Obadiya
1 Ivyo Obadiya yeretswe:
Ibi ni vyo Umukama Segaba Yehova avuze kuri Edomu+: “Hari inkuru twumvise ivuye kuri Yehova, kandi hari intumwa itumwe mu mahanga, ngo: ‘Nimuhaguruke, duhaguruke tumurwanye mu rugamba+.’”
2 “Ehe nakugize mutoyi mu mahanga+. Urasuzugurwa cane+. 3 Ukwita imbere kw’umutima wawe ni kwo kwaguhenze+, wewe uba mu bwihisho bw’urutare+, iyo hejuru aho uba, ukavugira mu mutima wawe ngo: ‘Ni nde azomanura kw’isi?’ 4 Naho woshira ikibanza cawe hejuru nk’inkona, canke naho woshira icari cawe mu nyenyeri, nokumanurayo+,” ni ko Yehova avuze.
5 “Hamwe ibisuma vyokwinjira iwawe, hamwe abanyazi bokwinjira mw’ijoro, woba unumishijwe ku rugero rungana iki+? Mbega ntibokwiba ivyo bashaka? Canke hamwe abasoromyi b’inzabibu bokwinjira iwawe, mbega ntibosigaza udutororwa*+? 6 Ewe kuntu aba Esawu baseranguwe+! Ese ukuntu amatunga ahishijwe yiwe yarondewe! 7 Bakurungitse gushika ku rubibe. Abantu nyene mwari mufitaniye isezerano baguhenze+ bose. Abantu mwari mubanye amahoro bakunesheje+. Abo mwahora musangira ibifungurwa bazotega urusenga munsi yawe kubera uri umuntu atagira ugutahura+. 8 Mbega ntihazoba ari kuri uwo musi?”, ni ko Yehova avuze.
“Nzorandura koko inkerebutsi muri Edomu+, ndandure ugutahura mu karere k’imisozi ka Esawu. 9 Abagabo bawe b’abanyenkomezi bazotekerwa koko n’ubwoba+, ewe Temani+, kuko umwe wese azorandurwa+ mu karere k’imisozi ka Esawu mu kwicwa+. 10 Kubera ubukazi wagiriye mwene wanyu Yakobo+, uzokwicwa n’ibimaramare+, kandi uzorandurwa ata kabuza gushika igihe kitagira urugero*+. 11 Kuri wa musi wari wihagarariye ku ruhande, ku musi ab’ahandi bajana inteko za gisirikare ziwe kuzigira imbohe+, igihe abanyamahanga katwa binjirana mw’irembo ryiwe+ bagapfindira+ Yeruzalemu, na wewe wari nk’umwe muri bo.
12 “Ntiwari ukwiye kwirorerera ku musi wa mwene wanyu+, ku musi w’amagorwa yiwe; ntiwari ukwiye kunezerwa ku bijanye na bene Yuda ku musi bahona+; ntiwari ukwiye kuguma utaburuye umunwa ku musi w’amarushwa yabo. 13 Ntiwari ukwiye kwinjira mw’irembo ry’abantu banje ku musi w’icago cabo+. Egome, wewe ntiwari ukwiye kwihweza amakuba yiwe ku musi w’icago ciwe; kandi ntiwari ukwiye gutuma ukuboko kwawe ku butunzi bwiwe ku musi w’icago ciwe+. 14 Ntiwari ukwiye guhagarara mu masanganzira, kugira urandure abiwe bacitse kw’icumu+; kandi ntiwari ukwiye gutanga abiwe barokotse, ku musi w’amarushwa+. 15 Kuko umusi wa Yehova wo guhagurukira amahanga yose uri hafi+. Uko wagize ni ko uzogirirwa+. Ivyo wakoze bizogusubira ku mutwe+. 16 Kuko uko mwanywereye ku musozi wanje mweranda, ari ko amahanga yose azokwama anywa+. Azonywa koko agotomere, amere nk’ayatigeze kubaho.
17 “Ku musozi Siyoni ni ho abacitse kw’icumu bazoba bari+, kandi uzoba ikintu ceranda koko+; inzu ya Yakobo izokwigarurira ibintu ibwirizwa kwigarurira+. 18 Inzu ya Yakobo izoba koko umuriro+, inzu ya Yozefu ibe urubeya, inzu ya Esawu na yo ibe nk’ibishakara+; bazobatongora, babarigate. Nta wuzorokoka mu nzu ya Esawu+; kuko Yehova ubwiwe abivuze. 19 Bazokwigarurira Negebu, egome, bigarurire akarere k’imisozi ka Esawu+, na Shefela*, egome, bigarurire Abafilisitiya+. Bazokwigarurira akarere ka Efurayimu+ n’akarere ka Samariya+; kandi Benyamini azokwigarurira Gileyadi+. 20 Nayo abagizwe inyagano begukira iki gikuta+, ari bo bene Isirayeli, bazokwigabira ivyo Abanyakanani+ bari bafise gushika i Zarefati+. Kandi aba Yeruzalemu bagizwe inyagano bari i Sefaradi bazokwigarurira ibisagara vya Negebu+.
21 “Abarokozi+ bazoduga ku musozi Siyoni+ kugira bacire urubanza akarere k’imisozi ka Esawu+; kandi ingoma izoba iya Yehova+.”