Gusubira mu vyagezwe
1 Aya ni yo majambo Musa yabwiye Isirayeli yose mu karere ka Yorodani+ mu gahinga, mu biyaya vy’ubugaragwa imbere ya Sufi, hagati ya Parani+ na Tofeli na Labani na Hazeroti+ na Dizahabu, 2 hakaba hari urugendo rw’imisi cumi n’umwe uvuye i Horebu ukajana inzira y’umusozi Seyiri ija i Kadeshi-baruneya+. 3 Hanyuma mu mwaka ugira mirongo ine+, mu kwezi kugira icumi na rimwe, ku musi wa mbere wa nya kwezi, Musa avugana na bene Isirayeli yisunze ivyo Yehova yari yamutegetse kubashikiriza vyose, 4 inyuma y’aho atsindiye Sihoni+ umwami w’Abamori, uwaba i Heshiboni, na Ogi+ umwami wa Bashani, uwaba i Ashitaroti+, muri Edireyi+. 5 Musa atangura gusigura iri tegeko+ mu karere ka Yorodani, mu gihugu ca Mowabu, ati:
6 “Yehova Imana yacu yavuganye natwe i Horebu+ ati: ‘Mwarabaye igihe kirekire bihagije muri aka karere k’imisozi+. 7 Hindukire mufate inzira, mwinjire mu karere k’imisozi k’Abamori+ no mu babanyi babo bose i Araba+, akarere k’imisozi+ na Shefela* na Negebu+ n’inkengera y’ikiyaga+, igihugu c’Abanyakanani+, na Libani+, gushika kuri rwa ruzi runini, uruzi Efurate+. 8 Raba, nshize koko ico gihugu imbere yanyu. Nimwinjire mwigarurire igihugu Yehova yarahiye ba so, akarahira Aburahamu, Izahaki+ na Yakobo+, ko azokibaha bo hamwe n’uruvyaro rwabo mu nyuma zabo+.’
9 “Ico gihe nyene nababwiye nti: ‘Sinshoboye kubikorera jenyene+. 10 Yehova Imana yanyu yarabagwije, none ehe uno musi muri nk’inyenyeri zo mu majuru mu bwinshi+. 11 Yehova Imana ya ba sogokuruza banyu abongereze+ incuro igihumbi kuruta uko muri, kandi abahezagire+ nk’uko yabasezeraniye+. 12 Noshobora nte kubikorera jenyene n’ingene muri umuzigo be n’ingene muri umutwaro, nkikorera n’imitongano yanyu+? 13 Nimurondere abagabo b’inkerebutsi, b’ubwenge+ kandi bazi utuntu n’utundi+ bo mu miryango yanyu, kugira ndabagire abakuru banyu+.’ 14 Maze munyishura muti: ‘Ikintu uvuze ngo dukore ni ciza.’ 15 Nuko mfata abakuru b’imiryango yanyu, abagabo b’inkerebutsi kandi bazi utuntu n’utundi, ndabagira abakuru banyu: abakuru b’ibihumbi, n’abakuru b’amajana, n’abakuru ba mirongo itanitanu, n’abakuru b’amacumi, n’abarongozi b’imiryango yanyu+.
16 “Ico gihe nyene ntegeka abacamanza banyu nti: ‘Igihe mwumviriza urubanza hagati ya bene wanyu, mutegerezwa guca urubanza mu bugororotsi+ hagati y’umuntu na mwene wabo, canke kavamahanga wiwe+. 17 Ntimuze mugire nkunzi mu rubanza+. Muze mwumvirize umutoyi cokimwe n’uwuhambaye+. Ntimuze muterwe ubwoba n’umuntu+, kuko urubanza ari urw’Imana+. Urubanza rubagumiye cane, muze murunshikirize, ndarwumvirize+.’ 18 Ico gihe nyene ntangura kubategeka ibintu vyose mukwiye gukora.
19 “Maze tuva i Horebu, turagenda duca muri ako gahinga kose kanini kandi gateye ubwoba+, ako mwabonye, tujanye inzira y’akarere k’imisozi k’Abamori+, nk’uko Yehova Imana yacu yari yadutegetse, turateba dushika i Kadeshi-baruneya+. 20 Ndaheza ndababwira nti: ‘Murashitse mu karere k’imisozi k’Abamori, ako Yehova Imana yacu agira aduhe+. 21 Raba, Yehova Imana yawe yagabuye ico gihugu mu maboko yawe+. Duga, ucigarurire, nk’uko Yehova Imana ya ba sogokuruza bawe yakubwiye+. Ntutinye canke ngo utekerwe n’ubwoba+.’
22 “Ariko mwese mwaciye mwegera aho ndi, muti: ‘Reka dutume abagabo batugenda imbere, kugira batugendurire ico gihugu baheze batuzanire amakuru ku vyerekeye inzira dukwiye kudugana n’ibisagara tuzoshikiramwo+.’ 23 Nuko, ico kintu kiba ciza mu maso yanje, ku buryo ntora abagabo cumi na babiri muri mwebwe, umwe ku muryango wose+. 24 Maze barahindukira, baduga mu karere k’imisozi+, bashika no mu mwonga wa Eshikoli+, baragitata. 25 Nuko batora mu kuboko kwabo ku vyama muri nya gihugu+ barabitumanukanira, kandi baza batugarukaniye amakuru, bati: ‘Igihugu Yehova Imana yacu agira aduhe ni ciza+.’ 26 Mugabo ntimwashaka kuduga+, muca mutangura kugarariza itegeko rya Yehova Imana yanyu+. 27 Muguma mwidogera mu mahema yanyu ngo: ‘Kubera Yehova atwanka+ ni co catumye adukura mu gihugu ca Misiri+ kugira adutange mu kuboko kw’Abamori, kugira atuzimanganye+. 28 Tuduga tuja hehe? Bene wacu batumye umutima wacu ushonga+, mu kuvuga ngo: “Twabonyeyo abantu bakomeye kandi barebare kuturuta+, ibisagara bininibinini kandi bikingijwe ibihome gushika mu majuru+, be n’abana b’Abanakimu+.”’
29 “Ni kwo kubabwira nti: ‘Ntimuranduke umutima canke ngo mutinye kubera bo+. 30 Yehova Imana yanyu ni we agendera imbere yanyu. Azobarwanira+ yisunze ivyo yagiranye namwe vyose mu Misiri mu maso yanyu bwite+, 31 no mu gahinga+, aho wiboneye ingene Yehova Imana yawe aguterura+ nk’uko umuntu aterura umwana wiwe, mu nzira yose wagenze gushika ushitse aha hantu+.’ 32 Mugabo no kuri iryo jambo, ntimwizeye Yehova Imana yanyu+, 33 uwariko agendera imbere yanyu mu nzira ngo atate aho mukambika+, akabagendera imbere biciye ku muriro mw’ijoro kugira mubone inzira mucamwo, ku murango na ho biciye ku gicu+.
34 “Ico gihe cose Yehova yarumvise ijwi ry’amajambo yanyu. Nuko ararakara, ararahira+ ati: 35 ‘Nta n’umwe muri aba bagabo b’iri yaruka ribi azogenda abonye ca gihugu ciza narahira ko nzoha ba so+, 36 kiretse Kalebu mwene Yefune+. We azokibona, kandi we n’abahungu biwe nzobaha igihugu yahonyojeko ikirenge, kuko yakurikiye Yehova bimwe bishitse+. 37 (Mbere na jewe Yehova yarandurumbiye ishavu kubera mwebwe, ati: ‘Na wewe nyene ntuzokwinjirayo+. 38 Yosuwa mwene Nuni, uwuhagaze imbere yawe, ni we azokwinjirayo+.’ Uyo yaramukomeje+, kuko azotuma Isirayeli igitorana.) 39 Abana banyu batoyi, abo mwavuze ngo: “Bazocika isahu+!” be n’abana banyu batazi ikibi canke iciza uno musi, abo ni bo bazokwinjirayo, kandi ni bo nzogiha, bacigarurire. 40 Nayo mwebwe ubwanyu, hindukira mugende mu gahinga mujanye inzira y’ikiyaga Gitukura+.’
41 “Muraheza murishura, mumbwira muti: ‘Twacumuye kuri Yehova+. Twebwe ubwacu tuzoduga turwane twisunze ivyo Yehova Imana yacu yadutegetse vyose!’ Nuko murakenyera, umwe wese ibirwanisho vyiwe vy’intambara, maze mubona ko ari icoroshe kuduga ku musozi+. 42 Mugabo Yehova ambwira ati: ‘Babwire uti: “Ntimuduge ngo murwane, kuko ntari hagati yanyu+, ntimuhave mutsindwa imbere y’abansi banyu+.”’ 43 Nuko ndababwira, ntimwumviriza, mugabo mutangura kugarariza+ itegeko rya Yehova no kurungura bimwe bibi, mugerageza kuduga ku musozi+. 44 Maze Abamori baba kuri nya musozi barasohoka guhura namwe, barabakinagiza+, nka kurya nyene inzuki zigira, barabashwiragiza i Seyiri gushika i Horuma+. 45 Inyuma y’ivyo muragaruka, mutangura kuririra imbere ya Yehova, mugabo Yehova ntiyumviriza ijwi ryanyu+, canke ngo abatege ugutwi+. 46 Nuko muguma muba i Kadeshi imisi myinshi, irya nyene mwabayeyo+.