambaye+.