Abacamanza
1 Inyuma y’urupfu+ rwa Yosuwa, bene Isirayeli babaza+ Yehova bati: “Ni nde muri twebwe azotangura kuduga ku Banyakanani kubarwanya?” 2 Yehova avuga ati: “Yuda azoduga+. Ehe nzotanga ata gukeka igihugu mu kuboko kwiwe.” 3 Maze Yuda abwira Simeyoni mwene wabo ati: “Ingo tudugane mu karere naheshejwe ubupfindo+, turwanye Abanyakanani, nanje nzojana nawe mu karere waheshejwe ubupfindo+.” Nuko rero Simeyoni ajana na we+.
4 Yuda aca araduga maze Yehova atanga Abanyakanani n’Abaperizi mu maboko yabo+, ku buryo babatsindira i Bezeki: batsinda abagabo ibihumbi cumi. 5 Aho basangiye Adoni-bezeki i Bezeki, baca barwana na we maze batsinda Abanyakanani+ n’Abaperizi+. 6 Adoni-bezeki ahunze, baca bamwoma inyuma, baramufata maze bamuca ibikumu vy’iminwe yiwe n’amano makuru y’ibirenge vyiwe. 7 Adoni-bezeki avuga rero ati: “Hari abami mirongo irindwi baciwe ibikumu vy’iminwe yabo n’amano makuru y’ibirenge vyabo bahora batoragura ibifungurwa munsi y’imeza yanje+. Uko nagize, ni ko Imana inyishuye.” Inyuma y’ivyo bamujana i Yeruzalemu+, apfirayo.
8 Vyongeye, bene Yuda barwanya Yeruzalemu+ hanyuma barahafata maze bahakubitisha ubugi bw’inkota, ico gisagara bagiha umuriro. 9 Mu nyuma bene Yuda bamanuka kurwanya Abanyakanani baba mu karere k’imisozi n’i Negebu+ no muri Shefela*+. 10 Yuda agenda rero gutera Abanyakanani baba i Heburoni+ (imbere y’aho, izina rya Heburoni ryari Kiriyati-aruba+), bica Sheshayi na Ahimani na Talimayi+.
11 Nuko bava ng’aho baja gutera ababa i Debiri+. (Imbere y’aho, izina rya Debiri ryari Kiriyati-seferi+.) 12 Maze Kalebu+ avuga ati: “Uwuzokubita Kiriyati-seferi akahafata koko, emwe, nzomuha Akisa+ umukobwa wanje amubere umugore+.” 13 Nuko Otiniyeli+ mwene Kenazi+, mutoyi wa Kalebu+, arahafata. Ku bw’ivyo amuha Akisa umukobwa wiwe ngo amubere umugore+. 14 Maze Akisa ariko araja iw’umugabo, aguma ahimiriza umugabo wiwe ngo asabe se wiwe* itongo. Nuko Akisa akoma amashi yicaye ku ndogobwa+. Kalebu aca amubwira ati: “Ushaka iki?” 15 Na we amubwira ati: “Numpe umuhezagiro+, kuko igice c’itongo co mu bumanuko ari co wampaye; ukwiye rero kumpa Guloti-mayimu.” Nuko rero Kalebu amuha Guloti+ yo Haruguru na Guloti yo Hepfo.
16 Abahungu b’Umukeni+, uwo Musa yari yarabereye umukwe+, bava mu gisagara c’ibigazi+ badugana na bene Yuda mu gahinga ka Yuda, akari mu bumanuko bwa Aradi+. Maze baja kubana n’abantu baho+. 17 Mugabo Yuda ajana na Simeyoni mwene wabo, maze bakubita Abanyakanani baba i Zefati, barahatikiza+. Ku bw’ivyo, ico gisagara gihabwa izina Horuma+. 18 Inyuma y’ivyo Yuda afata Gaza+ n’akarere kaho, na Ashikeloni+ n’akarere kaho, na Ekuroni+ n’akarere kaho. 19 Yehova abandanya kubana na Yuda, ku buryo yigarurira akarere k’imisozi, mugabo ntiyashobora kwomora ababa mu kiyaya co hasi, kuko bari bafise imikogote y’intambara+ ifise ibikeruzo vy’icuma+. 20 Kalebu ahawe Heburoni nk’uko Musa yari yarasezeranye+, yirukanayo rero ba bahungu batatu ba Anaki+.
21 Kandi bene Benyamini ntibirukanye Abayebusi baba i Yeruzalemu+; mugabo Abayebusi baracabana na bene Benyamini i Yeruzalemu gushika n’uyu musi+.
22 Muri ico gihe, inzu ya Yozefu+ na yo nyene iraduga gutera Beteli+, kandi Yehova abana na bo+. 23 Inzu ya Yozefu itangura gutata+ Beteli (imbere y’aho, ico gisagara citwa Luzi+), 24 maze inderetsi zibona umugabo yari asohotse ava muri ico gisagara. Nuko bamubwira bati: “Turakwinginze utwereke aho twoca ngo dushike mu gisagara, natwe tuzokugirira ubuntu koko+.” 25 Nya mugabo abereka rero aho boca ngo bashike mu gisagara; maze bakubitisha ico gisagara ubugi bw’inkota+, ariko nya mugabo n’umuryango wiwe wose barabareka barigira+. 26 Nya mugabo aca aja mu gihugu c’Abaheti+, yubaka igisagara maze acita Luzi. Iryo ni ryo zina ryaco gushika n’uyu musi.
27 Manase+ ntiyigarurira Beti-sheyani+ n’ibisagara bihakukira, na Tayanaki+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Dori+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Ibuleyamu+ n’ibisagara bihakukira, n’ababa i Megido+ n’ibisagara bihakukira, mugabo Abanyakanani baragagaza babandanya kuba muri ico gihugu+. 28 Nuko Isirayeli irakomera+ hanyuma ikoresha Abanyakanani ibikorwa vy’agahato+, mugabo ntibabirukana ngo babaherengeteze+.
29 Na Efurayimu ntiyirukana Abanyakanani baba i Gezeri, mugabo Abanyakanani babandanya kuba muri bo i Gezeri+.
30 Zebuloni+ ntiyirukana ababa i Kitironi n’ababa i Nahaloli+, mugabo Abanyakanani babandanya kuba muri bo+, barahava bakoreshwa ibikorwa vy’agahato+.
31 Asheri+ ntiyirukana ababa i Ako n’ababa i Sidoni+ na Ahulabu na Akizibu+ na Heluba na Afiki+ na Rehobu+. 32 Abasheri babandanya kuba mu Banyakanani baba mu gihugu, kuko batabirukanye+.
33 Nafutali+ ntiyirukana ababa i Beti-shemeshi n’ababa i Beti-anati+, mugabo Abanafutali babandanya kuba mu Banyakanani baba mu gihugu+; ababa i Beti-shemeshi n’i Beti-anati bacika ababo ngo babakoreshe ibikorwa vy’agahato+.
34 Abamori baguma basunikira bene Dani+ mu karere k’imisozi, kuko batabakundira kumanuka mu kiyaya co hasi+. 35 Nuko Abamori baragagaza babandanya kuba ku musozi Heresi n’i Ayaloni+ n’i Shayalubimu+. Mugabo ukuboko kw’inzu ya Yozefu kurakomera rwose ku buryo bahatirwa gukora igikorwa kiruhisha+. 36 Akarere k’Abamori kahera ku mudugo wa Akurabimu+, kuva i Sela kuduga.