Rusi
1 Nuko mu misi abacamanza+ bashitsa ubutungane, ikigoyi+ kiratera mu gihugu, maze umugabo umwe ava i Betelehemu+ muri Yuda kugira aje kuba mu turere twa Mowabu+ ari kavamahanga, we hamwe n’umugore wiwe n’abahungu biwe babiri. 2 Uyo mugabo yitwa Elimeleki, umugore wiwe yitwa Nawomi, abahungu biwe babiri na bo bitwa Mahiloni na Kiliyoni. Bari Abanyefurata+ b’i Betelehemu muri Yuda. Amaherezo bashika mu turere twa Mowabu, maze bagumayo.
3 Mu nyuma Elimeleki umugabo wa Nawomi arapfa, uno asigarana n’abahungu biwe babiri. 4 Haciye igihe, abo bagabo biyabirira abagore, abagore b’Abanyamowabukazi+. Umwe yitwa Orupa, uwundi na we akitwa Rusi+. Nuko babandanya kuba ng’aho nk’imyaka cumi. 5 Mu nyuma abo babiri, Mahiloni na Kiliyoni, na bo nyene barapfa, nya mugore asigara atagira abana biwe babiri n’umugabo wiwe. 6 Nuko arahaguruka, we hamwe n’abakazana biwe, asubira inyuma ava mu turere twa Mowabu, kuko yari yarumvise mu karere ka Mowabu yuko Yehova yari yitayeho abantu biwe+ mu kubaha umukate+.
7 Nuko aragenda ava aho hantu yari yarabaye+, ari kumwe na nya bakazana biwe babiri; baguma bagenda mu nzira kugira basubire mu gihugu ca Yuda. 8 Nawomi arahava abwira abakazana biwe bompi ati: “Nimugende, musubire inyuma, umwe wese ku nzu ya nyina. Yehova abagirire ubuntu bwuzuye urukundo+, nk’uko nyene mwabugiriye abo bagabo bāpfuye, be na jewe+. 9 Yehova abahe ingabirano+, muronke ahantu h’ukuruhukira+, umwe wese mu nzu y’umugabo wiwe.” Maze arabasoma+, hanyuma bashira amajwi hejuru, bararira. 10 Baguma bamubwira bati: “Oya, ahubwo turasubirana inyuma tujane mu bantu b’iwanyu+.” 11 Ariko Nawomi avuga ati: “Subire inyuma, bakobwa banje. Kubera iki mwojana nanje? Mbega hari abahungu ngifise mu nda, ngo baze babe abagabo banyu+? 12 Subire inyuma, bakobwa banje, mugende, kuko nshaje cane ku buryo ntoronka umugabo. Iyo mba navuze hoho yuko mfise icizigiro c’uko noronka umugabo muri iri joro hanyuma nkavyara abahungu+, 13 mbega mwobarindiriye gushika bakure? Mbega mwogumye muba ukwanyu ntimurongorwe kubera bo? Oya, bakobwa banje, kuko bimbereye umururazi cane kubera mwebwe, kubona ukuboko kwa Yehova kwasohotse kundwanya+.”
14 Baca bashira amajwi hejuru bongera kurira, maze Orupa asoma inabukwe. Mugabo Rusi we, amata kuri we+. 15 Ariko Nawomi avuga ati: “Ehe mugenzawe yapfakaye asubiye mu bantu b’iwabo no ku mana ziwe+. Subirana inyuma na mugenzawe yapfakaye+.”
16 Rusi avuga ati: “Yaco unyinginga ngo nguhebe, ngo nsubire inyuma ndeke kujana nawe; kuko aho uzoja ari ho nzoja, kandi aho uzorara ni ho nzorara+. Abantu bawe bazoba abantu banje+, n’Imana yawe ibe Imana yanje+. 17 Aho uzopfira ni ho nzopfira+, kandi ni ho nzohambwa. Yehova angirire gutyo, mbere n’ibirenze ivyo+, nihagira ikindi kintandukanya nawe atari urupfu.”
18 Nawomi abonye ko akobeje ngo ajane na we+, areka kumuvugisha. 19 Nuko bompi babandanya urugendo gushika bashitse i Betelehemu+. Maze bagishika i Betelehemu, igisagara cose kirashwabaduka kubera bo+; abagore baguma bavuga ngo: “Mbega uyu ni Nawomi+?” 20 Na we akababwira ati: “Ntimunyite Nawomi. Nimunyite Mara, kuko Mushoboravyose+ yatumye ibintu bimbera umururazi cane+. 21 Nagiye nuzuye+, none Yehova angarukanye iminwe misa+. Munyitira iki Nawomi kandi Yehova ari we yantetereje+, Mushoboravyose akaba ari we yanteje ivyago+?”
22 Ukwo ni ko Nawomi yagarutse, ari kumwe na Rusi umugore w’Umunyamowabukazi, umukazana wiwe, igihe yagaruka avuye mu turere twa Mowabu+; bashika i Betelehemu+ mu ntango y’iyimbura rya sayiri*+.