1 Abakorinto
1 Jewe Paulo uwahamagariwe kuba intumwa+ ya Yezu Kristu biciye ku kugomba kw’Imana+, na Sositene+ mwene wacu, 2 turabandikiye mwebwe shengero ry’Imana riri i Korinto+, mwebwe abejejwe+ mu bumwe na Kristu Yezu, bahamagariwe kuba aberanda+, hamwe n’abambaza bose ahantu hose izina+ ry’Umukama wacu, Yezu Kristu, Umukama wabo akaba n’uwacu+:
3 Mugire ubuntu ata wari abukwiriye+ n’amahoro+ biva ku Mana Data wa twese no ku Mukama Yezu Kristu+.
4 Nama nkengurukira Imana ku bwanyu kubera ubuntu ata wari abukwiriye+ bw’Imana mwahawe muri Kristu Yezu+; 5 kuko muri vyose mwatungishijwe+ muri we, mu bushobozi bwo kuvuga bwuzuye no mu bumenyi bwuzuye+, 6 nk’uko mbere intahe yerekeye Kristu+ yashikamye muri mwebwe, 7 kugira ngo ntimuhombe ingabirano+ n’imwe, mu gihe murindiranye igishika ihishurwa+ ry’Umukama wacu Yezu Kristu. 8 Azobashikamisha+ kandi gushika kw’iherezo, ngo ntihaze hagire ico muregwa+ ku musi+ w’Umukama wacu Yezu Kristu+. 9 Imana ni inyizigirwa+, ari na yo yabahamagariye gusangira+ n’Umwana wayo Yezu Kristu Umukama wacu.
10 Ndabahimiriza+ rero, bene wacu, mw’izina+ ry’Umukama wacu Yezu Kristu ngo mwese muvuge rumwe+, kandi ntihabe ukwicamwo ibice+ muri mwebwe, ahubwo mube abunze ubumwe neza mu muzirikanyi umwe no mu ciyumviro kimwe+. 11 Kuko, bene wacu+, abo mu nzu kwa Keloya bampishuriye ibiberekeye, yuko hari ugucanamwo muri mwebwe. 12 Ico nshaka kuvuga ni iki: yuko umwe wese muri mwebwe avuga ngo: “Jewe ndi uwa Paulo,” “Nanje uwa Apolo+,” “Nanje uwa Kefa,” “Nanje uwa Kristu.” 13 Kristu yaraciwemwo ibice+. Mbega Paulo yarabamanikiwe? Canke mwabatijwe+ mw’izina rya Paulo? 14 Ndashima kuba ntabatije n’umwe muri mwebwe kiretse Kirisipo+ na Gayo+, 15 kugira ntihagire uwuvuga yuko mwabatijwe mw’izina ryanje. 16 Ego, narabatije n’urugo rwa Sitefana+. Ariko mu basigaye, sinzi ko hari uwundi nabatije. 17 Kuko Kristu atantumye+ kubatiza, ahubwo yantumye kumenyesha inkuru nziza, atari mu mvugo y’ubwenge buhanitse+, kugira ngo igiti co kubabarizwako ca Kristu ntigihindurwe impfagusa.
18 Kuko ijambo ryerekeye igiti co kubabarizwako ari ubupfu+ ku bariko baratikira+, mugabo kuri twebwe abariko barakizwa+, ni ububasha bw’Imana+. 19 Kuko vyanditswe ngo: “Nzohonya ubukerebutsi bw’inkerebutsi+, n’ubwenge bw’incabwenge+ nzobuhindira ku ruhande+.” 20 Inkerebutsi iri hehe? Umwanditsi ari hehe+? Umunyabihari+ wo muri iki gihe* ari hehe+? Mbega ubukerebutsi bw’iyi si Imana ntiyabuhinduye ubupfu+? 21 Kuko, kubera ko mu bukerebutsi bw’Imana isi biciye mu bukerebutsi bwayo+ itamenye Imana+, Imana yabonye ari vyiza, biciye mu bupfu+ bw’icamamazwa, gukiza abemera.
22 Kuko Abayuda basaba ibimenyetso+, Abagiriki na bo bakarondera ubukerebutsi+; 23 mugabo twebwe twamamaza Kristu yamanitswe+, ku Bayuda akaba igitsitaza+ mugabo ku mahanga akaba ubupfu+; 24 ariko ku bahamagawe, Abayuda n’Abagiriki, Kristu ni ububasha+ bw’Imana n’ubukerebutsi+ bw’Imana. 25 Kuko ic’ubupfu c’Imana kirusha ubukerebutsi abantu, n’ica goyigoyi c’Imana kigakomera kurusha abantu+.
26 Kuko mubona ingene yabahamagaye, bene wacu: si inkerebutsi nyinshi+ zo mu buryo bw’umubiri zahamagawe+, si abanyabubasha benshi+, si abakomoka mu muryango uhambaye benshi; 27 mugabo Imana yatoye ivy’ubupfu vyo mw’isi+ kugira itetereze inkerebutsi; kandi Imana yatoye ivya goyigoyi vyo mw’isi kugira itetereze ibikomeye+; 28 kandi Imana yatoye ibibayabaye vyo mw’isi be n’ibigawa, ibitariho+, kugira ihindure ubusa+ ibiriho, 29 kugira ngo ntihagire igifise umubiri na kimwe cirata+ imbere y’Imana. 30 Mugabo mubikesheje yo ni ho mwunze ubumwe na Kristu Yezu, uwacitse ubukerebutsi+ buva ku Mana kuri twebwe, n’ubugororotsi+ n’ukwezwa+ be n’ukubohorwa biciye ku ncungu*+; 31 kugira ngo bibe nk’uko vyanditswe ngo: “Uwirata, niyirate muri Yehova+.”