2 Samweli
canke, hisunzwe impinduro y’ikigiriki Septante, IGITABU CA KABIRI C’ABAMI
1 Inyuma y’urupfu rwa Sauli, kandi Dawidi amaze kugaruka avuye kwica Abamaleki+, Dawidi amara imisi ibiri i Zikulagi+. 2 Ku musi ugira gatatu, ehe umugabo+ umwe yariko araza avuye mw’ikambi, avuye aho Sauli ari, impuzu ziwe zatantamutse+, ku mutwe wiwe na ho hari ivu+; ashikiriye Dawidi, aca agwa hasi+, akubita inkoro hasi.
3 Nuko Dawidi amubwira ati: “Uvuye hehe?” Na we amubwira ati: “Mpunze mva mw’ikambi ya Isirayeli.” 4 Dawidi abandanya kumubwira ati: “Vyagenze gute? Ndakwinginze umbwire.” Na we avuga ati: “Abantu bahunze urugamba; vyongeye, benshi mu bantu baguye, barapfa+; mbere na Sauli+ be na Yonatani+ umuhungu wiwe bapfuye.” 5 Maze Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uzi gute vy’ukuri yuko Sauli yapfuye be na Yonatani umuhungu wiwe+?” 6 Nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru aca avuga ati: “Nagiye mbona ndi ku musozi Gilibowa+ ntari ndavyiteze, maze mbona Sauli yishimikije icumu ryiwe+; kandi ehe, abatwara imikogote n’abagendera ku mafarasi bari bamushikiriye+. 7 Ahindukiye akambona, aca arampamagara, nanje nti: ‘Ndi hano!’ 8 Abandanya kumbwira ati: ‘Uri nde?’ Nanje ndamubwira nti: ‘Ndi Umumaleki+.’ 9 Maze avuga ati: ‘Ndakwinginze uhagarare iruhande yanje umpohoshe, kuko ikinyanya* camfashe, kubera yuko ubuzima+ bwanje bwose bukiri muri jewe.’ 10 Nahagaze iruhande yiwe rero ndamuhohosha+, kuko nari nzi ko atari kubaho amaze kugwa. Naciye ntora umugāra+ wari ku mutwe wiwe n’igikomo cari ku kuboko kwiwe, kugira ndabizanire umukama wanje ng’aha.”
11 Dawidi aca afata impuzu ziwe arazitantamura+, n’abagabo bose bari kumwe na we bagira kuno. 12 Batangura kuboroga no kurira+ no kwisonzesha+ gushika ku mugoroba, kubera Sauli no kubera Yonatani umuhungu wiwe, no kubera abantu ba Yehova no kubera inzu ya Isirayeli+, kuko bari bagwishijwe n’inkota.
13 Nuko Dawidi abwira nya musore yariko amumenyesha iyo nkuru ati: “Uva he?” Na we ati: “Ndi umuhungu w’umugabo umwe wa kavamahanga, Umumaleki+.” 14 Maze Dawidi amubwira ati: “Kubera iki utatinye+ gutuma ukuboko kwawe ngo ukureho uwo Yehova yarobanuje amavuta*+?” 15 Dawidi aca ahamagara umwe mu misore, maze avuga ati: “Egera. Mwice.” Nuko aramugarika, arapfa+. 16 Maze Dawidi amubwira ati: “Amaraso yawe abe ku mutwe wawe+, kuko akanwa kawe bwite ari ko kakwagirije+, gati: ‘Ni jewe nahohosheje uwo Yehova yarobanuje amavuta+.’”
17 Nuko Dawidi aririmbana agahinda aka karirimbo k’intimba+ ku bwa Sauli na Yonatani umuhungu wiwe+, 18 kandi avuga yuko bene Yuda+ bigishwa “Akaririmbo k’intimba k’Umuheto+.” Ehe kanditswe mu gitabu ca Yashari+, kakaba kagira gati:
19 “Ewe Isirayeli, ubwiza bugandaguriwe ku bibanza vyawe bikirurutse*+.
Ewe kuntu abagabo b’abanyenkomezi baguye!
Ntimubitangaze mu mabarabara y’i Ashikeloni+,
Kugira ngo abakobwa b’Abafilisitiya ntibanezerwe,
Kugira ngo abakobwa b’abagabo batagenyerewe ntibigine+.
21 Yemwe misozi ya Gilibowa+, ntihakagire ikime canke imvura biza kuri mwebwe, ntihakabe n’imirima y’intererano nyeranda+;
Kuko aho ari ho inkinzo y’abanyenkomezi yahumanirijwe,
Inkinzo ya Sauli, ku buryo ata nkinzo yarobanujwe amavuta isigaye+.
22 Umuheto wa Yonatani ntiwagaruka+
Udasheshe amaraso y’abagandaguwe, udasakije ibinure vy’abanyenkomezi,
Kandi inkota ya Sauli ntiyasubira inyuma itaroraniwe+.
23 Sauli na Yonatani+ bari abantu bo gukundwa bakaba n’abahimbaye mu buzima bwabo,
24 Yemwe bakobwa ba Isirayeli, nimuririre Sauli,
We yabambika impuzu z’agahama ziriko ibintu vy’agaciro,
We yashira udusharizo tw’inzahabu ku vyambarwa vyanyu+.
25 Ewe kuntu abanyenkomezi baguye hagati mu rugamba+!
Yonatani akagandagurirwa ku bibanza vyawe bikirurutse+!